30/04/2026
:Urugendo rw’uwurongoye umuryango waba islamu mu Ntara ya Burunga, komine Rutana.
Kuri uno musi wa kane, igenekerezo rya 30 Ndamukiza 2026, aba islam bo mu ntara ya Burunga, Komine ya yagutse ya Rutana baramutse bakirana iteka abaromgoye umuryango waba islam guhera kugwego rwigihugu gushika kurwego rwa zone.
Mu majambo yashikirije isinzi ry’abari bitavye iyo nama,uwurongoye umuryango waba islamu mu burundi Mufy NAYABAGABO Salum yakanguriye abayisilamu bo muri iyo komine gukunda igihugu cabo, babigaragaza mu bikorwa bifasha iterambere ry’ubwisilamu n’iry’igihugu muri rusangi. Yabibukije ko iterambere ridashoboka ata gukorana, ukwiyubaka n’ukwitanga.
yongeye akebura aba islamu, abibutsa ko kugira babone ubuzima bwiza n’iterambere rirama, bokwisunga ibintu bine nyamukuru ari vyo:
1. Inguvu nkomokamana (Ukwizera Imana)
2. Ubumenyi
3. Ubushozi bw’ubutunzi
4. inguvu z'abantu (Gukorana no gufashanya)
Yashimangiye ko ivyo bintu ari zo nkingi z’iterambere rirama, haba ku muntu umwe umwe canke ku muryango wose w’abayisilamu.
Mu kurangiza, abayisilamu bo muri komine ya Rutana bashimiye uwurongoye muryango waba isalmu ku nyigisho n’impanuro nziza yabahaye, bamuha n’utuganuke dutandukanye.
Urwo rugendo rwabaye akaryo keza ko gukomeza ubumwe, ukwiyubaka no guteza imbere ubwisilamu mu ntara yaburunga.
, ,