26/10/2025
🏛️🇧🇮 INAMA NSHIKIRANGANJI YEMEJE: GUKORESHA NEZA AMAFARANGA YA RETA, NTIBIBE UKWIHENDA
✨ “Amatungo ya Reta ni ay’igihugu cose, agomba gukorwamwo ubupfasoni n’ubutungane.”
Mu nama nshikiranganji yabaye ku wa 22 Gitugutu 2025, irongowe na Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu Evariste NDAYISHIMIYE, harafashwe ingingo nshasha ijanye no gukoresha neza amafaranga ya Reta mu ngendo z’akazi hagati mu gihugu.
👉🏿 Itegeko rishasha ritegekanya ko ata mpamba (frais de mission) izotangwa ku rugendo rutari rw’imiburiburi ku birometero 50 uvuye aho ukorera.
Ni ukuvuga ko umuntu akorera mu gisagara ca Bujumbura atazoronka impamba agiye i Bubanza canke i Muramvya, kuko urwo rugendo rudashika kuri 50 km.
Iyi ngingo ije gusubiramwo itegeko ryo mu 2024, kugira itomore ibitari bike mu bijanye n’ikoreshwa ry’amafaranga ya Leta, nk’uko vyasiguwe n’itangazo ryasohowe n’Umunyamabanga mukuru wa Reta, Jérôme Niyonzima.
> 🎙️ “Reta y’Uburundi iriko irashira imbere intwaro ishingiye ku kubaha igihugu, ku gukoresha neza amatungo yaco, no gukinga igihombo n’ivyuka vy’ububeshi.” Itangazo rya Reta
📃 Iyi nteguro y’itegeko irimwo kandi ko umukozi wa Leta atazosubira guhabwa amafaranga igihe ashikirije icigwa canke ikiganiro mu gisata asanzwe akoreramwo, kuko ico gikorwa kiri mu mirimo asanzwe ahembwa n’igihugu.
🎯 Iyi ngingo nshasha irerekana ko Vision Burundi 2040–2060 itari amagambo gusa, ariko ari urugendo rwo kwubaka igihugu gifise intwaro nziza, y’ukuri, ishingiye ku butungane n’ukwizigirwa.
✨ Iterambere rirama ntirishingira ku mahera menshi, ariko ku gukoresha neza ayariho.
✨ Intwaro y’ukuri ni iyo itegura igihugu ku rugendo rw’ejo, atari iyirya amahera y’uyu musi.
📸 : Kwa Ntare Rushatsi
🔖 Focus Opinions