KuKivi

KuKivi Pour un BURUNDI plus brillant

“Turetse uwigize impumyi,turazi aho umugambwe CNDD-FDD wakuye igihugu,ikindi naco  igihugu si umukate kugira ngo umwana ...
14/05/2025

“Turetse uwigize impumyi,turazi aho umugambwe CNDD-FDD wakuye igihugu,ikindi naco
igihugu si umukate kugira ngo umwana arize baca bamuha kandi ntigitorwa mw’ibarabara”.Bikaba vyashikirijwe na Reverien Ndikuriyo igenekerezo rya 14.05.2025 ku munsi ugira 2 w’imyiyayamazo y’umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya BUHUMUZA.

📷


27/04/2025

: irabire mu ncamake uko urukino rw'ejo hagati ya vs rwagenze

🔴 Urwaruka rurenga 500 rukorera mu gisata c'Ubuhinga bwa none 'Sciences et technologies' rwicaranye n'Umukuru w'igihugu ...
24/04/2025

🔴 Urwaruka rurenga 500 rukorera mu gisata c'Ubuhinga bwa none 'Sciences et technologies' rwicaranye n'Umukuru w'igihugu i , mu mwiherero wateguwe na Paeej-Burundi ku rwaruka ruri muri ico gisata

⬅️ Ni inyuma y'aho kuwa 11/04/2025 Prezida Evariste Ndayishimiye asavye ko umwiherero nk'uwo ukenewe kugira hubakwe umushinge muri ico gisata.

👨🏼‍💻 Abarimwo, Pery Saxe Gateka (Gasape) yakoze iradiyo n'ibindi bikorwa vyinshi bimenyerewe muri ico gisata, Armel Akimana yashimiwe n'Umukuru w'igihugu kubera ibikorwa vy'ubuhinga yakoze nk'irobo yifashishwa mu bikorwa vyo mu mirima, Timothé Nicoyangereye akora imbabura nyabwonko n'abandi ba 'jeunes', bakorera mu bisata vy'Ubuhinga bwa none TIC, ubuhinga mvabwenge IA, 'cybertechnologie', 'génie informatique', 'bio technologie', bariko barashikiriza ivyiyumviro vyabo.

👌🏽Prezida Ndayishimiye yabijeje ko mu ntumbero yo guteza imbere kino gisata ca TIC hazorungikwa vuba umugwi w'urwaruka karuhariwe muri ico gisata kurahura ubumenyi mu bihugu vyo hanze cane cane igihugu ca .

📌 Yasavye ashimitse PAEEJ kuzokurikirana neza ishigwa mu ngiro ry'ico gikorwa.

📸 : Paeej

Edisson Ndayahoze Ndayanovye nkubu yibaza ngo iyi foto twarayibagiye 😀
13/04/2025

Edisson Ndayahoze
Ndayanovye nkubu yibaza ngo iyi foto twarayibagiye 😀

11/04/2025

🇧🇮 : Inyishu ya umukuru w'inama nshingamateka y'uburundi kubijanye n'ifaranga ry'uburundi riguma rita agaciro

🇨🇩🇧🇮     :Thérèse Kayikwamba, Umushikiranganji w'imigenderanire wa RDC yash*tse i   abonana na Prezida Evariste Ndayishi...
25/03/2025

🇨🇩🇧🇮 :Thérèse Kayikwamba, Umushikiranganji w'imigenderanire wa RDC yash*tse i abonana na Prezida Evariste Ndayishimiye

🎯 Iyo ntumwa idasanzwe ya Congo, yari izaniye ubutumwa Umukuru w'igihugu c'Uburundi burungitswe na Prezida Félix Tshisekedi.

#

Mkombozi Lucifer : "Ekipe yacu naho yatsinzwe kimwe na côté d’ivoire abaravye umupira twabonye ko ekipe yacu ikomeye can...
22/03/2025

Mkombozi Lucifer : "Ekipe yacu naho yatsinzwe kimwe na côté d’ivoire abaravye umupira twabonye ko ekipe yacu ikomeye cane habuze guhekenya umwansi,

Ariko harigihe nibaza ko twoba dutsindwa kenshi kubera IZINA kuko turi BENENTARE ariko twitwa INTAMBA hary intamba ziraryana?jewe niyumvira ko bopfuma batwita INTOZI MURUGAMBA canke INTARE MURUGAMBA
Canke INGWE MURUGAMBA kuko INTAMBA MURUGAMBA ziriruka gusa ariko ntiziryana"


Ndayishimiye youssuf

🔴    - Abakenyezi bo mw’ishengero rya Yesu Kristo (JCC) bubatse ikiraro, batanga ubutumwa ko nabo bashoboye💪 “Abakenyezi...
16/03/2025

🔴 - Abakenyezi bo mw’ishengero rya Yesu Kristo (JCC) bubatse ikiraro, batanga ubutumwa ko nabo bashoboye

💪 “Abakenyezi turashoboye nta bwoba dukwiye kugira mu gufasha abashingantahe bacu mu bikorwa biruhisha.”

Ivyo bishikirizwa na Ndikumana Aline umwe mu bakenyezi bari mw'ishengero rya Yesu Kristo (JCC) riri ku mu tumba wa Gihehe, komine Giheta intara ya Gitega. Hari kuri uyu wa 13 Ntwarante 2025 mu bikorwa vyo guterura ibiti bisanura ikiraro gihuza imitumba ya Kanyinya na Gihehe.

🙋‍♀️ Abo bakenyezi bamenyesha ko ata mpungenge n’imwe yo gukora ibikorwa nk’ivyo kuko ngo abakenyezi barashoboye.

Abo bakenyezi baratera akamo abandi bakenyezi bo mu yandi madini gukora ibikorwa vy'iterambere maze bafashe mu guteza imbere imibereho mu kibano cabo.

👐 "Nkabo tudasangiye idini bokura amaboko mu mpuzu bagakora nkuku turiko turakora."

Ku bagabo banka guha umwidegemvyo umukenyezi mu bikorwa vyose ngo bobareka bagakorana kuko ngo umutwe umwe ntiwigira inama.

⛪ Umwe mu bapasitori biryo shengero, Charles Gatoto, aratuyagira icatumye biyumvira gukora no guhimiriza abakristo gukora ibikorwa nkivyo guharura amabarabara, gusanura, ibitarurwa hamwe n’ibindi.

Agira ati: Twebwe mw’ishengero ryacu imico ituranga turangwa n'ibikorwa, nico gituma abakristo tubahimiriza mu nyigisho tubaha kwitanga mu guterera inguvu mu bikorwa vyose bitabara igihugu n'abarundi mu gukora amabarabara, ibitarurwa, kurima no kworora kijambere.

Pasteur Charles asaba Reta kubashigikira mu kubaha ibikoresho biyora ikariyeri, hamwe n'imashine itsindagira. No kubaha amatongo bakoreramwo ibikorwa vyo kurima no kworora.

🏛️ Abajejwe intwaro muri komine Gitega biciye ku muhanuzi wa Musitanteri ejejwe ivy'iterambere arakenguruka ibikorwa iryo shengero ririko rirarangura muri komine Giheta. Agasaba ayandi mashengero kubafatirako akarorero.

🇧🇮Umukuru w'igihugu    yagendeye inama nshingamateka mu gihugu ca   ----------------------------------------------🎯Ku mu...
14/03/2025

🇧🇮Umukuru w'igihugu yagendeye inama nshingamateka mu gihugu ca
----------------------------------------------
🎯Ku musi ugira kabiri w'urugendo arimwo mu gihugu ca Serbie, Umukuru w'igihugu c'Uburundi, Evariste Ndayishimiye, yaganiriye na Mme Ana Brnabić, arongoye inama nshingamateka y'igihugu ca Serbie.

🎯Imbere y'ugutemberezwa mu ngoro y'inama nshingamateka y'i Belgrade, baganiriye ku nyungu ziva mu mubano mwiza uri hagati y'Uburundi na Serbie.

🎯Mwomenya kandi ko iyo ngoro y'ibikorwa vy'inama nshingamateka iri mu gisagara ca Belgrade ari inzu y'ubwiza n'agaciro gahambaye, ikaba yanditswe mu matungo akomeye y'igisagara ca Belgrade. Iyo nyubako yubatswe mu gihe c'ubwami bwa Yougoslavie, bwahavuye butandukana, bugatanga ibihugu bitandukanye harimwo na Serbie inyuma yo kwikukira.

🎯Umukuru w'igihugu n'abo vyagendanye bakaba kandi batemberejwe mu bibanza vyiza bitandukanye harimwo uruhongore rw'ubuhinga bwa none (Parc technologique et scientifique de ) hamwe n'umugambi "Waterfront" wo guhindura igisagara ca Belgrade cose kikajana n'ibihe.

🎯Tubibutse ko Umukuru w'igihugu c'Uburundi, Evariste Ndayishimiye, yari yaraye yakiriwe na mugenzi we Aleksandar Vučić wa Serbie. Muri iyo nzira, barateye umukono ku masezerano 9 yo gufashanya mu bisata bitandukanye, harimwo uburimyi, ingenzi, inkino, ubuhinga bwa none n'ibindi.

📷 Présidence - République du Burundi

🎯  : Bagiye kwiruhutsa kuko bagiye guhabwa prebourse-----------------------------------------🎯Abanyeshure batararoswa ag...
12/03/2025

🎯 : Bagiye kwiruhutsa kuko bagiye guhabwa prebourse
-----------------------------------------
🎯Abanyeshure batararoswa agafashanyo ngo bagiye kukaroswa kuko ngo intambamyi umugwi ujejwe gutanga ako gafashanyo wahuye nazo zararangiye.

🎯CIMPAYE Barthélémy Awurongoye amenyesha ko igituma agafashanyo katevye gutangwa nuko buri mwaka bategerezwa kugendera amashure kugira barabe ko abo baha akogafashanyo bakiri kumashure canke bahevye.

🎯Ikindi yamenyesheje nuko amashure rimwe na rimwe batanga intonde zidakwije ibisabwa n’amategeko bagaca bazisubizwa. CIMPAYE akaba asaba BRB n’ubushikiranganji bw’ikigega ca Leta kunyarutsa guhemba abanyeshure kugira bashobore kwiga bagononokewe.


Universite du Burundi

🔴⚽ 🇧🇮: Kurwanya ivyo kubetinga munkino byahagurukiwe mu  ------------------------------------------🎯Ihadabu ry'imiriyoni...
12/03/2025

🔴⚽ 🇧🇮: Kurwanya ivyo kubetinga munkino byahagurukiwe mu
------------------------------------------
🎯Ihadabu ry'imiriyoni 10 y'amafaranga y'amarundi, no kudasubira gukora ikintu kijanye n'umupira w'amaguru mu kiringo c'imyaka 5, nico gihano cahawe abakinyi 6 ba (n'umuyobozi w'ubuhinga wabo) n'umwe wa bahagaritswe kubera bariye amahera yo gutigira kugira bahuvye inkino zabo

😤 Ico gihano catanzwe n'igisata c'indero n'akarangamutima co mw'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru FFB ku bijanye n'abakinyi bemeye gutora amahera y'abagizi ba nabi kugira abo bakinyi bemere kwitsindisha mu nkino zimwe zimwe

🧐 Urukino ruvugwa cane ni urukino rwahuje Académie Deira na Vital'o fc aho umunyegori wa Académie Deira yemeye ko yahawe imiriyoni 8 Fbu n'uwiyita "Ninja Américain" kugira urwo rukino rubenekemwo ivyo abo bagizi ba nabi bipfuza Académie Deira. Hari n'uwari yamwemereye imiriyoni 20 Fbu kugira yitsindishe ibitsindo 6 vyose

🥱 Nk'uko vyanditswe muri urwo rwete rwa FFB abakinyi uyo munyegori yarondeye kugira bakorana ubwo bubisha bwo gutsindwa ibitsindo 6 (urukino rwarangiye ari 3 ku 0 vya Vital'o fc) baravyanse ariko hari abakinyi 6 bakinana yahayeko ibihumbi 830 Fbu umwe umwe hamwe n'umuyobozi w'ubuhinga

💸 Ihadabu ry'imiriyoni 10 bategerezwa kuritanga hatarenze itariki 10 Rusama 2025, baharengeje bazoca bavavanura no gukora imirimo yose ijanye n'umupira w'amaguru mu buzima bwabo bwose. Igihano cafashwe kuwa 10 Ntwarante 2025

📌 Twobamenyesha ko ubwo bubisha bukorwa kugira abakinyi bashobore kwitsindisha hama abatigira za nkino biciye ku buhinga bwa none baba bashizeko inoti yabo, bunguke cane

🤭 Musomyi, ivyo bintu vyo kurya inoti ngo bitsindishe ubivuzeko iki? Ubona abo bakinyi bazoshobora kuyariha?

Address

Gitega
Gitega

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when KuKivi posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to KuKivi:

Share