Mwanga Actu

Mwanga Actu Le point sur l'information, l'éducation, la sensibilisation au Burundi et dans la région

💰Imiliyaridi zababa 2 nizo zimaze gukoreshwa mu mugambi wo kwubaka isoko nkuru ya Bujumbura(Buja Plaza City).🗣️Ivyo bihe...
17/07/2025

💰Imiliyaridi zababa 2 nizo zimaze gukoreshwa mu mugambi wo kwubaka isoko nkuru ya Bujumbura(Buja Plaza City).

🗣️Ivyo bihejeje gushikirizwa na Fablice Manirakiza yashinze ishirahamwe UBAKA Nation ari naryo ryahawe uburenganzira bwo kwubaka iyo soko nshasha ya Bujumbura(Buja City Plaza), aho avuga ko izo miliyaridi 2 z'amafaranga y'amarundi zimaze gukoreshwa mu bikorwa bijanye : no gupima isi, kwubaka uruzitiro, kubomora ibisigarira vyahiye, ishirwaho ry'uburyo bwo gukingira impanuka zoba muri iyo soko nka nyamugigima, imiriro n'izindi.

✍️Ivyo akaba abishikirije mu gihe yararamutse ashikiriza aho ibikorwa vyo gushira mu ngiro uwo mugambi wahahoze isoko nkuru ya Bujumbura bigeze. Fablice Manirakiza yaboneyeho n'akaryo ko guhumuriza kandi abenegihugu bamaze gushira imitahe yabo muri ca kigega cashizweho kugira ngo kizosahirize mw'iyubakwa ry'iyo soko, aho yamenyesheje ko botekana kuko ngo imitahe yabo atanifaranga na rimwe rirakoreshwa, aho mbere nizo miliyaridi zababa zibiri zavuye muri UBAKA Nation hamwe no mumadeni yatse muma Banki.

✍️Akaba kandi yamenyesheje ko k'uruhande rwa UBAKA Nation bamaze kwitegura neza, ariko ko barindiriye gushiraho amasezerano hagati y'iryo shirahamwe n'uruhande rwa reta gutyo ibikorwa vyo kwubaka bitangure mu minsi ya vuba.


⚠️ Urwaruka rwaronkejwe ama stages professionnels n'umugambi Paeej basabwe kwitura abaserukira Paeej muma komine bitaren...
17/07/2025

⚠️ Urwaruka rwaronkejwe ama stages professionnels n'umugambi Paeej basabwe kwitura abaserukira Paeej muma komine bitarenze igenekerezo rya 18/7/2025.

✍️Nkuko tubisanga mw'itangazo ryo kuri uyu wa 14 Mukakaro, Umugambi Paeej-Burundi uramenyesha urwaruka rwari rwasavye ama stages professionnels mu bisata bitandukanye, ko urutonde rw’abashoboye kuzironswa rwabonetse.

🫰Paeej imenyeshako abaronkejwe izo stages basabwe kwitura abaserukira PAEEJ mu ma komine kugira babafashe kubashikiriza aho bazokorera, hatarenze itariki 18/07/2025. Intonde zabashoboye kuronswa izo stages murashobora kuzisanga ngaha: https://paeej.bi/publication-des-resultats/listes-des-stagiaires-retenus/56/


17/07/2025

''TURAKUBITA KANDI TUKABABAZA'' Sensei NIYUKURI Jean Bosco aserukira Kyokushinryu mu Burundi no Muri Afrika y'ubuseruko arasigura ico arico Kyokushin agatumira n'abavyipfuza kwitabira ihwaniro ry'abakinyi ba rigiye kubera i Bujumbura.




 : 🥋Hagiye kuba ihwaniro mpuzamakungu n'inyigisho Ku bakinyi ba karate yitwa  .✍️Nk'uko vyashikirijwe na   mu kiganiro n...
16/07/2025

: 🥋Hagiye kuba ihwaniro mpuzamakungu n'inyigisho Ku bakinyi ba karate yitwa .

✍️Nk'uko vyashikirijwe na mu kiganiro n'abamenyeshamakuru Kuri uyu wa gatatu igenekezo rya 16/7/2025 izo nyigisho zitegekanijwe mu Burundi mu ntumbero yo kwongerereza ubumenyi abanyeshure n'abigisha biyo Karate bo mu karere ka Afrika, kumenyana no gukora amasuzumwa kubageze guca amapete yo kurwego rw'imikanda yirabura ivyo bita ama .Rizoba rifise kandi intumbero yo kumenyekanisha ubwiza bw'uburundi kuri abo bash*tsi mvamakungu.

Sensei Jean Bosco yatanguje urwo rukino mu Burundi akaba ari nawe aruserukira muri 'ubuseruko yamenyesheje ko urwo rukino rufise akamaro kanini kuko ngo rutuma urwaruka rwiga kwubaha gukoresha umwanya, gukora, kwihanganira ububabare no gukunda igihugu bigatuma bataja mu ngeso mbi no mubiyayura mutwe.

Urwo rukino mbere ngo ruramaze kwijukirwa kuko asanzwe arwigisha no mu nzego z'umutekano!

Nayo kubijanye n'itandukaniro rya KYOKUSHINRYU n'iyindi mikino ya karaté SENSEI NIYUKURI amenyesha ko mu gihe abandi bakina badakoranako ( ) ,muri Kyokushinryu ho ngo barakoranako kandi bakababazanya arivyo bita .

Twobamenyesha ko izo nyigisho zizohuza abigisha n'abanyeshure bazova mu zikazotangwa n'umwigisha w'abigisha aba mu gihugu ca akaba asanzwe avuka mu gihugu ca ,zikazobera mu gisagara ca Bujumbura mu Kanyosha kw'ibarabara rya kabiri ahahoze ishengero rya .




 : Emery Niyongabo niwe muhagarikizi wenyene w'umurundi yatowe n'ishirahamwe CAF ngo azohagarikire inkino za chan.✍️ Ish...
16/07/2025

: Emery Niyongabo niwe muhagarikizi wenyene w'umurundi yatowe n'ishirahamwe CAF ngo azohagarikire inkino za chan.

✍️ Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri afrika(CAF) ryaraye risohoye urutonde rw'abahagarikizi batowe ngo bazokwifashishwe mw'ihiganwa rya Chan ritegekanijwe kubera mu bihugu bitatu, arivyo Tanzaniya, Kenya na Uganda kuva kw'igenekerezo rya 2 myandagaro gushika igenekerezo rya 30 ukwo kwezi nyene.

🫰Muri urwo rutonde ruriko abahagarikizi bose hamwe 75, harimwo 26 bo hagati, 26 bo ku ruhande, 5 bita aba instructeurs na 18 bifashishwa mu buhinga bwa vidéo benshi bita VAR. Emery Niyongabo akaba ariwe murundi wenyene yashoboye kuboneka kuri urwo rutonde rwa CAF, akazokwifashishwa nk'umuhagarikizi wo k'uruhunde.


👮‍♂️Buhumuza : Hari umwenegihugu yafatanywe amadumu atandatu yuzuyemwo ikawa yumye ayijabukanye mu gihugu ca Tanzaniya.🙆...
16/07/2025

👮‍♂️Buhumuza : Hari umwenegihugu yafatanywe amadumu atandatu yuzuyemwo ikawa yumye ayijabukanye mu gihugu ca Tanzaniya.

🙆🏽‍♂️Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 15 Mukakaro, niho inyamiramabi za komine Muyinga zacakira umuhungu w'imyaka 32 apakiye kw'ipikipiki yiwe idumu zitandatu zuzuyemwo ikawa yumye azijabukanye mu gihugu ca Tanzaniya.

🤥Nubwo uwo muhungu yari yagerageje kwiyoberanya mu kunyegeza iyo kawa ayishize mu bidumu, ntivyigeze bimuhira na gato kuko vyabaye ngombwa ko izo nyamiramabi zisuzuma vy'ukuri ko muri izo dumu hoba harimwo inzoga, amazi canke ibindi bisanzwe bishirwa mu madumu niko gusanga hatekeyemwo ibiro 100 vy'ikawa yumye.

🗣️ Abajejwe inyabune bose, abajejwe gufasha mu gucungera umutekano w'abantu n'ibintu, basabwa kurikanura kandi ntibigere bareka ngo ikintu kirengane batagize isuzuma.




S.

📲Amazina n’ama numéro ya téléphone y’indongozi z’intara ya Gitega yaraye ashizwe ahabona. Ntimwitinye kubakura.
16/07/2025

📲Amazina n’ama numéro ya téléphone y’indongozi z’intara ya Gitega yaraye ashizwe ahabona. Ntimwitinye kubakura.

🫣Tanzanie: Mu karere ka kigoma abantu bashika 419 barafashwe bagirizwa kuhaba batagira ivyangombwa. Muri bo 345 n'abarun...
16/07/2025

🫣Tanzanie: Mu karere ka kigoma abantu bashika 419 barafashwe bagirizwa kuhaba batagira ivyangombwa. Muri bo 345 n'abarundi.

✍️Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 14 Mukakaro, ubuyobozi bujejwe uruja n'uruza mu karere ka kigoma bwarerekanye ku mugaragaro abantu 419 bafatiwe muri ako karere ka kigoma bagirizwa kuba bahaba batagira ivyangombwa. Muri abo bafashwe 345 n'abarundi abandi nabo bava mu bihugu bitandukanye nka RDC n'ahandi.

🙌Nkuko bishikirizwa n'uwurongoye ico kigo kijejwe uruja n'uruza mu karere ka kigoma Dismas Mlula, ngo ico gikorwa co gufata abantu bose baba muri ako karere badafise ivyangombwa cari kimaze iminsi itanu, kikaba cari kiramutswe gisozerwa kuri uyu wa mbere. Dismas Mlula akaba yahaye ikiringo c'iminsi indwi(7) kugira ngo uwo wese aba mu karere ka kigoma adafise ibisabwa abe yishikanye canke abe arava mu gihugu ubwiwe nyene. Akavuga ko ataruko naho ibihano uwuzofatwa akazohanwa hisunzwe amategeko.

🗣️Abamenyeshamakuru babajije abo bafashwe igituma binjira mu gihugu badafise ivyangombwa bagaca mu nzira zitemewe n'amategeko bo bavuga ko baba baje guhiga ubuzima. Bakabandanya bamenyesha kandi kubera baba baje ata buryo bafise usanga guhiga ivyangombwa bitaborohera ari naco gituma bahitamwo guca muriyo nzira. Ivyo biruko kandi mu gihe ico kigo cari giherutse gutangaza ko kuva mu kwezi guheze abashika 926 bafashwe bagirizwa kwinjira mu gihugu badafise ivyangombwa.


🤩Agakuru keza: Ibikorwa vyo kwubaka rya barabara ry'indarayi vyaramaze gutangura.🚆Amwe mu masanamu yaraye arakwirakwira ...
16/07/2025

🤩Agakuru keza: Ibikorwa vyo kwubaka rya barabara ry'indarayi vyaramaze gutangura.

🚆Amwe mu masanamu yaraye arakwirakwira hirya no hino ku mbuga ngurukanabumenyi ndetse bamwe n'abandi bakayavuga ko ibitari bike, ni ayerekana amasanamu yafatiwe mu ntara ya Rutana yerekana ibikorwa vyo gutangura kwubaka ibarabara ry'indarayi vyatanguye muri ico gice kiri mu ntara ya Rutana.

✍️Nubwo ayo masanamu ababijejwe bataragira ico bayavuzeko ariko abatari bake bavuga ko yoba ari inkuru nziza hamwe ibikorwa vyo kwubaka ibarabara ry'indarayi vyoba biza vyaramaze gutangura kuko ibarabara ry'indarayi ari kimwe mu bizotuma imigenderanire y'uburundi n'ibihugu rizoshikamwo irushirizaho guterimbere gutyo n'abenegihugu baharonkere akarusho.

🤗Musomyi niki witeze kw'iyubakwa ry'ibarabara ry'indarayi mu Burundi ?


🫵Reta y'uburundi iragabisha ko umwanya n'umwanya ishobora gutangura guhana abasegerereza kuko muri kino gihe hari abasig...
14/07/2025

🫵Reta y'uburundi iragabisha ko umwanya n'umwanya ishobora gutangura guhana abasegerereza kuko muri kino gihe hari abasigaye babikora nk'umwuga.

✍️Ivyo bivugwa na Ildefonse Majambere avugira ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo agateka ka zina muntu, ivyo akaba abishikirije ngo mu gihe usanga hari abana bamwe bamwe bajanwa mu kigo uno munsi ndetse bakanabajana mu miryango yabo, ariko ugasanga ntamwanya munini bamazeyo bagaca basubira mu mabarabara nyene gusegerereza mu gihe aho hose usanga ari uburyo bwa reta buriko burakoreshwa.

🗣️ Akavuga ko ivyo bizotuma Reta y'uburundi itangura guhana abasegerereza basa n'ababigize umwuga. Akabona kandi ko ivyo bisa nko gusahura Reta ari naco gituma abavyeyi babo bana baba basubijwe mu miryango bakwiye guca bahanwa kuko baba batariko bakora ivyo bajejwe. Uwo muvugizi akibutsa kandi ko mu gitabu mpanavyaha harimwo itegeko rihana abasegerereza.




S:

💪Urunani ruhejeje gutsinda Dynamo mu rukino rugira gatanu rwa Playoffs.🤩Muri Playoffs nubu ibintu bibandanya kuryoha can...
13/07/2025

💪Urunani ruhejeje gutsinda Dynamo mu rukino rugira gatanu rwa Playoffs.

🤩Muri Playoffs nubu ibintu bibandanya kuryoha cane. Kuri uno munsi w'Imana naho mu rukino rugira gatanu muri za nkino zanyuma za Playoffs Playoffs, Urunani ruhejeje gutsinda Dynamo nayo mu bigeme Les Hippos niyo yatahukunye itsinzi imbere ya Les Gladiators.

🤗Muri izo nkino za nyuma za Playoffs, zigeze mu gice kitoroshe na gato ku mpande zose. Mu nkino zitanu zimaze gukinwa hagati ya Dynamo n'Urunani, umugwi w'Urunani umaze gutsinda inkino zitatu kuri zibiri za Dynamo. Mu rukino rwariko ruhuza iyo migwi uno munsi rwaheze imigwi yegeranye cane mu manota ariko Urunani birangira rutsinze Dynamo amanota 82 kuri 80.

🫣Ivyo kandi biruko nyene no mu bigeme. Aho Les Hippos yatsinze ku munota wa nyuma biturutse kuri contre-attaque yabaye hasigaye amasengonde make ngo urukino ruhere, biza gutuma les Hippos imara urukino ruhera itsinze les Gladiators amanota 53 kuri 52. Gushika ubu les Hippos imaze gutsinda inkino zibiri nayo Les Gladiators imaze gutsinda inkino zitatu muri zitanu bamaze gukina.





📸

 : Muri Playoffs ibintu n'umuriro! Mu nkino zine Dynamo n'Urunani bose bamaze gutsinda inkino zibiri zibiri.🫰Muri za nki...
12/07/2025

: Muri Playoffs ibintu n'umuriro! Mu nkino zine Dynamo n'Urunani bose bamaze gutsinda inkino zibiri zibiri.

🫰Muri za nkino za nyuma za Playoffs ziriko ziraba, uno munsi bakinye urukino rugira kane mu bigeme co kimwe no mu bagabo. Uno munsi ku kibuga Département, cane cane k'uruhande rw'abagabo ibintu ntivyoroshe na gato hagati ya Dynamo n'Urunani.

✍️Urwo rukino rwa Dynamo n'Urunani rwabaye mu gihe mu nkino zitatu zari zimaze gukinwa Dynamo yarimaze gutsindamwo zibiri Urunani nayo rumwe. Ariko uno munsi Urunani rukaba rwongeye gutsinda Dynamo bituma iyo migwi yose inganya inkino zibiri kuri zibiri. Urunani rukaba rwatsinze amanota 67 kuri 56, aho bukera Kw'igenekerezo rya 13 naho bakazotana mu mitwe mu rukino rugira gatanu igihe c'isaha icenda z'umuhingamo(15h).

🙌Ivyo biruko mu gihe ku ruhande rw'abigeme hoho umugwi wa les Gladiators umaze gutsinda inkino zitatu kuri rumwe rwa les Hippos, uno munsi les Gladiators batsinze amanota 53 kuri 40 . Ejo k'uw'imana bazokina urukino rugira gatanu. Mu gihe les Gladiators yorutsinda izoba itahukanye igikombe c'uno mwaka wa 2025.





📸

Address

Rohero

Telephone

+25766303903

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Mwanga Actu posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Share