Radio Cibitoke Diaspora Network Fm 97.0 Mhz

Radio Cibitoke Diaspora Network  Fm 97.0 Mhz Contribuer au développement socio-économique et culturel du pays en général

🛠️ Murwi/Cibitoke : Abanegihugu Bo ku mitumba ya Rwiri na kiryama basaba ikiraro gikomeye cubatswe kubuhinga bwa kijambe...
01/09/2025

🛠️ Murwi/Cibitoke : Abanegihugu Bo ku mitumba ya Rwiri na kiryama basaba ikiraro gikomeye cubatswe kubuhinga bwa kijambere

Kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya 1 Nyakanga 2025, abenegihugu bo ku mitumba ya na $Kiryama ( ) baramukiye mu bikorwa rusangi vyo gutarura ikiraro co kurunzi .

📌 Komine Cibitoke nayo nyene yarashizemwo uruhara, itanga uburyo bwo kugura imadiriye zafashije mu bikorwa vyo gutarura ico kiraro neza.

🎙️Musitanteri wa Komine , , yashimiye abavyitavye, yongera guhamagarira abandi gukunda ibikorwa rusangi, kuko ari ryo shingiro ry’iterambere rirama. Yavuze ati: “Uwudakorera ibikorwa rusangi nta kazoza aba yipfuriza igihugu.”

🛑 Ico kiraro gifise akamaro kanini mu migenderanire hagati y’imitumba ya na , no mu bikorwa vy’iterambere muri zone Murwi na Komine Cibitoke muri rusangi.

📢 Abanyagihugu bo kuri iyo mitumba basaba Reta n’abashigikira iterambere kwifatanya nabo kugira hubakwe ikiraro kirama kizotuma ibikorwa vy’ubuzima n’iterambere bidahungabana.





✍🏾Nzambimana_Edouard

🟢Cibitoke : Musitanteri wa komine Cibitoke yasavye abarongozi b’amadini n'amashengero guterera mw'iterambere ry’igihuguK...
29/08/2025

🟢Cibitoke : Musitanteri wa komine Cibitoke yasavye abarongozi b’amadini n'amashengero guterera mw'iterambere ry’igihugu

Kuruyu wa kabiri, igenekerezo rya 26 Myandagaro 2025, Musitanteri wa Komine Cibitoke, , yarakiriye bamwe mu bash*tsi baje kwifatanya n’abakirisu b’ishengero ry' , mu bikorwa vy’ivugabutumwa vyari bitegekanijwe muri komine Cibitoke.

🎤 Mu butumwa yatanze, Musitanteri NAJENEZA yashimiye uruhara amadini n’amashengero bafise mu guteza imbere indero n’inyifato myiza mu kibano. Yasavye kandi ko abo vyoshobokera, mu madini yobandanya guterera mu bikorwa vy’iterambere, harimwo gufasha abatishoboye, guteza imbere uburimyi, kwubaka amashure, hamwe no gushigikira ibikorwa rusangi.

🛐 Ivyo bikorwa vy’ivugabutumwa bikaba vyatunganijwe n’ishengero ry’Abadventiste b’umunsi wa 7, hamwe n’abash*tsi bavuye hirya no hino, vyahurumbiwe n’abantu isinzi.

📍Akarorero nk’ako, nk’uko Musitanteri yabishimangiye, “kagaragaza ko amadini afise uruhara ntasubirizwa mu gufasha igihugu gushikira iterambere rirama.”







✍🏾Nzambimana_Edouard.

🟢Cibitoke/ : CNC yibukije ibimenyeshamakuru ico bijejwe📍Espérance NDAYIZEYE, arongoye Inama Nkuru y’Igihugu ijejwe Kumen...
29/08/2025

🟢Cibitoke/ : CNC yibukije ibimenyeshamakuru ico bijejwe

📍Espérance NDAYIZEYE, arongoye Inama Nkuru y’Igihugu ijejwe Kumenyesha Amakuru (CNC), yagendeye ibimenyeshamakuru bikorera muri Komine Cibitoke kuri uyu wa 29 Myandagaro 2025.

🎙️ Yibukije ko CNC ijejwe kuraba ingene abamenyeshamakuru bakora, no kwemeza ko bakurikiza amategeko n’amabwirizwa abagenga.

👏🏾 Yashimiye Isamirizi CDN – Ijwi rya Cibitoke uburyo ikora ibiganiro n’amakuru yubaka igihugu n'ikibano, asaba ibindi binyamakuru gukora vyisunze ivyo vyemerewe n’amategeko.

📌 CNC igasaba ibimenyeshamakuru gukora mu kubahiriza uburenganzira bw’abenegihugu, n’uruhusha rwemewe kugira bikorere ku mugaragaro.




✍🏾Nzambimana_Edouard

23/08/2025

🛠️ Mugina : “Umwuga urakiza” — Abiga kuri CEM Nyabugimbu (ikigo cigisha umyuga ) bahamagarira abandi kwiga ibisata vyimyuga

Mu ntumbero yo guteza imbere ubumenyi ngirakamaro no guha akaryo urwaruka rufise amikoro make , umuyobozi w’ishure ry’imyuga CEM Nyabugimbu, MURYANGO Jean de Dieu*, yahamagariye abipfuza kwiga imyuga kwitura iryo shure rikorera muri komine y'indero ya Mugina, mu ntara ya Bujumbura.

🎓 Uyu muyobozi yamenyesheje ko iryo shure rifasha cane kuko abanyeshure ntibariha amafaranga y’ishure, ahubwo baronswa amafaranga y’itike kugira bashike ku mashure, bivanye n’uko benshi muribo bava mu miryango ifise amikoro make.

👨🏽‍🔧 CEM Nyabugimbu (Centre d’Enseignement des Métiers) rikaba rifise ibisata 7:
- Gusona
- Kubaza
- Kwubaka
- Uburimyi
- Ubworozi
- Gusudira
- Umuyagankuba (électricité)
✨ Vuba hakazoshingwa n’igisata c’ubuhinga bwa none informatique ).

Abanyeshure bigira muri ico kigo barashima cane iyi poritike ya Reta n’imfashanyo y'umugambi PACEJ, bavuga ko uwo yiga umwuga aca aronka akazi, bigatuma adafatwa n'agashomeri.

📣 Basaba urwaruka kutikumira no kwinjira mu mashure y’imyuga, kuko umwuga urakiza kandi ushobora guhindura ubuzima ata kurindira ubuzi bwa Reta. Ico kigo kikaba atawo gikumira haba abahejeje amashure, asanzwe eka ndetse nabize za kaminuza barabakira.


✍🏾Nzambimana_Edouard

🟢 Cibitoke – Ibiciro vy’ibikoresho vy’ishure vyarahindutse imbere y’umwaka w’ishure wa 2025–2026▶️ Mu gihe umwaka w’ishu...
23/08/2025

🟢 Cibitoke – Ibiciro vy’ibikoresho vy’ishure vyarahindutse imbere y’umwaka w’ishure wa 2025–2026

▶️ Mu gihe umwaka w’ishure w'2025–2026 ugiye gutangura, mw'isoko nkuru ya ibiciro vy’ibikoresho vy’ishure bimwe vyaragabanutse, ibindi navyo vyaraduze.

📌Ibikoresho vyagabanutse ibiciro ufatiye k'umwaka w'ishure waheze w2024-2025:
- Amakaye: Amakaye yitwa ko adakomeye , yaragabanutse igiciro. Ubu amakaye amwamwe arashobora kugurwa hagati ya 2.000 – 2.500 Fbu, mu gihe mu mwaka uheze vyashika kuri 4.000 Fbu.

📌 Ibikoresho vyaduze ibiciro:
- Imyambaro y’ishure: Yaduze ku rugero rwa 5%, bituma abavyeyi bavuga ko ibintu biriko birazimba. Ibindi vyaduze Ibiciro ni Amakaramu aho Ikaramu benshi bita bike yahora igurwa 700 Fbu, ubu igeze ku mafranga 1.000 Fbu.
- Uducamurongo natwo nyene twaraduze : aho ikitavuzwe n'ibipfukisho kimwe kiri hagati ya 700 – 1.200 Fbu.

🎤 Abavyeyi barashima ko amakaye yagabanutse, ariko barasaba Reta ko yokwumviriza ugutakamba kwabo, igafasha kugira n’ibindi bikoresho bibandanye kugabanuka, gutyo ntahagire umwana atiga bivuye kukubura ivyangombwa.

🎯 Ibisabwa na benshi:
- Reta isabwa gukurikirana iyubahizwa ry'ibiciro ku masoko.
- Gutanga infashanyo ku miryango idafise ubushobozi.

✍🏾

Cibitoke – Abarimyi b'ipama bafise imyidogo  barondera ikibanza c’uguhungira mwo kubera ikibazo c’isoko ry’ipampa📍Mugihe...
21/08/2025

Cibitoke – Abarimyi b'ipama bafise imyidogo barondera ikibanza c’uguhungira mwo kubera ikibazo c’isoko ry’ipampa

📍Mugihe amezi ya Ruheshi, Mukakaro na Myandagaro, yahora ari amezi aho umwimbu c'ipampa waba uriko uragurwa n'ishirahawe COGERCO mu karere ka Cibitoke na Buganda abarimyi twayaze bavugako , bari mu gihagararo kubera ukutaronka isoko y’umwimbu w’ipampa, umwimbu bitezeko ibitari bike, ngo kuko ushobora kubafasha mu kugura ibikoresho vy’ishure n’ibindi vyankenerwa.

🎤Bagira bati :
_"Ivy'Ipampa vyaramaze kuba ndanse kuko twaramaze kwimbura, ariko nta wuza kugura. Kandi niryo twari titezeko ivyakenerwa kugira dushobore kurungika abana kw’ishure, n’ibindi vyose bikenwa. Twaramaze guta icizere."

Vuba Amashure agiye gutangura, ariko abavyeyi benshi bavuga ko batashoboye kuronka aho bakura amahera y’ibikoresho, imyambaro y’ishure canke amafaranga y’ishure. Ivyo bikaba bishobora gutuma abana benshi batitaba ishure, canke bigatuma bakirwa nabi kuko batiteguye neza.

🎤 "Ntagikoresho na kimwe c’ishure, nta mbuto, nta makaye, amahera yose twari dufise twari tuzi ko azova mw’ipampa. None rero turakeneye ubufasha bwa Reta. Twumva ko Umukuru w’igihugu yiyemeje gufasha abanyagihugu, tumusaba kugira ico yofasha kugira iki kibazo c'ipampa kironke umuti urama."_

🔹 Ibisabwa Reta n’abajejwe igisata c’uburimyi na cane cane igisata c'ipampa :

- Gukorana na COGERCO kugira bagurire abenegihugu umwimbu wabo ku gihe
- Gutegura imigambi irama kuri iki gisata c’ipampa
- Kwegeranya kugihe uburyo bwo kugura umwimbu w'ipampa ku barimyi mu gihe gikwiye

🗣️ « Umukuru w’igihugu yama avuga ko ata mwenegihugu akwiye gusigara inyuma. None twipfuza ko n’iki kibazo cotangwako inyishu vuba », ico n'igisabo c'abarimyi.

✍🏾Nzambimana_Edouard





16/08/2025

My Village festival

🟢 Cibitoke/Musenyi – CNDD-FDD yifadikanije n'abeneguhugu bo k'umutumba wa Musenyi mu bikorwa rusangi vyo kwimba imifureg...
14/08/2025

🟢 Cibitoke/Musenyi – CNDD-FDD yifadikanije n'abeneguhugu bo k'umutumba wa Musenyi mu bikorwa rusangi vyo kwimba imifurege izocamwo amatiyo y’amazi meza

📍Mitterrand NDAYIKENGURUKIYE umunyamabanya nshingwabikorwa wa komine Cibitoke asaba abenegihugu gukunda ibikorwa vy'iterambere rusangi gutyo iterambere n'isuku nibindi vyankenerwa biboneke.

Ivyo bikorwa rusangi bikaba vyabaye kuruyu wa kane ku mutumba ya Musenyi, navyo bikaba bifise intumbero yo gushikana amazi meza ku benegihugu.

🔹Aho ico gikorwa bikaba catewe iteka n’imbonerakure n'abahoze k'urugamba b’umugambwe CNDD-FDD mu rwego rwa Komine Cibitoke, aho berekanye ko bashigikiye bivuye inyuma ibikorwa vy’iterambere rusangi.

🔸bakaba bashimiye uruhara rw’ishirahamwe (Cadre Associatif Solidaire du Burundi), ishirahamwe ryo mu Butaliyano rigiye gutanga uburyo bwo gushikana amazi ku benegihugu bo ku mitumba ya , na ( , yo muri Komine Mugina), , rikongera rikanatanga ibikoresho n'ibindi vyankenerwa muri ivyo bikorwa vyo gutanga amazi.

🎯 CNDD-FDD ikaba yasavye n’iyindi migambwe gufata iya mbere mugufashanya n’abandi mu bikorwa vy’iterambere rusangi. umugambwe washimangiye ko "atawushobora kuronka ico ashaka atitanze", bongera bongera bavugako bazoshira imbere uruhara rw’umwenegihugu mu kwiyubakira igihugu.

🗣️ *Indongozi z’uwo mugambwe* zavuze ko zizokwama hafi y’abenegihugu, zikanabasaba kwama bitaba ibikorwa vy’iterambere rusangi kuko arivyo bizoshikana igihugu kw’iterambere rirama.






✍🏾

🟢 Brarudi yatangaje ibiciro bishasha vy’ibinyobwa vyayo, bizotangura gukurikizwa ku wa 13 Myandagaro 2025Ishirahamwe Bra...
13/08/2025

🟢 Brarudi yatangaje ibiciro bishasha vy’ibinyobwa vyayo, bizotangura gukurikizwa ku wa 13 Myandagaro 2025

Ishirahamwe Brarudi S.A. rihingura ibinyobwa mu Burundi ryamenyesheje abaguzi n’abafatanyabikorwa baryo ko hari ihinduka ry’ibiciro vy’ibinyobwa, rizotangura ku wa 13 Myandagaro 2025.

Mu rwandiko rwemewe rwasohowe ku wa 12 Myandagaro, Brarudi yasiguye ko iri hinduka rije kubera ukwiyongera kw'ibiciro vy'ibikoresho vy’ifashishwa muguhingura ivyo binyobwa.
Kuva Ubu ibiciro bihari kandi vyemewe
- Primus 72cl: 3 300 Fbu (umuguzi wa nyuma)
- Primus 50cl: 2 700 Fbu
- Amstel Bock 33cl: 2 800 Fbu
- Amstel Blonde 50cl: 2 800 Fbu
- Amstel Bright 33cl: 2 700 Fbu
- Amstel Bright 50cl: 2 800 Fbu
- Vita’o: 1 500 Fbu
- Boissons gazeuses (sodas): 1 500 Fbu

Brarudi yamenyesheje ko ivyo ari ibiciro vyemewe kandi ko bibwirizwa kwubahirizwa ku rwego rw’igihugu cose.

🔔Abaguzi barasabwa kwitwararika ivyo biciro kugira birinde ibiciro vy’ikirenga biva ku bujuju bwa bamwe no kurondera inyungu z'umurengera.

Abadandaza nabo bagasabwa kumanika ivyo biciro bishasha Aho badandariza.




✍🏾NzEd.

🛑UMUKWABU W’AMAMOTO MURI ZONE RUGOMBO – KOMINE CIBITOKEKuri uyu wa 13 Myandagaro 2025, habaye umukwabu wo gufata amamoto...
13/08/2025

🛑UMUKWABU W’AMAMOTO MURI ZONE RUGOMBO – KOMINE CIBITOKE

Kuri uyu wa 13 Myandagaro 2025, habaye umukwabu wo gufata amamoto adafise ivyangombwa bikwiye, wabereye kuri parking y'isoko ya kijambere ya zone Rugombo, muri Komine Cibitoke.

🚨 Amamoto menshi yafashwe, abari bayatwaye bamwe baciye biruka, ariko ama moto yafashwe yaciye ajanwa kuri commissariat zone Rugombo.

🔍 Abo bafashwe basabwe gushikana ibyangombwa bikwiye, harimwo n’ivyo gusuzumisha amamoto yabo kugira hamenyekane ko ameze neza, mu ntumbero yo gukinga amasanganya mu mabarabara.

🔔 Abayobozi b'inyamira mabi muri zone basavye ko abagendesha ama moto bose bokwubahiriza amategeko agenga uruja n’uruza, kuko umutekano wo mu mabarabara urakenewe ku rugero rwo hejuru.

Photo du jour
12/08/2025

Photo du jour

Cibitoke: Abize kuri Lycée Cibitoke mugisata nderabigisha (Pédagogie)  berekanye urukundo n’ubwitange Abanyeshure bize  ...
10/08/2025

Cibitoke: Abize kuri Lycée Cibitoke mugisata nderabigisha (Pédagogie) berekanye urukundo n’ubwitange

Abanyeshure bize kw'ishure ryisumbuye rya Cibitoke bo mu ma promotion ya 24 na 25, bize igisata nderabigisha (Pédagogie), berekanye urugezo rwiza rw’ubwitange mu gushigikira iterambere hamwe n’ugufashanya mu gikorwa c’ubutabazi kuri uyu wa 10 Myandagaro 2025.

👉🏾Abo banyeshure 24 bize igisata nderabigisha kw'ishure ryisumbuye rya Cibitoke bishize hamwe batanga amakarata 30 y’ukwivurizako (Carte d'assistance Maladie) zirikumwe n’inkaratasi z'umuduga rusehabaniha (Ambulance 🚑), vyose bifise agaciro kangana 180 000 FBu.

🔹Mw’ijambo yashikirije, Eloge Najeneza, Musitanteri wa komine Cibitoke, yashimye ico gikorwa c’ubuntu, agasaba ko hoshirwaho ishirahamwe ry’abize kuri Lycée Cibitoke, ryohuriza hamwe abarangije mu bisata vyose.

🎯Yaciye atumira abari ngaho hamwe n’abandi benegihugu bose, kwitabira ibikorwa vy’iterambere, guteza imbere isuku. Akaba yakeje abo batanze iyo mfashanyo, yatanzwe muri uku kwezi kwa Myandagaro kwahariwe ugushigikirana mu kibano yibukije ko komine Cibitoke ifise uruhara rukomeye mu rugendo rw’igihugu rugana ku mbona kazoza y'2040–2060, agasaba ko ibikorwa vyose bizokorwa vyokwandikwa ku banyagihugu babikoze, nk’ukwerekana ko buri wese afise ico ashoboye gufasha igihugu.

▶️Abaronkejwe ayo makarata barashimye cane, bavuga ko

Address

House Number 172 Place Du Siège Provincial
Cibitoke

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Radio Cibitoke Diaspora Network Fm 97.0 Mhz posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Radio Cibitoke Diaspora Network Fm 97.0 Mhz:

Share

Category