16/08/2025
🚉 Ibintu 5 mwomenya kw'ibarabara ry'indarayi Uvinza-Musongati
🛤️ Uno musi ni ho umukuru w'igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye hamwe n'umushikiranganji wa mbere w'igihugu ca Tanzaniya, Kassim Majaliwa, bugurura icese ibikorwa vya wa mugambi w’ibarabara ry’indarayi rizohuza, Uburundi, Rwanda, RD Congo, Sudani y'epfo na Kenya, i Musongati mu ntara ya Burunga.
1️⃣ Iryo barabara rizova muri Uvinza (muri Tanzaniya) rice i Musongati hanyuma ku mugwa mukuru wa poritike (Gitega) imbere yo kubandanya ku mugwa mukuru w’ubutunzi (Bujumbura). Inyuma yaho, iryo barabara ry’indarayi rizoheza risohokere mu gace ka Uvira kari mu gihugu ca RD Congo ;
2️⃣ Uwo mugambi uzoba wubatse ku metero 30 z’ubwaguke, hirya no hino uciwe ku murongo ungana n’ihegitari 724. Ibituro bizokubakwa mu gace ka Ceru hamwe na Rutegama mu buringanire bungana n’ihegitari 400 ;
3️⃣ Hariho abantu basabwa gukinjura mu matongo yabo muri izo ntara rizocamwo (Makamba, Rutana na Gitega) ku bw'inyungu rusangi. Ivyo biri mw’itegeko ry’umukuru w’igihugu ryasohotse itariki 27 Nyakanga 2022 ;
4️⃣ Uwahoze ari umushikiranganji w'inyubako, Dieudonné Dukundane, yavuze ko uwo mugambi uzotwara uburyo burenga imiriyaridi ibihumbi bitatu y’amarundi. Yagize ati : "Uwu ni wo mugambi wa mbere munini, Uburundi buzoba buranguye" ;
5️⃣ Ibikorwa birangiye, iyo ndarayi izofasha guhanahana ibidandazwa no gushika vyoroshe ku kivuko i "Dar Es Salaam" ku bice 95%.
📸 : RTNB