14/01/2026
Igisata câamasoko ntanganguvu ni kimwe mu bisata nyamukuru mwâiterambere ryâigihugu. Mu guteza imbere ico gisata, Reta yâUburundi yarateye igikumu ku masezerano yo gufashanya nâigihugu ca Maroc mu bijanye nico gisata câamasoko ntanganguvu harimwo nâumuyagankuba. Ivyo bikaba vyashikirijwe kwâigenekerezo rya 14 Nzero 2026 mu nama ya bose ya ba Nyakwubahwa Abashingamateka, aho bari bakoranye mu ngoro yâamakoraniro mu Kigobe kugira bige bongere bemeze integuro yâibwirizwa ijanye nâayo masezerano yasinywe kwâigenekerezo rya 12 Rusama 2025 i Rabat.
Reta ikaba yarungitse Umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo amasoko ntanganguvu, Dr. Hassan Kibeya kugira atange umuco ku bijanye nâiyo nteguro yâibwirizwa.
Muri iyo nama ya bose, ba Nyakwubahwa Abashingamateka bipfuje kumenya igituma hibonekeza amazone eka nâibisagara bitararonka umuyagankuba kandi Umushikiranganji yarashikirije ko umuyagankuba uhari ari mwinshi usumba nâuwukenewe mu gihugu cose. Aha, Umushikiranganji Hassan Kibeya yishuye ko ikibazo cibonekeza ahanini kâugusaza kwâimihora ishikana umuyagankuba mu mihana itandukanye.
Yaciye ashikiriza ko ishirahamwe Regideso ririko rikora ibishoboka vyose mu ntumbero yo gusubiriza iyo mihora yashaje, haboneke mishasha. Yavuze kandi ko nâama poto yâibiti yakoreshwa mu kurahura umuyagankuba agiye guhindurwa akaba ayivyuma kuko ayâibiti ataramba kandi atera amasanganya.
Umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo amasoko ntanganguvu yibukije ko hari imigambi myinshi iriko irategurwa kugira ibisigara, ama zone yose yo mu gihugu bironswe umuyagankuba, akipfuza ko muri 2030, imihana ingana na 70% yoba ifise umuyagankuba.
Yamenyeshejwe kandi ko hari igisagara ca Muyange muri Kayanza mu ntara ya Butanyerera kitararonka umuyagankuba kandi gituganijwe neza (viabilisé), aha yishuye ko kuri rino genekerezo nyene abaza amakuru yose yerekeye ico kibazo hanyuma inyishu zishimishije zigiye kuboneka.
Inyuma yo guhinyanyura iyo nteguro yâibwirizwa rijanye nâamasezerano yo gufashanya hagati ya Reta yâUburundi nâigihugu ca Maroc ku bijanye nâigisata câamasoko ntanganguvu, ba Nyakwubahwa Abashingamateka baciye bayemeza ijana kwâijana.