TS Morning posts

TS Morning posts Votre source quotidienne d'actualités mondiales et locales triées pour vous avec précision en Français,Anglais et Kirundi.

⛽⛽ igituro c'imiduga ikoreshaa n'umuyagankuba,imiduga isigaye ikubita rukuzura na cane cane ko umuduga umwe utwara imino...
27/09/2026

⛽⛽ igituro c'imiduga ikoreshaa n'umuyagankuba,imiduga isigaye ikubita rukuzura na cane cane ko umuduga umwe utwara iminota irenga 20-30 kugira wuzure, hoba hari umugambi wogukwiragiza ibindi bituro mugisagara ca no mu miji y'izindi ntara?

🕯 ✝️ 🕊Raymond Nzimana, umumenyeshamakuru akaba n’Umuyobozi wa Bonesha FM, yitavye Imana  kuri uno w’Imana igenekerezo ry...
27/09/2026

🕯 ✝️

🕊Raymond Nzimana, umumenyeshamakuru akaba n’Umuyobozi wa Bonesha FM, yitavye Imana kuri uno w’Imana igenekerezo rya 27 Nyakanga 2026.

😔Turihanganishije umuryango wabuze , umuryango w’abamenyeshamakuru muri rusangi, hamwe na yari arongoye. Bikaba vyamenyesheje Ubushikiranganji bujejwe itumatumanako amakuru.



🛣  ,   : Ibikorwa vyo kwagura no gutunganya ikibanza c’umupaka wa Kobero birikumurindi mwiza.===================⛏Ivyo bi...
27/09/2026

🛣 , : Ibikorwa vyo kwagura no gutunganya ikibanza c’umupaka wa Kobero birikumurindi mwiza.
===================
⛏Ivyo bikorwa vyatangujwe muri Ndamukiza 2026 n’Ikigo kijejwe amabarabara mu Burundi (ARB), bikaba bitegekanijwe ko nibirangira, ico kibanza c’umupaka kizoshobora kwakira amabeni manini nimiburiburi agera ku 280.

🎙Umuyobozi wa Butihinda avuga ko ukwagura umupaka wa Kobero bizofasha OBR mu kugenzura ibidandazwa no gucunga neza uruja nuruza rwabinjira n'abasohoka igihugu, yanavuze ko zimwe muntumbero komine ifise ariyo guteza imbere Kobero ikaba igisagara kigezweho kurwego mpuzamakungu.


🛣️🇧🇮 Avenue de la croix rouge agace k'inyumay'ibanki   na microfinance   rirahita kuva kuri uwu wa gatanu inyuma y'igihe...
27/09/2026

🛣️🇧🇮 Avenue de la croix rouge agace k'inyuma
y'ibanki na microfinance rirahita kuva kuri uwu wa gatanu inyuma y'igihe kariko karakorwa.


❓🚧 Ibarabara RN3 ryahagaritswe gukorwa, habaye iki?—iki nikimwe mubibazo vyabajijwe munama Kenguzamateka.===============...
27/09/2026

❓🚧 Ibarabara RN3 ryahagaritswe gukorwa, habaye iki?—iki nikimwe mubibazo vyabajijwe munama Kenguzamateka.
===================
📍Mu nama yabakenguzamateka yakoranye irongowe n'umukuru w'Inama Nkenguzamateka Gervais Ndirakobuca.

❓Harabajijwe n'imvo amabarabara makuru nka RN3(Rumonge-Nyanza lac), RN9(Gikoma-Bubanza), Rumonge-Gitaza na Kabingo-Kasulu-Manyovu, yahagaritswe gusubirwamwo neza.

🎙Ku bijanye n’ibarabara RN3 ritagishobora kurengana neza, umuhinga w'inyubako NIJIMBERE yavuze ko Ubushikiranganji bw’Ikigega ca Reta bukibandanya ibiganiro n'ibigo nka BDEA, FSD na KFAED. Yavuze kandi ko ishirahamwe ryari ryahawe ico gikorwa riteguye kubandanya ibikorwa mugihe amafaranga riheraniwe yishuwe.

🎙Yabandanije avuga ku mugambi w’ibarabara Rumonge-Gitaza na Kabingo-Kasulu-Manyovu, ko igikorwa co gusozera amasezerano ya mbere kikiriko kiragenzurwa irya nyuma bikaba biriko bikorwa n’umugenzuzi yigenga w’ikigega ca Reta , mu gihe amasezerano yo kurangiza ibikorwa bisigaye arindiriye uruhusha rwa banki kugira asinywe.




26/09/2026

🇧🇮🇧🇮❌🥃Itangazo rijanye no guhagarika inzoga n'imivinyu vyongeyemwo umwambiro hamwe namahingiro yavyo mu

🔴 Umutambukanyi w'umukuru w'igihugu y'ifatanije n'abenegihugu mubikorwa rusangi kukibuga c’Indege Melchior Ndadaye.=====...
26/09/2026

🔴 Umutambukanyi w'umukuru w'igihugu y'ifatanije n'abenegihugu mubikorwa rusangi kukibuga c’Indege Melchior Ndadaye.
=====================
📌Angeline Ndayishimiye yifatanije n’abanyagihugu bo mu makomine ya Ntahangwa, Mukaza, Mugere na Mpanda mu bikorwa vyo gutunganya ikibanza gikikuje Ikibuga c’Indege Melchior Ndadaye.

🎙 Angéline Ndayishimiye yarangije asaba rero gukomeza isuku, gutera amashurwe kumabarabara agana ikibuga c'indege no gusukurira imigende y’amazi kugira aho hantu harushirize kuba heza, kandi hakire neza abash*tsi baza mu Burundi.


'Indege

🇨🇩    🛩💥 Isanganganya ry'indege ryabaye mugihugu ca Congo, mubo ryahitanye harimwo abakuru b'ingabo babiri.=============...
26/09/2026

🇨🇩 🛩💥 Isanganganya ry'indege ryabaye mugihugu ca Congo, mubo ryahitanye harimwo abakuru b'ingabo babiri.
===================
📍Abantu bagera kuri 14, harimwo n'bakuru babiri bomurwego rwa gisirikare muri Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo, baraye bahitanywe n’isanganya ry’indege ntoya yabaye ku wa Gatanu mu bumanuko bushira uburengero bw’ico gihugu.

🏛Reta ya RDC hamwe n’igisirikare c’ico gihugu ni vyo vyamenyesheje ayo makuru mwijoro ryokuruyu wagatanu.



🔴   &   :Umushikiranganji wa mbere arabandanya urugendo rwo gusuzuma uko ibikorwa vya Leta biriko biragenda mu ntara no ...
26/09/2026

🔴 & :Umushikiranganji wa mbere arabandanya urugendo rwo gusuzuma uko ibikorwa vya Leta biriko biragenda mu ntara no mu makomine.
==================
📅Kuwa 24 Nyakanga 2026, Umushikiranganji wambere, Nestor Ntahontuye, yaragendeye intara za Gitega na Buhumuza, aho yagendeye inyubakwa za Leta zasubiwemwo, zitegekanijwe kwakira ibikorwa vy’inzego z’intara z’ibisata vyose vya Leta.

📍Muri komine Muyinga, intara ya Buhumuza, Umushikiranganji yagendeye ishirahamwe Soteb, rikora ibikorwa vyo gucukura no gutunganya inzahabu. Yanavuze ko umwimbu w’inzahabu uriko uratera imbere, ugereranije n’imyaka iheze.

✍️Umushikiranganji yanavuze kandi ko Leta iriko irategura amasezerano mashasha hagati yayo n’abakora ubucukuzi bw’amabuye y’agaciro, kugira ngo urwo rwego rutange inyungu ku mpande zose.

Yashimangiye ko ubucukuzi bw’amabuye y’agaciro buri mu nzego Leta yashize imbere mu gushikira intumbero z’iterambere ry’igihugu.

📌yarangije ahamagarira abashoramari kurushiriza gushora imitahe muri urwo rwego, naburya hagamijwe kwongera umwimbu w’amabuye y’agaciro arungikwa mu mahanga.


🇧🇮 🪖  : Ingabo zatahutse zivuye mubutumwa bwokubungabunga amahoro muri Centrafrique zaraye zirangije inyigisho.=========...
26/09/2026

🇧🇮 🪖 : Ingabo zatahutse zivuye mubutumwa bwokubungabunga amahoro muri Centrafrique zaraye zirangije inyigisho.
==================
📌Abagize umurwi wa 10 babasirikare b'abarundi , baheruka gutahuka bava mubutumwa bwokubungabunga amahoro mugihugu ca , bararangije kuri uyu wa Gatanu, igenekerezo rya 25 Nyakanga 2026, inyigisho zo gusabikanya ubumenyi bakuye murubwo butumwa.

📅Izo nyigisho zari zimaze imisi itanu, zikaba zari zirongowe n’Ibiro bijejwe ibikorwa vyo kubungabunga amahoro.

✍️Mwiyo minsi itanu, abasirikare barasuzumye ibikorwa vyaranguwe, ingorane bahuye na zo hamwe n’inyigisho bakuye mubwo butumwa.

📍 Ivyiyumviro n’impanuro vyavuye muri izo nyigisho bizofasha mu gutegura neza no kunagura inyigisho z’ingabo z'umuriw ukurikira uzorungikwa mubwo butumwa bwo kubungabunga amahoro.



Address

Bujumbura

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when TS Morning posts posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Shortcuts

Share