Daoud Success TV

Daoud Success TV TV channel for entrepreneurship coaching: support aimed at entrepreneurs in general and particulary

Ntakidashoboka mubuzima.  muvyukora vyose🥰
18/03/2026

Ntakidashoboka mubuzima.
muvyukora vyose🥰

16/03/2026

Dusubire mumigambii
Uno mugambi urumvikana cane👏

Naho ibintu vyabuze iyindya ni abarundi bake boyikoza mukanwa😅Erega ababa hanze barahanzwe, ndabira indya umurundi aba h...
15/03/2026

Naho ibintu vyabuze iyindya ni abarundi bake boyikoza mukanwa😅

Erega ababa hanze barahanzwe, ndabira indya umurundi aba hanze yariko arigisha ukuntu bayiteka😅

Ariko sha izi ndya ni idiri ikomeye, aho usanga hari agatumbatumba gato kagurwa amadorare 17 uyashize mumarundi ugaca uharura nibitoke ufise bihagaze, uza gusanga ubitemye ukadandaza ivyo bitumbatumba woca wibera umurwizatunga akomeye mugihe gito😅


Urashaka kwigabira amafranga nkaya canke asumba aya? No kumyaka 18, 20, 25, 30 canke irenga aya canke ayarenga woyatunga...
12/03/2026

Urashaka kwigabira amafranga nkaya canke asumba aya? No kumyaka 18, 20, 25, 30 canke irenga aya canke ayarenga woyatunga! Va mwico gitanda uryamyemwo, va kwiryo rigara wicayeko uje guterera urusenga, wiruke nk'umusazi, nyuma ya vyose usenge!


11/03/2026

"Le succès n'est pas final, l'échec n'est pas fatal, c'est le courage de continuer qui compte."

Ibi ni vyabindi uhora wumva abantu bavuga ngo "Kandi Naka birya bintu yabitanguye tubibona nko gufyina😄"....Kenshi utang...
10/03/2026

Ibi ni vyabindi uhora wumva abantu bavuga ngo "Kandi Naka birya bintu yabitanguye tubibona nko gufyina😄"....
Kenshi utangura ikintu abantu bavuga ngo ntibikunda,abandi ngo nuko waronse abagufasha...Ngibi ndabibereka bikiri hagufi kugira ntere intege nabandi, muze mumenye ko nahereye kumpene imwe rudende!


Imisi yose nama nsenga nsaba Imana ituzigamire   kubwivyo yakoze mu ba jeune akaduhumura amaso akatujijura mukwitunganyi...
09/03/2026

Imisi yose nama nsenga nsaba Imana ituzigamire kubwivyo yakoze mu ba jeune akaduhumura amaso akatujijura mukwitunganyiriza imigambi tutarinze kuzera inze ngo tuzeye vyose kuri leta!
Muvyeyi turagushimiye ubu abantu twitahuye ntaco tutokora ngo twiteze Imbere!

Burya uyu mu Jeune GASAPE muze mumureke kuko arenze abandi banyamitwe bose baba jeune mu Burundi.Kuruyu musi le 9/3/2026...
09/03/2026

Burya uyu mu Jeune GASAPE muze mumureke kuko arenze abandi banyamitwe bose baba jeune mu Burundi.

Kuruyu musi le 9/3/2026 twakubitiye guhimbaza umusi mukuru w'abakenyezi mu ntara ya Gitega maze duca iwe muri JERUSALEM HOTEL, twumiwe! Amaze guha abantu connexion internet yubuntu kwi Hotel iwe,uwurengana wese aravoma mbere akaba yarabakoreye nahantu heza cane abashaka gukoresha iyo internet bicara bakaruhuka, none Ubu naho yazindutse aha abakoresha iyo internet icayi imikate n'imirete vy'ubuntu muzi nukuntu ivyo muma Hôtel bizimvye, nuwurengana wese akumva ashonje yegera akicara akaruhuka nawé bakamuhereza atakibazo na kimwe! GASAPE nuwo gufatirako akarorero muma côtés menshi, umu jeune wese yohumuka akiga kuruyu GASAPE, agatohoza uko yazamutse,umwete wiwe nukudaheba kwiwe ntankeka nawe yotera imbere.



Ico abantu tubuze kugira dutere imbere ni ishaka, umwete n'ukugamburuka nk'ivyingabo y'ukuri y'igihugu ifise! Umusoda nk...
08/03/2026

Ico abantu tubuze kugira dutere imbere ni ishaka, umwete n'ukugamburuka nk'ivyingabo y'ukuri y'igihugu ifise! Umusoda nkuyu sinibaza ko hariho ikintu na kimwe coza kimwankisha akazi canke kikamukuramwo urukundo akunda igihugu! Iyo wamaze kwiha intumbere yo gukora ikintu kanaka,gira umutima wo kwumva ko atacogutesha intumbero y'iterambere ubona imbere yawe. Imvura yarwa yareka,hanyerera hatemba ntuve kw'izima.



Kubwanje ntakidashoboka, ahubwo uravye ivyiyumviro biri négatifs biri mu barundi benshi, babona ko bidashoboka gutera im...
06/03/2026

Kubwanje ntakidashoboka, ahubwo uravye ivyiyumviro biri négatifs biri mu barundi benshi, babona ko bidashoboka gutera imbere mumyaka 3 , ucubona ko Uburundi gutera imbere bikigoranye...
Imana idufashe ariko nubu ndakomeza gutera intege abashaka gukora, ntakidashoboka kandi amahirwe y'uyu siyo y'uriya...


05/03/2026

"Ntukarote ubuzima bwawe, baho indoto zawe."

Haruwo nabonye arira ngo yisanze mungurube kandi afise Masters, je ko ndi mumpene ntari muri Banque canke muri Socabu ka...
02/03/2026

Haruwo nabonye arira ngo yisanze mungurube kandi afise Masters, je ko ndi mumpene ntari muri Banque canke muri Socabu kandi arivyo nize? Ndasara rero?😂😂😂

Address

On HUMURIZA FM 99. 6
Gitega

Telephone

+25775863663

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Daoud Success TV posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Share