Imbonakazoza TV

  • Home
  • Imbonakazoza TV

Imbonakazoza TV Bienvenue sur la page IMBONAKAZOZA TV. Commune Bukeye/ Province Muramvya/Pays Burundi
(1)

22/02/2026
π•‚π•Œπ”Ύπ”Όβ„•π”»π”Όβ„π”Έ π”Έπ”Ήπ”Όβ„•π”Όπ”Ύπ•€β„π•Œπ”Ύπ•Œ Kur'uwu wa gatanu igenekerezo rya 16 Nzero 2026 Musitanteri wa komine  #π•„π•Œβ„π”Έπ•„π•π•π”Έ   yabandanirije i...
16/01/2026

π•‚π•Œπ”Ύπ”Όβ„•π”»π”Όβ„π”Έ π”Έπ”Ήπ”Όβ„•π”Όπ”Ύπ•€β„π•Œπ”Ύπ•Œ

Kur'uwu wa gatanu igenekerezo rya 16 Nzero 2026 Musitanteri wa komine #π•„π•Œβ„π”Έπ•„π•π•π”Έ yabandanirije igikorwa co kugendera abenegihugu mu mazone yose agize Komine MURAMVYA aho yari aramutse agendera abenegihugu bo muri Zone ya #π”Ήπ•Œπ•‚π”Όπ•π”Ό mu ntumbero yo kuganira nabo, kugira amenye iryo abenegihugu bagona.

Uwurongoye zone BUKEYE yamenyesheje ko zone BUKEYE yifashe neza muri rusangi naho hacibonekeza abenegihugu amatati y'amatongo, abantu bamwebame batitabira ibikorwa vy'iterambere rusangi, abatwara inda z'indaro n'ingeso mbi yo guharika canke kurenga ibigo.

Mw'ijambo ryiwe, Musitanteri wa komine yasiguriye abenegihugu ko abafitaniye amatati y'amatongo imanza zabo ziri mu masentare, imbere yuko bitura abajejwe intwaro bobanza kurindira ubutungane bugakora akazi kabwo.

Ku bijanye n'abantu batitaba ibikorwa rusangi, yasavye abajejwe intwaro kubandanya bahimiriza abenegihugu bose maze ababandanya bagira ubugaba bagahanwa hisunzwe amategeko. Yasavye abenegihugu kubandanya kwitwararika ibikorwa vy' isuku n'isukura aho babaye naho barangurira imirimo yabo ya minsi yose aho yaciye ahamagarira abantu bafise amazu kw'ibarabara rikuru RN1 kuhasasa amabuye (les pavΓ©s) kugira hase neza.

Yasozereye atanga impanuro k'ubenegihugu zijanye no guhindura ingendo bongereze umwete mu bikorwa bizobashikana ku mbonakazoza. Aha yabahamagariye kurwanya amarigara, ubunebwe, akaborerwe n'izindi ngeso mbi. Abenegihugu barashima cane ingene indongozi za komine na canecane Musitanteri bitwararika kumenya no gutorera umuti ibibazo bihanze abenegihugu.

.

πŸ—£οΈ Ndongozi mube akarorero , birya duhimiriza abandi tubikore nk'indongozi kugira ngo tubere akarorero abandi!Ako ni aka...
10/01/2026

πŸ—£οΈ Ndongozi mube akarorero , birya duhimiriza abandi tubikore nk'indongozi kugira ngo tubere akarorero abandi!

Ako ni akamo Musitanteri wa Komine , atera abarongoye abandi muri komine gushika mu bucimbiri. Ivyo yabishikirije kur'uyu wa gatanu igenekerezo rya 9 Nzero 2026 aho yari aramutse ateragira amavoka mu murima wiwe munini uri ku mutumba wa asanzwe avukako.

Nk'uko abishikiriza , ngo indongozi yose itegerezwa gutanga akarorero kugira bahimirize abo barongoye kandi na bone bihereyeko mu kwerekana ibikorwa vy'akarorero

Kur'uyu wa gatatu igenekerezo rya 7 NZERO 2026, Abenegihugu bo mu mitumba yose igize zone  #π”Ήπ•Œπ”Ύπ”Έβ„π”Έπ•„π”Έ uko ari 4;  bazindu...
07/01/2026

Kur'uyu wa gatatu igenekerezo rya 7 NZERO 2026, Abenegihugu bo mu mitumba yose igize zone #π”Ήπ•Œπ”Ύπ”Έβ„π”Έπ•„π”Έ uko ari 4; bazindukiye mu gikorwa co kwikorera ibiti vyo gutarura ikiraro kiri mw'ibararabara rihuza umutumba wa #𝕂𝕀𝔹𝕆𝔾𝕆𝕐𝔼 n'umutumba wa #π”Ήπ•Œπ•Šπ•€π•„π”Ήπ”Έ.

Inyuma y'ibikogwa rusangi vyo guterura ibiti, uwurongoye zone #π”Ήπ•Œπ”Ύπ”Έβ„π”Έπ•„π”Έ yashimiye abitavye ibikorwa kuko bitavye kurugero rushimishije aca abahamagarira kuzosidukana n'iyonka ku munsi wa gatandatu kugira ivyo bikorwa vyo gutunganya iryo barabara bihere maze uruja n'uruza rw'abantu n'ibintu rworohe.

.

Mu rukurikirane rw'ingendo ariko aragira ku mashure atandukanye ari muri Komine  #π•„π•¦π•£π•’π•žπ•§π•ͺ𝕒 kwirabira ingene ibikorwa vy'...
07/01/2026

Mu rukurikirane rw'ingendo ariko aragira ku mashure atandukanye ari muri Komine #π•„π•¦π•£π•’π•žπ•§π•ͺ𝕒 kwirabira ingene ibikorwa vy'igice ca kabiri biriko biragenda hamwe no kuraba ko ingingo yo kwambara ibirato bifuka amano n'amashesheti hamwe n'umwambaro wa (uniforme) vyakurikijwe; mu gitondo co kur'uyu wa gatatu igenekerezo rya 07 NZERO 2026, Musitanteri wa Komine yagendeye amashure ya π—˜π—–π—’π—™π—’ π—•π—¨π—žπ—˜π—¬π—˜ π—œ na π—Ÿ.𝗖𝗒 π—•π—¨π—žπ—˜π—¬π—˜ yo muri zone #π”Ήπ•Œπ•‚π”Όπ•π”Ό.

Kur'ayo mashure yagendeye yasanze ibikorwa biriko bigenda neza naho hibonekeza abanyeshure bacererwa kuko gushika isaha zibiri zo mu gatondo bari bakiriko baraza kw'ishure. Yasanze kandi ingingo yafashwe yo kwambara ibirato bipfuka amano n'amashesheti hamwe na niforome biriko birakurikizwa.

Aho yaciye hose akaba yagiye aratanga impanuro ku barezi hamwe n'abanyeshure aho abahamagarira gukorana umwete kugira umwimbu wiyongere.

.

 Kur'uyu wa kabiri igenekerezo, uwurongoye ZONE  #π”Ήπ•Œπ•‚π”Όπ•π”Ό    yagirishishije inama abatozakori  hamwe n'abarongoye imitumb...
07/01/2026


Kur'uyu wa kabiri igenekerezo, uwurongoye ZONE #π”Ήπ•Œπ•‚π”Όπ•π”Ό yagirishishije inama abatozakori hamwe n'abarongoye imitumba igize iyo zone mu ntumbero yo kubahamagarira kuduza umwimbu mu vyerekeye amatagisi hamwe n'inyifato umutozakori yo kwerekana imbere yabo ariko aratoza itagisi( ubwenge n'ubwitonzi)

Yamenyesheje ko umutozakori ategerezwa gusuzuma yuko ikintu cose catangiwe itagisi caba ikivuye muri Zone Bukeye canke kivuye mu yandi mazone bagasuzuma yuko nuw'ufise ama ticket yoba yarishe ayabereye.

Abatozakori nabo basavye yuko Intwaro yobaba hafi kugira umurimo bajejwe bawurangure neza.

 Mu gitondo co kur'uyu wa kabiri igenekerezo rya 6 Nzero 2026, Uwurongoye Igisata c'Indero muri Komine     yazindukiye k...
06/01/2026



Mu gitondo co kur'uyu wa kabiri igenekerezo rya 6 Nzero 2026, Uwurongoye Igisata c'Indero muri Komine yazindukiye kuri no kuri mu ntumbero yo kwirabira uko akazi kariko karakorwa ku musi ugira kabiri igice ca kabiri c'ishure gitanguye hamwe no kuraba ko ingingo yo kwambara ibirato bipfuka amano, amashesheti hamwe n'iniforome yubahirijwe.

Kur'ayo mashure yose, yasanze abanyeshure barubahrije iyo ngingo. Mur'urwo rugendo yagize kur'ayo mashure, yasanze kandi hari abigisha n'abanyeshure bacererwa aho yaciye agabisha abigisha bacererwa canke basiba ku kazi ko bazohanwa hisunzwe amategeko.

Yahamagariye abajejwe indero mu ma Zone gukurikirana neza abayobozi n'abigisha bacererwa ku kazi bongere baze baratanga raporo ku munsi ku munsi.

Ku muhingamo wo kur'uyu musi wa mbere igenekerezo rya 05 Nzero 2026, Musitanteri wa Commune    , aherekejwe n'Umuhanuzi ...
06/01/2026

Ku muhingamo wo kur'uyu musi wa mbere igenekerezo rya 05 Nzero 2026, Musitanteri wa Commune , aherekejwe n'Umuhanuzi wiwe ajejwe amategeko , bishikiye ku Mutumba wa #𝔹𝕀𝔾𝔸ℕ𝔻𝔸 wo muri Zone ya mu ntumbero yo gutatura amatati afatiye ku ndyane z'amatongo hagati y'umuryango umwe. Bamaze kubatunganiriza, Musitanteri yaciye amenyesha abenegihugu bose bari ng'aho, ko nk'uko ahora abigenza no ku bandi benegihugu bahora bamwitura, ko ata ngingo n'imwe yerekeye amatati yigera afatira mu biro akoreramwo, ahubwo ko uwumwituye, uwari we wese, biba ngombwa ko yishikira mu kibanza nyezina ahabereye amatati, maze ingingo zibereye zigafatwa kandi ku mugaragaro impande zose zabanje kuronswa ijambo.

 #π•€π”Ύπ•€π•Šπ”Έπ•‹π”Έ β„‚'𝕀ℕ𝔻𝔼ℝ𝕆Mu gitondo co kur'uyu wa mbere, igenekerezo rya 05 Nzero 2025, Musitanteri wa Commune    , yagendeye a...
05/01/2026

#π•€π”Ύπ•€π•Šπ”Έπ•‹π”Έ β„‚'𝕀ℕ𝔻𝔼ℝ𝕆
Mu gitondo co kur'uyu wa mbere, igenekerezo rya 05 Nzero 2025, Musitanteri wa Commune , yagendeye amashure ya π—˜π—–π—’π—™π—’ 𝗠𝗨π—₯𝗔𝗠𝗩𝗬𝗔 π—œ na π—Ÿπ—¬π—–π—˜π—˜ 𝗠𝗨π—₯𝗔𝗠𝗩𝗬𝗔. Intumbero nyamukuru y'urwo rugendo, kukaba kwari:

1. Kuraba ko abarezi n'abarerwa batonze ku masaha ategekanijwe.
2. Kuraba ko abarerwa bitabiriye akamo batewe ko kwambara ibirato bipfuka amano hamwe n'amashesheti.

Mw'ijambo ryiwe, Musitanteri yatekereye impanuro zitari nke abarezi n'abanyeshure aho abahamagarira gukorana umwete kugira umwimbu wiyongere.
Ahamagarira kandi abarongoye abandi mu ntwaro no mu gisata c'indero muri komine hamwe no mu mazone kubandanya bagendera amashure baraba ko amasaha y'akazi yubahirizwa bongere barabe ko ingingo yo kwambara ibirato bifuka amano hamwe n'amashesheti yubahirijwe.

Address

GITEGA

Telephone

+25769394398

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Imbonakazoza TV posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Imbonakazoza TV:

Shortcuts

  • Want your business to be the top-listed Media Company?

Share