B-EYE TV

B-EYE TV Kaze kurubuga rwa B-EYE TV, ikinyamakuru gitanga amakuru yizewe yo mu Burundi no mubindi bihugu.

Muradusanga kandi kuri Youtube, Facebook, Instagram, x, tiktok no kuri website www.b-eyegroup.net

🚨Abaganga bavura ingwara zo mu ngingo z’umubiri n’izo mu mitsi (kinésithérapie) ni bake aha mu Burundi🔺 Nk’uko bivugwa n...
16/09/2025

🚨Abaganga bavura ingwara zo mu ngingo z’umubiri n’izo mu mitsi (kinésithérapie) ni bake aha mu Burundi

🔺 Nk’uko bivugwa n’ikogo centre professionnel de kinésithérapie kivura izo ngwara ngo haribonekeza ubukene bw’abaganga banonosoye ingwara zo mu ngingo z’umubiri n’izo mu mitsi (kinésithérapie mu gifaransa).

👤Muganga Deo Ndayishimiye arongoye ico kigo amenyesha ko mu Burundi hari abaganga bavura izo ngwara bababa 200, akabona ko ari bake ugereranije n’imiriyoni 12 z’abarundi.

👆N’ubwo biri uko, muganga Ndayishimiye arashima ko Reta yashizeho ico gisata muri kaminuza y’ubuvu*i , kuko buri mwaka haboneska rabaganga bashika kuri 20.

✍️Avuga ko icokorwa ari uko hoba ihimiriza kugirango abantu bige ico gisata ari benshi, agasaba ko n’ayandi mashure yokwijukira ico gisata.

🚑Umuryango utabara imbabare ( ) wo mu   warifatanije n'iyindi miryango nka wo yo mu bindi bihugu mu guhimbaza umusi mpuz...
15/09/2025

🚑Umuryango utabara imbabare ( ) wo mu warifatanije n'iyindi miryango nka wo yo mu bindi bihugu mu guhimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe ubutabazi bwa mbere.

🥳Ivyo birori vyatangujwe no kwirabira ibikoresho vy'ubutabazi bwa mbere, ibikoreshwa mu nyigisho hamwe n'ibifasha kwongerereza impwemu indembe.

👤Anselme Katiyunguruza, umunyamabanga mukuru w'umuryango utabara imbabare "Croix-Rouge" mu Burundi, yavuze ko ihimbazwa ry'uwo musi rihuriranye n'uko "Croix-Rouge" mu Burundi yari iramutse yakira urupapuro mpuzamakungu rw'iteka mu bijanye n'ubutabazi bwa mbere baheruka kuronka za rusehabaniha zirimwo ivyangombwa vyose kugira zifashe nk'ivyumba vyo gufasha abaremvye guhema (réanimation), hamwe n'uko baheruka gutanguza ubuhinga bwa none bufasha umuntu gutanga ubutabazi bwa mbere no kwiyigisha ubuhinga bijanye.

📝Icivugo c’uwo munsi uyu mwaka cari : "Ubutabazi bwa mbere n'ihindagurika ry'ibihe".

🔺Umuryango utabara imbabare wo mu Burundi waronkejwe urupapuro rw'iteka mpuzamakungu mu bijanye n'ubutabazi bwa mbere, rwatanzwe n'ikigo mpuzamakungu kiraba ibijanye n'ubutabazi bwa mbere giserukiwe n'uwuserukira mu Burundi "croix-rouge" yo mu Bufaransa.

🔖Urwo rupapuro rero rwemeza ubunyamwuga n'ubuhinga bwa "croix-rouge" yo mu mu bijanye no gutanga inyigisho, ubutabazi bwa mbere, hamwe no kwongerereza impwemu indembe (réanimation). Uburundi rero bubaye igihugu ca kabiri muri Afrika kironse urwo rupapuro, inyuma y'igihugu ca .

✍️Mwomenya ko umusi mpuzamakungu wahariwe ubutabazi bwa mbere uhimbazwa ukwo umwaka utashe kuva mu mwaka w'2000, kuwa gatandatu wa kabiri w'ukwezi kw'icenda.

🚨Mu Rumonge umuti w'abana bonswa n’abavyeyi bagendana umugera wa Sida ntukiboneka✍️Bamwe mubakenyezi bonsa, bagendana um...
15/09/2025

🚨Mu Rumonge umuti w'abana bonswa n’abavyeyi bagendana umugera wa Sida ntukiboneka

✍️Bamwe mubakenyezi bonsa, bagendana umugera wa bo muri komine intara ya Burunga, bavugako bahura n’intambamyi zitari nke harimwo kuba batakironswa ubuyi n'amata bahora baronswa nkimfashanyo n’ishirahamwe kandi vyahora bibasahiriza, hakiyongerako n’ibura ry'umuti witwa uhabawa abana bavutse ku bavyeyi bagendana umugera wa sida kuva bakivuka, ariko ubu utakiboneka.

👆Abo bakenyezi bagendana umugera wa sida bafise n'abana bonsa bavuga kandi ko bahura n'intambamyi zo kuronka ivyankenerwa mu ngo zabo mu gihe umwe mu bubakanye aba akomeye uwundi arwaye, ugasanga bariko baratanako ishavu.

👏Bagasaba amashirahamwe abishoboye kuza arabaronsa ivyankenerwa bibasahiriza cane cane amata n'ubuyi vy’abana bahora baronka kuko vyabafasha.

👤Ngendakuriyo Orepa aserukira urunani rw’abagendana umugera wa Sida RBP+ muri komine Rumonge, aremeza ubwo bukene bw'umuti wa Bactrim ku bana, agasaba ko wosubira kuboneka nayo kukijanye nuko batagihabwa ubuyi n'amata avuga ko muri kino gihe hafashwa abantu bake kuko amafaranga atagica muri RBP+ akaba aca muri .

🔺Uwo asanzwe arongoye urunani rw'abagendana umugera wa sida RBP+ avugako hari inyigisho batanga hagati yabubakanye na cane cane iyo hari umwe agendana umugera wa sida uwundi atawugendana, bakamuha n'umuti utuma atandura.

⁉️Mbega   ni iki ?✍️Nubwo idakunze kuvugwa, iyi ni imwe mu ndwara zibabaza cane ifatira mu  . Hémorroïde ni indwara iter...
13/09/2025

⁉️Mbega ni iki ?

✍️Nubwo idakunze kuvugwa, iyi ni imwe mu ndwara zibabaza cane ifatira mu . Hémorroïde ni indwara iterwa n'ivyimba canke ukwaguka kw'imitsi y'amaraso iri mu gisusu. Iyo umuntu ayirwaye aragira ububabare budasanzwe mbere akarekura amaraso mu gihe ari ku mwanda mukuru.

🔺Ibintu bikubikuru bishobora gutera iyo ndwara harimwo constipation (kugumirwa), kwicara kenshi umwanya muremure utaruhuka, guterura ibintu biremereye cane;...

🧐Ingene ushobora kumenya iyi ndwara :
Kuva amaraso mu gihe uri ku mwanda mukuru; kubabara mu gisusu; kuvyimba uruhande rumwe rw'igisusu;...

👆Ikindi kintu mwomenya kuri iyi ndwara nuko iyo umugore ariko aribaruka bishobora kumuviramwo hémorroïde bivanye n'inguvu akoresha mu gusunika umwana.

🤷‍♀️Muti none iyo ndwara tuyirinde gute ?
Nimba ukora akazi kagusaba kwicara umwanya munini, gerageza uze urafata akanya uhaguruka ukaruhuka, ukaba u*i ko ukunda kuba “constipé” (kugumirwa) gerageza uze urafungura imfungurwa zirimwo fibres (imboga, n'ibindi bifise imbuto), kunywa amazi menshi, gukora imyimenyerezo ngororamubiri, kwihutira kuja muri toilette mu gihe wumvise umusonga.

🙆‍♀️Bumwe mu buryo bwo kuvurwa iyo ndwara harimwo kubarwa, nubwo abaganga bavuga ko bishobora gutera cancer canke bigatuma amafire acika.

⁉️Musomyi woba wari umaze kwumva canke kubona umurwayi wa hémorroïde ?

🍺Turi muri weekend reka tube turayaga ku “gasibe” canke ico abanyamuji benshi bahora bita “hangover”.✍️Hari benshi banyw...
13/09/2025

🍺Turi muri weekend reka tube turayaga ku “gasibe” canke ico abanyamuji benshi bahora bita “hangover”.

✍️Hari benshi banywa inzoga mu ntumbero yo kuryoherwa canke mu ntumbero yo kwibagira ingorane (stress) ariko rero bukeye bwaho umuntu akavyuka yumva umutwe umeneka, iminwa yumye, afise inyota canke akumva ntanguvu afise mu mubiri, nibindi nibindi…

⁉️Muti none biterwa niki ? Vyoba biterwa no kunwa inzoga bisanzwe?

✍️Inyishu yacu ni OYA, kuko ukunywa inzoga bisanzwe ntibitera agasibe canke ngo bitume umuntu anaborerwa. Ariko hari urugero umuntu anywa akarenza aho haca hava kwa ku borerwa kwa cane bikanamutera ivyo vyose twadondaguye ari ko gasibe.

📋Ngibi rero ibiba vyabaye kugira umuntu avyukane agasibe :
Iyo umuntu anyoye cane, inzoga zituma umubiri uheza amazi menshi mu mubiri ugatakaza ibisabwa n'amaraso. Inzoga zirashobora gutuma ubwonko butaruhuka neza mu gihe c'ukuryama ariho hava kwa kumeneka umutwe, uburuhe mu mubiri hamwe n'inyota y'amazi nyinshi.

📌Ariko n’ubwo biriko urafise ivyo wokora kugira wirinde agasibe :
Kunywa utarenza urugero, gucishamwo ukanwa amazi mu gihe witeze kunywa inzoga nyinshi, gufungura neza imbere yo kunwya no kuryama ukaruhuka neza imbere canke inyuma yo kunywa.

🎙️Musomyi nawe bihora bishika ugafatwa n'agasibe iyo waraye unyoye inzoga nyinshi ? Nimba bidahora bigushikira uhora uvyirinda gute ?

🔴Imiti k**a yo mu Burundi yemejwe na  🔺 Uburundi buriko buratera intambwe nini mu gutegura igitabu c’imiti kavukire, aho...
11/09/2025

🔴Imiti k**a yo mu Burundi yemejwe na

🔺 Uburundi buriko buratera intambwe nini mu gutegura igitabu c’imiti kavukire, aho hashizweho urutonde rwa mbere rw’imiti kavukire ikoreshwa mu gihugu. Ivyo vyavugiwe mu nama gutunganya no kwemeza amakuru yerekeye imiti kavukire ikoreshwa cane mu Burundi yabaye kuri uyu wa mbere igenekerzo rya 9 nyakanga.

✍️Mu mahugurwa yahuje abayobozi b'ubushikiranganji bujejwe amagara y'abantu hamwe no kurwanya Sida hamwe n'abaganga bavuza imiti k**a bafashijwe n'ishirahamwe ryitaho amagara y'abantu kw'isi OMS mu Burundi hamwe na .

🔱 Imiti k**a irenga 340 ishobora kuvura indwara zitandukanye yaremejwe kugira ngo ije ku rutonde rw'imiti k**a.

👆 Intumbero y'iyo nama ni iyo guteza imbere ubumenyi bw’ubuvu*i bwo mu karere.

Musomyi mbega ni iyahe miti k**a u*i ivura?

10/09/2025

Mbega waru*i yuko ''umuco'' uhinduka ukiyubura? Uko ibihe bigenda biragenda niko n'umuco uhinduka.
Bimwe muvyo twayaze na Onesphore Nibigira yize indimi n'amayagwa nyafrika, yaratubwiye amajambo amwamwe abarundi bakoresha mu kuvuga ijambo mu rubanza batari bakwiye gukoresha.

Fyonda kuri iyi link kugira urabe ikiganiro cose https://youtu.be/fenDBEumCEg

🙆‍♀️Abagerageza kwiyahura ni benshi kurusha abiyahura📆Kw'igenekerezo rya 10 Nyakanga uko umwaka utashe harahimbazwa umun...
10/09/2025

🙆‍♀️Abagerageza kwiyahura ni benshi kurusha abiyahura

📆Kw'igenekerezo rya 10 Nyakanga uko umwaka utashe harahimbazwa umunsi mpuzamakungu wahariwe ugukinga kwiyaka ubu*ima (kwiyahura). Uwo musi ukaba watangujwe na Association internationale pour la prévention du su***de ifadikanije n’ishirahamwe ryitaho amagara y’abantu kw’isi mu mwaka w'2003.

📌Intumbero nyamukuru kwari uguhimiriza abantu kutiyaka ubu*ima, bakagerageza bakarondera abantu babahafi.

✍️Ibituma kenshi abantu biyahura harimwo indwara zo mu mutwe, kugira akabonge kenshi, ukwigunga, ugutakaza icizere, kunywa inzoga nyinshi, kunywa ibiyayura mutwe birenze.

🔱Mu mwaka w’2024 mu candiko canditswe na OMS kivuga yuko abantu 720.000 aribo biyahura ku mwaka kandi y’uko mu mwaka w’2021 ibice 73 vy’abiyahura ari abantu baba mu bihugu bidateye imbere.

🔺OMS yaramenyesheje kandi yuko igitigiri c’abagerageza kwiyahura ari kinini cane kurusha ic’abiyahura.

🎙️Musomyi, mbega ikibazo co kwiyahura coba kimaze gushika aho uherereye?

🤰Hari umugore yagiye kwiherera mu kazu ka surwumwe acavayo avyaye umwana atarazi yuko afise imbanyi⁉️Uti ngo ivyo vyagen...
10/09/2025

🤰Hari umugore yagiye kwiherera mu kazu ka surwumwe acavayo avyaye umwana atarazi yuko afise imbanyi

⁉️Uti ngo ivyo vyagenze gute?

📆Kw’igenekerezo rya 24 myandagaro 2025, umugore yitwa Charlotte Robinson afise imyaka 29 yari yagiye kurorera umupira ku kibuga c’i Lowestoft, Suffolk mu gihugu ca Angleterre hafi y’igihugu ca Londres.

⚽️Igihe urwo rukino rw’umupira w’amaguru rurangira niho Charlotte yumva ashaka kuja mu kazu ka surwumwe aca yumva araremerewe bukwi na bukwi.

🚽Amaze kuja kwiherera niho yumva umengo ashaka gusunika kubera uburemere yarahejeje kwumva, niho rero yaca abona umutwe w’umwana wiwe umusohokamwo hama acahita aterefona umugabo wiwe kugira ashobore kuza kumutabara.

🙆‍♀️Charlotte yavuze yuko muri uyo mwanya yabaye nk’uwuta ubwenge kubera atatahura ingene ivyo bintu bishobora gukunda. Yongera kandi akavuga yuko imbere y’ivuka ry’uyo mwana atanakinwe yigeze yicuro kuko atampinduka yigeze yiyumvamwo muri ico gihe cose yarafise iyo mbanyi.

📌Twobamenyesha yuko uyo mwana yavutse afise amagara meza ku biro 2,98.

🩺Muganga Louise Jenkins, arongoye igisata c'abakirizi kuri kaminuza ya Anglia Ruskin, yavuze ko imbanyi zinyegeje 'cryptic' [imbanyi umuvyeyi atazi ko afise] bishika hafi kuri umwe ku bana 2.500 bavuka.

🥼Muganga Jenkins nawe arangurira imirimo mu kigo ca kaminuza ya Anglia Ruskin muri Chelmsford, yavuze ko Robinson atari wenyene.
"Turaronka abagore benshi bisanga bibungenze batabizi gushika aho umwana avuka", ni ko muganga Jenkins yavuze.

🎙️Musomyi, mbega ibi warubizi yuko umukenyezi ashobora kwibaruka atarazi yuko afise imbanyi?

Inkomoko : BBC News Gahuza

🔴Abantu 39 nibo bamaze kumenyekana ko bafashwe n'indwara ya   mu mitumba 6 ya zone Rugombo muri komine  , kuva ku wa 4 N...
09/09/2025

🔴Abantu 39 nibo bamaze kumenyekana ko bafashwe n'indwara ya mu mitumba 6 ya zone Rugombo muri komine , kuva ku wa 4 Nyakanga.

🔺7 muri bo barakize, nk'uko vyemezwa na musitanteri hamwe n'uwurongoye ubuvu*i mu Cibitoke. Yabivugiye mu nama yabahuje n'abarongoye ibisata vy'ubuvu*i, intwaro n'amashirahamwe yigenga kuri uyu wa mbere. Yabereye kw'ivuriro rito rya , ahari ikigo bavuriramwo iyo ndwara.

👤Éloge Najeneza, musitanteri wa komine Cibitoke, yamenyesheje ko bagiye gukoresha inguvu zose kugira ico kiza bagituze. Hafashwe ingingo zihuta nko gushira ahantu hahurira abantu benshi utudobo two gukaraba, kubuza abadandariza ibifungurwa mw'ibarabara, kwugara utuzu tw'uburiro n'ubunywero butagira utuzu twa surwumwe
no kwongereza amazi mu bice vyibonekezamwo iyo ndwara.

✍️Uwo mutware asaba abakora mu gisata c'amazi n'amashirahamwe yigenga gufasha kugira ico kiza kiranduranwe n'imizi.

👆Ku bwiwe, basanze ikibazo nyamukuru ari ubukene bw'amazi mu bisagara vya Rugombo na Cibitoke. Abanyagihugu bemeza ko basigaye binywera amazi y'inzu*i za Nyakagunda na Nyamagana hamwe n'imifurege ivomera imirima.

Inkomoko : RTI

🔴Abenegihugu bo mu karere ko mu   na   mu gisagara ca Bujumbura bavuga yuko amazi aguma ak**a, niyo barayaronse aza asa ...
08/09/2025

🔴Abenegihugu bo mu karere ko mu na mu gisagara ca Bujumbura bavuga yuko amazi aguma ak**a, niyo barayaronse aza asa nabi arimwo imicafu.

🔺Ivyo vyose rero ngo biterwa n’ingene imiduga iriko iratunganya igice c’ibarabara usanga yamenye imiringoti ijana amazi muri ako karere. Abanyagihugu bahaba basaba ishirahamwe gukurikiranira hafi ibijanye n’amazi muri ako karere, na rirya ngo ibikorwa vyo gusubiramwo iryo barabara bisa n’ibigenda ku muvuduko mutoyi cane.

💧Muri iryo kena ry’amazi meza bavuga yuko bishobora gutuma bandura ingwara ziturutse kw’isuku rike.

📌Aho kandi twobibutsa yuko kuri uyu wa 2 Myandagaro 2025, ikigo kijejwe amagara y’abantu kw’isi aha mu Burundi (OMS) cari camenyesheje yuko indwara ya ikiri ku muvuduko munini aha mu .

📸: B-NP Magazine

Address

Avenue De La Révolution, Numéro 20A

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when B-EYE TV posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to B-EYE TV:

  • Want your business to be the top-listed Media Company?

Share