
23/06/2025
# ububwiriza bwa NYAMUTETEMA paroisse NYAMUTETEMA
aho hari kuva kumusi wa Gatanu gushika kuw'Imana hatunganijwe igikorane kikaba catunganijwe n'umuhari w'ABASHINGANTAHE bomuri ubwo bubwiriza.Mw' ijambo ry'urufatiro turisanga Muri Matayo20:4 Nabo arababwira, ati namwe Nimugende Muruzabibu, ndabagerera ivyo mukwiranye.Bagenda.
Icogikorane kikaba cari kigizwe n'indirimbo mpimbaza Mana n'ubutumwa bwiza.aho kumusi wa gatandatu w'igenekerezo rya22/6/2025 kuva kugihe c'isaha cumi niminota cumi n'itanu gushika igihe c'isaha cumi n'imwe n'iminota mirongo itatu (16h15-17h30) Aho icogikorane cashoboye no guca ikibiriraho kuri radio Ishaka FM kuri MHz 92.1 muntumbero y'ugukwiza ubutumwa bwiza, kugirango n'abatashoboye guhashika biborohere kubwumviriza.
kumusi w'Imana w'igenekerezo rya22/6/2025 ico gikorane caritabwe n'abo mububwiriza bwa Murehe paroisse Murehe aho hari haje Ama Chorale Abiri avuye muri ubwo bubwiriza.
mw'ijambo ry'Imana ryavuzwe na Rév P. Mpitabavuma Emmanuel ijambo ry'urufatiro rivuga riti "TUDUGE TWIRIMBURE." nk'uko hagiye harasomwa ibitabo vy'Imana bitandukanye Nko mw'itanguriro 35:1-8;Abifiripi 2:1-4 Mariko13:29-32;Matayo 21:8 n'ibindi... bitabo bagiye barasoma.
Mugusozera igikorane kikaba carangiye hari umunerero udasanzwe nanecane hagati y'ububwiriza bwa MUREHE n'ububwiriza bwa NYAMUTETEMA nabari bitavye ico gikorane.