07/02/2024
🔴 INEZA NTIBORA !! NIWAYIKORA UZOYISANGA IMBERE 🙏🙏
Uno mushingantahe abuze Umukenyezi wiwe amusigiye IKIBONDO c'Ukwezi kumwe , n'agahinda kenshi yadutabarije agira ATI :
✅ Ndabamukije mwese Amahoro y'Imana !!
Nitwa "UWUBUTUNGANE Nepomuscene" w'imyaka 34 nkaba mba mugihugu ca Kenya ari naho nari nubatse urugo n'umupfasoni yitwa "NIRAGIRA Alice" w'imyaka 30
Twubatse ugwacu itariki 19-9-2021 Imana iraduhezagira ituronsa ikibondo kwigenekerezo Rya 24-12-2023 Aho uyo muvyeyi yibarutse biciye muri césarienne
Inyuma y'imisi 2 yibarutse nukuvuga le 26-12-2023 yatanguye kwumva ameneka umutwe hama abaganga bamuha Imiti yo kugabanya ubwo bubabare kuko twari tukiri mubitaro Aho yibarukiye
Kwigenekerezo Rya 28-12-2023 niho badusezerera mubitaro turataha muhira , Tugenda badutekereye Imiti akomeza gufatira muhira kugira imufashe Kuri ubwo bubabare bwo mumutwe ndetse niyo kumukiza Igikomere caho bamukoze mukwibaruka
Kumusi w'Imana itarike 31-12-2023 niho vyanka atangura gusa nuwutaye ubwenge , avuga ibitajanye duca tumusubiza kwamuganga Aho yari yibarukiye baca baturungika kurindi vuriro ryitwa "PCEA KIKUYU HOSPITAL" kugira bamukorere ibipimo , baca bamucisha muri Scanner bamugirira nibindi bipimo vyinshi basanga afise Infection mubwonko
Vyaratugoye cane kuko ataburyo bwo kumuvuza twari dufise ariko Imana yaradufashije ikoresha abantu baradufasha birakunda aravugwa , bamushize muri Réanimation kuko yariyataye ubwenge kuva le 31-12-2023 Aho abaganga baguma bamukurikirana
Yaramaze ukwezi kwose muri Réanimation ari muri KOMA kugeza igenekerezo Rya 02-02-2024 arinayo tarike yitabiyeko Imana , Uyo muvyeyi akaba ansigiye umwana w'ukwezi kumwe n'imisi 7
Rero kuko yavuriwe mugisata kizimvye cane asize dufise ideni rinini ry'ibitaro rigera Kuri Million 2.477.609 z'amafranga y'amanyakenya ( Shillings ) akaba Angana na 73.000.000 Fbu ( 17.000 Dollars ) . Vyatumye batwankira kumufuba tutabanje kwishura Ayo mafranga yose duheraniye ibitaro
Nico gituma rero nje kubitura ngo umuntu wese uko ashobojwe n'Imana adufashe kugira turonke Ayo mafranga dushobore gufubana iteka uwacu yashengeye !! namwe muraziko kubura uwawe ntumufube biratera agahinda kenshi
Tubaye turashima ku mutima w'urukundo n'impuhwe vyanyu 👏🏽
Uwogira ico adufashisha yocisha Kuri
KUBARI MURI KENYA 🇰🇪 :
➡️ Mpesa : +254795425607 Rose WANGUGI
KUBARI MU BURUNDI 🇧🇮 :
➡️ Lumicash : +25769211061 Anny AGATORE
➡️ EcoCash: +25772061691 NIYONGERE Gloriose
➡️ Compte Bancaire : BCB 0003913-76
➡️ WhatsApp : +254755010102
MURAKOZE IMANA IBAHEZAGIRE !!! 🙏🙏