14/03/2025
🇧🇮Umukuru w'igihugu yagendeye inama nshingamateka mu gihugu ca
----------------------------------------------
🎯Ku musi ugira kabiri w'urugendo arimwo mu gihugu ca Serbie, Umukuru w'igihugu c'Uburundi, Evariste Ndayishimiye, yaganiriye na Mme Ana Brnabić, arongoye inama nshingamateka y'igihugu ca Serbie.
🎯Imbere y'ugutemberezwa mu ngoro y'inama nshingamateka y'i Belgrade, baganiriye ku nyungu ziva mu mubano mwiza uri hagati y'Uburundi na Serbie.
🎯Mwomenya kandi ko iyo ngoro y'ibikorwa vy'inama nshingamateka iri mu gisagara ca Belgrade ari inzu y'ubwiza n'agaciro gahambaye, ikaba yanditswe mu matungo akomeye y'igisagara ca Belgrade. Iyo nyubako yubatswe mu gihe c'ubwami bwa Yougoslavie, bwahavuye butandukana, bugatanga ibihugu bitandukanye harimwo na Serbie inyuma yo kwikukira.
🎯Umukuru w'igihugu n'abo vyagendanye bakaba kandi batemberejwe mu bibanza vyiza bitandukanye harimwo uruhongore rw'ubuhinga bwa none (Parc technologique et scientifique de ) hamwe n'umugambi "Waterfront" wo guhindura igisagara ca Belgrade cose kikajana n'ibihe.
🎯Tubibutse ko Umukuru w'igihugu c'Uburundi, Evariste Ndayishimiye, yari yaraye yakiriwe na mugenzi we Aleksandar Vučić wa Serbie. Muri iyo nzira, barateye umukono ku masezerano 9 yo gufashanya mu bisata bitandukanye, harimwo uburimyi, ingenzi, inkino, ubuhinga bwa none n'ibindi.
📷 Présidence - République du Burundi