
19/03/2025
🏠 Reta igomba yubakire uburaro rusangi abakozi bayo
-------------------------------------
👆Ivyo vyatangajwe n'umushikiranganji Venuste Muyabaga ajejwe abakozi n'akazi, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku muhingamo wo kuri uyu wa 18 Ntwarante 2025.
✍️Uwo mushikiranganji avuga ko bazokwubakira amazu abakozi ba Reta bavyipfuza : 400 mu gisagara ca Bujumbura n'izindi 200 hagati mu gihugu, hakazotangura kuronka abakozi b'ubwo bushikiranganji. Hazokubakwa kandi n'ikigwati abakozi bari mu karuhuko k'izabukuru bazobamwo.
💸 Uwo mugambi uzotwara imiriyaridi ziri hagati ya mirongo ibiri na mirongo ibiri na zitandatu, nk'uko uwo mushikiranganji avyerekana.
👨🏿🦱 Uwo mugambi ngo uje mu ntumbero yo kworohereza umukozi wa Reta. Agira ati :"Ivyo bizozana umusaruro kuko umukozi afise aho aba, aca akora ata ntambamyi nyinshi afise mu bu*ima."
👉🏾 Ariko rero, abo bakozi ba Reta bazokwinjira muri koperative yashizweho "Berikivi", kugira bitangire uburyo buzofatwa nk'ingwati. Ubwo bakazoburiha mw'ibanki BHB yemeye gutanga ingurane, kugira abo mu bundi bushikiranganji baronke. Batanga hagati y'amafaranga ibihumbi 10 n'ibihumbi 100 vy'amarundi.
💰Hari n'umugwizatunga w'umurundi yemeye gutanga imiriyaridi 3 y’ingwati zoja muri iyo banki y'uburaro. Izo nzu zizokubakwa n’ishirahamwe BMBC rikorera mu gisata c'inyubako.