25/09/2025
🚨MkapaNews : LA DIGITALISATION AU BURUNDI
🏢Banki zitandukanye zo mu Burundi nka CRDB BANK, Interbank, BCAB, BBCI, BCB nizindi zasohoye amatangazo agaragaza ko ziriko ziriyunga na Banki Nkuru y'Uburundi BRB mwihinyanyurwa ry'ubuhinga bwa none muma banki bwo guhanahana amafaranga```
Mwibuke ko Banki Nkuru y'Uburundi BRB yaheruka gusohora itangazo mbere yanakoresheje ibiganiro inabicisha Ku mbuga zayo imenyesha ko hari ibigiye gutunganywa bijanye no guhanahana amafaranga mu buryo bugezweho butuma tw'i conformant n'ibindi bihugu.
Turiteze ko itariki ya le 25/12/2025 izogera kw'isi yose la nouvelle norme *ISO 20022*, bose bayishize mu ngiro.
*Ese bizomera bite?*
```Igihugu ca Amerika ni igihugu gisanzwe kizwi ko gikomeye cane mu vy'ubutunzi, gifise Ijambo ririni kw'isi kandi kimaze igihe cerekana aho gihagaze mu bijanye no gutunganya ibijanye n'ubutunzi kw'isi.```
Umukuru w'ico gihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika Donald Trump arerekana uburyo bwiza bwofasha guha ijambo abanyagihugu ba Amerika Kugira ngo babone ubwigenge muvy'ubutunzi. Inyishu yivyo vyose Donald Trump abona ko izova muri NESARA na GESARA. Ibi duheruka kubisigura bihagije.
```Twari twiteze ko ibihugu vyose vyo kw'isi bizoshiraho``` *CBDC: _Central Bank Digital Currency_* ``` kandi ibihugu bimwe nk'Urwanda, Banki Nkuru y'Urwanda yari yamaze kumenyesha ko iri mumyiteguro yo gushirahl CBDC, ariko président Donald Trump agishika kubutegetsi yahise amenyesha ko atazemera CBDC ngo kuko yoba iri contrôlé na Banque Nkuru ivyo navyo ngo vyokwima umunyamerika kwa kwigenga kubutunzi bwiwe```
• ```Isi yamaze guhindukiza umugongo muvy'ubutunzi.```
• Isi iriko irakata ikorosi muvy'ubutunzi.
• ```Hari umusi umwe tuzoryama tugasinzira maze duvyutse tukazosanga Ibintu vyahindutse mu vy'ubutunzi kw'isi na cane cane ibijanye n'uburyo bwo guhanahana amafaranga```
> *Jana n'umwanya wige gukoresha Ubuhinga bwa none kuko uzoba obligé kubukoresha.*
Ubu ibihugu vyinshi vyo kw'isi bikoresha Ubuhinga bwa none mukugura no kugurisha ibidandazwa.