RADIO Ishaka F.M

RADIO Ishaka F.M radio ishaka fm

  # ububwiriza bwa NYAMUTETEMA paroisse NYAMUTETEMA  aho hari kuva kumusi wa Gatanu gushika kuw'Imana hatunganijwe igiko...
23/06/2025

# ububwiriza bwa NYAMUTETEMA paroisse NYAMUTETEMA
aho hari kuva kumusi wa Gatanu gushika kuw'Imana hatunganijwe igikorane kikaba catunganijwe n'umuhari w'ABASHINGANTAHE bomuri ubwo bubwiriza.Mw' ijambo ry'urufatiro turisanga Muri Matayo20:4 Nabo arababwira, ati namwe Nimugende Muruzabibu, ndabagerera ivyo mukwiranye.Bagenda.

Icogikorane kikaba cari kigizwe n'indirimbo mpimbaza Mana n'ubutumwa bwiza.aho kumusi wa gatandatu w'igenekerezo rya22/6/2025 kuva kugihe c'isaha cumi niminota cumi n'itanu gushika igihe c'isaha cumi n'imwe n'iminota mirongo itatu (16h15-17h30) Aho icogikorane cashoboye no guca ikibiriraho kuri radio Ishaka FM kuri MHz 92.1 muntumbero y'ugukwiza ubutumwa bwiza, kugirango n'abatashoboye guhashika biborohere kubwumviriza.

kumusi w'Imana w'igenekerezo rya22/6/2025 ico gikorane caritabwe n'abo mububwiriza bwa Murehe paroisse Murehe aho hari haje Ama Chorale Abiri avuye muri ubwo bubwiriza.
mw'ijambo ry'Imana ryavuzwe na Rév P. Mpitabavuma Emmanuel ijambo ry'urufatiro rivuga riti "TUDUGE TWIRIMBURE." nk'uko hagiye harasomwa ibitabo vy'Imana bitandukanye Nko mw'itanguriro 35:1-8;Abifiripi 2:1-4 Mariko13:29-32;Matayo 21:8 n'ibindi... bitabo bagiye barasoma.

Mugusozera igikorane kikaba carangiye hari umunerero udasanzwe nanecane hagati y'ububwiriza bwa MUREHE n'ububwiriza bwa NYAMUTETEMA nabari bitavye ico gikorane.

 , Urugendo rw'ukwakirwa kwinjira mu muryango mweranda.Ni kuri uyu wa Gatanu w'igenekerezo rya 13/6/2025; aho Abasasered...
14/06/2025

, Urugendo rw'ukwakirwa kwinjira mu muryango mweranda.

Ni kuri uyu wa Gatanu w'igenekerezo rya 13/6/2025; aho Abasaseredoti bo muma Paroisse ya Gisuru n'a Muyaga, barikumwe n'aba Kristu bo muri izo Paroisse bagira urugendo rweranda muri Diocèse ya Ruyigi muntumbero yo kugabana ivyiza vya Yubire y'imyaka 50 Diocèse ya Ruyigi imaze ivutse.
Bakaba bakiriwe na Patiri mukuru wa Paroisse ya Ruyigi Aristide Mutunguka.

Umugirwa w'ukwinjira mu muryango mweranda wa Cathédrale ya Ruyigi uheze, Patiri Léonidas Ntakarutimana yaciye atanga inyigisho agira ati: ABASANGIRARUGENDO B'UKWIZIGI RA. Akaba yasavye abaraho kuzirikana muntabwe 3
1. Kumenya urugendo rweranda n'akamaro rudufitiye
2. Ibisabwa ngo turonke Indurujesiya
3. Ukwizigira
Agirako Ati: umuntu yemera n'uwemera Ijambo ry'Imana n'ivyo vyose Ekleziya itwigisha.

Inyigisho iheze, Aba Kristu Bari mungoro y'Imana baciye babandanya gusenga mugacerere bashengerera bongera bakenguruka mugutanga ituro rya Yubire, bongera bashikiriza imitwaro yabo babicishije mumakete.

Munyuma haciye hakwirikira inkuka ya Missa yaherejwe na Patiri wa Paroisse ya Muyaga Aloys Camara, aho nawe nyene yashimikiye k'urugendo rweranda.
Yishimikije amajambo yasomwe mu nkuru nziza, yahamagariye aba Kristu kuvavanura no kwigaya ivyaha na cane cane icaha c'ubusambanyi aho yatanze uburorero butandukanye, yongera ahamagarira abakristu kugiriranira ibiyago hagati y'abubakanye n'abitegurira kwubakana.

Mu gusozera yakebuye abakristu ko bofatira ingingo ubuzima bwabo kuko ari ingabirano idasanzwe.

Inyuma y'insiguro, haciye haturirwa amakete y'imitwaro yashikanywe n'abakristu.

irabipfurije Yubire nziza y'imyaka 50

Aba   bo muri Zone GISURU Commune Gisuru intara nshasha ya Buhumuza bazindutse bifadikanya na bagenzi babo bo mu Burundi...
06/06/2025

Aba bo muri Zone GISURU Commune Gisuru intara nshasha ya Buhumuza bazindutse bifadikanya na bagenzi babo bo mu Burundi no kw'isi yose mu guhimbaza umunsi mukuru w'Intama aho mu masengesho yabo bavuga ko ari umunsi udasanzwe aho bose baba banezerewe.

Ivyo birori vy'umusi mukuru bikaba biriko bibera kumurwa mukuru wa Komine ya kera ya Gisuru.

# aho muherereye ivyo birori biriko biragenda gute?

CNDD-FDD   GISURU # 𝘼𝙗𝙖𝙜𝙪𝙢𝙮𝙖𝙗𝙖𝙣𝙜𝙖 𝙗𝙖𝙧𝙖𝙗𝙖𝙣𝙙𝙖𝙣𝙮𝙖 𝙞𝙢𝙮𝙞𝙮𝙖𝙢𝙖𝙢𝙖𝙯𝙤 𝙮'𝙖𝙢𝙖𝙩𝙤𝙧𝙖Ni Kuri uwu wa   19/5/2025, mu ntara ya Buhumuza  u...
21/05/2025

CNDD-FDD GISURU # 𝘼𝙗𝙖𝙜𝙪𝙢𝙮𝙖𝙗𝙖𝙣𝙜𝙖 𝙗𝙖𝙧𝙖𝙗𝙖𝙣𝙙𝙖𝙣𝙮𝙖 𝙞𝙢𝙮𝙞𝙮𝙖𝙢𝙖𝙢𝙖𝙯𝙤 𝙮'𝙖𝙢𝙖𝙩𝙤𝙧𝙖

Ni Kuri uwu wa 19/5/2025, mu ntara ya Buhumuza umugambwe CNDD-FDD wakoreye imyiyamamazo y'amatora muri komine yagutse ya Gisuru, ahakoraniye abagumyabanga bavuye mu duce dutandukanye twa komine Gisuru. ibikorwa vyatewe iteka n'Umunyamabanga Mukuru w'umugambwe CNDDFDD,Révérien Ndikuriyo.

Ku kibuga c'umupira w'amaguru c'Inyabitsinda, muri komine yagutse ya Gisuru, ahakoraniye abagumyabanga bazananye mu mihingo itandukanye y'iyo komine, hasamiranira intambo z'urwaruka rw'imbonerakure rugaragaza ubwira n' ubukerebutsi, intambo, imvyino ndundi na nzungu zihayagiza umugambwe CNDD-FDD hamwe n'ivyo umaze kurangura mu gihugu.

Umunyamabanga w'Umugambwe mu ntara ya #, Gérard BARUTWANAYO, mw'ijambo ryiwe ati mu ntara ya Buhumuza umugambwe uhagaze neza, aca atanga icigwa ku kugene bazotora n'aho bazoshira igikumu kw'ikarata y'itora, kuwa 5 Ruheshi 2025.

Gérard BARUTWANAYO yagiriyeko yerekana abazobaserukira mu matora yo mu Nama Mpanuzwajambo ya Komine, no mu Nama Nshingamateka.

Umunyamabanga Mukuru w'umugambwe CNDD-FDD, Révérien Ndikuriyo, ati twiteze umwimbu mwiza kuko twaronse akaryo ko kwicarana n'abarundi mu mazone yose. Ati imigabo n'imigambi myinshi turiko turayirangura. Ati nko mu gisata c'ukwivuna abansi n'umutekano, ubu ubwoko bwose burinjira, umutekano na wo urarinzwe.

Ndikuriyo ati urwo rwego rwaritaweho, ati igisigaye ni ukurukomeza mu kururonsa ibikoresho bigezweko.
Ku vyerekeye Intwaro ibereye, Umunyamabanga Mukuru w'umugambwe CNDD-FDD avuga ko yatsimbatajwe, ati n'ubu igiye gukomezwa.

Anamenyesha ko mu kwezi kwa Myandagaro 2025, indongozi zizoba zatowe zizoca zironswa inyigisho. Asaba abagumyabanga kuzovyuka kare kwitorera indongozi, ati mugume mwibuka ko iki gihugu kitatowe mwibarabara, ni ukukibungabunga.

Mugusozera Yarashimiye Abagumyabanga bo muri komine yagutse ya Gisuru ukungene Bitabiriye urworubanza.

Umusi umwe ni wo wongewe kubataratora ikarata y'itora.Mw'itangazo ryashikirijwe n'umugwi wigenga ujejwe gutegura amatora...
15/05/2025

Umusi umwe ni wo wongewe kubataratora ikarata y'itora.

Mw'itangazo ryashikirijwe n'umugwi wigenga ujejwe gutegura amatora mu Burundi, , kuri uyu wa 14.5.2025, uwo mugwi wamenyesheje ko ikiringo co gutora ikarata y'itora cari categekanijwe gusozerwa igenekerezo rya 14.5.2025 cungururijwe kuri uyu wa 15.5.2025.

Navyo muvyo umugwi wakosoye ni amakarata atari yabonetse ariko ubu akaba yarashikirijwe beneyo.

Inyuma y'ico kiringo congerejwe ntakindi kiringo kizokwiyongerako, abatazoba bazitoye bazoca bazitoreta mu migwi y'amakomine, kuva kuwa 16 Rusama gushika kuwa 02 Ruheshi 2025

Abasirikare n'abapolisi biyandikishirije muri Afrika yo hagati na Somalia ariko bavuyeyo, amakarata yabo azotorwa n'ababajejwe kuko ari bo bazi aho bariko barangurira ubutumwa, co kimwe n'abarangurira imirimo ngaha mu gihugu batari aho biyandikishirije.

Ku barundi bari mu bihugu bitandukanye aho Uburundi bufise ubuserukizi, ikarata zabo ziriko zirarungikwa mu buserukizi bw'ibihugu barimwo bakazozitora bivanye n'igihe zizoshikira. Ikiringo co kuzitora kizomenyeshwa n'abaserukira Uburundi muri ivyo bihugu.

Nyarukira aho wiyandikishirije uyitore!

   # Ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 03/05/2025, ishirahamwe rukristu CEJCB(Comité d'Encadrement des Jeunes Chrétie...
05/05/2025

# Ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 03/05/2025, ishirahamwe rukristu CEJCB(Comité d'Encadrement des Jeunes Chrétiens au Burundi) ryifadikanije n'ishirahamwe ryishinze gukwiza iterambere rusangi APRODECO (Association pour la Promotion du Développement Communautaire) baragendeye Commune GISURU mu ntumbero yo kwigisha urwaruka n'aba Kristu Bose ibijanye n'inyifato n'imvugo bibereye imbere y'amatora, mumatora n'inyuma y'amatora.

Mw'ijambo ry'ikaze, Musitanteri wa Commune GISURU, Umuhanuzi wa Buramatari ajejwe imibano n'umigenzo hamwe n'uwurongoye umurwi wigenga ujejwe gutegura amatora muri Commune GISURU CECI,babanje gushimira Ayo mashirahamwe kuri izo nyigisho batunganije bongera bahamagarira abari bitavye izo nyigisho kuzikurikirana neza n'ukuzifata nkama kuko zizobafasha muri iki gihe turimwo c'amatora kuko ngo "kwegera wumve biruta gutanga ikimazi"
Barongeye kandi kumenyesha abari bitavye izo nyigisho ko kugira igihugu gitekane aruko umwe wese yobigiramwo uruhara kuko ngo"imvugo nziza irubaka n'ayo imvugo mbi isambura igihugu" Nayo urwaruka rwokwirinda ibirusamaza rugafata iyambere muguteramira amahoro n'umutekano rukirinda imvugo zikomeretsa ndetse rugashiramwo uruhara mukurwanya urudandazwa rwo mukinywabi kugirango dutuze abapfukamye munda igihugu.

Mu nyigisho zashikirijwe nayo mashirahamwe, barahamagariye Abo mumashengero kwitabira amatora bakavavanura n'azamvugo ngo "kuja muri politique ni ubupagani" bakamenya ko atakuganza kutava Ku Mana. Bakirinda ubuvugishwa bw'ibinyoma mu kugumura abenegihugu mu matora, ahubwo nyabuna dusengengere amatora n'abazokwitoza kugirango bazoshobore kudush*tsa kuri rya yerekwa ry'igihugu cifashe 2040 giteye imbere 2060.
Urwaruka rukirinda abobahenda ngo bateze imvururu inyuma y'amatora.

Mu gusozera bahanura Aba Nyepolitike gushira aho abenegihugu bashize kuko ari naho Imana iba yashize.Urwaruka ruri mumashure bomenya ko ibihe vy'amatora ari ibihe nk'ibindi bareke gusamara kuko ivyirwa biguma ari birya nyene.

 -Burundi # irakunzwe cane n’urwaruka rw’u Burundi  kandi umugambi uramaze kwerekana ko ushoboye gufata intumbero y'imbo...
27/04/2025

-Burundi # irakunzwe cane n’urwaruka rw’u Burundi kandi umugambi uramaze kwerekana ko ushoboye gufata intumbero y'imbonakazoza 2040-2060.

📒🖊️Mu cigwa giheruka gukorwa na SATRACO Consulting Solutions, gisabwe na PAEEJ, kigaragaza ko 81,7% vy’urwaruka rwabajijwe rushimishwa n'ibikorwa vy’uwo mugambi.

☝️N’abatigeze bashigikirwa kubice 78,6% barerekanye ko bashimishwa n'ibikorwa vyawo. Ivyo vyashikirijwe ku ncuro ya kane(4) y’ihuriro “Youth Impulse” ryabereye i Gitega kw'igenekerezo rya 25 ndamukiza 2025, aho vyabonetse ko urwaruka rw’u Burundi rwafashwe mu mugongo n'uwo mugambi mu bikorwa vy’iterambere ry’urwaruka mu myaka ine gusa iheze uwo mugambi utanguye.

💡Uwo mugambi washigikiye imigambi 3 899, ukaba warashikiriye urwaruka rugera ku 135 760, ku migambi 3 000 yari itegekanijwe.

💪Haratanzwe kandi amahirwe yo kwimenyereza kubijanye n'akazi, aho abangana 846 bahavuye babona akazi.

🔋Naho habaye intambamyi zimwe zimwe nk’ikiza c’indwara y’inka mu ntara zimwe zimwe nka Ngozi na Kayanza, icigwa cerekanye ko PAEEJ itunganijwe neza, kandi ko yashoboye gushika no mu makomine yose.

💰Mu bijanye n’uburyo, harakoreshejwe amafaranga arenga imiriyaridi 64 mu myaka itatu ya mbere y’uwo mugambi, ava ahanini muri Reta hamwe n’abasanzwe bashigikira uwo mugambi.

🙏Abahinga basaba ko uwo mugambi woshigikirwa kurushiriza kugira ushobore gushikira urwaruka rwinshi.

Umukuru w’igihugu c'Uburundi 🇧🇮Evariste Ndayishimiye akaba n'umugenzi w'urwaruka yaranezerejwe cane n'ivyash*tsweko n'uwo mugambi, yongera avuga ko PAEEJ ari ahantu ho kwerekana ko Uburundi bufise ubushobozi bwo guteza imbere urwaruka, kandi ko uwo mugambi ukwiye kuba uwamaho.

Musomyi 🎤 aho muherereye ubona urwaruka ruhurumbira umugambi Paeej-Burundi Ku rugero rungana gute ufatiye Ku rwaruka rw'aho muherereye?

Ishaka # FM "Ijwi ry'Iterambere mu bikorwa vyawe" 92.1MHZ

Ni kuri uyu wa 12 Ndamukiza 2025,intara ya Buhumuza,Commune  ya Gisuru yagutse,muri Zone ya Kinyinya.        Aho habaye ...
12/04/2025

Ni kuri uyu wa 12 Ndamukiza 2025,intara ya Buhumuza,Commune ya Gisuru yagutse,muri Zone ya Kinyinya.
Aho habaye ibirori vyo kwerekana inguvu z'umugambwe CNDD-FDD "Démonstration de force",aho ivyo birori vyitabiriwe isinzi,ibihumbi n'ibihumbi vy'imbonerakure n'ibiswi vy'inkona.
Impande y'abo,ivyo birori vyatewe iteka n'abanyacubahiro batandukanye nka:
*Icegera c'umunyamabanga w'umugambwe Ku rwego rw'igihugu Hon.Cyliaque NSHIMIRIMANA.
*Abashikiranganji bababiri:
Uwo muvyo ajejwe harimwo ikigega ca leta n'uwubutungane.
*Abashingamateka n'abakenguzamateka bamwebamwe.
*Uwusanzwe arongoye urwaruka rw'umugambwe CCM (Mwenyekiti wa umoja wa vijana wa CCM) i Kigoma mugihugu ca Tanzaniya,
N'abandi.
Défilé bise KINYANGE ndende yagizwe n'abo munzego zitandukanye:
Abakozi b'amakomine uko ari atatu agize GISURU yagutse.
Abamotars,abashoferi,abanyamyuga itandukanye,abayoboke b'idini rya Islam,n'abakozi b'Imana bavuye mumadini atandukanye,amwe muma coopérative, n'abandi
Hakurikiye kandi défilé y'ubuhinga kandi iteye igomwe ya gisirikare yakozwe n'imbonerakure hamwe n'ibiswi vy'inkona.
Ibiriro vyaciye bitangurwa n'umurisho w'ingoma,imirwi y'intambo,abakina karaté,Hama amajambo yavuzwe n'abanyacubahiro batandukanye aho Bose bagaruka kuri ibi bikurikira:
Kubumbatira amahoro n'umutekano
Kwitegurira no kuzokwitabira amatora yimirije.
Kubungabunga umwimbu no kuguma kukivi kugira tuzoshike kumbonakazoza umugambi w'igihugu.

   ni Mugatondo ko kuri uyu wa Gatanu w'igenekerezo rya 14/03/2025 aho komite y'abadandaza muri Zone Gisuru yari yaramut...
14/03/2025

ni Mugatondo ko kuri uyu wa Gatanu w'igenekerezo rya 14/03/2025 aho komite y'abadandaza muri Zone Gisuru yari yaramutse igengera Abadandaza bo kw'isoko ya Gisuru iri k'Umutumba wa Murehe. Muvyahavugiwe ahanini kwari ukubasigurira kubijanye n'urugendo ruheruka kubera muntara ya Muyinga; aho intumbero y'urwo rugendo kwari ''ukwipfurizanya umwaka Mwiza n'ukwirimbura mubikorwa vyaranze umwaka wose". Iyo komite ikaba yabandanije itanga impanuro n'uguhamagarira abadandaza Bose Gukora bisunze abategeko y'Igihigu mugutanga amakori n'ama taxe muntumbero yo kuvavanura n'ukugwanya urudandazwa rwo mukinywabi.
Mugusozera, haciye hatorwa komite ihagarariye isiko ya Gisuru.

# wewe # iyi nkuru # aho uherereye abadandaza vyifashe gute?

  kuri uyu wa wagatandatu w'igenekerezo rya1ntwarante 2025 Niho haramutse haba ibiriro vyo kw'ipfurizanya umwaka mushash...
01/03/2025


kuri uyu wa wagatandatu w'igenekerezo rya1ntwarante 2025

Niho haramutse haba ibiriro vyo kw'ipfurizanya umwaka mushasha wa 2025 k'ubadandaza bo muntara yagutse ya BUHUMUZA,
Aho hakaba hahuriye abadandaza baje bava muntara yagutse ya BUHUMUZA.

Ivyo biroro bikaba vyabereye muri komine yagutse ya MUYINGA muri sare RAKASA. Ivyo biroro bikaba vyari vyatew'iteka n'abanyacubahoro batandukanye harimwo Buramatari w'intara ya Muyinga n'abwe mubo basangiye amabanga,Umunyamabanga w'umugambwe CNDD-FDD muntara ya Buhumuza,uwuserukira abadandaza muntara yagutse ya Burunga,Musitanteri wa komine Muyinga,abaserukira umutekano no kw'ivuna abasi muri iyontara nyene n'abandi banyacunahiro batandukanye.

Amwe mumajambo yahavugiwe ahanini kwari ukwipfurizanya umwaka Mwiza n'impanuro k'ubadandaza ko borushirizaho mugusenyera k'umugozi umwe mukwitanaho no mugushigikirana, umudandaza wese akanezerwa n'icoteza imbere mugenziwe akababazwa n'icosubiza inyuma mugenziwe, bagahamagarira kandi abadandaza gukorera mumuco no mugutanga amakori n'amatagisi.

Ivyo biroro bikaba vyatangujwe n'amasengesho bisozerwa kandi n'amasengesho.

Ruyigi Gisuru Igishasha kubakunzi b'lnsamirizi  Ishaka FM    Turabararamukije amahoro y'Imana Ane n'amwe Mwese,Igishasha...
27/02/2025

Ruyigi Gisuru
Igishasha kubakunzi b'lnsamirizi Ishaka FM

Turabararamukije amahoro y'Imana Ane n'amwe Mwese,
Igishasha tubazaniye twagira tubacire kumayange bimwe mubijanye n'Insamirizi yanyu Ishaka FM uko yatanguye n'aho igeze Ubu:

Iciyumviro c'umugambi w'Insamirizi Ishaka FM catangujwe n'umuntu umwe mugushira ahabona impano ziwe ariwe Edmond MUDENDERO.

Iciyumviro ciwe amaze kugishira ahabona ntiyagumye ari wenyene baciye haza urundi rwaruka ruje kw'ifatanya nawe rufise impano zitandukanye kugirango bagaragarize hamwe impano zabo.

Muri make iciyumviro catanguwe kugeragezwa kuva mumwaka wa 2001 akiri muto cane,ariko nyene kugitanguza ntivyamworoheye bivuye kumvo zitandukanye bivuye kubuzima yari abayemwo.

Mumwaka wa 2019 niho yahavuye ashira ahabona umugambi wiyo nsamirizi aca ayota nizima ISHAKA FM

Mumwaka wa 2020 niho hatangurwa kurondera impusha ziyo nsamirizi zo gukorera Kumugaragaro munzego zibijejwe.

IGISHASHA RERO
Kw'igenekerezo rya 23/5/2024 niho haboneka uruhusha tuvuye k'urwego rujejwe kugenzura ibimenyesha makuru mu Burundi CNC, munyuma itariki 24/2/2025 harashoboye kandi kuboneka uruhusha nfata kibanza tuvuye murwego rujejwe gutanga imirongo y'amaradio ariyo fréquence ARCT.

Tuboneyeho n'akaryo keza ko kubamenyesha ko mumisi ya vuba muzohora mu yumviriza kuri: 92.1MHZ

Mugusozera; turashiye abo bose atako batariko barakora kugirango umugambi w'Insamirizi ubandanye utera imbere haba mu masengesho,ibikoresho, inguvu, uburyo bw'amafaranga hamwe n'ivyiyumviro vyiza vyubaka n'ibindi..

Turahamagariye n'urundi rwaruka rufise impano zitandukanye kuza kw'ifatanya n'abandi kugirango zibateze imbere, gutyo dushobore gushika kuri ryahangito ry'imbona kazoza ry'Igihugu cacu ciza c'Uburundi: iguhu cifashe mumwaka wa2040 - igihugu giteye imbere mumwaka wa2060. Murakoze!

01/01/2025

Address

Gisuru

Telephone

+25762947953

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when RADIO Ishaka F.M posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to RADIO Ishaka F.M:

Share