Buja Entertainment and Tech

Buja Entertainment and Tech Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from Buja Entertainment and Tech, Digital creator, Bujumbura.
(1)

Cartoonist🎨🖌️, Number One storyteller 😁, memelord
Deep Thinker 😀
WhatsApp: +25766429277
Reach me by sms: +25768749810

Real Madrid fan 🤍🤍
Number one fan of KirikouAkili 🐊

21/08/2026

ubukene buzama buntabara😌
ibaze iyaba ndandariza mw'irya gallerie🥱🤭

Isanganya ryabaye mukanya kw'uyu wa mungu, umugore yar'atwaye i voiture nziza y'i chevrolet yagonganye n'umugabo atwaye ...
02/08/2026

Isanganya ryabaye mukanya kw'uyu wa mungu, umugore yar'atwaye i voiture nziza y'i chevrolet yagonganye n'umugabo atwaye i probox😫😫

Umugore yar'afise mu modoka amacupa abiri y'udusarabwayi, umugabo nawe atanakimwe🙌

Aho bagongana, imodoka zabo zononekaye cane ariko kubw'amahirwe basohotse bose ari bazima🙌🙌

Bakiva mu modoka haheze akanya atawuvugana n'uwundi ariko haheze akanya baca batangura kuvugana💪

Wa mugore ati n'igitangaza kubona imodoka zacu zononekaye nk'uku tukaba twarokotse at'iki n'ikimenyetso c'uko Imana ikitwongeye imisi yo kubaho 🤭😍😍

Umugabo ati egoo nivyo iki n'ikimenyetso 🙏 wa mugore aravye iruhande rwa ya modoka yiwe abona twa dusarabwayi aho twakorokeye🙌 ati akira ncuti kamwe twihe pole ntakundi 🙌

Umugabo agatarukirako aragotomeraaaa akamaze umugore afata kakandi gwiwe aca aritaza agata kure maze wa mugabo ati ko utakanyoye wewe? 🤭 Umugore ati ubu ndabona wamaze kuborerwa 🤭💪 ati rindira gato abapolisi bashike usigure ukuntu utwara imodoka wanyoye 🤣🤣🤣🤣

30/07/2026

Nyash uyifise biba biboneka hemwe tutabeshanye 🙌 Claudine, ibintu vyo guhagarara nk'uwugira atere penalty bibi 🥱😆🤣🤣🤣

Umugabo mu gitondo yuriye muri etage ashaka kwiyahura kubw'ibibazo yar'afise, maze ageze hejuru, araba hasi🙏Yitegereje n...
30/07/2026

Umugabo mu gitondo yuriye muri etage ashaka kwiyahura kubw'ibibazo yar'afise, maze ageze hejuru, araba hasi🙏

Yitegereje neza hasi, abona umugabo mugufi, atagira amaboko ariko aratamba asa n'uwunezerewe cane 🤭

Umugabo abibonye ati yoooo ati Mana nagira nkore icaha c'ubusa kandi mbona har'abafise ibibazo bindenze👐🙌

Nya mugabo aba aramanutse, aja gushimira wa mugabo mugufi ati urakoze cane urantabaye🤨

Ati ngutabaye gute? Ati mbonye ukuntu unezerewe, uriko uratamba nagira niyahure, nca nsanga nawe utagira amaboko mbona unezerewe ✌️🙄😫

Nya mugabo mugufi aratwenga ati shaka uje kwiyahura muta🥱😫 kuko n'ubundi jewe sinariko ndatamba 😰 ati nari nabuze ukuntu niyagaza 😫🤣🤣🤣🤣🤣🤣

N'ubu kuva mugitondo nyamugabo turacamugumije 😭😰😰

Imisi myinshi bantu banje 💔💔 nzogaruka vuba

Umushoferi yaronse akazi ko gutwara inkono abatwa babumba, maze aje kuzitora aho baziparitse, Abwira umwe ati none ko mb...
22/07/2026

Umushoferi yaronse akazi ko gutwara inkono abatwa babumba, maze aje kuzitora aho baziparitse,

Abwira umwe ati none ko mbona ari nyishi? Izi ubona nozitwarira rimwe? Umutwa ati izi ni nkeya 🙏 umusoferi yazidutwariye ezobundi yatwaye izisumba izi kandi yar'afise akamodoka gatoyaaa

Umushoferi ati pakira zose rero tugende🙏🙏, nuko barapakira maze batangura urugendo

Bageze ku mudugo, imodoka ibura inguvu zo kuhaduga, maze ica isubira inyuma, ica iramandagara igwayo🙌✌️

Umushoferi na ba batwa basohoka bikunkumura maze shoferi n'ishavu ati wabonye ivyo navuga? Ba batwa bati yoooo iyi modoka irakomeye🥱🥱 tuguye haruguru gatoya ya hahandi twagwa ezobundi 🤣🤣🤣🤣

Umukobwa yakora umwuga w'uburaya ariko akama ashaka kubinyegeza inakuru kuko vyamuha amafaranga yo kwikenura muvyo baken...
18/07/2026

Umukobwa yakora umwuga w'uburaya ariko akama ashaka kubinyegeza inakuru kuko vyamuha amafaranga yo kwikenura muvyo bakenye🙌

Igihe kimwe, Leta iza gutanga imfashanyo ku bana bafise ingorane iwabo hamwe n'abakora imyuga mibi ibabeshejeho kugira bave mu ngeso mbi🙌🙌

Bababwira gutonda umurongo, maze za ndaya zose zitonda umurongo wazo🙌

Wa mukecuru inakuru wa wamukobwa ariko ararengana, abona wa mwuzukuru wiwe ari mu batonze umurongo

Umukecuru aramwegera ati aha muri mu biki? Umukobwa ati aha bagira baduhe ivyo kurya🙌

Umukecuru avyumvise aca yiruka inyuma, gutonda ku murongo maze umupolisi yariko aracungera imirongo abonye Umukecuru atonze ku murongo w'indaya, aramubaza ati :

"Mukecu, kw'iyi myaka ufise, ibi bintu urabishobora?(Yamubaza ko ashoboye uburaya). Umukecuru ati eka n'ubwo ntagikomeye nka kera ndapfa kurya(yivugira indya)🤣🤣🤣🤣🤣🤣🤣🤣🤣🤣🤣

Umwana yavuye kw'ishure asanga inkoko 🐓 yiwe yapfuye, utuguru twayo tugaramye turaba hejuru 😭😭Umwana ararira, maze se am...
18/07/2026

Umwana yavuye kw'ishure asanga inkoko 🐓 yiwe yapfuye, utuguru twayo tugaramye turaba hejuru 😭😭

Umwana ararira, maze se amubwira ati ihangane kuko urabona ipfuye amaguru araba hejuru, rero n'icerekana yuko yagiye mw'ijuru ✌️

Umwana arihorera. Haciye imisi, umwana abona se avuye ku rugendo yar'amazemw'imisi, maze aca aza gusanganira se avuza induru ati:

Paaaaaa, papa mama nawene yarahatswe kuja mw'ijuru habuze gato🤔 se ati yooooo ati vyagenze gute? 🤔 Umwana ati mama yari yatanguye kuduza amaguru nka ya nkoko, maze zamu aca amufatira hasi kugira ntagende 🙌🥱🤣🤣🤣🤣

Dusubire mukanya n'agakuru k'umugoroba w'uno musi ❤️🙌

Ntimwibagire kumfollowinga 🙌

18/07/2026

Umugabo yambara impuzu z'igitenge aba aganzwa n'umugore ✌️ kuko ntakuntu wombwira ko har'umugabo yozambara avyigombeye 😂😂

17/07/2026

Ntoye téléphone yiwe nterefona izina ryanditseko ngo tayeri, ngiye mbona hasonye gwanje 😭😭🥹

🤣🤣🤣🤣🤣🤣🤣
17/07/2026

🤣🤣🤣🤣🤣🤣🤣

Address

Bujumbura

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Buja Entertainment and Tech posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Shortcuts

Share