27/08/2026
โ๐ฃ๐ซ Abari barahevye ishure bipfuza kuja muri kaminuza basabwa kubisaba mu bushikiranganji bw'indero
โ------------------------------
โ๐ฐ Ubuyobozi bukuru bujejwe ubushakashatsi n'inyigisho mu mashure ya kaminuza burahamagarira abari barahagaritse ishure bipfuza kuja muri kaminuza, ko bokwandikira mu maguru masha ikete umushikiranganji w'indero ryo gusaba kubandanya ivyigwa mu mashure ya kaminuza
โ
โ๐ Ibitegerezwa gutomorwa muri iryo kete harimwo umwaka nyene kuryandika yakoreyemwo ikibazo ca Reta (Examen d'Etat), igisata n'ishure yigako, amanota yaronse n'inimero yari yanditsweko muri ico kibazo, biherekejwe n'urupapuro rwerekana ko yatoye ikibazo ca Reta (attestation de rรฉussite ร l'examen d'Etat). Muri iryo kete, hategerezwa kandi gutomorwa ibisata bitatu vya kaminuza nyene kwandika ikete yipfuza kwigamwo
โ
โ๐ Musomyi, iyi nkuru uyakiriye gute ?
โ
โ me please