Akayazwe Tv

Akayazwe Tv mukunde (like) twongere dusangize ivyiza vya page yanje. mutibagiye nokunkwirikirana kuri youtube ht

Mbega ivyiza we!!!!!!!!!!!! Kaxe kweli ncuti yacu   , mwubake rugume pe
14/10/2023

Mbega ivyiza we!!!!!!!!!!!!

Kaxe kweli ncuti yacu , mwubake rugume pe

[🔴VYIHUTA] Irène Kabura Murihano niwe agenywe n'umukuru w'igihugu kuba icegera ca mbere c'umukuru w'ibanki nkuru. Akaba ...
11/10/2023

[🔴VYIHUTA] Irène Kabura Murihano niwe agenywe n'umukuru w'igihugu kuba icegera ca mbere c'umukuru w'ibanki nkuru. Akaba asubiriye Désiré Musharitse. Bisigura ko muri batatu barongoye banki nkuru muri kino gihe harimwo abakenyezi babiri aribo Irène Kabura Murihano hamwe na Marie Goreth Ndayishimiye asanzwe ari icegera ca kabiri

✍️ Murihano yari asanzwe arongoye ibiro bijejwe ivyigwa vy'iterambere (Bureau des études stratégiques) bitwarirwa mu biro vy'umukuru w'igihugu akaba kandi asanzwe ari icegera ca kabiri c'umukuru w'urwego nshingwantaro mu kigo c'igihugu kijejwe iterambere

👉 Désiré Musharitse asubirijwe mu gihe ari mu rugendo rw'akazi mu gihugu ca aho yajanye n'umugwi w'indongozi mu vy'ubutunzi bw'igihugu harimwo n'umushikiranganji w'ikigega ca Reta Audace Ndihokubwayo

👀 Tubibutse ko uwahora ari umukuru wa Banki Nkuru, Dieudonné Murengerantwari yakuwe ku wa 08 Gitugutu ubu akaba yaciye ahagarikwa ku mvo z'amatohoza y'ivyaha yagirizwa harimwo no guhungabanya ubutunzi bw'igihugu

Dieudonné Murengerantwari yahora atwara BRB ari mu minwe y'ubutungane ⚖️😟 Yagirizwa iki ? 📄 Mw’itangazo umushikirizamanz...
10/10/2023

Dieudonné Murengerantwari yahora atwara BRB ari mu minwe y'ubutungane ⚖️

😟 Yagirizwa iki ?

📄 Mw’itangazo umushikirizamanza mukuru wa Repuburika, Léonard Manirakiza, ahejeje gusohora yanditse adondagura ivyaha uwo yahoze arongoye ibanki nkuru y’igihugu, hamwe n'umudandaza Sylvestre Niyonsaba bagirizwa harimwo “uguhungabanya ubutunzi bw'igihugu, kurya igiturire, gukoresha amafaranga ibikorwa bitari vyiza, no kunyuruza amatungo rusangi ya Reta”. Iryo tangazo yarishize ahabona kuri uyu wa 10 Gitugutu 2023.

👉🏾 Abo bose babiri bahagaritswe kw’igenekerezo ry’7 n’8 Gitugutu 2023, ku mutahe utanzwe n'umushikirizamanza mukuru wa Repuburika y'Uburundi.

🫰🏾 Ariko, naho bavyagirizwa, biracari mfatakibanza kuko amatohoza aracakorwa, bariko barabazwa. Umushikirizamanza mukuru wa Repuburika yahumurije imiryango yabo ko igikorwa co kubumviriza “kiriko kigenda neza hisunzwe amategeko” 🙏🏾

✍🏾 Arangiza iryo tangazo amenyesha ko “urwego arongoye ruriko rukora ibishoka vyose kugira abantu bakore bisunze amategeko kandi bubahirize itunga rusangi”.

Address

Nyanza-Lac
Makamba

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Akayazwe Tv posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Akayazwe Tv:

Share

Category