17/06/2026
✨SINAKUNZWE💔PART31❗.
🏩ROMANTIC STORIES OF LOVE🔥
🛑Mu nkuru yacu, twasize ibintu bikomeye hakuno
Inyuma yaho uwu Sandy afatiwe ariko arafotora Kenny na Kercy bariko basomana, bibereye ahantu hiteka, ntiyamenya KO aza kuba yafatwa n'abasanzwe bakorera ngaho inyuma yaho we atamenya KO uwu Kenny aho yabaye aja ashira umukunzi wiwe, ari ahagaciro kandi hazimvye cane.
🔷 VYAHAVUYE BIGENDA GUTE❓
◼️ KERCY yahise asoma kandi Kenny n'amosozi mu maso hiwe.
Ubwo rero bariko basomana, yaje abona hari umuravyo wa téléphone werekana KO bahejeje gufotorwa n'umuntu ari inyuma.
😳 YEWEEEE❗ KERCY amaze kuraba uwuhejeje kubafotora ataruhusha abifitiye, yaje abona afashwe n'abasanzwe baraba security yaho kuri iyo Bar ikomeye cane maze ahita atangura gukubitwa.
🔴Kercy rero amaze kuraba uwuhejeje gufatwa ndetse ariko akubitwa, yahise abona ari Sandy maze aca ava aho yarari agenda kubuza abariko bakubita Sandy.
Kercy amaze kuhagera, yahise avuga ngo:
Kercy ati: Geza aho ni umuvukanyi wanje.
Nabo bati: n'ubwo yoba Ari umuvukanyi wawe, kirazira gufata téléphone uza gufotora aha na none yaje ngaho abona KO kibujijwe KO bafotora umuntu atakubwiye canke afise ivyuma vyerekana KO ari caméraman.
Kercy ati: Oka yakosheje
Mureke ave ngaha yihuse.
Baciye bamusunura ava ngaho
🚨 SANDY yahise ava ngaho amaze guhondagurwa.
Kercy yahise ava ngaho
Ariko rero Sandy wewe yabaye intahaha kuko yaciye ahamagara Nyina wiwe.
Sandy twumva kuri téléphone bavugana na Nyina wiwe.
Sandy ati: Mama niwe vyose wabitumye.
Nyina ati: ibiki Sandy?
Sandy ati: ingo kuri “Palace VIP Bar” ivyo umukobwa wawe ariko akora
Yahise antumirako abankubita
Mama Kercy tugiye kwicana.
Nyina ati: muraza kubimbwira kuko numva umwe wese ambwira ivyiwe, urumva KO ntomenya ivyo mwapfuye!
Ariko Sandy wewe ndaku*i niwe uhiga intambara minsi yose.
Sandy ati: Mama nta vyinshi nkeneye
N'uko tugiye kwirabiranira ubwanje.
🔳 Tugarutse hakuno rero, tubona Kenny na Kercy urukundo rwaryoshe.
Kenny ahejeje kwerekana umukunzi wiwe mwibanga
Kandi aza kumwereka uwu Clairia wenyene.
Arianna uwo agira KO barikumwe, ahejeje kuba yerekana umukunzi wiwe inyuma y'iminsi mike bakundanye
💔Bidatevye uwu Arianna yaramenye inkuru y'incamutima bagenzi.
Arianna ku munsi w'Imana yaje abwirwa inkuru n'umugenzi wiwe yitwa Lucy
Lucy rero yaje aha ubutumwa Arianna.
Lucy ati: “Arianna umwe mwahoze mukundana Kenny ntabwo yapfuye habe n'agato.
Naraye ntangaye , ndabura uko nkora n'uko ngira maze kubona Kenny ari mu*ima.
Kenny ari ngaha nyene mu gihugu kandi arakomeye bimwe bibi.
Si agaseseshwa-rumuri Kenny arahari kandi afise inoti.
Ejo haheze vyaranse uko ndakugezako inkuru yiwe maze kumubona ari mu bunywero bu*imvye cane kuri ubu butaka bwacu.
Kenny namwiboneye neza kuri “Palace VIP Bar ” arikumwe n'uwundi mukobwa mwiza bimwe bibi.
Ehe raba n'agafoto kiwe barikumwe n'uwo mukobwa ”
😭 ARIANNA yaje ahabwa ifoto Kenny ariko asoma umukobwa Kercy
Uwu Lucy wewe ntawu*i ingene yaje aronka iyo foto bagenzi.
Yaje ayiha Arianna, maze umukobwa yaje yumva umutima uje umuvamwo abura amahoro bahenzi.
Arianna yaciye yandikira Kenny.
Arianna ati: Kenny ivyo mpejeje kubona ni ukuri canke ndikp ndarota?
Kenny ati: wabonye iki ka Aria?
Arianna ati: Kenny sinibajije n'umunsi wa rimwe ko wewe wompemukiye muri ubu buryo.
Kenny ati: Arianna sinokubesha
Kandi sinoguma ndagutesha akanya
Ntabwo nzongera gukundana nawe.
Ukwiye kumenya KO atari jewe nubatse ubuhemu habe namba.
Je ntabwo nakoze ikosa
Ariko kimwe gusa dukwiye guha agaciro abakaduha.
Sinorota mba kumwe namwe ubugira kandi.
Ndi mu Rukundo n'uwampaye agaciro mu bihe bibi naje ncamwo
Je sinkunda bakunda uwukize
Je nkunda uwunkunda.
Arianna don't cry 😢😭
Uwawe azoza.
Arianna ati: Kenny urabikoze?
What a gloomy Sunday !
Kenny ati: Oya, tekana
Je ntabwo nakoze ikosa ryo guhemukira wewe
Ivyo ubimenye
Kimwe gusa n'uko ivyo wabwiwe ari ukuri
Arianna urazi kenshi kandi ivyo nkunda
Ntahisha umukunzi wanje
Koko ndakunze !
Arianna ati: Kenny uri umuhemu kungana uko?
Kenny ati: pole sana ntabwo ndi umuhemu
Ndi mu Rukundo ariko siwe ndi kumwe nawe.
Uwunkunda arankunda
Amahoro abane nawe nk'uko wanse KO ndagusesema ubwambere.
Arianna n'amarira menshi ati: This is gloomy Sunday night 😭
[Ijoro ry'munsi w'indwi canke w'Imana mubi ]
Kenny ati: hhhhhh 😄
Arianna rira ndazi KO ufise uwuguhoza
Pole sana
Ntuze wumve unyiyumvirako vyinshi ku rukundo rwanje nawe kuko bitagikunda KO nakundana namwe.
🔘Iminsi rero yaricunye ari nako Kenny vyasa nk'aho agira asubire ku kazi kiwe ka minsi yose muri Europe ariho muri England.
Kenny yagira aje kubandanya ka minsi yose.
Umuhungu imbere y'uko ava aho, hari SMS yahawe na Arianna .
Arianna ati: Kenny nta vyinshi vyo kuvuga ariko kimwe gusa, ni uko umutima wanje uzokwama wibuka ububabare wawuteye.
Ibi bihe unsizemwo sinumva KO wewe nobikwipfuriza kimwe gusa ngiye k...... !
⚡Arianna yaciriye ubutumwa bwiwe aho maze ahita Kenny abura ikigiye kubandanya.
Kenny ntabwo yigeze amwishura habe na gato.
🔴KENNY rero tubona ariko aganir na Kercy uwundi munsi kandi banezerewe cane !
Kenny ati: Bb ngiye gusubira ku kazi ka minsi yose.
Kercy ati: Chr uzoza nagukumbuye cane
Kenny ati: Ariko nizere KO uzokwihangana kandi ntabwo nzoba ndi kure y'umutima wawe
Uze wibuke ko ukunzwe atari mw'ibanga.
Kercy ati: Ariko chou numva hari amakuru mabi KO hari umukobwa ashaka KO yankubita ngo namutwaye umukunzi wiwe.
Burya vyagenze gute?
Kenny ati: chr urazi KO ntokora ikosa na gato.
Je narahemukiwe kandi ntabwo je nakoze ubuhemu n'umunsi n'umwe koko.
Urya mukobwa wumva je nakundanye nawe
Ariko inyuma ya harya ngiriye ikibazo, Yahise avuga amajambo mabi koko!
Ariko kimwe gusa, kwubaha
Hama nagukorako ndazi ico nzokora.
Na none ntivyokunda
Kercy ati: Chr isezerano ni rirya nyene
Sinzokora ikosa ryo guhemukira umukunzi mwiza nka wewe.
Kenny ati: Bb ndakwizeye kandi cane
Ndazi KO utokora ikosa ryo kuba kure y'umutima wanje.
Kercy ati: Ariko nzogukumbura cane.
Kenny ati: ndazi uwo ukunda KO utegerezwa kumukumbura cane ariko iyo bish*tse bikaba, ntayandi mahitamwo yoba atari kwihangana
Kercy ati: chr uzokore n'umutima mu nda
Sinzoguta urumwe
N'ubwo bishobora kuba vyagorana ariko amahitamwo yanje n'ayanje
Umuntu azokwihangana uko bizoba bije.
Kenny ati: Oya tekana ntabwo uzoba na kimwe mukundwa.
Kercy ati: bigoye kwakira ariko umuntu ni uko twagira icizere hagati yanje nawe.
Nzogukumbura cane chr Wānje
Kenny ati: Wareka kurira mwiza wanje
Umuntu araciruka n'ubu*ima umunsi umwe nzokwicarana nawe tugiriranire ibihe vyiza bébé wanje
Kercy ati: kubana nawe muri iyi minsi vyandemeye icizere kinini
Bituma numva ndi mu bandi bakobwa bakunzwe.
Kenny ati: Chr wibaza vyinshi
Ndi uwawe
Uri umudasubirizwa my love.
Kercy ati: uzobanguke ariko nkwipfurije kugira amagara meza chou wanje.
Kenny ati: Chr ntaco nzoba ariko kimwe ndabaragije kundabira Ivyo nsize ino.
Kandi ndazi KO ataco uzoba mwiza wanje.
Kercy ati: chou ndakwizeye cane n'ubwo muhinduka ariko jewe ndakwizeye.
Kenny ati: Bb sinokora ikosa
Uri uwanje mwiza wanje!
🎉Tubona rero Kenny abwira Kercy ahumirize.
Kenny ati: Chou humiriza ico nkubwira.
Kercy tubona ahumiriza.
Kenny rero kubwo kwereka Kercy KO amufise ku mutima, yaje amwambika impeta ya fiançaille ku ncuro yambere.
Kenny rero yaciye abwira Kercy afungure amaso.
Niho Kenny amaze kuraba Asanga Kenny ahejeje ku mwambika impeta nziza.
Kenny yaciye afata ukuboko aragusoma kuriko iyo mpeta.
Kenny ati: Chr Wareka kwikeka
Urwo ngukunda ntago ari imikino
Niwe mahitamwo yanje.
Ndagukunda gusumba uko uvyibaza
Iyi mpeta imbere icabona❤️
😍 YOOOOO ❗ KERCY ABONE IYO MPETA N'AMAJAMBO ABWIWE NA KENNY, Vyaramuhimbaye maze aca a
••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••
💔Ninde azoza atandukanya aba bana KO birangiye bageze ku ntambwe ndende ?
Kenny na Kercy bibaye one love 😋
🔷Mbega uwu mukobwa Kercy arifata gute KO amaze kuba yambikwa impeta ya fiançaille na Kenny inyuma yo kwerekwa na Kenny KO amukunda❓
📄 VYOSE NI MU GICE GIKURIKIRA CA MIRONGO ITATU NA KABIRI C'INKURU SINAKUNZWE💔
🎬NTUTANGWE NO GUKURIKIRA IGICE CA MIRONGO ITATU NA KABIRI C'INKURU SINAKUNZWE 🙏🏼
Mukore cank kuriyi page ya Chay Media Burundi kugira muronke ibindi bice mutarakurikira muciye kuriyo link iri munsi👇
https://www.facebook.com/profile.php?id=61576645174579