
17/07/2025
💰Imiliyaridi zababa 2 nizo zimaze gukoreshwa mu mugambi wo kwubaka isoko nkuru ya Bujumbura(Buja Plaza City).
🗣️Ivyo bihejeje gushikirizwa na Fablice Manirakiza yashinze ishirahamwe UBAKA Nation ari naryo ryahawe uburenganzira bwo kwubaka iyo soko nshasha ya Bujumbura(Buja City Plaza), aho avuga ko izo miliyaridi 2 z'amafaranga y'amarundi zimaze gukoreshwa mu bikorwa bijanye : no gupima isi, kwubaka uruzitiro, kubomora ibisigarira vyahiye, ishirwaho ry'uburyo bwo gukingira impanuka zoba muri iyo soko nka nyamugigima, imiriro n'izindi.
✍️Ivyo akaba abishikirije mu gihe yararamutse ashikiriza aho ibikorwa vyo gushira mu ngiro uwo mugambi wahahoze isoko nkuru ya Bujumbura bigeze. Fablice Manirakiza yaboneyeho n'akaryo ko guhumuriza kandi abenegihugu bamaze gushira imitahe yabo muri ca kigega cashizweho kugira ngo kizosahirize mw'iyubakwa ry'iyo soko, aho yamenyesheje ko botekana kuko ngo imitahe yabo atanifaranga na rimwe rirakoreshwa, aho mbere nizo miliyaridi zababa zibiri zavuye muri UBAKA Nation hamwe no mumadeni yatse muma Banki.
✍️Akaba kandi yamenyesheje ko k'uruhande rwa UBAKA Nation bamaze kwitegura neza, ariko ko barindiriye gushiraho amasezerano hagati y'iryo shirahamwe n'uruhande rwa reta gutyo ibikorwa vyo kwubaka bitangure mu minsi ya vuba.