13/09/2025
: Abana bo mu miryango y'amikoro make baronkejwe imfashanyo y'ibikoresho vy'ishure
Iyo mfashanyo yatanzwe kuri uwu wa gatandatu yari igizwe n'amakaye, amakaramu hamwe n'ibikoresho vyo gucapa bikaba vyahawe abana bagera kw'100 bo mumiryango itishoboye b**a kw'ishule shingiro Nkayamba ya mbere iri mu gisagara ca Rumonge, ikaba yatanzwe n'ishirahamwe rifise icicaro mu gisagara ca Bujumbura.
Kajibwami Michael, arongoye iryo shirahamwe yamenyesheje intumbero y'ico gikorwa ari kugarukira ku batishoboye nk'uko biri mu gitabu ca yakobo 1: 27 Idini ritunganye kandi ritanduye imbere y'Imana data wa twese ni iri: ni ugusūra impfuvyi n'abapfakazi mu mibabaro yabo, no kwirinda kutanduzwa n'ivy'isi; ico nk'uko Kajibwami yabishikirije nico catumye batanga iyo mfashanyo mu kugarukira iyo miryango mu vy'indero mugihe buca hatangura umwaka w'ishule w'2025-2026.
Yahamagariye abahawe ivyo bikoresho kubikoresha ico vyagenewe, bige, bagwize ubumenyi n'umwimbu w'ishule kuko ngo kazoza keza kari mw'ikaye. Abavyeyi nabo, yabahamagariye gukurikiranira hafi abana babo kugira baduze ubumenyi ari ryo iterambere ryabo n'iry'igihugu muri rusangi. Ngo babandanye basengera ishirahamwe bakanasengera nyenimitahe waryo Émile Dieu Merci.
Gisakavu Juma, umuyobozi w'ishule shingiro Nkayamba ya mbere, yakengurukiye iryo shirahamwe Fondation Agape Family ku mfashanyo ryaririhejeje gutanga, arisabakurushirizaho umugenzo mwiza nk'uwo wo gufasha abatishoboye harimwo abana b'impfuvyi; agahamagarira n'ayandi mashirahamwe gufatirako akarorero keza kuri Fondation Agape Family.
Nabo abavyeyi b'abana baronkejwe iyo mfashanyo y'ibikoresho vy'ishule, bakengurukiye kubwabo ngo ivyo bizotuma abana babo batangura umwaka w'ishule wa 2025-2026 bitunganije mu bikoresho vy'ishule bimwebimwe.
Muri ico gikorwa co gutanga iyo mfashanyo, abo bana baboneyeho akaryo ko kwerekana utugenegene tumwetumwe, harimwo ukwishura kutubazo. Uretse iyo mfashanyo abo bana bahawe imitobe (jus) n'ibisiguti.
Iyo mfashanyo y'ibikoresho vy'ishule vyatanzwe n'ishirahamwe Fondation Agape Family ku bana bo mu miryango y'abatishoboye b**a kw'ishule shingiro Nkayamba ya mbere, yari ifise agaciro k'amahera yababa imiriyoni zine z'amafaranga y'amarundi nk'uko vyashikirijwe n'uwurongoye iryo shirahamwe Kajibwami Michael.
, , ,