Ingoma Media

Ingoma Media Notre Culture,Notre Richesse Émission Musicale

🏠 Reta igomba  yubakire uburaro rusangi abakozi bayo-------------------------------------👆Ivyo vyatangajwe n'umushikiran...
19/03/2025

🏠 Reta igomba yubakire uburaro rusangi abakozi bayo
-------------------------------------

👆Ivyo vyatangajwe n'umushikiranganji Venuste Muyabaga ajejwe abakozi n'akazi, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku muhingamo wo kuri uyu wa 18 Ntwarante 2025.

✍️Uwo mushikiranganji avuga ko bazokwubakira amazu abakozi ba Reta bavyipfuza : 400 mu gisagara ca Bujumbura n'izindi 200 hagati mu gihugu, hakazotangura kuronka abakozi b'ubwo bushikiranganji. Hazokubakwa kandi n'ikigwati abakozi bari mu karuhuko k'izabukuru bazobamwo.

💸 Uwo mugambi uzotwara imiriyaridi ziri hagati ya mirongo ibiri na mirongo ibiri na zitandatu, nk'uko uwo mushikiranganji avyerekana.

👨🏿‍🦱 Uwo mugambi ngo uje mu ntumbero yo kworohereza umukozi wa Reta. Agira ati :"Ivyo bizozana umusaruro kuko umukozi afise aho aba, aca akora ata ntambamyi nyinshi afise mu bu*ima."

👉🏾 Ariko rero, abo bakozi ba Reta bazokwinjira muri koperative yashizweho "Berikivi", kugira bitangire uburyo buzofatwa nk'ingwati. Ubwo bakazoburiha mw'ibanki BHB yemeye gutanga ingurane, kugira abo mu bundi bushikiranganji baronke. Batanga hagati y'amafaranga ibihumbi 10 n'ibihumbi 100 vy'amarundi.

💰Hari n'umugwizatunga w'umurundi yemeye gutanga imiriyaridi 3 y’ingwati zoja muri iyo banki y'uburaro. Izo nzu zizokubakwa n’ishirahamwe BMBC rikorera mu gisata c'inyubako.

🇪🇺 Ubumwe bwa Buraya bwarungitse intumwa kwa Prezida Ndayishimiye ku bijanye n'umutekano mu Buseruko bwa Kongo----------...
18/03/2025

🇪🇺 Ubumwe bwa Buraya bwarungitse intumwa kwa Prezida Ndayishimiye ku bijanye n'umutekano mu Buseruko bwa Kongo
-----------------------------------------
Umusi umwe inyuma yo gufatira ibihano bamwe mu bayobozi b'ingabo z'Urwanda hamwe n'umugwi w'abaroberi M23, Ubumwe bwa Buraya bwarungitse Johan Borgstram, abuserukira mu karere k'ibiyaga binini, kuganira na Evariste Ndayishimiye, umukuru w'igihugu c'Uburundi, kuri ico kibazo.

👥 Prezida Ndayishimiye yakiriye Johan Borgstram mu gitondo co kuri uyu wa 18 Kigarama 2025.

Ku musi w'ejo, igenekerezo rya 17 Ntwarante, Ubumwe bwa Buraya bwafatiye ibihano bamwe mu ngabo z'Urwanda n'abo mu muhari M23 kubw'umutekano muke urangwa mu Buseruko bwa RDC.

👤 Abantu icenda n'ishirahamwe rimwe nibo bafatiwe ibihano.

Inyuma y'ivyo bihano, umugwi M23, waciye uhagarika kurungika intumwa zawo i mu biganiro vyari gutangura kuri uyu wa gatatu, bikawuhuza na Reta ya Kongo, bihagarikiwe n'umuhuza Joāo Lourenço, Prezida wa Angola.

🇧🇮 Uburundi busanzwe bufise ingabo ziri mu butumwa bwo gufasha Reta ya Kongo kugwanya M23 ivugwa ko ifashwa na Reta y'Urwanda. Ivyateye kurabana nabi hagati y'ivyo bihugu bibiri n'ubwo abategetsi b'Urwanda bamenyesha ko gusubiza hamwe hagati y'Uburundi n'Urwanda biri hafi bivuye ku biganiro biri hagati y'ayo mareta abiri.

🔴 Ihadabu riri hagati y'amafaranga ibihumbi 50 n'ibihumbi 500 niryo rigiye kuzocibwa uwo wese azotuma isuku rihungabana....
01/03/2025

🔴 Ihadabu riri hagati y'amafaranga ibihumbi 50 n'ibihumbi 500 niryo rigiye kuzocibwa uwo wese azotuma isuku rihungabana.
-------------------------------------------
Vyaraye bishikirijwe na W***y ajejwe inyigisho ku batangakori. Hari kuri uyu wa 28.02.2025, i aho yariko asigurira abamenyeshamakuru amategeko yahinyanyuwe yunganire ayagenga amakori n'amatagisi ng'aha mu .

Kugira ayo mahadabu acibwe hisunzwe urutonde, hagiye kujaho itegeko nshikiranganji rizoshingwa n'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu iterambere rusangi n'umutekano hamwe n'ubushikiranganji bw'ikigega ca .

Ivyo biri uko mu gihe hasanzwe hari umugambi wo kugwanya imicafu ( zéro déchet ) watangujwe n'umutambukanyi w'umukuru w'igihugu, Angeline , kuwa 19.3.2024 mu ntumbero yo gusukura ibisagara no kurwanya indwara ziterwa n'isuku rike.

💣 Bujumbura :Umwana yafatanywe gr***de mw'isoko yo mu Kamenge.---------------------------------------📆Mu gatondo ko Kuri...
24/02/2025

💣 Bujumbura :Umwana yafatanywe gr***de mw'isoko yo mu Kamenge.
---------------------------------------

📆Mu gatondo ko Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 24 Ruhuhuma niho uwo mwana yafatanwa gr***de kw'isoko mu kamenge. Inyuma yo gufatanwa ico kirwanisho uwo mwana akaba yaciye ashikirizwa abajejwe umutekano.

🫴Uwo mwana yafatanywe iyo gr***de abajijwe yisiguye avuga ko ariyo yatoye ahantu ariko atamenye ico atoye ico ari co niko guca ayigendana atazi ingaruka mbi yayo.

🫰Abajejwe umutekano bakaba baciye bajana uwo mwana kugira ngo abazwe gutyo hashobore kumenyekana ahoba havuye iyo gr***de.

🗣️ Joseph Kabila ati : "Tshisekedi ni umunyagitugu" yongera kandi ati "M23 itsinzwe gisirikare, siho umuti w'ibibazo vya...
24/02/2025

🗣️ Joseph Kabila ati : "Tshisekedi ni umunyagitugu" yongera kandi ati "M23 itsinzwe gisirikare, siho umuti w'ibibazo vya woba ubonetse"
----------------------------------------

✍️ Kabila yatwaye RDC imyaka 18, kuva mu 2001 kugeza mu 2019, ngo asanga "intwaro mbi igihugu ca RDC kirimwo izobandanya kukijana mu manga." Ni mu gihe, Prezida Félix Tshisekedi yagiriza Joseph Kabila kuba ari nyuma y'umugwi witwaje ibigwanisho M23.

👉 Kabila azwi kuba ahoze cane ni irya mbere agize ico avuga kuri M23.

📰 Abicishije mu kinyamakuru Sunday Times co muri Afrika y’Epfo, Joseph Kabila, yatwaye Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo, Kabila yahoze atwara Republika Iharanira Demokrasi ya yagize ico ashikiriza ku ntambara iri mu Buseruko bw'ico gihugu.

👉 Kabila yagirije Félix Antoine Tshisekedi kuba "atwaza umukazo", "dictateur" ari navyo vyatumye igihugu kija mu bibazo kirimwo

💰 Kabila yavuze ko kuva Félix Tshisekedi ash*tse ku butegetsi mu 2019, ico gihugu cateye gisubira inyuma kugeza aho uno musi cugarijwe n'amadeni.

💬 Ati “igihugu kiri mu ntambara ishobora guhungabanya akarere kose”.

🪖 Ku bijanye n'ingabo za zarungitswe muri Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo, Kabila ati ni guta “umwanya n’uburyo mu gushigikira intwaro y'umukazo aho gufasha RDC kuja mu nzira ya demokarasi, amahoro n’umutekano.”

🧐 Abariko barategura Miss Burundi 2025 ntibashimishijwe n'igitigiri (105) c'abiyandikishije. Habaye iki ?👩🏽‍💼 Rossa Kama...
22/02/2025

🧐 Abariko barategura Miss Burundi 2025 ntibashimishijwe n'igitigiri (105) c'abiyandikishije. Habaye iki ?

👩🏽‍💼 Rossa Kamariza arongoye ishirahamwe IngoMag ryatsindiye gutunganya iryo higanwa mu kiganiro n'abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatandatu, yavuze ko zimwe mu ntambamyi zabitumye harimwo abavyeyi bataratahura iryo higanwa ibituma badahereza impusha abana babo ku gihe ndetse n'abarongozi mu mashengero bakibifata nk'ubweru*i 😒

Ati : "Ni benshi baturondeye batubwira ko babishaka ariko amashengero yabo atabibemerera"🥺

✍️ Aho, uwo ariko aratunganya iryo higanwa yagiriyeko atanga umuco ku bijanye naryo yibutsa ko "ihiganwa Miss Burundi ari igikorwa gitunganywa n'ubushikiranganji bw'Ubudandaji amahinguriro n'ingenzi bubicishije mu buyobozi bukuru buraba ivy'ingenzi bufadikanije n'abikorera utwabo bafise ubuhinga butandukanye mu bijanye no gutegura ibiteramo nka birya."

👌🏽Ngo kaba ari n'akaryo keza ko abahinga batandukanye bashigikira umurundikazi kugira agire ico avuyemwo, ash*tse umugambi wiwe, kugira yiteze imbere anadandaze ishusho ryiza ry'Uburundi.

🎙️ Ku bijanye n'amahimirizwa yakozwe ngo n'umurundikazi wo mu Cendajuru yiyumve ko rimuraba, André Hakizimana, Umuhanu*i mu bijanye n'ubuhinga muri iryo higanwa yashikirije ko ataco batakoze. Ngo hari abigeme vyagoye uko bifatira ingingo, abandi nabo baza kuyifata iyandikwa ryarangiye.

✍️ Mwomenya ko abo 105 bazohurira mu majonjora ya mbere i Bujumbura kuwa 01 n'uwa 02 Ntwarante 2025. Bazoshikiriza imigambi yabo imbere y'umugwi ubishinzwe bongere basuzumwe ko bafise ibikwiye babandanye mw'ihiganwa. Umuce wa mbere uzoba ugizwe n'abagera kuri 53, uwa kabiri nawo 52. Mu muce umwe umwe bazokuramwo abigeme 30.

👉 Abigeme 60, nibo bazobandanya mu gice gikurikira ca 'quart de final' kizobera i Gitega kuva kuwa 05 gushika kuwa 08/03/2025. Inyuma y'aho, abigeme 30 nibo bazosigara ngo babandanye mu gice ca kabiri gishira icanyuma kizoba kuwa 14 Ruheshi 2025.

👸 Itariki 25/07/2025 niho hazoba igice ca nyuma c'ihiganwa kizotorwamwo Umwigeme mwiza kandi aciye ubwenge w'akaranga mu Burundi.

👀 Hari uwo u*i yitabiriye ihiganwa ?



"Twarasinye 'contrat' na wa Munyekongo, turindiriye ko azana igitoro"-----------------------------------------⏮️ Muribuk...
20/02/2025

"Twarasinye 'contrat' na wa Munyekongo, turindiriye ko azana igitoro"
-----------------------------------------
⏮️ Muribuka Umunyekongo aheruka kuboneka mu kiganiro c'umukuru w'igihugu n'abanyagihugu, avuga ko yari yipfuza kuzana ibitoro mu Burundi, ariko intwaro zitariko ziramworohereza ? Hari kuwa 27 Kigarama 2024.

❔Muti none vyahereye he ?

👉🏾 Twabajije umushikiranganji Ibrahim Uwizeye, muvyo ajejwe harimwo amasoko ntanganguvu

⛽ Muri irya misi, Umunyekongo Blaise Ibonime yabwiye umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye ati : "Nkicumva mu binyamakuru ko mu Burundi hari ikibazo c'igitoro, naciye nza kugira ndabe ico noterera."

🎤 Mu kiganiro cihariye Yaga yagiraniye n’umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo amasoko ntanganguvu, Ibrahim Uwizeye, yishuye ati : "Twaramwakiriye turamwumviriza, aratubwira ko yotuzanira igitoro igice kimwe tukamuriha mu mafaranga y’amarundi, ikindi tukamuriha mu madorare."

👉🏾 Abandanya asigura ati : "Twarasinyiraniye ama 'contrats' nawe, turindiriye ko azana igitoro buri mwanya wose yokironkerako. Niyo yagishikana, tuzoca turaba ibitwega ku ruhande rwa Reta, kugira Abarundi baronke igitoro."

🇹🇿-🇧🇮 Umushikiranganji Ibrahim Uwizeye yavuze kandi ko hari umugambi wo guhingura igitoro mu Burundi. Ivyo ngo bizoca mu masezerano Uburundi buherutse kugiranira na Tanzaniya, yo gushiraho umuringoti uzana ibihingurwamwo igitoro (Crude oil) biva muri Tanzaniya biza mu Burundi.

✍🏾 Yasiguriye Yaga ati : "Hariho abikorera utwabo bariko barasaba ko boza i Bujumbura bagategura ihinguriro ry’igitoro, mugabo mu gihe hariho ivyo cohingurwamwo (Crude oil). Itariki 29 Nzero 2025, jewe na mugenzanje wa Tanzaniya twarateye umukono ku masezerano yo gushiraho umuringoti wobizana bivuye muri Tanzaniya."

👌🏾 "Twavuganye ko tuzoshiraho umugwi uvyiga. Mu maguru masha, nzoca mpamagara abo bafise uwo mugambi wo guhingura igitoro, numve ko uhiye (ko umeze neza). Ico rero nicahingurirwa mu Burundi, kizodandazwa ngaha, mbere no mu bihugu bibanyi."

👨🏿‍💼Ku bw'umushikiranganji Ibrahim Uwizeye, uwo mugambi uje gutorera inyishu irama ikibazo c'igitoro mu Burundi, ndetse igihugu kinashore mu mahanga.

💬 Uwufise iciyumviro, arahawe kaze muri "commentaires" ✍🏾

 : Inzu y'ubudandarizo izwi kw'izina rya "Galerie Diko" ifatanye na "Galerie Hakizimana" yaraye ifashwe n'umuriro.------...
19/02/2025

: Inzu y'ubudandarizo izwi kw'izina rya "Galerie Diko" ifatanye na "Galerie Hakizimana" yaraye ifashwe n'umuriro.
----------------------------------------
📆Mu bucagucagu bwo Kuri uyu wa 19 Ruhuhuma niho iyo nzu y'ubudandarizo izwi kw'izina rya "Galerie Diko" yafatwa n'umuriro. Bamwe mu benegihugu bakavuga ko uwo muriro watanguye kwaka mu bucagucagu hagati y'isaha icenda (3h) n'isaha cumi z'agatondo(4h).

🫴Inyuma yo gufatwa n'umuriro imodoka zizimya umuriro zikaba zaciye zibanguka ku*imya.Mu gatondo ko kuri uyu munsi uciye impande y'ico kibanza caraye gifashwe n'umuriro hakaba hari abenegihugu atari bake bariko bararaba ivyaraye bibaye, abadandaza bafise ibibanza biri hafi y'iyo Galerie Diko biri muri "Galerie Hakizimana" ku ruhande rwo kw'ibarabara bakaba bariko barasohora utwabo bongera bavyegeraniriza hamwe.

🚌Ku gituro cama Bus aja muri Karitiye zo mu bumanuko bw'igisagara ca Bujumbura hakaba ata bus n'imwe yari muri ico kibanza ku mvo zo kugira abajejwe umutekano na cane cane kuraba ibijanye n'imiriro yiyadukiza bakore akazi kabo bagukiwe.

🫴 Mwomenya ko gushika ubu igipolisi kijejwe gukinga ibiza n'isibe (Protection civile) kitari bwatangaze imvo n'imvano y'uwo muriro canke ivyononekaye uko bingana.

🔴"Saint Valentin n'umusi udasanzwe Ku badandaza amashurwe, ukaba n'umusi mukuru ku baritera bakirisama n'uko Jean Claude...
14/02/2025

🔴"Saint Valentin n'umusi udasanzwe Ku badandaza amashurwe, ukaba n'umusi mukuru ku baritera bakirisama n'uko Jean Claude Karerwa abimenyesha"
-----------------------------------------

📌Mu gihe uno musi italiki 14/02/2025, ahatari hake kw'isi bahimbaza umweranda Varante(st Valentin), afatwa nk'umuvunyi w'abubakanye Jean Claude Karerwa Ndenzako asanzwe ar' umujenama w'umukuru w'igihugu yaragize ico abivuzeko mu mwaka wa 2022.

🗨️Kubona uwo mweranda ahimbazwa cane cane mu bihugu vy'uburengero, asigaye ahimbazwa na bamwe mu barundi, Jean Claude Karerwa Ndenzako avuga ko biva k'ukuntu ibihugu vyaganjwe n'inganji iganza iyindi bigaca bihurumbira imico y'abakoroni bibanje guheba imico yavyo k**a, uwo musi ukaba inkomoko n'intandaro canke ingendamuvano ya Ndyogo y'Ubuhumbu.

🎯Yamara naho bir'uko, Jean Claude Karerwa aremera ko St Valentin ar'umusi udasanzwe Ku badandaji b'amashurwe kw'isi, ukongera ukaba umusi mukuru k'ububakanye bakiritera bakirisama ahusanga henshi mu bibanza vy'ihuriro hari uturwi tugizwe n'abantu babiri babiri gusa.

Mu bwoka bw'aba dani umugabo arica urutoke kugira yemererwe kuronka umugore nayo mugihe bish*tse agashaka kwahukana ateg...
11/02/2025

Mu bwoka bw'aba dani umugabo arica urutoke kugira yemererwe kuronka umugore nayo mugihe bish*tse agashaka kwahukana ategerezwa guca intoke zibiri.
---------------------------------------
Imigenzo iratandukanye n'ubwo igenda ihindagurika bivanye n'uguhindagurika kw'isi.

Ni mu gihugu ca Papouasie-Nouvelle-Guinée aho hari akarere bafise umuco wo kugegena intoke n'imbugita canke ibuye rikarishe gutyo bakereka umugore bagira batwara urukundo bamufitiye.

Ni ubwoko bw'abo bita aba Dani canke aba Ndani. Muri ubu bwoko umugabo asaba umugore mu guca urutoke rwiwe we ubwiwe agakwa umugore ikigu*i c'amaraso.

Ivyo guca intoke ntibiherera aha kuko iyo urugo rugenze nabi umugabo akumva ashaka kwahukana, aha naho aca zibiri kugira yemererwe kwahukana.

Uguca intoke zibiri vyerekana ko yashegeshwe ashaka vy'ukuri kuvana n'uyo mugore nk'uko bivurwa n'ikinyamakuru Cities Hebdo.

Uyu mugenzo n'abagore ntubasiga inyuma. Umugore muri ubu bwoko bw'aba dani iyo abuze umugabo bivuye ku rupfu, araheza nawe akica intoke zitanu kugira yerekane icubahiro yari afitiye umugabo wiwe , ubu bukaba ububabare buheza bukiyongera kubwo yari asanganywe bw'ikigandaro.

Ikinyamakuru Cities Hebdo kivuga ko uyu mugenzo wakurikizwa cane mumyaka myinshi iheze ariko ubu ugenda ugabanuka cane kubera iterambere ry'isi.

⛓️ Umugabo w'imyaka yababa 30 wo muri karitiye   komine   ari mu minwe y'inyamiramabi kuva mw'ijoro ryo kuri uyu wa 29/1...
30/01/2025

⛓️ Umugabo w'imyaka yababa 30 wo muri karitiye komine ari mu minwe y'inyamiramabi kuva mw'ijoro ryo kuri uyu wa 29/1/2025 yagirizwa kwica umwigeme
--------------------------------------
🎙️ Nk'uko bimenyeshwa n'abenegihugu bo muri iyo karitiye, bikemezwa kandi n'abajejwe intwaro, uwo mugabo ngo yari yashwanye n'umugore wiwe uwo musi nyene, hanyuma umugore arakinjura ava mu rugo. Uwo mugabo rero ntawamenye ingene yinjije umwigeme yari asanzwe akora ikiyede ( aide-maçon) hafi yaho

⌚Nk'igihe c'isaha imwe n'igice niho yaca aja kubwira mwenewabo ko ahejeje kwica umuntu. Abajejwe intwaro baciye bamufata aca abereka aho yasize ikiziga muri bwogero bwo hanze, bikeka ko yoba yaramunize abanje kumushurashuza

🙅🏿‍♂️ Abo bajejwe intwaro bakaba batera ivyatsi iyo ngeso, bagasaba abenegihugu kwirinda ibiyayuramutwe kuko bikeka ko arivyo uwakoze ico caha yari yanyoye.

Leta ya Donald Trump iragiriza Joe Biden ko yari yateguye imiriyoni 50 zigenewe kugura udukingirizo(préservatifs) two ku...
30/01/2025

Leta ya Donald Trump iragiriza Joe Biden ko yari yateguye imiriyoni 50 zigenewe kugura udukingirizo(préservatifs) two kurungikira abanyagihugu b'i Gaza muri Palestina.
-------------------------------------------
Imiriyoni 50 z'amafaranga y'amadolare nizo ziriko zagirizwa uwahora arongoye leta zunze ubumwe za Amerika Joe Biden, aho leta ihari ubu ivuga ko aya mahera yari yayateguye mugikorwa co kugura udufuko(condoms) two gufashisha abanyagihugu muri Gaza.

Donald Trump avuga ko utu dufuko twaca dufasha umuhari Hamas gukora amabombe muntambara uyu muhari warimwo na Israel.

Ni kimwe mu bintu bitariko bivurwako rumwe ahatari hake aho bifatwa nko kuba ari ya majambo yo gushikuza Donald Trump asanzwe akoresha mugucafuza uwo batavuga rumwe, ariko kandi ni n'ibintu leta ya Donald Trump itarashobora gutangira ivyemezo.

Address

Gitega

Telephone

+25779014117

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Ingoma Media posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Ingoma Media:

Share