02/08/2026
✨SINAKUNZWE💔 PART60❗.
🏩ROMANTIC STORIES OF LOVE🔥
🔥🔥🔥🔥🔥🔥 🔥 🔥🔥🔥🔥🔥
✨✨✨🔥🔥🔥🔥🔥⭐⭐⭐📺📺📺📺📺⚛️⚛️⚛️⚛️🕎🕎🕎🕎🕎☸️☸️☮️☮️📿
🛑Mu nkuru yacu, twasize uwu Kenny ahejeje kubwira Kercy KO atazomusiga ahubwo bagiye kwerekeza mu bwongereza.
Kercy kuvyumva, ishobora kuba ari inkuru yoba nziza kuri we canke mbi.
🔷 VYAHAVUYE BIGENDA GUTE❓
🔴 Mu nkuru yacu Twasize Kenny ahejeje kubwira Kercy KO bagiye kuba mu bwongereza.
Kercy rero amaze kuvyumva, yaciye aseka cane ndetse aryohewe cane gose.
Kercy ati: Chr uko ni UKURI koko?
Kenny ati: Chr ni ukuri
Nta bu*ima tugiye kubandaniriza ino
Gusa tuzoza hanyuma ariko sinshobora kugusiga ino
Nk'uko naje ndabisezerana sinshobora kuja kure y'umugore wanje
Uri agakecuru kanje.
Kercy ati: waooo chr ni iciyumviro ciza ariko ube u*i KO bitazoshobora guhunganya ubutunzi Chou
Kenny ati: ukwiye kukirekera jewe kuko ari je menya ingene kimeze
Nta mpamvu yo gukora ico ntazi
Vyose bizogenda neza
Mwiza wanje
Kercy ati: chr ndagufise nk'umugisha.
Kenny ati: Vyose nabikwemereye ntatwawe n'amaranga mutima y'urukundo ahubwo n'uko namenya KO vyose bizogenda neza.
Kercy ati: Nta nkeka KO uri umuntu wanje.
Chr uri umwe mu bantu bambereye ivyishimo
Uri umukunzi wanje w'ukuri
Kenny ati: Chr ntugire ikibazo
Ico nzi co ni uko nutaba ibamba nyuma je siniteze kukubera umugabo mubi.
Nije Papa w'abana bacu bahazaza
Nije mutwe w'urugo ibihe bidashira.
Kercy ati: chérie nagusezeraniye kenshi ko ntazoguhemukira
Sinzigera nkora iryo kosa.
⚫ Urubanza rero isango ryarwo ryari ryegereje
Tubona koko Se wa Kenny atigeze atumirwa ndetse Kenny yatanze itegeko KO adakwiye kuba yegera ahazobera rwo.
Wibuke KO vyose vyakozwe atavyo azi
Se wa Kenny vyari ikibazo gikomeye kubona umwana wo ku mugore wiwe batanguranye akoze Urubanza rw'ubugeni ariko bikaza kuba atabwo yigeze ahuza nawe ndetse n'uwo bagira KO yobahuje bagasabana imbabazi Kenny ijambo Nyina yasize amubwiye ryari rimwe muvyatumye uwu musore atemera gusangira ku nkoko imwe n'uwu Se wiwe.
Koko yaricujije bimwe bikomeye ndetse Kenny nta kintu na gitoya cari gutuma asaba ubufasha Se wiwe.
Umwana uko yaguze agowe, yaramenye ingene yitunga.
🔥Imyiteguro y'urubanza yari ishushe ndetse Urubanza rwari rutegekanijwe kubera ahantu hazimvye cane
Hamwe mu hantu batigeze bibaza KO Kenny yobaye akorera mariage 💒
Inoti ni mbi
Irakiza ikongera ikica.
Urubanza rwaje rutumirwamo gusa Nyina wa Clairia ndetse n'abandi ariko Se wa Kenny vyari bibujijwe bimwe bibi.
📆Umunsi umwe rero, Se wa Kenny yaje yibaza cane ndetse hari ikintu caje kiba catumue aba nabi
Hari umugabo yaje amubwira aya majambo ati:
“Papa Clairia nta nkeka KO aya majambo naje ndayakubwira mu myaka ya hera atari kera nkubwira KO ukwiye kureka uwu mwana ntiyicwe ndetse ukareka kumuhiga nka bufuni na buhoro
Sinobesha aya ni amwe mu majambo yaje avuga uwu mwana Kenny
Wibuke yaje akubwira igihe kiraho ugiye kumwica umukuye kuri hoteli, yaje akubwira ijambo rikomeye cane.
Kenny yaravuze KO udakwiye kumwica ndetse ukareka kumukurikiza benewabo ndetse na Nyina wiwe yishwe ubutarariye n'ibintazi.
Yaje akubwira KO wareka akabaho ariko akareka vyose ndetse nitongo Mama wiwe yavuga KO ariwe wo kuribamwo ndetse rikaba ariryo ryaguze Nyina yakurekera ariko akabaho atuje ndetse akapfuma aja kure bitatuma asiga ubu*ima ariko akasiga izina ryiwe ndetse no ku*ibutsa abana biwe KO Mama wiwe yabayeho kandi yari intwarikazi ndetse afise urukundo.
Umwana yaravuze ati: Papa nta mpamvu yo gukora ibi.
Sinumva ingene ugira unyice kandi narasezeranye KO ntazopfa nkubajije ivyirya parcelle ariko ukaraba ukansigira ubu*ima.
Papa aya maraso y'umuryango wacu azoguhumira sinkubesha
Rondera uruhe woye kwica imbere yuko uronka itungo.
Ntakundi nyica akanje karabaye.
Se wa Clairia naguhanuye kenshi ureke uwu mwana kandi nakubwiye KO abana nk'aba bafise ama chance yo kuba babaho ndetse ugatangara.
Yahizwe incuro zirenga indwi ashaka kwicwa ariko biguta kuwamazi.
Uwu mwana nta nkeka nanje sinakwemerera KO wangira mu rubanza!
💔 SE wa Kenny ibibazo vyari vyose
Ndetse yiyumvira ingene umwana yagambaniye akaba ariwe akoze ubugeni ndetse akumva agiye kubukorera ahantu heza bafise muri uwo muji wabo !
Se wa Kenny yatewe ivyatsi
📊Bidatevye rero, yaje ahabwa urwandiko
Kenny yaje arungika urwandiko rwo kugabisha Se wiwe ndetse no kuba yamutera ivyatsi ku ngendo mbi yakoze.
💫Kenny yaranditse ati:
Kuba nariswe KO ndi umuhungu wawe sinovuga KO ari ikosa
Ariko ryabaye ikosa kuba nabayeho kubera wewe.
Sinzigera nibagiye amateka mabi
Uri umuhemu
Umwicanyi karuhariwe ntazigera mbona mu bu*ima bwanje
Sinzigera nibagiye inabi yawe
Nzobisangiza abana banje
Ndetse nabuzukuru banje.
💉Amaraso ya Mushiki wanje ndetse na Mwenewacu ntaze akuve mu maso yawe Ibihe bidashira.
Ndakugabishije akanyuma KO niwafatwa mu rubanza rwanje nzokwivuna nk'umwansi wanje.
Nta bufasha bwawe nkeneye mu bu*ima bwanje kuko waturiye kuva kera
Imva z'abantu batatu zize zikwame ku mutwe gushika uciriwe Urubanza.
Wambereye umuvyeyi gito
Igisigo
Umugambanyi ntari bwigere mbona.
😭Se wa Kenny amaze kuronka urwo rwandiko yaratakaritse
Harya uvuga KO atawugutera intuntu ufise amafaranga vyaje biba ndetse icaje kibimutera ni uko yaje gusanga amabanga yiwe yose Nyina wiwe yasize ayavuze
Bimwe vyatumye mu masaha make gusa arose urwo rwandiko, mugabo mu*ima yahise aba nabi ndetse bimutera guta umutwe(Trouble mental)
🧠Ibintu rero vyaje biza nabi
Se wa Clairia yaje acika umurwayi wo mu mutwe inyuma yaho amaze kuba agumye yandikirwa nabose bamutera ivyatsi ndetse na Clairia umukobwa wiwe bamutera ku bwicanyi yakoze ndetse bikaza kugaragarira mu muryango wose.
🔷Ntibitevye rero, Urubanza rwagiyd ruba.
Igihe co kuba Kercy yitwa umugore wa Kenny vyaje biba.
Nyina wiwe ndetse yagumye ahozako impanuro.
Nyina yamutekereye vyinshi.
Nyina ati: Kercy twayaze vyinshi
Ntaco nisigiye mwana wanje
Uze wubahe Umukunzi wawe
Uze wamane karya karangamutima ndetse kwama wumva KO umugabo wawe ariwe mutwe w'urugo.
Uze wihanganire ibigeragezo
Kwihanganira abagutsitaza mwiza wanje.
Félicitations à toi kibondo canje ku ntambwe ya kabiri uteye mu bu*ima bwawe.
Nkwipfurije Urubanza rwiza mwana wanje
Aho bukera urambikana n'uwo wasengeye kenshi
Uwo wakubitiwe kenshi ndetse ukatukwa kubera we
Urerekanye ubutwari
Sinzokwigera nkwibagira mwiza wānje.
Kercy ati: Mama urakoze cane.
Nanje nkwipfurije kuramba mwiza Wanje
Ejo ndagenda mu burundi.
Nyina ati: Umwana ni uwokura agasohora ukuboko.
🔴Niho rero tubona bukeye bwaho, bamwe barataye umutwe kubera ibitangaza Imana ikoze.
Kenny nawe mu mpuzu y'urubanza ndetse ashigikiwe bimwe biteye ubwoba ndetse arikumwe n'abanyamafaranga.
Agaswi KO mu caro kaje gakora amateka.
Kenny na Kercy vyaje vyemezwa Imbere y'Imana n'abantu KO agiye kubana Kercy nk'umugabo n'umugore.
Kenny ati: ni umwe mudasubirizwa mu bu*ima bwanje.
Akagufa kanje sinkeka ko ari uwu.
N'ubwo bigoye cane, ariko ico nzi co mfise urubavu rwanje.
💍Ndakwambitse impeta Imbere y'inyonga z'Imana n'abantu
KERCY na Kenny ivyishimo kuri Bose
📸 Amafoto ndetse n'ukugendanirwa kwabo Kuri urwo rubanza bimwe vy'amateka.
🥂 Kenny na Kercy rero mu rubanza vyari biryoshe
Ariko rero ni uko wa Arianna atigeze yitaba Urubanza.
Arianna yaratuntuye abura uko agira
Ariko rero nticanse KO aguma yipfuriza Kenny Urubanza rwiza.
🔥 INYUMA Y'IMINSI MIKE CANE, urugi rushasha rwa Kenny ntivyabaye ngombwa KO baguma mu gihugu nk'uko Kenny yari yaje abivuga
Kenny na Kercy baje babandaniriza muri England kubayo nk'uko Kenny yaje abisezerana Umukunzi wiwe.
🥵Umunsi bagenda rero, Arianna yaje agerekeza Kenny
Imbere yuko aja kwurira indege, Arianna yaje asezerana urweze Kenny !
Arianna ati: Kenny sinumva ico nzovuga
Ariko uko bibaye ni uko Imana yabona KO bikwiye.
Ndawipfurije kuvyara hungu na kobwa na chérie wawe.
Nta nkeka KO uri umuntu wamanye akantu KO kuba hafi umukunzi wawe
Impanuro nziza wampaye sinzigera nzibagirwa
Icatumye ntakaza umuntu nkawe, ni uko ntamenye KO ariwe wankunda cane
Nirukira abansiga !
Urugendo rwiza.
Sinakunzwe n'abo nashaka kirya gihe, nsanga narekuye uwankunda nanje nkamukunda.
Nahubutaha mwiza wa Kercy.
🛡️Kenny ati: Arianna nticari gukunda nk'uko ubizi.
Kuko inkweto nari nambaye ntabwo yanyemerera kwirukako wewe
Kandi umenye KO Guhemukira uwugukunda ni nko kuguza izuba ushaka kugura ibuji🕯️
😭 Yooooo Mana Arianna yahise yaduka arira disi.
Kenny ndetse yabandanije urugendo rwiwe na Kercy muri England.
🙏🏿Inkuru yacu igarukiye ngaha.
Birangiye Kenny ajanye n'uwo yakunda.
Arianna ng'uwo birangiye asigaye ar’umwe.
📊Mu bu*ima niko bimeze
Habaho kubabara no kuryoherwa.
Se wa Kenny birangiye asaze
Amaraso y'umuntu arahuma sinkubesha 🔥
💔Mukundwa n'ubona Ex wawe arikumwe n'uwundi muhungu canke umukobwa ntuze ubabare, uze wibuke KO abavyeyi bacu batwigishije gutanga ibikoresho tutagikeneye 😍
💠Tukwiye gukura isomo rikomeye cane muri iyi nkuru.
Hemuka nawe ejo uzohemukirwa
Wirukira uwugusiga ugasiga uwugusanga.
🙏🏿Ndashimiye cane uwo wese twabanye mu nkuru yacu kuva ku ntango gushika kwiherezo
Ndamwipfurije kugira umutima ukunda kamwe
Utirukira ibisayangana
Kumenya gufasha uwugowe kuko numufasha uzoba ufashije uwagufashije.
👏🏿Bavyeyi imbuto mbi zitewe mu bana nizo bameramwo
Amaraso y'umuntu arahuma.
🙏🏿Ndabashimiye cane mwese twabanye muri iyi nkuru SINAKUNZWE 💔
✨Nahubutaha🔥
🎞️THE END OF THE STORY🎬