Province Muramvya

  • Home
  • Province Muramvya

Province Muramvya Bienvenue sur la page Facebook de la province Muramvya et ancienne capitale Royale

Turakeje Umurongozi w'Intara ya Gitega tukamwifuriza kuzororanirwa muri ayo mabanga.Mukurindira ko urubuga ruhindurirwa ...
03/07/2025

Turakeje Umurongozi w'Intara ya Gitega tukamwifuriza kuzororanirwa muri ayo mabanga.
Mukurindira ko urubuga ruhindurirwa intumbero, urubuga rubaye ruragarika kubashikiza amakuru.
Turashimiye cane abitanze mu kuremesha ikiyago ( communicateur ) na mwebwe mwese mukurirana mu gatanga n'intererano kuri runo rubuga.
Imana ibahezagire cane.
๐Ÿ™๐Ÿ™

Birabujijwe kandi kuzindukira mu birabo mu mwanya abandi bari ku kivi
25/06/2025

Birabujijwe kandi kuzindukira mu birabo mu mwanya abandi bari ku kivi

Kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya 23/06/2025, mu gihe Buramatari yariko araraba ko Abenegihugu bari ku kivi mu gisagara...
23/06/2025

Kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya 23/06/2025, mu gihe Buramatari yariko araraba ko Abenegihugu bari ku kivi mu gisagara ca Muramvya yasanze hariho bamwe mu benegihugu b'imburakimazi bari munzu zerekana amareresi mu mwanya w'akazi.

Baciye bafatwa bajanwa mu bikorwa vy'inyungu rusangi ahariko harubakwa ingoro y'amanama mu gipolisi, bene ayo mazu nabo bakazocibwa amande yinjira mu kigega ca komine.

Mu gitondo co kuri uyu wambere igenekerezorya 23-06-2025, Buramatari w'Intara ya Muramvya yakoresheje y'umutekano kubahu...
23/06/2025

Mu gitondo co kuri uyu wambere igenekerezorya 23-06-2025, Buramatari w'Intara ya Muramvya yakoresheje y'umutekano kubahurikiye muri komite y'umutekano mu ntara.
Inyuma yo guhana amajambo basanze umutekano wifashe neza maze bapfundika ibi bikurikira:
1. Gukurikiranira hafi abadandaza ibinyobwa vya Brarudi no guhana abaduza ibiciro
2. Gutunganya inama za komite y'umutekano ihurikiyemwo bose ku rwego rwa komine, Zone n'imitumba mu ntumbero yo kurwanya ubusuma buto buto
3. Mu bikorwa rusangi, ibikorwa vyo gusibura amabarabara no guca imikobeko
4. Gutegura ibikorwa vy'abanyeshure mu buruhuko
5. Mu bijanye n'uburimyi Abenegihugu basabwa gusozera irima ryo muci, BPAE nayo ikihutira gutanga imbuto z'ibigori zirobanuye bafise
6. Abenegihugu bagasabwa kandi kuziganya umwimbu w'ibiharage kugira ntibawubawumarire kw'isoko

Kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 30-05-2025, Nyenicubahiro Umukuru w'Igihugu c'Uburundi akaba n'Umukuru w'Inama Nkuru ...
30/05/2025

Kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 30-05-2025, Nyenicubahiro Umukuru w'Igihugu c'Uburundi akaba n'Umukuru w'Inama Nkuru y'inararibonye yateye iteka ibirori vy' imyiyamamazo bisozera ico kiringo mu ntara ya Gitega vyabereye muri komine Muramvya.

Mw'ijambo yashimikiye ku bimenyetso vyerekana ko Demokrasi iriko irashingimizi mu Burundi aca atuma abagumyabanga kwigisha abandi guhunda amajwi Umugambwe mwiza wa

Twobamenyesha ko mu Ntara ya Muramvya ikiringo c'imyiyamamazo ku migambwe itandukanye caranzwe n'ituze ntangere.

30/05/2025
๐—œ๐—บ๐—ฝ๐—ณ๐˜‚๐—ป๐˜†๐—ฎ๐—ฝ๐—ณ๐˜‚๐—ป๐˜†๐—ผ ๐˜†'๐—ถ๐˜ƒ๐˜†๐—ฎ๐—ฟ๐—ฎ๐—ป๐—ด๐˜‚๐˜„๐—ฒ ๐—ธ๐˜‚๐˜ƒ๐—ฎ 2020-2025Muri iki kigabana tugiye kubayagira muri make ingene ibisata vyagiye biratera...
29/05/2025

๐—œ๐—บ๐—ฝ๐—ณ๐˜‚๐—ป๐˜†๐—ฎ๐—ฝ๐—ณ๐˜‚๐—ป๐˜†๐—ผ ๐˜†'๐—ถ๐˜ƒ๐˜†๐—ฎ๐—ฟ๐—ฎ๐—ป๐—ด๐˜‚๐˜„๐—ฒ ๐—ธ๐˜‚๐˜ƒ๐—ฎ 2020-2025

Muri iki kigabana tugiye kubayagira muri make ingene ibisata vyagiye biratera imbere muri iyi myaka itanu irangiye

๐—œ. ๐—œ๐—ป๐˜๐˜„๐—ฎ๐—ฟ๐—ผ, ๐—จ๐—บ๐˜‚๐˜๐—ฒ๐—ธ๐—ฎ๐—ป๐—ผ ๐—ป๐—ฎ ๐—ฃ๐—ผ๐—น๐—ถ๐˜๐—ถ๐—ธ๐—ฒ
I.a. Mu bijanye n'intwaro, abatowe n'abagenwe mu mabanga baserukira abenegihugu baratunganije imirimo yabo ijanye no gukemura ibibazo vy'Abenegihugu no kubagendera kugira bigishwe ibijanye no kububambatira amahoro n'umutekano, kwiteza imbere n'ibindi,....

I.b. Mu bijanye n'umutekano, intara ya Muramvya co kimwe n'iyindi mihingo y'igihugu yaranzwe n'umukano, imirwi y'abagizi ba nabi yari yihaye intumbero yo guhungabanya umutekano kw'ibarabara RN2 yarasambuwe iratuzwa, imirwi y'abasuma b'inka n'abiba intsinga za Regideso yarasambuwe na bamwe muri abo basuma barafashwe bongera barashengezwa.
Ivyo vyose bikaba vyash*tsweko mu gukorera hamwe mu nyabune.

I.c. Mu gisata ca politike, abanya migambwe babanye neza, inama zibahuza n'abajejwe intwaro zaratunganijwe mbere n'imyiyamamazo ikaba iriko igenda neza cane.




5/n

๐—ง๐˜‚๐—ฏ๐—ถ๐—ฏ๐˜‚๐˜๐˜€๐—ฒ ๐—ถ๐˜๐—ฒ๐—ด๐—ผ ๐—ฟ๐—ถ๐˜๐˜‚๐—ป๐—ด๐—ฎ๐—ป๐˜†๐—ฎ ๐—œ๐—ป๐˜๐—ฎ๐—ฟ๐—ฎ, ๐—ธ๐—ผ๐—บ๐—ถ๐—ป๐—ฒ, ๐˜‡๐—ผ๐—ป๐—ฒ ๐—ป'๐—ถ๐—บ๐—ถ๐˜๐˜‚๐—บ๐—ฏ๐—ฎ ๐—ฟ๐˜†๐—ฎ ๐—ธ๐—ฒ๐—ฟ๐—ฎ ๐—ป๐—ฎ ๐—ฟ๐—ถ๐˜€๐—ต๐—ฎ๐˜€๐—ต๐—ฎ๐—œ. ๐—›๐—ถ๐˜€๐˜‚๐—ป๐˜‡๐˜„๐—ฒ ๐—ถ๐˜๐—ฒ๐—ด๐—ฒ๐—ธ๐—ผ ๐—ฟ๐˜†๐—ฎ๐—ต๐—ฎ๐—ต๐—ผ๐—ฟ๐—ฎ Intara ya M...
29/05/2025

๐—ง๐˜‚๐—ฏ๐—ถ๐—ฏ๐˜‚๐˜๐˜€๐—ฒ ๐—ถ๐˜๐—ฒ๐—ด๐—ผ ๐—ฟ๐—ถ๐˜๐˜‚๐—ป๐—ด๐—ฎ๐—ป๐˜†๐—ฎ ๐—œ๐—ป๐˜๐—ฎ๐—ฟ๐—ฎ, ๐—ธ๐—ผ๐—บ๐—ถ๐—ป๐—ฒ, ๐˜‡๐—ผ๐—ป๐—ฒ ๐—ป'๐—ถ๐—บ๐—ถ๐˜๐˜‚๐—บ๐—ฏ๐—ฎ ๐—ฟ๐˜†๐—ฎ ๐—ธ๐—ฒ๐—ฟ๐—ฎ ๐—ป๐—ฎ ๐—ฟ๐—ถ๐˜€๐—ต๐—ฎ๐˜€๐—ต๐—ฎ

๐—œ. ๐—›๐—ถ๐˜€๐˜‚๐—ป๐˜‡๐˜„๐—ฒ ๐—ถ๐˜๐—ฒ๐—ด๐—ฒ๐—ธ๐—ผ ๐—ฟ๐˜†๐—ฎ๐—ต๐—ฎ๐—ต๐—ผ๐—ฟ๐—ฎ
Intara ya Muramvya yari igizwe na Komine 5, ama zone 15, imitumba 99 n'ubucimbiri 393.

๐—œ๐—œ. ๐—›๐—ถ๐˜€๐˜‚๐—ป๐˜‡๐˜„๐—ฒ ๐—ถ๐˜๐—ฒ๐—ด๐—ฒ๐—ธ๐—ผ ๐—ฟ๐—ถ๐˜€๐—ต๐—ฎ๐˜€๐—ต๐—ฎ
Intara ya Muramvya izoja mu ntara zitatu:

1. Igice kinini cagiye mu Ntara ya ๐—š๐—ถ๐˜๐—ฒ๐—ด๐—ฎ kuko hazojayo, komine yagutse ya ๐— ๐˜‚๐—ฟ๐—ฎ๐—บ๐˜ƒ๐˜†๐—ฎ igizwe na Komine Bukeye, Muramvya n'igice ca Komine Mbuye na ๐—ž๐—ถ๐—ด๐—ฎ๐—ป๐—ฑ๐—ฎ igizwe na Komine Kiganda , Rutegama n'igice ca Komine Mbuye

2.Mu ntara ya ๐—•๐˜‚๐—ท๐˜‚๐—บ๐—ฏ๐˜‚๐—ฟ๐—ฎ hazojayo zone ๐‘๐˜†๐—ฎ๐—ฟ๐˜‚๐˜€๐—ฒ๐—ฟ๐—ฎ na ๐—ž๐—ถ๐—ฟ๐—ฎ๐—บ๐—ฎ

3.Mu ntara ya ๐—•๐˜‚๐˜๐—ฎ๐—ป๐˜†๐—ฒ๐—ฟ๐—ฒ๐—ฟ๐—ฎ hazojayo zone ๐—•๐˜‚๐˜€๐—ฎ๐—ป๐—ด๐—ฎ๐—ป๐—ฎ yongeweko imitumba ya ๐—ž๐—ถ๐—ด๐—ฒ๐—ฟ๐—ฒ๐—ธ๐—ฎ na ๐—•๐˜‚๐˜€๐—ฒ๐—ธ๐—ฒ๐—ฟ๐—ฎ yo muri zone Bukeye.



4/n

Mu gihe hari abibaza igituma Intara zagabanijwe twobamenyesha ko hari amategeko yagiye arabaho agabanya canke yongereza ...
26/05/2025

Mu gihe hari abibaza igituma Intara zagabanijwe twobamenyesha ko hari amategeko yagiye arabaho agabanya canke yongereza intara, ama komine, Ama zone n'imitumba

โœ… 01/Ntwarante/1962: Hashizweho itegeko ritunganya ama ๐—ฎ๐—ฟ๐—ผ๐—ป๐—ฑ๐—ถ๐˜€๐—ฒ๐—บ๐—ฎ mu gihe ๐—ง๐—ฒ๐—ฟ๐—ถ๐˜๐˜„๐—ฎ๐—ฟ๐—ฒ zahindutse ๐—œ๐—ป๐˜๐—ฎ๐—ฟ๐—ฎ

โœ… Mu mwaka w'1965 hashirwaho itegeko ritunganya gushasha ama komine ava kw'181 aja 79. Muri ico gihe ama komine amwe amwe yabaye ama Zone, igihugu cari kigabuwe mu ntara 8, Arondisema, ama komine n'ama zone

โœ…๏ธMu mwaka w' 1982, hashizweho itegeko bwirizwa rikura intara ku 8 rizishira kuri 15, ikomine ziva kuri 79 zija kw' 114 ico gihe Arondisema zica zirafutwa.

โœ…๏ธMu mwaka wa 1998 niho havuka intara ya Mwaro mu makomine 11 yari agize intara ya Muramvya; yaciye isigarana 5 amakomine 6 nayo aja ku ntara ya Mwaro.

๐— ๐˜‚ ๐˜ƒ๐˜†๐—ผ ๐˜๐˜„๐—ฎ๐˜๐—ผ๐—ต๐—ผ๐—ท๐—ฒ, ๐—ด๐˜‚๐—ต๐—ฒ๐—ฟ๐—ฎ 1962 ๐—ด๐˜‚๐˜€๐—ต๐—ถ๐—ธ๐—ฎ 2025, ๐—œ๐—ป๐˜๐—ฎ๐—ฟ๐—ฎ ๐˜†๐—ฎ ๐— ๐˜‚๐—ฟ๐—ฎ๐—บ๐˜ƒ๐˜†๐—ฎ ๐˜†๐—ฎ๐—ด๐—ถ๐˜†๐—ฒ ๐—ถ๐—ฟ๐—ฎ๐—ฟ๐—ผ๐—ป๐—ด๐—ผ๐—ฟ๐˜„๐—ฎ ๐—ป'๐—ฎ๐—ฏ๐—ฎ ๐—•๐˜‚๐—ฟ๐—ฎ๐—บ๐—ฎ๐˜๐—ฎ๐—ฟ๐—ถ ๐—ฏ๐—ฎ๐—ธ๐˜‚๐—ฟ๐—ถ๐—ธ๐—ถ๐—ฟ๐—ฎ :

1. NDIKUMANA Bernard
2. BARARUSABIRA Prime
3. MIBURO Etienne
4. NTAVYIBUHA Tharcisse
5. NYANDWI Raphaรซl
6. NKURIKIYE Germain
7. NZISABIRA Gabriel
8. NYANDWI Raphaรซl (de retour)
9. NDAYISENGA Gรฉrard
10.SIBOMANA Adrien
11.BAZA Antoine
12.NDIKUMANA Bernard de (retour)
13.NDARUBAGIYE Lรฉonce
14.SINARINZI Aaron
15.KANA Pierre
16.NIYUNGEKO Nestor
17.Hon. NDORICIMPA Rogatien
18.NZIGAMIYE Sylvain
19.Hon. BARUTWANAYO Joachim
20.Hon. NDAYIZIGA Oscar
21.Hon. NTWENGAMBABAYE Daphrose
22.NIYUNGEKO Emmanuel
23.Hon. NICIMBESHE Laurent
24.NZAMBIMANA Diomรจde
25.NDIKUMASABO Euphrem




3/n

Abibajije igituma Muramvya yabaye umurwa mukuru wa politike kuva 1924 ni kuberako imbere yaho umurwa mukuru wa Politike ...
25/05/2025

Abibajije igituma Muramvya yabaye umurwa mukuru wa politike kuva 1924 ni kuberako imbere yaho umurwa mukuru wa Politike Umwami wese yawushira aho akunze kuruta ahandi hagati ya Bukeye, Kiganda, Mbuye na Muramvya

๐— ๐˜‚๐—ฟ๐—ฎ๐—บ๐˜ƒ๐˜†๐—ฎ: ๐—œ๐—ธ๐—ถ๐—ป๐—ท๐—ฎ๐—ป๐—ฎ ๐—ฐ๐—ฎ XV-1966(28/11/1966).Kuva Uburundi bwa Nyaburunga bubayeho ku mwami Ntare Rushatsi Camabarantana( N...
25/05/2025

๐— ๐˜‚๐—ฟ๐—ฎ๐—บ๐˜ƒ๐˜†๐—ฎ: ๐—œ๐—ธ๐—ถ๐—ป๐—ท๐—ฎ๐—ป๐—ฎ ๐—ฐ๐—ฎ XV-1966(28/11/1966).

Kuva Uburundi bwa Nyaburunga bubayeho ku mwami Ntare Rushatsi Camabarantana( Ntare rufuku yafukuye uburundi) mu kinjana ca XV gushika 1966 hakuweho intwaro ya cami agahava anagandagurwa, Umwami wanyuma Karori Ndizeye,
Muramvya yabaye Umurwa Mukuru w'Uburundi mu 1924 igihe Petero Ryckmansi yashaka ko umwami Mwambutsa Bangiricenge yiga amashure matomato mugushiraho ishule ry' abana b'abaganwa( crรฉation de l' รฉcole des fils des chefs ganwa), ukikujwe n'ibindi birimba vy'umwami ari vyo Bukeye, Kiganda na Mbuye.

Niho ubuzima bw'igihugu bwabarizwa harimwo kwagura Uburundi, amabanga ya politike, umunsi mukuru w'umuganuro n'imigirwa bijanye, Ubutungane, ibijanye n'imibano, ibijanye no kwamabaza Imana baciye kuri kiranga (gusenga) mu masengero (mu gitabo i Kiganda na gatabo kubadashoboye gushika mu gitabo) , ubuvuzi kama,Ku gikingira ingoma y' uburundi Karyenda n'ibindi vyinshi vyerekana ko ihanga ry'Abarundi ryari ryitunganije ku rwego rwo hejuru

Ako kahise kajanye n'ubuhinga, imico n'imigenzo, ibicurarangisho kavukire, gutunganya igihugu, ibibanza vy'iratiro vyaranze ivyo biringo vyose ni Ubutunzi ku gihugu bushobora gufasha mw'iterambere ry'igihugu mu gihe vyoba vyatunganijwe neza.

Hari bike bimaze kwandikwa n'abahinga be n'abashakashatsi ba kahise ariko vyose birakwiye gucukurwa bikandikwa,maze ivyo ibibanza bigatunganywa neza kugira Abana bacu bavyigishwe neza, bakongera bagatemberezwa muri ivyo bibanza mbere uburyo bwotangwa n'abahagendeye bugasahiriza mw'iterambere ry'igihugu mu gukwega ingenzi.

Aho rero Reta, abanyamitahe, n'abashigikira imigambi ya Reta( Partenaires au developpement) boshiramwo imitahe gutyo bigatuma kahise k'igihugu n'ibibanza bijanye bitazimangana ahubwo tukabivyaza umwimbu mw'iterambere kugira ikigega c' igihugu kibomboke.

Inyuma y'igandagurwa ry'umwami wa nyuma Karori Ndizeye hagashirwaho repuburika ya mbere, Muramvya yakuwe mu murwa mikuru y'igihugu ihinduka umurwa mukuru w'intara gusa.
Ivyaranze ico kiringo gushika ubu, abagenwe ngo bayirongore (Buramatari) uhereye mu 1962 gushika 2025 ni mu nkuru ikurikira.

Woba umaze kugendera kimwe mu bibanza vy'iratiro bijanye na kahise biri mu Ntara ya Muramvya? Woba umaze kubisoma mu bitabo bivuga intara?

Utarabigendera canke ngo ubisome, waracerewe kuko umuntu atamenye iyo yavuye ntamenya iyo aja ๐Ÿ‘



Mu gihe Intara ya Province Muramvya  igiye gufatana n'izindi ntara kugira bibe intara 1 ya Gitega, tugiye kubayagira ama...
24/05/2025

Mu gihe Intara ya Province Muramvya igiye gufatana n'izindi ntara kugira bibe intara 1 ya Gitega, tugiye kubayagira amateka yayo kuva ibayeho gushika ubu.
Kazoba ari akaryo kandi ko kubashikiriza bimwe muvyaranguwe muri iyi myaka itanu (2020-2025) mu bisata vyose bigize ubuzima bw'Intara
Ntimutangwe gukurikirana no gushikiriza intererano zanyu




1/n

Address


Telephone

+25761816861

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Province Muramvya posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Province Muramvya:

Shortcuts

  • Address
  • Telephone
  • Alerts
  • Contact The Business
  • Claim ownership or report listing
  • Want your business to be the top-listed Media Company?

Share