27/10/2025
Ukuzirikana kw'uyu musi- 27 Gitugutu, 2025
*Kwiyemeza Kugendana n'Imana ku Rwego rwo Hejuru*
*"Arikw'iryo tanguriro, umuntu ni yaryubakishakw' izahabu, cank' ifeza, cank' amabuye y'igiciro kinini, cank' ibiti, cank' ubwatsi, cank' ibishakashaka, igikorwa c'umuntu wese kizoseruka. Wa musi uzogiserura, k*k' uzohishuranwa n'umuriro, kand' igikorwa c'umuntu wese uwo muriro uzokigeza ico kirimwo."*- 1 Ab'i Korinto 3:12-13
Iherezo ry'ibintu vyose riregereje. Imana ikora ku mutima uwo ari wo wose uba witeguriye kwakira ukugirwako ubwaku na Mpwemu Yera wayo. Imana iriko irarungika intumwa zayo kugira ngo zitange ukubabisha mu gace kose ko kuri iyi si.
Imana iriko irapima ukumaramaza kw'ishengero ryayo hamwe rero n'ubushake bw'abizera bagize Ishengero bwo kwumvira uburongozi bwa Mpwemu Yera. Intumwa z'ijuru ziribonekeza ziriko zikwiragira ahantu hose, zigerageza gukoresha uburyo bwose bushoboka kugira ngo zigabishe ababa kuri iyi si ibijanye n'imanza z'Imana zimirije kandi bakagirako bashikiriza isi inkuru nziza y'umunezero y'agakiza gahabwa n'abo bose bizera kandi bakakira Yesu Kristo nk'Umwami n'Umucunguzi wabo. Izo ntumwa zishira hejuru ubugororotsi bw'Imana.
Mpwemu w'Imana ari ku gikorwa mu mitima y'abantu kandi abantu bose bimera bakizera ukwinginga kwiwe baca bahinduka umuco w'isi. Tuzoca tubabona ahantu hose, bariko barasabikanya n'abandi umuco baronse nk'uko vyagenze inyuma y'isukwa rya Mpwemu Yera ku musi wa Pentekoti. Uko bazobandanya bakayanganisha umuco w'Imana, ni nako bazobandanya bahabwa ubushobozi mu buryo burushirije. Isi izoca imurikirwa n'ubwiza bw'Imana.
Ariko, Yooo! Mbega umubabaro! Abizera batariko bemera uburongozi bwa Mpwemu Yera batakaza mu buryo bwihuse imigisha bakiriye mu kwemera kwakira ukuri kwo mw'ijuru mu gihe c'intango yo kwizera kwabo. Baca bisanga babayeho ukwizera kw'umugenzo gusa, bibereye mu kazuyazi, ata guhishurirwa n'ijuru kubashikira. Ntibaba bacitwararitse imishaha yazimiriye kure y'Imana. Ni ukuvuga ko bazoba bararetse uru