Izere FM, Ijwi ry'iterambere rusangi

Izere FM, Ijwi ry'iterambere rusangi Izere FM Ijwi ry'Iterambere rusangi isamirana mu Burundi bwose ku mirongo ya 97.1 , 90.6 na 98.6 MHz
(1)

 : Kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 15 nyakanga 2025 niho umwaka w'ishule 2025-2026 watanguye mu gihugu cose.Barerwa, b...
15/09/2025

: Kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 15 nyakanga 2025 niho umwaka w'ishule 2025-2026 watanguye mu gihugu cose.

Barerwa, barezi, bavyeyi, abajejwe ivy'indero, abajejwe intwaro n'abo bose begwa n'ivy'indero uruhara rw'umwe wese ni ntangere mukuduza ubumenyi n'umwimbu w'ishule kugira igihugu gishike kuri ya mbonokazoza ya 2040-2060.

Radio Izere FM ibipfurije umwaka mwiza w'ishule, umwaka wo kuduza ikivi, ubumenyi n'umwimbu mwiza.

Aho uherereye umwaka w'ishule watanguye gute?

Gira ico ushikirije

 : Kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 15 nyakanga 2025 niho umwaka w'ishule 2025-2026 watanguye mu gihugu cose.Banyeshure...
15/09/2025

: Kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 15 nyakanga 2025 niho umwaka w'ishule 2025-2026 watanguye mu gihugu cose.

Banyeshure, barezi, bavyeyi, abajejwe ivy'indero, abajejwe intwaro n'abo bose begwa n'ivy'indero uruhara rw'umwe wese ni ntangere mukuduza ubumenyi n'umwimbu w'ishule kugira igihugu gishike kuri ya mbonokazoza ya 2040-2060.

Radio Izere FM ibipfurije umwaka mwiza w'ishule, umwaka wo kuduza ikivi, ubumenyi n'umwimbu mwiza.

Aho uherereye umwaka w'ishule watanguye gute?

Gira ico ushikirije

 : Ishengero rya Pentecôte misiyoni Kiremba riramutswa abungere bashasha    Kuruyu w'Imana niho habaye ibirori vyo kwimi...
15/09/2025

: Ishengero rya Pentecôte misiyoni Kiremba riramutswa abungere bashasha

Kuruyu w'Imana niho habaye ibirori vyo kwimika abarongozi bashasha b'iryoshengero aho Pasteur Eliachim Nirikana yashikirijwe amabanga yo kuba umwungere wambere w'ishengero rya Pentecôte misiyoni Kiremba; nayo Ndayishimiye Chadrack ahabwa amabanga yo kuba umwungere wa kabiri w'iryoshengero. Bakaba bashikirijwe n'umwungere wambere w'ishengero rya Pentecôte misiyoni Mugara Pasteur Simon Barankunda, ishengero ryavyawe na misiyoni Kiremba kuncuro yambere.

Zimwe mumpanuro yabatekereye Umwungere Simon Barankunda yabasavye kurongorera ishengero mugusenga no mukuragira ubusho bw'Imana neza. Mubash*tsi bigishije Paster Fred yavuye muri Canada yavuze ubuhanuzi avugako ibihindizo vy'ivyuma uhoraho agiye kubicamwo kubiri ati ishengero rya Kiremba Imana igiye kurikoresha itangaza mugihugu cose ryibagire ivya kahise ryagiye riracamwo kuko ngo ivyo vyose bigiye guhera vuba. Kubungere bagiye kurongora iryo shengero, Paster Fred yavuze ko nk'uko Uhoraho yabanye na Yosuwa ariko azobana nabo kandi ko azogenda abarwanirira muri vyose.

Mwomenyako ivyo birori vyo kwimika abungere b'ikiremba vyatewe iteka n'indondozi z'igihugu mubisata bitandukanye kuva muma komine y'intara ya Burunga n'uwaserukiye buramatari w'iyontara kuruhande, uwaserukiye musenyeri wa Diocèse catorika ya Bururi n'uwaserukiye Musenyeri wa Diocèse Anglicane ya Matana, abungere b'amashengero ya Pentecôte Kirundo, Kagari-Muyinga, Gashikanwa Ngozi na Mugara. Kuruhande rwa Leta y'uburundi haje Jérôme Niyonzima umunyamabanga mukuru wa leta akongera akaba n'umuvugizi wayo.

Mw'ijambo Jérôme Niyonzima yatumwe n'Umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye, yakeje abungere bashasha b'iryoshengero rya Pentecôte misiyoni Kiremba kumabanga bahawe aca amenyesha ko ashimishwa cane nivyo iryo shengero rifasha mw'iterambere ry'igihugu aca abaha n'akaganuke yabarungikiye. Umukuru w'igihugu muruko gukeza abungere b'ikiremba yabahamagariye gufasha ishengero mugakiza batibagiye kuberekeza mumbonokazoza y'igihugu.

, ,

 : Abana bo mu miryango y'amikoro make baronkejwe imfashanyo y'ibikoresho vy'ishureIyo mfashanyo yatanzwe kuri uwu wa ga...
13/09/2025

: Abana bo mu miryango y'amikoro make baronkejwe imfashanyo y'ibikoresho vy'ishure

Iyo mfashanyo yatanzwe kuri uwu wa gatandatu yari igizwe n'amakaye, amakaramu hamwe n'ibikoresho vyo gucapa bikaba vyahawe abana bagera kw'100 bo mumiryango itishoboye b**a kw'ishule shingiro Nkayamba ya mbere iri mu gisagara ca Rumonge, ikaba yatanzwe n'ishirahamwe rifise icicaro mu gisagara ca Bujumbura.

Kajibwami Michael, arongoye iryo shirahamwe yamenyesheje intumbero y'ico gikorwa ari kugarukira ku batishoboye nk'uko biri mu gitabu ca yakobo 1: 27 Idini ritunganye kandi ritanduye imbere y'Imana data wa twese ni iri: ni ugusūra impfuvyi n'abapfakazi mu mibabaro yabo, no kwirinda kutanduzwa n'ivy'isi; ico nk'uko Kajibwami yabishikirije nico catumye batanga iyo mfashanyo mu kugarukira iyo miryango mu vy'indero mugihe buca hatangura umwaka w'ishule w'2025-2026.

Yahamagariye abahawe ivyo bikoresho kubikoresha ico vyagenewe, bige, bagwize ubumenyi n'umwimbu w'ishule kuko ngo kazoza keza kari mw'ikaye. Abavyeyi nabo, yabahamagariye gukurikiranira hafi abana babo kugira baduze ubumenyi ari ryo iterambere ryabo n'iry'igihugu muri rusangi. Ngo babandanye basengera ishirahamwe bakanasengera nyenimitahe waryo Émile Dieu Merci.

Gisakavu Juma, umuyobozi w'ishule shingiro Nkayamba ya mbere, yakengurukiye iryo shirahamwe Fondation Agape Family ku mfashanyo ryaririhejeje gutanga, arisabakurushirizaho umugenzo mwiza nk'uwo wo gufasha abatishoboye harimwo abana b'impfuvyi; agahamagarira n'ayandi mashirahamwe gufatirako akarorero keza kuri Fondation Agape Family.

Nabo abavyeyi b'abana baronkejwe iyo mfashanyo y'ibikoresho vy'ishule, bakengurukiye kubwabo ngo ivyo bizotuma abana babo batangura umwaka w'ishule wa 2025-2026 bitunganije mu bikoresho vy'ishule bimwebimwe.

Muri ico gikorwa co gutanga iyo mfashanyo, abo bana baboneyeho akaryo ko kwerekana utugenegene tumwetumwe, harimwo ukwishura kutubazo. Uretse iyo mfashanyo abo bana bahawe imitobe (jus) n'ibisiguti.

Iyo mfashanyo y'ibikoresho vy'ishule vyatanzwe n'ishirahamwe Fondation Agape Family ku bana bo mu miryango y'abatishoboye b**a kw'ishule shingiro Nkayamba ya mbere, yari ifise agaciro k'amahera yababa imiriyoni zine z'amafaranga y'amarundi nk'uko vyashikirijwe n'uwurongoye iryo shirahamwe Kajibwami Michael.

, , ,

DUHANE_IJAMBOAma Koperative n'amashirahamwe ahurikiyemwo abakenyezi afise uruhara runini mw’iterambere ryabo n’iry'ikiba...
12/09/2025

DUHANE_IJAMBO

Ama Koperative n'amashirahamwe ahurikiyemwo abakenyezi afise uruhara runini mw’iterambere ryabo n’iry'ikibano. Bamwe mu bakenyezi bo muri komine , bamenyesha ko kuva aho bagiriye muri ayo mashirahamwe, batanguje umutahe muto muto ariko bamaze kugura ibitungwa.
Ngo naho intambamyi zitabuze, babona ko ata mukenyezi yosigara inyuma atagiye mu hamwe n’abandi kugira yiteze imbere.

Ido nido ni mu kiganiro Duhane Ijambo c'ino ndwi co kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 13 Nyakanga 2025, mutegurirwa na Studio Ijambo igisata co kumenyeshamakuru ca mu mugambi wayo Je na we mw'iterambere. Kuva igihe c'isaha zine zo mu gitondo (10h00').

kuri 97.1MHz, 90.6MHz, 98.6Hz na www.izerefm.org

Gira j’aime, ugire ico ushikirije kuri 69673000 / 76673000 hanyuma ugire partager

for Common Ground

  : Abenegihugu bugarije parake banka ko uwo bitoreye ngo abarongore kumutumba afungwa azira akadenderezoKumugoroba wo k...
11/09/2025

: Abenegihugu bugarije parake banka ko uwo bitoreye ngo abarongore kumutumba afungwa azira akadenderezo

Kumugoroba wo kuri uyu wa kane abanyagihugu bo ku mutumba Mwange zone Kizuka komine Rumonge bugarije parake ya Rumonge bakurikirana Nijimbere Oscar yabaye uwa mbere mu matora y'abakuru b'imitumba aheruka kuba. Amakuru twahawe n'abo banyagihugu yemeza ko nk'igihe c'isaha zitandatu babonye igipolisi kiza gufata uwo mugabo nabo baca barakwirikira n'induru nyinshi abagabo abana n'abagore basemerera ngo Oscar ariko azira ubusa narekurwe bongera bati twamutoye tumwizigiye.

Tubegereye batubwiye ko icatumye uwo bitoreye ahagarikwa ari inzigo yoba yagiriwe nabo bahiganwe mu matora batagomba ko atwara umutumba bamurementaniriza ko yoba yarenze ibigo. Ariko abo banyagihugu batangajwe nukungene Oscar aciyamamaza atamuntu numwe yigeze avuga ikosa narimwe ryiwe eka n'amatora ngo yabaye kumugaragaro ngo ntanumwe nahonyene yavuze ikosa ryiwe arico gituma bugariza parake ya Rumonge basemerera bati yamara Oscar narekurwe azira ubusa.

Twahavuye twegera icariho c'umushikirizamanza wa Repubirika mu Rumonge nawe aduha uwakiriye iyo dosiye yatubwiye ko agombe yumvirize Oscar yatowe nk'umukuru w'umutumba Mwange kugira bumve ko ivyo yitwariwe arivyo canke atarivyo basanze atakimwagira arekurwe.

Aho hose abanyagihugu bagumye bugarije kuri parake ariko abapolisi baraho baraba ko ataco bokonona bakaba basemerera bavuga ko batahava batamutahanye. Nk'igihe c'isaha cumi nimwe n'inusu z'umugoroba parake ya Rumonge yahavuye imurekura abanyagihugu baho mu mwange zone Kizuka komine Rumonge intara ya Burunga bamutahana buzuye akaneza. Mwomenya ko Oscar Nijimbere yatowe kumajwi agera ku1500 aba atahukanye ikibanza ca mbere kuri uwo mutumba.

 : Urukino hagati ya Intamba mu rugamba na Les ScorpionsKuri uwu wa kabiri 09 nyakanga 2025, igihe c'isaha zitatu z'ijor...
09/09/2025

: Urukino hagati ya Intamba mu rugamba na Les Scorpions

Kuri uwu wa kabiri 09 nyakanga 2025, igihe c'isaha zitatu z'ijoro mu masaha yo mu Burundi umurwi w'umupira w'amaguru w'igihugu ca Gambie uza gutana mu mitwe n'umurwi w'igihugu c'Uburundi mu kurondera uburenganzira bwo kwitabira inkino z'igikombe c'isi 2026.

Urwo rukino ruza kubera i Nairobi umugwamukuru w'igihugu ca Kenya ku kibuga .

Uburundi busanzwe buri mumurwi F usanzwe urimwo , , , ,

Ni kuri 97.1 MHz, 98.6 MHz, 90.6 MHz no kuri www.Izerefm.org

Gira j'aime, ugire partager, ugire n'ico ushikirije kubijanye n'urwo rukino.

Ni ayahe amahirwe uha umurwi w'Uburundi?

, , , , ,

 : Urukino hagati ya Intamba mu rugamba na Les ScorpionsKuri uwu wa gatanu igihe c'isaha zitatu z'ijoro mu masaha yo mu ...
09/09/2025

: Urukino hagati ya Intamba mu rugamba na Les Scorpions

Kuri uwu wa gatanu igihe c'isaha zitatu z'ijoro mu masaha yo mu Burundi umurwi w'umupira w'amaguru w'igihugu ca Gambie uza gutana mu mitwe n'umurwi w'igihugu c'Uburundi mu kurondera uburenganzira bwo kwitabira inkino z'igikombe c'isi 2026.

Urwo rukino ruza kubera i Nairobi umugwamukuru w'igihugu ca Kenya ku kibuga .

Uburundi busanzwe buri mumurwi F usanzwe urimwo , , , ,

Ni kuri 97.1 MHz, 98.6 MHz, 90.6 MHz no kuri www.Izerefm.org

Gira j'aime, ugire partager, ugire n'ico ushikirije kubijanye n'urwo rukino.

Ni ayahe amahirwe uha umurwi w'Uburundi?

, , , , ,

Radio Communautaire Izere FM, Ijwi ry'Iterambere Rusangi

DUHANE_IJAMBOKubwawe abagize inama ya komine boba bafise uruhara mu gushigikira abigeme n’abakenyezi ngo bijukire imyuga...
06/09/2025

DUHANE_IJAMBO

Kubwawe abagize inama ya komine boba bafise uruhara mu gushigikira abigeme n’abakenyezi ngo bijukire imyuga n’ibisata bitamenyerewe gukorwa n’abigeme canke abakenyezi?

Mu ntara nshasha ya , ari naho twagendeye, zimwe mu mboneza zibona ko abo batowe bakwiye gushika aho abo bigeme canke abakenyezi bari, mu kubatera intege kugira abandi bababonemwo icitegererezo.

Mubo twaganiriye baheruka gutorwa mu nama ya komine iri mur’iyo ntara, bo bakabona ko hakwiye nyabuna kwijukira guhimiriza bakongera bagashira imbere ubuvugizi bujanye no guhurumbira imyuga n’ibisata bitamenyerewe gukorwa n’abigeme canke n'abakenyezi, ngo niho iterambere ryorama.

Ido nido ni mu kiganiro Duhane Ijambo c'ino ndwi co kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 06 Nyakanga 2025, mutegurirwa na Studio Ijambo igisata co kumenyeshamakuru ca mu mugambi wayo Je na we mw'iterambere. Kuva igihe c'isaha zine zo mu gitondo (10h00').

kuri 97.1MHz, 90.6MHz, 98.6Hz na www.izerefm.org

Gira j’aime, ugire ico ushikirije kuri 69673000 / 76673000 hanyuma ugire partager

for Common Ground

11 b'Intamba batanguye mu kibugaKurikira kuri 97.1 MHz, 98.6 MHz, 90.6 MHz no kuri www.izerefm
05/09/2025

11 b'Intamba batanguye mu kibuga

Kurikira kuri 97.1 MHz, 98.6 MHz, 90.6 MHz no kuri www.izerefm

 : Urukino hagati ya Intamba mu rugamba na Les Éléphants Kuri uwu wa gatanu igihe c'isaha zitatu z'ijoro mu masaha yo mu...
05/09/2025

: Urukino hagati ya Intamba mu rugamba na Les Éléphants

Kuri uwu wa gatanu igihe c'isaha zitatu z'ijoro mu masaha yo mu Burundi umurwi w'umupira w'amaguru w'igihugu ca Côte d'Ivoire uza gutana mu mitwe n'umurwi w'igihugu c'Uburundi mu kurondera uburenganzira bwo kwitabira inkino z'igikombe c'isi 2026.

Urwo rukino ruza kubera i Abidjan umugwamukuru w'igihugu ca Côte d'Ivoire ku kibuga .

Uburundi busanzwe buri mumurwi F usanzwe urimwo , , , ,

Ni kuri 97.1 MHz, 98.6 MHz, 90.6 MHz no kuri www.Izerefm.org

Gira j'aime, ugire partager, ugire n'ico ushikirije kubijanye n'urwo rukino.

Ni ayahe amahirwe uha umurwi w'Uburundi?

, , , , ,

Address

RUMONGE
Rumonge

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Izere FM, Ijwi ry'iterambere rusangi posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Izere FM, Ijwi ry'iterambere rusangi:

Share