Intumwa

Intumwa Le Journal du Peuple. Ikinyamakuru c'Abenegihugu. Umuhora w'Ikinyamakuru Intumwa kibashikiriza amakuru abashika ku nyota kuva mu mwaka w'1998.

  : Abakorera mu gisata co kumenyeshamakuru 25 bo mu bihugu 10 bahuriye hamwe kugira baganire kuri kazoza k'ico gisata.M...
08/09/2026

: Abakorera mu gisata co kumenyeshamakuru 25 bo mu bihugu 10 bahuriye hamwe kugira baganire kuri kazoza k'ico gisata.

Mu gisagara ca Changsha, mu ntara ya Hunan mu gihugu c'Ubushinwa, ku wa kabiri igenekerezo rya 8 Nyakanga 2026, hariko habera inyigisho mpuzamakungu zakoranije abahinga n'abakora mu gisata co kumenyesha amakuru 25, bava mu bihugu 10, harimwo n'Igihugu c'Uburundi. Bari mu nama nkarishabwenge yerekeye itumatumanako biciye mu binyamakuru n'uburyo bwo gucunga imbuga nshasha z'itumatumanako.

Izo nyigisho zikaba zatunganijwe ku bufatanyabikorwa buri hagati y'ibihugu biri mu mugambi wiswe “La Ceinture et la Route”, inyigisho zirongowe n'Ikigo mpuzamakungu kijejwe ubudandaji co mu ntara ya Hunan, n'inzego z'ico gisata mu gihugu c'Ubushinwa.

Izo nyigisho zikaba zizomara imisi 21, aho abazitabiriye bazohanahana ivyiyumviro ku bibazo biri mu gisata co guhanahana amakuru, harimwo kurwanya amakuru adatohojwe neza, kuraba ko inkuru zitangwa ari iz'ukuri, guteza imbere imico, guhuza uburyo butandukanye bwo gutanga amakuru, umwidegemvyo wo gushikiriza ivyiyumviro, hamwe no gucunga ibibazo vy'ivyiyumviro bikwiragira ku mbuga ngurukanabumenyi.

Ku rutonde rw'izo nyigisho, harimwo kandi kwiga ku burorero bw'ibikorwa vyagenze neza, ib**aniro bitangwa n'abahinga, guhanahana ubumenyi n'ubuhinga hagati y'abakora umwuga wo Kumenyesha amakuru, hamwe n'ingendo zo kugendera ibigo n'ahantu hakorerwa ibikorwa vyo kumenyesha amakuru, imico hamwe n'ibikorwa vy'ubuhinga n'uguhingura ibintu mu ntara ya Hunan.

Ku gihugu c'Uburundi, ukwitabira izo nyigisho kazoba akaryo keza ko kwungura ubumenyi ku bakorera mu gisata co kumenyesha amakuru bifashishije ubumenyi n'ubuhinga mpuzamakungu, no gutsimbataza imigenderanire n'ubucuti hagati y'Uburundi n'Ubushinwa.

Inama Nkenguzamateka ibandanya kwitaho abenegihugu.Umukuru w'Inama Nkenguzamateka, Nyeniteka Gervais Ndirakobuca, yarahu...
08/09/2026

Inama Nkenguzamateka ibandanya kwitaho abenegihugu.
Umukuru w'Inama Nkenguzamateka, Nyeniteka Gervais Ndirakobuca, yarahuye ku wa mbere igenekerezo rya 7 Nyakanga 2026 n’abarongoye komine Mukaza kugira barabire hamwe ivyaranguwe n’ingorane zihari ku vyoba bitaranguwe. Nyeniteka yahamagariye abarongoye ibisata bigize ubuzima bwa Komine Mukaza gukorera neza abenegihugu, abibutsa mu vyo bakora vyose ko bokwama babungabunga amahoro n’umutekano, bakongera bakitegurira ibiza bikunda gushikira iyo Komine mu gihe c'imvura nyinshi. Inyuma y'uwo mubonano, Nyeniteka akaba yaciye aja gutanga amakaye ku banyeshure bo kuri EFOCO Mutanga bava mu miryango ifise amikoro make.

Burundi-Ubutungane: Umwaka w'ubutungane w'2026-2027 wuguruwe icese ku wa 8 Nyakanga 2026 mu ngoro y’amakoraniro mu kigob...
08/09/2026

Burundi-Ubutungane: Umwaka w'ubutungane w'2026-2027 wuguruwe icese ku wa 8 Nyakanga 2026 mu ngoro y’amakoraniro mu kigobe i Bujumbura. Ibirori vyatewe iteka n'Umukuru w’Igihugu, akaba n’Umucamanza Kizigenza, Nyenicubahiro Ndayishimiye Evariste. Ivyo bikorwa vyatunganijwe ku civugo: “Ubutungane bwegereye abenegihugu, imanza ziciwe neza kandi mu mwanya muto ni imwe mu nzira zituroresha mu mbonakazoza y’igihugu cacu 2040-2060”.

Itangazo ry'ibiro bijejwe kumenyesha amakuru mu biro vy'Umukuru w'Igihugu
08/09/2026

Itangazo ry'ibiro bijejwe kumenyesha amakuru mu biro vy'Umukuru w'Igihugu

Burundi-Imigenderanire n'amakungu: Nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye, Umukuru w'Igihugu c'Uburundi akaba n'Umukuru W'i...
08/09/2026

Burundi-Imigenderanire n'amakungu: Nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye, Umukuru w'Igihugu c'Uburundi akaba n'Umukuru W'ishirahamwe ry'ubumwe bw'Afrika, yahaye umubonano ku wa Kabiri, igenekerezo ry'8 Nyakanga 2026, Nyakubahwa Alp Isikli, umuserukizi w'igihugu ca Turikiya mu Burundi.

Intumbero y'uwo mubonano ni uko Alp Isikli yari aje gusezera Nyenicubahiro kuko ikiringo ciwe c'imyaka 4 carangiye, nk'uko vyashikirijwe na Nancy Ninette Mutoni, umuvugizi w'Umukuru w'Igihugu c'Uburundi.
Muri uwo mubonano kandi bakaba barabiye hamwe intambwe imigenderanire ivyo bihugu vyompi bimaze gushikako. Nyenicubahiro Ndayishimiye akaba yashimiye uwo yahora aserukira igihugu ca Turikiya mu Burundi k'ukuntu bakoranye, anamwipfuriza kuzororanirwa no mu yandi mabanga ashobora kuzoronswa.

Ishirahamwe Femme Intwari ryashikirije ibikoresho vy’ishure abanyeshure 64 mu ntumbero yo kubashigikira.Ku wa 6 Nyakanga...
06/09/2026

Ishirahamwe Femme Intwari ryashikirije ibikoresho vy’ishure abanyeshure 64 mu ntumbero yo kubashigikira.

Ku wa 6 Nyakanga umwaka w'2026 Mu ntumbero yo gushira mu ngiro icivugo c’ishirahamwe Femme Intwari, kigira giti: "Ubumwe, Amahoro, Iterambere n’Ugushigikirana” , iryo shirahamwe ryatunganije igikorwa co gufasha abanyeshure mu kubaronsa ibikoresho vy'ishure.

Muri ico gikorwa, abanyeshure 64 bafise umuvyeyi umwe, harimwo 17 b**a muri kaminuza, baronkejwe ibikoresho vy’ishure bizobafasha mu mwaka w’ishure wa 2026–2027. Abo b**a muri kaminuza na bo bakaba bahawe ibahasha ryo kugura impapuro bazokoresha mu nyigisho zabo.

Iryo shirahamwe ryatanze kandi ubufasha ku banywanyi 17 bafise amikoro make, mu ntumbero yo kubafasha gutangura umwaka w’ishure badafise intambamyi z’amikoro.
Mu mpanuro yatanze, Hon. Hakizimana Marie Odette, arongoye ishirahamwe Femme Intwari, yasavye urwaruka rwaronkejwe ubwo bufasha kudasamara, ahubwo rugashira inguvu mu vyigwa kugira ruzoronke umwimbu mwiza.

Yakeje abanyeshure bakoze neza mu mwaka w’ishure uheze, mu gihe abo bitagenze neza yabateye intege, abasaba kudacika intege no gushiramwo inguvu nyinshi muri uyu mwaka mushasha kugira ngo baronke amanota meza.

Ku bwa Hon. HAKIZIMANA Marie Odette, ibikorwa vyo gufasha abatishoboye ngo ni kimwe mu bikorwa ishirahamwe Femme Intwari risanzwe rikora. Ariko kuri iyi ncuro, bahisemwo gushira imbere abanywanyi b’iryo shirahamwe, mu gihe intumbero yaryo ari ukubandanya gufasha n’abandi bafise amikoro make.

Muri ico gikorwa, umwana umwe yaronkejwe amakaye 16, amakaramu hamwe n’ibindi bikoresho vy’ishure bizomufasha mu nyigisho.

Ivyo bikoresho vyatanzwe mu gihe umwaka w’ishure wa 2026–2027 wegereje gutangura, aho imiryango myinshi iba ikeneye uburyo bwo gutegurira abana bayo gusubira kw’ishure.

Kwizera Cadeau, umwe mu bahawe ibikoresho, yashimiye ishirahamwe Femme Intwari ku bikorwa vy’urukundo ririko rirakorera abanywanyi baryo n’abandi bafise amikoro make.

Yasavye iryo shirahamwe kubandanya ibikorwa vyo gufasha abatishoboye, kugira ngo n’abandi bana n’urwaruka baronke akaryo ko kwiga neza.

Uburundi busaba ko Abarundi bari muri Kenya bakingirwa Uburundi busaba ko Abarundi baba mu mahanga bakingirwa kandi baga...
06/09/2026

Uburundi busaba ko Abarundi bari muri Kenya bakingirwa

Uburundi busaba ko Abarundi baba mu mahanga bakingirwa kandi bagafatwa neza, mu gihe hari amakuru amaze imisi avugwa ku bijanye n’Abarundi bafatwa nabi mu bihugu bimwe bimwe vyo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko, cane cane muri Kenya.

Ku wa 5 Nyakanga umwaka w'2026, Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, Édouard Bizimana, yagiranye inama n’abaserukira ibihugu bigize Umuryango wa Afrika y’Ubuseruko (EAC) bifise ubuserukizi mu Burundi. Iyo nama yari iyo kuganira ku bibazo bivugwa ko biriko birashikira Abarundi baba canke bakorera muri ivyo bihugu.

Mu vyo uwo mushikiranganji yashikirije, harimwo amakuru n’amasanamu vyashikirijwe Ubushikiranganji bw’Imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, vyerekana Abarundi bamwe bamwe bavuga ko bafashwe nabi, harimwo n’abakubaguwe hamwe n’abasanzarijwe ibidandazwa.

Umushikiranganji Édouard Bizimana yavuze ko mu mabanga y’Ubushikiranganji arongoye harimwo gukingira Abarundi n’inyungu zabo bari mu mahanga. Ni co gituma yabonye ko bikenewe ko ahamagara abaserukira ivyo bihugu, na cane cane uwuserukira igihugu ca Kenya, kugira ngo abamenyeshe ko Uburundi budashima uburyo bamwe mu Barundi bariko bafatwa.
Yasavye ko Abarundi baba muri Tanzania, Kenya, Uganda, Somalia, Sudani y’Epfo no mu bindi bihugu vyo mu karere, bofatwa hisunzwe amategeko kandi bakubahirizwa nk’abandi banyamahanga. Ariko kandi, yasavye Abarundi bari mu mahanga na bo nyene kwubahiriza amategeko y’ibihugu babamwo, mu gihe hari ikibazo bakagitura inzego zibijejwe aho bari kandi bakurikije amategeko.

Édouard Bizimana yahumurije Abarundi baba mu mahanga, avuga ko inzego z’Uburundi ziriko zirakurikiranira hafi ikibazo c’Umurundi wese ari hanze y’igihugu, kugira ngo akingirwe kandi ubuzima bwiwe canke ivyiwe ntibigirirwe nabi ku mvo zitamuvuyeko.
Yasavye kandi Abarundi baba mu mahanga ko, igihe babonye ibimenyetso vy’uko batanguye gufatwa nabi, bokwihutira kubimenyesha abaserukira Uburundi mu bihugu barimwo. Ivyo, nk’uko yabivuze, vyofasha ko ubuserukizi bw’Uburundi bukorana n’inzego z’umutekano zo muri ivyo bihugu, kugira ngo ibibazo bitorerwe inyishu hakiri kare.

Ku Barundi baja mu mahanga kurondera akazi canke gukora ubudandaji, Umushikiranganji Bizimana yabibukije ko igihugu cose kigira amategeko yaco, kandi ko ategerezwa kwubahirizwa.
Yavuze kandi ko ata ngorane y’imigenderanire iri hagati y’Uburundi na Kenya, ahubwo ko iyo nama yari iyo guhanahana ivyiyumviro kugira hakoreshwe inzira y’ib**aniro mu gutorera inyishu ikibazo cabaye.

Umuserukizi w'igihugu ca Kenya mu Burundi yemeye ko agiye kuvugana n’inzego zibijejwe mu gihugu ciwe, kugira ngo azishikirize ubutumwa bw’Uburundi bwo kudashima uburyo bamwe mu Barundi bavuga ko bafashwe nabi.
Yavuze kandi ko azosaba ko hatangwa ubutumwa bwo guhumuriza Abarundi baba muri Kenya, yibutsa ko ata muntu n’umwe afise uburenganzira bwo kugirira nabi umunyamahanga, harimwo n’uwoba ariko arakora ubudandaji, igihe cose aba ariko akora mu buryo bwubahiriza amategeko.

Uburundi rero busaba ko ibibazo bishobora kuvuka hagati y’abenegihugu n’abanyamahanga, harimwo n’Abarundi baba mu mahanga, vyotorerwa inyishu biciye mu mategeko no mu b**aniro, aho gukoresha inguvu.

Aigle Noir 0-2 Al HilalUmugwi wa   waraye utakaje urukino rwa mbere rwabahuza na   wo mu gihugu ca Sudani ku ntsinzi y'i...
06/09/2026

Aigle Noir 0-2 Al Hilal

Umugwi wa waraye utakaje urukino rwa mbere rwabahuza na wo mu gihugu ca Sudani ku ntsinzi y'ibitsindo 2 ku busa bwa AigleNoirCS mu nkino za mbere z'ihiganwa za ku wa gatandatu igenekerezo rya 5 Nyakanga 2026. Urukino rwo gusubiriza rukazoba igenekerezo rya 12 Nyakanga 2026 i Kigali mu gihugu c'Urwanda.

Nyeniteka Reveriyano Ndikuriyo arashima ivugabutumwa riciye ku buhinga ngurukanabumenyi.kuri iri genekerezo rya 5 Nyakan...
05/09/2026

Nyeniteka Reveriyano Ndikuriyo arashima ivugabutumwa riciye ku buhinga ngurukanabumenyi.

kuri iri genekerezo rya 5 Nyakanga umwaka w'2026 Umunyamabanga Mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD, Nyeniteka Reveriyano Ndikuriyo, yashimye igikorwa c’ivugabutumwa IJWIRIMWE27, catangujwe ku mugaragaro n’Ishengero ry’Aba Adventistes b’Umunsi w’Indwi i Bujumbura.

Mw'ijambo yashikirije muri ico gikorwa, Reveriyano Ndikuriyo yavuze ko IJWIRIMWE27 ari intambwe ihambaye mu gukoresha ubuhinga ngurukanabumenyi mu gushikana ubutumwa bw’Imana ku bantu benshi, cane cane biciye ku mbuga ngurukanabumenyi.

Yavuze ko ubwo buryo bushobora gufasha mu guhangana n’ibintu bibi bishobora gukwiragira ku mbuga ngurukanabumenyi, aho yavuze ko ibibi vyahora bica ku mbuga ngurukanabumenyi bigiye gutsindwa n’Ijambo ry’Imana.

Yibukije ko kera abavugabutumwa bagenda n’amaguru, bakamara iminsi myinshi mu rugendo imbere yo gushika aho baja kuvuga ubutumwa. Mu nyuma, harakoreshejwe amafarasi n’imodoka kugira ngo borohereze ingendo.

Yavuze ko muri iki gihe ubuhinga ngurukanabumenyi bwahinduye cane uburyo ubutumwa bushikanwa ku bantu, kuko ubutumwa bushobora gushikira abantu benshi mu gihe gito cane.
Kuri we, gukoresha imbuga ngurukanabumenyi mu bikorwa vy’ivugabutumwa ni intambwe ihambaye, kuko bituma ubutumwa bushobora gushikira abantu benshi, aho bari hose.
Umunyamabanga Mukuru w'Umugambwe CNDD-FDD yemereye abari muri ico gikorwa ko bazogikurikirana, kandi ko ubutumwa buzoja burashikirizwa n’abagumyabanga.

Yavuze ko, bivanye n’Ijambo ry’urufatiro bazoba bigishijeko, ubutumwa buzoza buratangwa kugira ngo bushobore gushikira n’abandi bantu benshi.

Ivyo bikaba vyerekana ko imbuga ngurukanabumenyi zishobora kuba uburyo bukomeye bwo gukwiragiza ubutumwa bw’ivugabutumwa, cane cane mu gihe abantu benshi bamara umwanya munini kuri izo mbuga.

Igikorwa IJWIRIMWE27 kije mu gihe ubuhinga ngurukanabumenyi buriko buragira uruhara runini mu guhindura uburyo abantu baronka amakuru, b**atuma n’amashengero arushiriza kubukoresha mu bikorwa vy’ivugabutumwa.

Ibinyamakuru bihamagarirwa kugira uruhara mw'ishirwa mu ngiro ry'imbonakazoza y'igihugu.Ubushikiranganji bujejwe gutumat...
05/09/2026

Ibinyamakuru bihamagarirwa kugira uruhara mw'ishirwa mu ngiro ry'imbonakazoza y'igihugu.

Ubushikiranganji bujejwe gutumatumanako amakuru n'ibimenyeshamakuru bwaratunganije, kuva kw’igenekerezo rya 3 gushika ku rya 4 Nyakanga 2026, i Ngozi mu ntara ya Butanyerera, umwiherero w’uguhanahana ivyiyumviro wahuje abarongoye ibinyamakuru n’abafatanyabikorwa batandukanye basanzwe bafasha mu guteza imbere igisata co kumenyesha amakuru.

Uwo mwiherero ukaba wari ufise intumbero yo guhuza abakorera muri ico gisata gukora bisunga Imbonakazoza y'igihugu yo mu mwaka w'2040, igihugu cifashe no mu mwaka w'2060 igihugu giteye imbere, nk’uko vyashikirijwe na Ambassadeur Evelyne Butoyi, Umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru n'ibimenyeshamakuru. Yamenyesheje ko uwo mwiherero ari akaryo ko guhanahana ivyiyumviro no kuganira ku ruhara rw'ibimenyeshamakuru n'abamenyeshamakuru mu kudandaza ishusho nziza y'igihugu.

Uwo mwiherero ukaba wari ufise icivugo kigira giti: « Imbonakazoza y'Uburundi 2040-2060: ivyihutirwa mu gisata co kumenyesha amakuru, ibimenyeshamakuru no kurata ishusho n’izina vy’Uburundi».

Muri iyo misi ibiri, abafatanyabikorwa batandukanye bo mu gisata co kumenyesha amakuru bararonse akaryo ko gushikiriza ibikorwa bamaze kurangura, hamwe n’imigambi yabo n’uruhara biteze gushikana muri kazoza mu gushira mu ngiro imbonakazoza y'igihugu. Ivyo b**aniro kandi vyarafashije kumenya uburyo n’ingingo zoshobora gukomeza itumatumanako no kumenyekanisha neza ishusho y’igihugu.

Muri uwo mwiherero, Reta y’Uburundi ibicishije mu gisata co kumenyesha amakuru ikaba ishaka ko ibimenyeshamakuru n’abafatanyabikorwa bavyo na bo bogira uruhara mu guhindura no guteza imbere igihugu. Ibimenyeshamakuru b**ahamagarirwa kugira uruhara runini mu kumenyekanisha ubushobozi igihugu gifise, ibikorwa kimaze kurangura no gushira hamwe Abarundi bose kugira bashigikire ishirwa mu ngiro ry'imbonakazoza igihugu cihaye. Abarongoye ibimenyeshamakuru bakaba biyemeje ko bagiye gukora bisunga Imbonakazoza y'igihugu no kudandaza ishusho y'igihugu mu makungu mu kwerekana ivyiza Uburundi bufise biciye muri ivyo bimenyeshamakuru.

Address

Gitega

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Intumwa posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Shortcuts

Share

Category