
16/07/2025
⚽️MkapaSports:
🎤Lamine Yamal yambitswe Numero 10/ Ijambo ryiwe nyenzina/ Uko yashimiye Inakuru , Uwu mwana akunda Bibi wiwe cane ntakintu akora i Barcelona adahari ngo niwe yamutunze cane 🫡.
🇪🇦 Nyuma yo gukwiza imyaka 18 yerekanywe icese muri Numero 10 asigiwe na 🐐 10
Mwijambo ryiwe Lamine Yamal ati : 🎙️ Umugoroba mwiza mwese.
🙌Mbere na mbere, ndashimira ikipe, perezida, abamenyereza, bagenzi banje n’umuryango wanje kubwo kunyizera .
Kwakira umwambaro wa numero 10 si ishema gusa, n'inshingano. Nzi abakinyi b’ibihe vyose bawambaye mbere yanje nka Messi na Ronaldinho, kandi ndasezeranya ko nzowurwanira.
Siniyumvira kumyaka yanje mike canke imyaka mfise imbere. ndashaka gutsinda ubu. Ndashaka gutwara Champions League. Ndashaka gutwara Igikombe c'Isi. Izo nizo ndoto zanje.
Turigutsinda, ibindi vyose nta gaciro biba bifise. Niturangiza gutsinda, ni bwo abantu bazavuga. Ariko kugeza ubwo, nzotanga vyose kubw’iyi ekipe n’uyu mwambaro.
Murakoze, Visca Barça!”
🎤Yanavuze cane kuri Inakuru ati:🎙Iki gikorwa cari catevye kubera ko Nyokuru wanje yari muri Maroc, kandi iyo ataba aho , sinari gushobora gukora ikintu kidasanzwe nkiki.
Ngira ngo nawene ntatahura ico ivyo vyose bisobanura.
Ariko arabona ko nshimishijwe nakino gikorwa , na we nyene aranezerewe.
🎉Rero nshobora kumushimira gusa kuvyo yankoreye vyose, no kuvyo abandanya akora vyose, kandi nzogerageza kumusubiza buke buke, naho ntazokwigera ndamwishura kuri bimwe yankoreye ❤️ .
Yagiriyeko anasinya amasezerano yo gukinira Fc Barcelone gushika muri 2031.
Follow ✍️ Mkapa online TV 👍 📺