Daoud Success TV

Daoud Success TV TV channel for entrepreneurship coaching: support aimed at entrepreneurs in general and particulary

🚨Ihiganwa rya Miss Burundi 2025 ryari rimaze imisi riba ritahukanywe na Kaneza Kellia Lagloire 🫅➡️ Icababa ca mbere ni K...
26/07/2025

🚨Ihiganwa rya Miss Burundi 2025 ryari rimaze imisi riba ritahukanywe na Kaneza Kellia Lagloire 🫅

➡️ Icababa ca mbere ni Kubwarugira Quessia

➡️ Icababa ca kabiri ni Bazahica Tania

➡️ MissPopularity ni Mugisha Monica Célèste

➡️ MissDeveloppement ni Iteka Nelly Charlène

➡️ Miss Photogénique nawe akaba ari Mugisha Jennifer


#📸

Gihagarariwe na Perezida Donald Trump, igikombe c'isi c'imirwi gitahukanye Chelsea aho yihanije Paris Saint Germain ibit...
13/07/2025

Gihagarariwe na Perezida Donald Trump, igikombe c'isi c'imirwi gitahukanye Chelsea aho yihanije Paris Saint Germain ibitsindo 3-0 ! Umwe Nuno Mendes bavuga ko ari Katamanikirwa mugufata abakinyi uyu musi ko vyamutekurukanye? Tuvuge ko imisi y'igisuma ari 40?

Abakinyi ba FC Barcelone bagarutse mu myimenyerezo, uyu musi vyari bitegekanijwe ko bakorerwa ibipimo vy'amagara yabo ku...
13/07/2025

Abakinyi ba FC Barcelone bagarutse mu myimenyerezo, uyu musi vyari bitegekanijwe ko bakorerwa ibipimo vy'amagara yabo kugira batangure gutegura umwaka mushasha w'inkino

🚨Nta muntu azoshobora kumvana ku ntebe imbere ya 2027, Ni mugerageze muzomenya ko ataco muzi. Mureke ubujuju. None uru r...
11/07/2025

🚨Nta muntu azoshobora kumvana ku ntebe imbere ya 2027, Ni mugerageze muzomenya ko ataco muzi. Mureke ubujuju. None uru rwaruka rwose rwari rufise akazi ntaraba perezida? Ntimunzaneko ubujuju.

Perezida William Ruto

🚨Umushikiranganji ajejwe ikigega ca Reta Nestor NTAHONTUYE kuruyu mugoroba igenekerezo rya 10/7/2025 ahejeje kwugara ama...
10/07/2025

🚨Umushikiranganji ajejwe ikigega ca Reta Nestor NTAHONTUYE kuruyu mugoroba igenekerezo rya 10/7/2025 ahejeje kwugara amazu amwe y'Ubudandarizo (Magasin) ari muri Asiatique mu Gisagara ca Bujumbura

🔐Benshi mu badandaza bugariwe baraheranye igihe kinini batariha, abandi nta cuma nyemezabuguzi gisohora ama factures bari bafise, abandi nabo bagikoresha nabi, bigatuma baherana amahera menshi.

Umushikiranganji yasavye abajejwe ikigo OBR kubandanya bagira amasuzuma hose no mu Gihugu hagati kugira ngo abaheranye hamwe n'abatariha ikori bahanwe hisunzwe amategeko!

Ukaba uri umudandaza uheranye nyaragasa uje ku murongo

Imyiyerekano iriko iba mugihugu ca Kenya 🇰🇪 iteye isoni n'agahinda: 👉🏿Aya masanamu mubona aho, iyo ni imyiyerekano yabay...
08/07/2025

Imyiyerekano iriko iba mugihugu ca Kenya 🇰🇪 iteye isoni n'agahinda:

👉🏿Aya masanamu mubona aho, iyo ni imyiyerekano yabaye k'Umusi w'ejo itariki 7 mukakaro 2025 mu gihugu cose, kuva ku mugwa mukuru gushika mu duce dutandukanye.

Abapfa ni benshi, abakomereka ni benshi, n'ibintu vyahononekariye si bike, hari ivyaturiwe ibindi birasamburwa.
Abanyafrica tuzogeza ryari kwisamburirako nk'impene?

🚨Inkuru y'aka kanyaUmunyamerika Cardinal *Robert *Francis *Prevost niwe yatowe. Yitwa Papa Léon XIV (Léon wa 14).Abaye P...
08/05/2025

🚨Inkuru y'aka kanya

Umunyamerika Cardinal *Robert *Francis *Prevost niwe yatowe. Yitwa Papa Léon XIV (Léon wa 14).

Abaye Papa wa mbere akomoka muri Amerika.

🚨Inkuru yaka kanyaPapa   yapfuye kuri uyu wa mbere wa Pasika,itariki 21/4/2025, sa cenda na 35" zo mu buca afise imyaka ...
21/04/2025

🚨Inkuru yaka kanya

Papa yapfuye kuri uyu wa mbere wa Pasika,itariki 21/4/2025, sa cenda na 35" zo mu buca afise imyaka 88! Yapfiriye iwe aho yari asanzwe aba i Casa Santa Marta i Vatikano.

Ejo yari muzima,ndetse yiyeretse ikoraniro ry'abantu bari baje kumwumviriza kwibaraza ya Bazilika St Pierre n’ubwo yavuze iijambo rimwe gusa hanyuma ijambo ryiwe rigasomwa n’uyundi!

Inkuru y'urukundo rw'Umukinyi w'igihangange Samuel Eto'o Fils.Eto ati:“Nari umukene aho nahura n’umugore wanje w’umukire...
02/04/2025

Inkuru y'urukundo rw'Umukinyi w'igihangange Samuel Eto'o Fils.
Eto ati:

“Nari umukene aho nahura n’umugore wanje w’umukire. Nari nkiri umukinyi muto muri France, kandi ikipe ya Nantes yari yanse kunshima. Ariko umugore wanje yakomeje kunyizera. Yakora muri salon yo gutunganya imisatsi i Nantes (Salon de beauté), nanje nari mfise ka kanyaro k’abanya-Kameruni.

Uyu munsi, ni we mugore w’umukinyi wa mbere yatsindiye ubushimwe bwinshi muri Afurika, nanje ndi umugabo w’umugore yihanganye kurusha abandi bose kw'isi.”

Icirwa: Ubuzima si ihiganwa ryo kwihuta (sprint), ahubwo ni urugendo rurerure (marathon). Ishiremwo inkomezi mu rukundo n’umubano wawe, kuko ejo huzuyemwo ibitangaza.❤️

Ubuhimbiri buri kwinshi reka tuvuge uko!🤭Uyu muhungu mubona w'umupira utukura ni Umukongomani avuka i Bukavu yiga mu   k...
02/04/2025

Ubuhimbiri buri kwinshi reka tuvuge uko!🤭

Uyu muhungu mubona w'umupira utukura ni Umukongomani avuka i Bukavu yiga mu kuri , Umwaka wa 2 mu buhinga bwo kwubaka! yafashwe n'igipolisi c'uburundi yinyuruje, afata i foto aboheye amaboko i mugongo uwo nawe mubona barikumwe amuhonyoye mumugongo n'umupanga, uwo yaramuhonyoye mumugongo ntiyaboneka mumaso cari ikiwani akubise abiwabo ko yanyurujwe kandi abamunyuruje mugihe batabahaye ibihumbi cumi (10.000$) baca bamwica.

Uri nk'umuvyeyi wiwe woreka agahamwa canke wokwumva imbabazi ukamusabira ikigongwe?😂

Gira j'aime na partage kugira uze urironkera amakuru mashasha y'irya n'ino

Mbega wewe uri mubantu naho Kidum yokorera Concert hehe kubutaka bw'Uburundi utegerezwa kuhaba?Umuririmvyi rurangiraranw...
01/04/2025

Mbega wewe uri mubantu naho Kidum yokorera Concert hehe kubutaka bw'Uburundi utegerezwa kuhaba?

Umuririmvyi rurangiraranwa unomusi niho yashika kubutaka bw'uburundi, akaba yaje kuri programme ya concert muri . Ni concert izoba itariki 4 z'ukwezi kwa kane turimwo.



Ibitari vyitezwe hagati ya Congo n'Urwanda, Paul Kagame uyu musi yahuye amaso mu yandi na Félix Tshisekedi i Doha muri Q...
18/03/2025

Ibitari vyitezwe hagati ya Congo n'Urwanda, Paul Kagame uyu musi yahuye amaso mu yandi na Félix Tshisekedi i Doha muri Qatar 🇶🇦

Abo bakuru b'ibihugu babiri bamaze igihe kitari gito badacana uwaka, ufatiye ku majambo baterana bivuye ku ntambara iri mugihugu ca Congo, bahujwe n'umwami Sheikh Tamim Bin Hamad Al Thani arongoye Qatar.

📄Itangazo ryashizwe ahabona, risozera ivyo biganiro, risaba ko intambara zihagarara mu Buseruko bwa RD Congo vuba bwango kandi ata kirinze gusabwa.

❗ Ivyo biganiro vy'amahoro bizobandaniriza muri Qatar nyene, nk'uko biri muri iryo tangazo, ariko ntibije kure y'ibimaze kwemeranywa i Nairobi muri Kenya, n'i Luanda muri Angola.


Address

On HUMURIZA FM 99.6
Gitega

Telephone

+25775863663

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Daoud Success TV posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Share