
24/07/2025
: Imyaka 50 yaraye irumanye igisata ca citaho irwirirana ry'abantu gikorera mu Burundi.
Mu birori vyaraye bibaye kur'uyu wa 21 Mukakaro mu gisagara ca Bujumbura aho igisata c'ishirahamwe mpuzamakungu citaho irwirirana ry'abantu cariko cigina imyaka 50 iheze bakorera ku butaka bw'Uburundi.
Ivyo birori vyari vyatewe iteka na Nyenicubahiro umutambukanyi w'umukuru w'igihugu NDAYISHIMIYE, Buramatari w'intara ya Bujumbura nshasha, abaserukira ibihugu vyabo aha mu hamwe n'abandi banyacubahiro batandukanye.
Mw'ijambo Nyenicubahiro umutambukanyi w'umukuru w'igihugu Angeline NDAYISHIMIYE yashimye ibikorwa yaranguriye mu gihugu c'Uburundi aho ubu imbanyi zitifuzwa zagabanutse , umuvyeyi akibaruka ata ngorane n'ubushobozi bwa buri mwana bugashirwa mu ngiro.
Uwuserukira mu Burundi nawe yamenyesheje ko ivyo vyose kuba barabish*tseko n'uko bakoranye neza na Leta y' ikabagirira icizere.
Yashimiye kandi amashirahamwe mpuzamakungu, amashirahamwe ategamiye reta, ay'abikorera utwabo, abashingamateka, ibimenyeshamakuru hamwe n'amashengero babanye nabo mu bikorwa yaranguye kandi n'ubu igikomeza kurangura.
Ivyo birori vyaranzwe n'intahe, ivyese n'indirimbo ndangakaranga.
/social