Akayazwe Tv

Akayazwe Tv mukunde (like) twongere dusangize ivyiza vya page yanje. mutibagiye nokunkwirikirana kuri youtube ht

Mbega ivyiza we!!!!!!!!!!!! Kaxe kweli ncuti yacu   , mwubake rugume pe
14/10/2023

Mbega ivyiza we!!!!!!!!!!!!

Kaxe kweli ncuti yacu , mwubake rugume pe

[🔴VYIHUTA] Irène Kabura Murihano niwe agenywe n'umukuru w'igihugu kuba icegera ca mbere c'umukuru w'ibanki nkuru. Akaba ...
11/10/2023

[🔴VYIHUTA] Irène Kabura Murihano niwe agenywe n'umukuru w'igihugu kuba icegera ca mbere c'umukuru w'ibanki nkuru. Akaba asubiriye Désiré Musharitse. Bisigura ko muri batatu barongoye banki nkuru muri kino gihe harimwo abakenyezi babiri aribo Irène Kabura Murihano hamwe na Marie Goreth Ndayishimiye asanzwe ari icegera ca kabiri

✍️ Murihano yari asanzwe arongoye ibiro bijejwe ivyigwa vy'iterambere (Bureau des études stratégiques) bitwarirwa mu biro vy'umukuru w'igihugu akaba kandi asanzwe ari icegera ca kabiri c'umukuru w'urwego nshingwantaro mu kigo c'igihugu kijejwe iterambere

👉 Désiré Musharitse asubirijwe mu gihe ari mu rugendo rw'akazi mu gihugu ca aho yajanye n'umugwi w'indongozi mu vy'ubutunzi bw'igihugu harimwo n'umushikiranganji w'ikigega ca Reta Audace Ndihokubwayo

👀 Tubibutse ko uwahora ari umukuru wa Banki Nkuru, Dieudonné Murengerantwari yakuwe ku wa 08 Gitugutu ubu akaba yaciye ahagarikwa ku mvo z'amatohoza y'ivyaha yagirizwa harimwo no guhungabanya ubutunzi bw'igihugu

Dieudonné Murengerantwari yahora atwara BRB ari mu minwe y'ubutungane ⚖️😟 Yagirizwa iki ? 📄 Mw’itangazo umushikirizamanz...
10/10/2023

Dieudonné Murengerantwari yahora atwara BRB ari mu minwe y'ubutungane ⚖️

😟 Yagirizwa iki ?

📄 Mw’itangazo umushikirizamanza mukuru wa Repuburika, Léonard Manirakiza, ahejeje gusohora yanditse adondagura ivyaha uwo yahoze arongoye ibanki nkuru y’igihugu, hamwe n'umudandaza Sylvestre Niyonsaba bagirizwa harimwo “uguhungabanya ubutunzi bw'igihugu, kurya igiturire, gukoresha amafaranga ibikorwa bitari vyiza, no kunyuruza amatungo rusangi ya Reta”. Iryo tangazo yarishize ahabona kuri uyu wa 10 Gitugutu 2023.

👉🏾 Abo bose babiri bahagaritswe kw’igenekerezo ry’7 n’8 Gitugutu 2023, ku mutahe utanzwe n'umushikirizamanza mukuru wa Repuburika y'Uburundi.

🫰🏾 Ariko, naho bavyagirizwa, biracari mfatakibanza kuko amatohoza aracakorwa, bariko barabazwa. Umushikirizamanza mukuru wa Repuburika yahumurije imiryango yabo ko igikorwa co kubumviriza “kiriko kigenda neza hisunzwe amategeko” 🙏🏾

✍🏾 Arangiza iryo tangazo amenyesha ko “urwego arongoye ruriko rukora ibishoka vyose kugira abantu bakore bisunze amategeko kandi bubahirize itunga rusangi”.

‼️ Kugura itike y'indege mu mashirahamwe yose ubu ni mu madorari✈️ Amashirahamwe asanzwe adandaza amatike y'indege mu Bu...
27/09/2023

‼️ Kugura itike y'indege mu mashirahamwe yose ubu ni mu madorari

✈️ Amashirahamwe asanzwe adandaza amatike y'indege mu Burundi yatangaje avuga ko "kuva uno musi itariki 27 Nyakanga mu 2023, amatike yose agiye kuza aragurwa mu madorari".

☎️ Aho twakuye aya makuru barondeye kumenya imvo yatumye iyo ngingo ifatwa.

👉🏾 Mw'ishirahamwe Brussels Airlines, Pierre Claver Rwasa umuyobozi waryo yatubwiye ati : "Kuronka amadorari turungika ku ma konti yacu biratugora".

🤷🏾‍♂️ Yadusiguriye ati : "Dusanzwe turi ishirahamwe mpuzamakungu rikorera urudandazwa ngaha mu Burundi. Iyo turiko turariha ivyo dukoresha (dépenses) biratworohera ariko hageze ko dushira amafaranga yasigaye ku ma konti yacu, biratugora cane".

🤦🏾 Yabandanije avuga ko "biteze ko abakiriya bahora baronka bagiye kugabanuka kubera bashobora kubura amadorari, ariko ngo na bo nta kundi botorera umuti ico kibazo".

🏛️✈️🛫 Me kuri twebwe abafata izo ngendo mubona bizotworohera??
We aho uhereye iyi nkuru uyivuzeko iki???

🇬🇦🇬🇦🇬🇦 muri Gabon naho kanyanyaye.Hari umugwi w‘abasirikare batangaje ko bafashe ubutegetsi bearing burongowe na Bongo.B...
30/08/2023

🇬🇦🇬🇦🇬🇦 muri Gabon naho kanyanyaye.

Hari umugwi w‘abasirikare batangaje ko bafashe ubutegetsi bearing burongowe na Bongo.
Bakaba babigangarije mw’iradiyo nkuru y’igihugu.
Ubu tuvugana imipaka irugawe🤦🏽.
Tubamenyeshe ko President Bongo yarageze ku gwego adashobora kwihagurutsa canke ngo atambuke ata muntu amufashe ukuboko😀.
Kuberiki ubutegetsi bukundwa uku?
Kuberiki abasoda Bo muri afrika canecane y’uburengero bakariye gukura aba batama bavuga ko bari baramaze kuba ibikoresho vy’abazungu?
Twizere Revolution ya nyayo ya Africa ko tubona Ubu abariko barafata ubutegetsi tubona ari abantu bipfuza iterambere rya Africa???

Umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye arafata urugendo aja muri Afrika y'epfo, aho yitavye ubutumire bwa mugenzi we Cy...
23/08/2023

Umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye arafata urugendo aja muri Afrika y'epfo, aho yitavye ubutumire bwa mugenzi we Cyril RAMAPHOSA.

Yitavye inama igira 15 ya BRICS itegekanijwe kuva igenekerezo rya 22 gushika irya 24/8/2023 i Johannesburg.
#

🔴Mugihe ari i saint-Petersbourg mu burusiya 🇷🇺 munama igiye guhuza ejo aho bukera igihugu c'  n'ibihugu vya Africa, Umuk...
26/07/2023

🔴Mugihe ari i saint-Petersbourg mu burusiya 🇷🇺 munama igiye guhuza ejo aho bukera igihugu c' n'ibihugu vya Africa, Umukuru w'Igihugu c'u Burundi Varisito Ndayishimiye 🇧🇮, yahaye ikiganiro Kur'uyu wa gatatu ikinyamakuru ca reta y'uburusiya TAS AGENCY.

Umukuru w'Igihugu c'u Burundi Varisito Ndayishimiye, akaba ahanini yabajijwe kubibazo bijanye n'imigenderanire iri hagati y'uburusiya n'Uburundi, Ibibazo bijanye n'itunganwa ry'ubutegetsi hamwe n'ibibazo bijanye n'iterambere ry'igihugu c' u Burundi.

M. N: ntimwibagire kugumana ntwe mugufyonda kuri canke musangize nabandi tugume kumwanya

📸Ntare Rushatsi house

🔴✈️Ibiro bijejwe kumenyesha amakuru mubiro vy'umukuru w'Igihugu c'u  🇧🇮, biramenyesha ko nyenicubahiro Umukuru w'Igihugu...
25/07/2023

🔴✈️Ibiro bijejwe kumenyesha amakuru mubiro vy'umukuru w'Igihugu c'u 🇧🇮, biramenyesha ko nyenicubahiro Umukuru w'Igihugu Varisito ,afata urugendo kur'uyu wa 25 Mukakaro 2023, yerekeza mugihugu c'uburusiya. Umukuru w'Igihugu akaba afashe urugendo mw'ico gihugu, yitabiriye ibikorwa vy'inama igira 2 ihuza Uburusiya na Afrika(Russie-Afrique); ubwo mur'urwo rugendo bitegekanijwe ko azobonana na mugenzi we w'Uburusiya Vladimir Putin.

📌Inyuma yaho, nyenicubahiro Umukuru w'Igihugu c'u Burundi Varisito Ndayishimiye, azoca afata urugendo yerekeza mugihugu c'ubushinwa ubwo azoba afise umubonano n'umukuru w'Igihugu c'ubushinwa Xi Jinping. Umukuru w'Igihugu c'u Burundi akazoca yitabira kandi ibikorwa vyo kwugurura icese inkino zisi yose mpuzamakaminuza bizobera Chengdu mubushinwa nyene.

🔴😍Irabire amasanamu y'ibirori biriko birabera muntara ya   ku murwa mukuru wa poritike w'igihugu,mu birori vyo kur'uyu w...
01/07/2023

🔴😍Irabire amasanamu y'ibirori biriko birabera muntara ya ku murwa mukuru wa poritike w'igihugu,mu birori vyo kur'uyu wa 1 Mukakaro 2023, vy'imyaka 61 irangiye Uburundi🇧🇮 buronse intahe yo kwikukira.

22/06/2023

Check out DJ JAY.C Claude's video.

29/05/2023

Kkkkkkkkk

⭕🚢Ubwato bwa kijambere bita " " kuri uyu wa 25 Rusama 2023 niho bwatangura kugenda ku mazi y'ikiyaga  .Ubwo bwato bwatan...
25/05/2023

⭕🚢Ubwato bwa kijambere bita " " kuri uyu wa 25 Rusama 2023 niho bwatangura kugenda ku mazi y'ikiyaga .
Ubwo bwato bwatanguye kwubakwa muri Ruheshi 2021 bukaba bufise ubushobozi bwo gupakira umuzigo upima hagati y'amatone 1500 na 1700.
Ubwo bwato bukaba bubaye ubwato bwambere bwa kijambere kandi bunini bwubakiwe ijana kw'ijana mu gihugu c' .
Mukamenyako ubwo bwato bwakorewe ku nkengera z'ikiyaga muri komine , intara ya , n'ishirahamwe rirongowe n'umurwizatunga François batazira .

Aho bwatangura gushikanwa mu mazi, abenegihugu bari bahari bakaba bari mu kanyamuneza kadasanzwe kubona nabwo bukora ubwato buteye igomwe nk'ubwo.

Ni iki mwibaza ubwo bwato buzoterera mw'iterambere ry'abanyagihugu?

Address

Nyanza-Lac
Makamba

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Akayazwe Tv posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Akayazwe Tv:

Share

Category