05/06/2026
: Uwurongoye amenyeshako aheruka gukorerwa irementanya rijanye n'uguhungabanya umutekano w'igihugu
Abicishije mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa 5 Ruheshi 2026, Faustin Ndikumana amenyesha ko kw'igenekerezo rya 17 Rusama 2026, hari inkozi y'ikibi yinjiye mu kibanza c'ubunywero bwiwe, I Ngozi muri karitiye Kinyami mu ntara ya Butanyerera, ifise inkoho n'agapfuko karimwo igerenade, impuzu z'igisoda nshasha hamwe n'ibirato vy'ibotine, ica ibishira mugikoni ahabikwa amakara bakoresha muguteka ibifungurwa baha abakiriya. Kubw'iyo dosiye, abakozi 6 biwe bakaba baciye bapfungwa n'ubwo bunywero burugarwa.
We yemeza ko ari irementanya yakorwe. Asigurako, bamaze gutohoza, barose amakuru avugako, ababikoze bashaka guca bagenda gutanga amakuru mu giporisi ko bafise inkuru, maze mubucagucagu igiporosi kigaca kiza gusaka, kikerekaba ko, uwo atwara Parcem yafatanywe ibirwanisho, agaca yitwa ko atunze ibirwanisho bicira umuriro kandi ashaka guhungabanya umutekano w'igihugu.
Biri uko, mugihe we yemeza ko, izo nkozi z'ikibi zikinze umwijima, ngo wari umaze iminsi wibonekeza biturutse k'wicikagurika ry'umuyagankuba wa Regideso kubera, ngo hari icuma cahiye, mbere ngo akaba yari yamaze kumenyesha ico kibazo umuyobozi wa Regideso kandi ariko arakibafasha.
Faustin Ndikumana agasaba ashimitse ahereye k'umukuru w'igihugu n'izindi nzego gufata ingingo zibereye, ngo ivyo bintu yise akarenganyo, ngo bigamije kurementaniriza abantu bigahagarara, kiki ngo bicafuza ishusho y'igihugu n'inzego zaco, mbere ngo birabuza n'abanyamitahe kuzana imitahe. Asaba kandi irek***a ry'abo bakozi kuko, ngo n'amatohoza yakozwe abajejwe umutekano baremeje ko abo bakozi babatabaje.
Kukijanye n'ugutunga ibirwanisho, avyamirira kure ati:" Faustin Ndikumana ntabirwanisho atunze, ntabirwanisho yigeze atunga,ntabirwanisho azotunga bicira umuriro. Iyo siyo ngwano yiwe birazwi. Urugamba jewe ngwana rurazwi kuva kera muri iki gihugu:ni urw'intwaro ibereye, n'ivyiyumviro, ubwenge, politike z'igihugu, amategeko ico avuga, iterambere ryoza gute,ivyo twize, ivyo tubona ahandi...uwushaka kundemeka ivyo bintu vy'ibirwanisho ni akamaramaza, nasubize ubwenge kugihe".
Nayo kubibazako, ngo ivyo vyabaye bizomuca intege zo kuvuga ibitagenda neza, ababwirako boteshwa bagata. Agashimangirako, mubintu avuga atakintu gitangaje abandi batavuga. Aho, agatanga akarore k'umukuru w'igihugu, abanyamigambwe, abashikiranganji hamwe n'abashingamateka, nabo nyene bavuga ibitangendaneza kandi biba bisa nivyo nawe avuga.
Mwomenya ko inzego z'umutekano zitaragira ico zishikiriza kuri iyo dosiye, y'uwo asanzwe arongoye ishirahamwe rihamagarira abarundi guhindura ingendo, ngo ukuri nyakwo kumenyekane .