01/09/2025
๐ง๐ฎBUHUMUZA : Nyenicubahiro umukuru w'igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye uwu musi yishikiye gushikiriza ku mugaragaro indongozi nshasha zโintara hamwe nโitangura ryโimigambi yโiterambere.
Kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya 1 Nyakanga 2025,intara ya Buhumuza yakiriye Nyenicubahiro Umukuru wโIgihugu cโUburundi, Evariste Ndayishimiye aho yaje gushikiriza ku mugaragaro Madamu Denise Ndaruhekere yagenywe kuba Buramatari wโintara ya Buhumuza hamwe na Madamu Nahimana Marie Rose yatorewe kuba Musitanteri wa Komine Cankuzo.
๐Muri ivyo birori vyari vyitabwe nโabantu isinzi harimwo:
-Umushikiranganji wa mbere wa Repuburika yโUburundi asanzwe ari imvukira ya Buhumuza.
-Icegera ca kabiri cโUmukuru wโInama Nshingamateka nawe nyene akomoka muri iyo ntara.
-Abashikiranganji, abashingamateka, abaserukira amadini, abahinga mubijanye n'ubutunzi.....,umukuru w'igihugu yashoboye gutanga ubutumwa kuri izo ndongozi aho yasavye izo ndongozi nshasha kwitanga no gukorana ubukerebutsi , kugwanya magendu nโibindi bikorwa binyuranye nโamategeko kugira ngo Uburundi bushike mumbona kazoza y'igihugu cifashe mu 2040, giteye imbere mu 2060.
๐๐ฟMuri ivyo birori, ishirahamwe Burundi Avocado Market riri mubafatanyabikorwa mw'iterambere ry'iyo ntara ryamenyesheje icese itangura ryโikigo cihariye cโiterambere mu vyโuburimyi (ZESA) catangujwe muri iyo ntara ya Buhumuza. Uwo mugambi uzofasha muri ibi bikurikira :
-Gushiraho ipaki yโivyamwa igezweho.
-Guteza imbere ibibinza ndangakaranga vyerekana umuco nโibinyabuzima vyโakarere.
-Guteza imbere ubworozi burama kugira ngo habe umutekano mu biribwa.
๐๐ฟMubafatanyabikorwa kandi harimwo Aura Motors,ishirahamwe rikora mu bijanye no kugurisha amamoto akwiranye nโubuzima bwo mu bice vy'ikirere bitoroshe nka Master 150-9 yorohera abanyagihugu mu kwiyunguruza no kworohereza urudandaza.Aura Foundation nayo ikaba yaratanguje umugambi wโindero ushingiye mugutanga inyigisho zijanye n'ubuhinga bwa none ndetse no guha abanyeshure bโi Burundi amahirwe yo gukoresha ibikoresho vya none kugira bategurirwe neza kwinjira mu buzima bwo muri kino gihe cโikoranabuhanga.
๐ง๐ฎBuhumuza ikaba yafashe inzira yo kwiyubaka muburyo bw'iterambere ryuzuye.
ITEKA FM Radio