30/07/2026
🏍️ : Abamotari basabwa kudapakira umuntu arenze umwe no gukorera mu mategeko bakubahiriza amategeko y'uruja n'uruza.
=======÷====================
Uburongozi bwa Komine Rutana burasaba abakora umwuga wo kunguruza abantu ku mapikipiki gukorera mu mategeko no kwama bafise ivyangombwa vyose bibemerera gukora uwo mwuga.
Ivyo vyashikirijwe na Musitanteri wa Komine Rutana, Gordien , mu nama yagiranye n'abamotari kuri uyu wa 28 Mukakaro 2026.Yabibukije ko ipikipiki yose ikora uwo mwuga itegerezwa kuba ifise uruhusha rwo gutwara, ubwishingizi, contrôle technique na carte rose.
Yabasavye kandi kwubahiriza amategeko y'uruja n'uruza, kutarenza umuntu umwe, no kwama bambaye ikasike n'igoti ry'imbeho, hamwe no kwitwararika isuku.
Umukuru w'igipolisi muri Komine Rutana, Moïse Nitereka, na we yahamagariye abamotari gukorana n'inzego z'umutekano no gutanga amakuru ku gihe igihe cose babonye ikintu gishobora guhungabanya umutekano.
Muri iyo nama, hashinzwe kandi komite y'abamotari igizwe n'abantu batanu izokorana n'intwaro mu gukingira no gutorera umuti ibibazo vy'uwo mwuga.
Abamotari na bo biyemeje gukurikiza impanuro bahawe kugira bakore neza kandi batekanye.
🎙 Ah'iwanyu ubona aba Motari bubahiriza amategeko y'uruja n'uruza?
'm NIX ANTBOY