Inamujandi f.m 96.6 MHz

Inamujandi f.m 96.6 MHz Inamujandi Tv 👉https://m.youtube.com/c/INAMUJANDITV. Inamujandi FM

🟥   : Isoko Nkuru ya Cibitoke Iriko Irasha🙈😭Igice Kimwe Mubigize Isoko (Block)C'adutsemwo umuriro umaze hafi Iminota 37 ...
29/05/2026

🟥 : Isoko Nkuru ya Cibitoke Iriko Irasha🙈😭

Igice Kimwe Mubigize Isoko (Block)C'adutsemwo umuriro umaze hafi Iminota 37 Kiriko kirasha Gushika uyumwanya.

Ninkuru Tukibandanya Gutohoza....Kugira tumenye Icatumye Uwomuriro waduka.

‎🔥 Isoko ya kijambere yo ku mugwa mukuru wa komine Cibitoke iriko irasha‎‎🚨 Ubusuma buriko buraba, mu gihe abadandaza ba...
29/05/2026

‎🔥 Isoko ya kijambere yo ku mugwa mukuru wa komine Cibitoke iriko irasha

‎🚨 Ubusuma buriko buraba, mu gihe abadandaza bariko baragerageza gukiza ivyabo

‎😟 Abadandaza bavuga ko biriko birabagora cane kuraba ico bokiza n’ico basiga hagati mu muriro n’akavuyo kariko karaba

‎INAMUJANDI F.M96.7 MHz

🟩 Turabahaye Kaze Mukiganiro SOIRÉE DE STARS⏩Ntimwibagire GUTIGIRA NA 1T Bet👇👇
27/05/2026

🟩 Turabahaye Kaze Mukiganiro SOIRÉE DE STARS

⏩Ntimwibagire GUTIGIRA NA 1T Bet👇👇

https://youtu.be/HQDKYO_Sb08👆👆👆👆👆👆👆👆👆👆👆  by Euphraim Pht (Official Music Video)*https://youtu.be/HQDKYO_Sb08Muri bwabumw...
20/05/2026

https://youtu.be/HQDKYO_Sb08

👆👆👆👆👆👆👆👆👆👆👆
by Euphraim Pht (Official Music Video)*
https://youtu.be/HQDKYO_Sb08

Muri bwabumwe nurukundo rw’*IMANA*
Ico tubasaba 🙏🙏nikugira * ,*share*, *like* na *comment* kugira igikorwa cacu arico canyu kibandanye gushika kure aho amaso canke amaguru yacu atoshika.
Amen 🙏

Inamujandi f.m 96.6 MHz

🟩   : Kuruno Musi wakabiri Igenekerezo 19/5/2026 Umurwi CVR(   ) Wakoresheje  Inama Idasanzwe Kubajejwe Intwaro, Kubaser...
19/05/2026

🟩 : Kuruno Musi wakabiri Igenekerezo 19/5/2026 Umurwi CVR( ) Wakoresheje Inama Idasanzwe Kubajejwe Intwaro, Kubaserukira Inzego Z'umutekano ndetse Nabanyazwe Ivyabo,ababuze Nababo.

Iyo Nama "UKURI KUNYWANISHA" Yabereye Kumwarangabo Hôtel Kumurwa Mukuru W'ikomine Ya 🏢

Twobamenyesha ko Yarinama Yariyobowe N'a Pierre Claver Ndayicariye UMUKURU W'UMURWI CVR.

Amwe Mumajambo Yashikirije Abaringaho Yamenyesheje ko Umurwi CVR Ikiwuraje Ishinge Arugutunganyiriza Umwenegihugu Uwariwe wese Yiciwe Abiwe Akananyarwa Umutungo W'umuryango,Vyongeye Yaciye Avuga ko "Ingingo Iba Yafashwe Na CVR ari Ntabanduka Mugihe Iba Yafashe Umwanya Uhagije W'Amatohoza"

▪︎Yongeye Kuburira ko Ntamuntu numwe Yokwirahira Ngw'agurishe canke Agure Ahantu Hari Mumatati Kuko Bitebe Bitebuke Ukuri Kuzoja Ahabona.

-Mbere Yagiriyeko Avuga Ashimitse ko Abanyaze Abandi canke banyaze L'état Bategerezwa Kubisubiza.

⏩Mukurangiza Yamenyesheje Abarundi Nabarundikazi ko Hariho Ibinogo Rusangi Vyahambwemwo abantu Murikahise Bitazigera Bimenyekana Kuberako Ababizi Bapfuye Abandi Bahisemo Guhora....Kubwivyo Rero Hakazogaragara Ibisa Nkivyo Binogo Murikazoza Abarundi bazoba Bagihari Bazomenye ko Bifitanye Isano Nibindi Vyose Bamaze Gushira Ahabona 🙆‍♂️

■Ikindi Womenya Nuko Abaringaho Bahawe Akanya Kogushikiriza Akabubakiye Kuruwo Murwi, Ndetse Nabiciwe Bakanyarwa Utwabo Nabo Nyene Bahawe Umwanya Uhagije....Maze Umukuru W'Umurwi CVR Acagirako Abishura ko Zabo Zigiye kuba Muruwo Murwi(Zigiye Kwitabwaho Cane)📃

https://youtu.be/LzGz4I6SHDM?si=Gth5yI-rLan-3xyD Hello guys nizereko mumeze neza Ngiyo yandirimbo Nshasha y'umuririmvyi ...
18/05/2026

https://youtu.be/LzGz4I6SHDM?si=Gth5yI-rLan-3xyD

Hello guys nizereko mumeze neza
Ngiyo yandirimbo Nshasha y'umuririmvyi yasohotse indirimbo yitwa ja kuri youtube wirabire wongere wiryoherererwe niyindirimbo utibagiye gukora subscribe;like na comment unayisangize nabandi merci 🙏

🛑   : Kuruyumusi Wambere Igenekerezo rya 18/5/2026, Umunyamabanga Nshingwabikorwa wa Commune NDAYIKENGURUKIYE MITTERAND ...
18/05/2026

🛑 : Kuruyumusi Wambere Igenekerezo rya 18/5/2026, Umunyamabanga Nshingwabikorwa wa Commune NDAYIKENGURUKIYE MITTERAND Yifadikanyije Nabanyagihugu Bomuri Zone Mubikorwa Rusangi Vyokwimba Umugende W'Amazi Uva kw'isoko GASHEKE Uyajana Kumutumba wa NYABUBUYE ; Umutumba Warumaze Igihe Kinini Utagira Amazi Meza.

Mw'Ijambo Yashikirije Abenegihugu Bari Basidukanye Niyonka Murivyo Bikorwa Rusangi, ATI:🎙

🗣" Iyi Zone Ibaye Iyambere Nteguyemwo Ibikorwa Rusangi Bikitabirwa Kugurugero Rushimishije....Nagira Ndabamenyeshe ko Iki arigikorwa Cukwitanga kwanyu Kuko Ubu buryo Bugiye Gukora Hano Bwavuye Muntoki zanyu Biciye Mw'ikori mwagiye muratanga.
Kubwivyo rero Igiye Gusohora Imiliyoni Zirenga 37.000.000Fbu Kugira Muhabwe Amazi Meza Kumutumba Wa Nyabubuye"

Akaba Yahamagariye Abanyagihugu Bose Bomuri Commune Cibitoke Gukunda Ibikorwa Rusangi kuberako Ariryo Soko Ryiterambere.

⏩Tubamenyeshe ko Ivyo bikorwa Rusangi Vyari Vyitabiriwe Nabandi Banyakubahwa : Uwujejwe Iterambere Rusangi Mumugambwe Urikubutegetsi CNDD FDD Ndayisenga Charles, Ndetse N'abandi Batandukanye Harimwo Nabakuru B'imitumba Ukwarine 4 ya Zone Ngoma.

Fm

♦️   : ‎Kuri uyu wambere igenekerezo rya 10/5/2026, Musitanteri wa commune Cibitoke NAJENEZA Eloge, yifadikanije n'abene...
11/05/2026

♦️ : ‎Kuri uyu wambere igenekerezo rya 10/5/2026, Musitanteri wa commune Cibitoke NAJENEZA Eloge, yifadikanije n'abenegihugu bo muri zone Murwi mubikorwa Rusangi vyabereye kumutumba wa Murwi mugusibura ibarabara rihuza imitumba ya Bubogora na Murwi aho hari hitavye abenegihugu benshi bava kumitumba itandukanye nka Murwi, Bubogora, Kivumvu, Manege n'ahandi,

‎Kabaye n'akaryo kuko Musitanteri aca akoresha inama abo benegihugu bitavye ivyo bikorwa.
‎ Mw'ijambo ryiwe uwurongoye Commune cibitoke yashimiye abo benegihugu kaba n akaryo ko kubereka indongozi zitandukanye zikorera muri zone, kumitumba no muducimbiri. Mur'iyo nama yibukije abenegihugu
‎- kubumbatira amahoro n'umutekano
‎- Guca imikobeko
‎- kwitaho isuku n'isukura
‎- kwijukira ibikorwa vy'iterambere canecane bagashira imbere uburimyi n'ubworozi
‎Abenegihugu Bose bafashe amajambo bashimye iyo ngendo yo guhurira kukivi mubikorwa vyiterambere bongera bashikiriza ibibazo bibabakiye

♦️Ubuyobozi Bukuru bw'Ishure Kaminuza Nderabigisha Bwabujije Ikoreshwa rya Téléphone Mumwanya W'Ivyirwa🙈
07/05/2026

♦️Ubuyobozi Bukuru bw'Ishure Kaminuza Nderabigisha Bwabujije Ikoreshwa rya Téléphone Mumwanya W'Ivyirwa🙈

🟩    Ifadikanije N'a Coopérative INAMUJANDI W'AJAMBO Kumusi Wagatanu Igenekerezo 1/5/2026 Yaritabiriye Ibirori Vy'umusi ...
02/05/2026

🟩 Ifadikanije N'a Coopérative INAMUJANDI W'AJAMBO Kumusi Wagatanu Igenekerezo 1/5/2026 Yaritabiriye Ibirori Vy'umusi Mukuru Wahariwe Abakozi....🙋🙋

⏩Wibuke Inamujandi_fm N'IJWI RY'UMUKOZI📻

‎Cibitoke: Ubuhinga bushasha bwa FENACOBU bwokubika no kubikura amafaranga‎‎Mw'itangazo urunani rwama COOPEC muBurundi F...
02/05/2026

‎Cibitoke: Ubuhinga bushasha bwa FENACOBU bwokubika no kubikura amafaranga

‎Mw'itangazo urunani rwama COOPEC muBurundi FENACOBU rwashize ahabona kwigenekerezo rya 23 ndamukiza 2026, rwarerekanyeko rugiye gushiraho ubuhinga bushasha bwa kopeke ngendanwa. Ubwo buhinga bukaba buje gusahiriza mukunyarutsa igikorwa cokubika nokubikura ukoresheje terefone ngendanwa yawe utarinze gushika kuma guichet ya COOPEC.

‎Nubwo COOPEC yashizeho ubwo buhinga, bamwe mubanywanyi bayo bo muri commune Cibitoke twayaze bariko baridoga kuko ngo bitariko biraborohera kubona aba agents babo vyoroshe kuko batagwiriye, Abandi nabo bakidoga kubw'ubumenyi budahagije bwogukoresha ubwobuhinga bushasha bwayo bwokubika nokubikura hakoreshejwe ngendanwa zabo. Nubwo biruko, iryo tangazo ryerekanyeko, ikibanza nitaliki inyigisho zogukoresha ubwo buhinga bizotangazwa hanyuma nubwo bashimyeko kubukoresha izo nyigisho zitaratangwa. Abo vyakunze nabo bariko bagira ibibazo vyiyo amahera acaja mugihe ubwambere babikuye canke babikuje amahera yacaja Kuri lumicash kuko ntibaramenya gutandukanya coopec mobile na lumicash.

‎ Barasabako ubwo buhinga bwabo bwohuzwa na lumicash nkuko vyahora kuko aba agent ba coopec ataho bariko baraboneka mubice vy'igihugu.

‎Muri urwo runani bamenyeshako bariko naritunganya kandiko aba agents bariko baza kwiyandikisha kubwishi bamenyesha kandiko kugirango winjire muri ubwo buhinga bushasha, ubanza kuja muri kopeki ikwegereye ukiyandikisha, ukaja kurindira kode kabanga itangwa na COOPEC Iza mubutumwa Kuri ngendanwa yawe, ugaca uca kuri *196 # ukabona gutangura guhuza Telefone yawe na compte coopec yawe.

‎Inamujandi_fm

Address

Cibitoke
Rugombo

Telephone

+25768248951

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Inamujandi f.m 96.6 MHz posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Inamujandi f.m 96.6 MHz:

Share

Category