
09/10/2024
✈️ Umudereva w'indege yapfuye ariko aratwara
👨✈ Iryo sanganya ryabaye ku ndege Airbus 350 y'ikompanyi Turkish Airlines. Ni mu gihe iyo ndege yari mu kirere, iva mu gisagara ca Istanbul muri Turikiya, kuri uyu wa 9 Gitugutu 2024.
📰 Nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru La Nouvelle Tribune, uwo mudereva yafashwe yumva atamerewe neza mu mubiri, mu gihe yariko ararōngōra iyo ndege, mu kirere. Bidatevye, abo bafatanije igikorwa babona arahundagaye. Ngo bagire barumviriza, basanga yaryamiye ukuboko kw'abagabo. Ni ko guhitamwo guca bururutsa iyo ndege ku kibuga kiri hafi ; ico naco cari ica New York muri Amerika.
📜 Mw'itangazo ryasohowe n'ikompanyi y'iyo ndege, umuvugizi wayo yamenyesheje ko uwo mudereva yari asanzwe ameze neza, kandi ivyo bikaba vyarerekanywe n'ibipimo bisuzuma amagara yiwe yaheruka gukoresha.
Inkomoko: https://shorturl.at/JcUdm
✍🏾 Musomyi, iyo uba uri muri iyo ndege waca wifata gute ?