Mwanga Actu

Mwanga Actu Le point sur l'information, l'éducation, la sensibilisation au Burundi et dans la région

🙌Butanyerera: Kw'ishure shingiro rya Rwimbogo haraye hatanzwe intebe z'ishure zababa 200 zije gusahiriza kugira ngo aban...
07/08/2025

🙌Butanyerera: Kw'ishure shingiro rya Rwimbogo haraye hatanzwe intebe z'ishure zababa 200 zije gusahiriza kugira ngo abana bige borohewe.

✍️Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 6 Myandagaro, ishirahamwe Hope for a Better future rifadikanije na fondation SRLC barashikirije ku mugaragaro intebe z'ishure 200, ibirasi 2 vy'amashure, ububiko bw'amazi(réservoir d'eau) busubiyemwo, hamwe nama blocs 2 y'ubwiherero asubiyemwo neza, imwe yose ifise utwumba 4 kw'ishure shingiro rya Rwimbogo riri muri komine kiremba mu ntara ya Butanyerera.

🙌Iryo shirahamwe muvyo rijejwe harimwo gushigikira abana bafise amikoro make rikaba rimenyesha ko abana bashika 900 bo kuri iryo shure bagiye kwiga neza bitumwe n'ivyo baraye bashikirijwe.

✍️ Mwomenya ko iryo shure shingiro rya Rwimbogo ryahora rifise ikibazo c'intebe zo mu mashure, kuko abana bahora b**a bamwe banicaye hasi ivyatuma kwiga bitaborohera.



📷Amasanamu yabagize urwego nshingwabikorwa rwa Reta y'uburundi.Sc. PPrésidence - République du Burundi
07/08/2025

📷Amasanamu yabagize urwego nshingwabikorwa rwa Reta y'uburundi.

Sc. PPrésidence - République du Burundi

 : Abagendesha imodoka zunguruza abantu n'ibintu basabwa kudahagarika akazi ahubwo inyishu y'ivyo basaba bayirindire bar...
31/07/2025

: Abagendesha imodoka zunguruza abantu n'ibintu basabwa kudahagarika akazi ahubwo inyishu y'ivyo basaba bayirindire bari ku mirimo.

🫴Ivyo bisabwa na buramatari w'intara ya Burunga Parfait Mboninyibuka, mu nama yagiraniye n'abegwa bose n'igisata c'ubudandanji. Yamenyesheje ko ingingo yafashwe n'abo bagendesha imodoka zunguruza abantu n'ibintu yo guhagarika akazi atariyo nyishu y'ibibazo vyabo.

🗣️ Buramatari w'intara ya Burunga yibukije ko kutubahiriza ibiciro vyashinzwe na reta bihanwa n'amategeko. Agasaba abo bunguruza abantu kugumiza imodoka mu mabarabara kandi bakore badaciye kubiri n'amategeko. Akavuga ko ikibazo kijanye n'igitoro bavuga ko kidakwiye ababijejwe babizi kandi ntibicaye kuko babandanya gukora ibishoboka vyose kugira haboneke igikwiye.

🫰Nayo kukijanye n'utunenge twibonekeza kuma stations hariko haratangwa igitoro, Parfait Mboninyibuka avuga ko hagiye gushirwaho umurwi ujejwe kuraba itangwa ry'igitoro mu ntara hongere kandi hashirwe ama fiche kuma stations yerekana uwabikishije igitoro.

💁🏼‍♂️Muri iyo nama kandi hasabwe ko hoshirwaho igisata kijejwe kugenzura ko amasitasiyo atanga ibitoro bikwiye, kuko hariho bamwe bidoga bavuga ko ipompo itanga igitoro kidakwiye.



  bari hagati y'imyaka 10 na 15 bashika kuri 14 b'Abarundi barirukanywe mu gihugu ca Tanzaniya.🫰Kuri uyu wa 29 Mukakaro ...
31/07/2025

bari hagati y'imyaka 10 na 15 bashika kuri 14 b'Abarundi barirukanywe mu gihugu ca Tanzaniya.

🫰Kuri uyu wa 29 Mukakaro niho abo bana bashika ku mugina ku mupaka w'Uburundi na Tanzaniya birukanywe bavuye muri Tanzaniya, aho bivugwa ko bari bajanwe murico gihugu gukora ubuzi bubaha amafaranga.

🫴Abo bana bafashwe kandi bakaba bava mu ntara za Karuzi, Rutana na Ruyigi, aho mbere izo ntara ari zimwe mu ntara zegeranye cane n'igihugu ca Tanzaniya mu gushikayo bikaba vyoroshe cane na cane cane intara ya Ruyigi na Rutana. Nubwo abo bana bagiye bajanwe no gupagasa ngo bahige udufaranga, bavuga ko birukanwe badahembwe.

🫰 Mwomenyako abo bana bari bagiye bajanwe n'akazi ko kurima kuko ngo ariko baronka bash*tseyo. Ivyo biruko kandi mu gihe hisunzwe amategeko ajanye no kwubahiriza agateka k'abana atemerera abana nkabo gukora ibikorwa bibarengeye kuko ata myaka isabwa baba bafise, ndetse abakorera murico gisata bo ntibahengeshanya guhimiriza ko atamwana n'umwe afise imyaka yo kwiga atategerezwa kwiga.

🤔 Musomyi weho n'iyihe ntererano wotanga ngo agateka k'umwana kubahirizwe?


✍️ Ikibazo gitanga uburenganzira bwo kuja mu mashure y'akarorero ku banyeshure bagiye mu myaka y'indwi gitegekanijwe guk...
30/07/2025

✍️ Ikibazo gitanga uburenganzira bwo kuja mu mashure y'akarorero ku banyeshure bagiye mu myaka y'indwi gitegekanijwe gukorwa igenekerezo ry'8 myandagaro.

🫰Ivyo bikaba bishikirizwa n'ubushikiranganji bw'indero n'ubushakashatsi, mw'itangazo ryo kumenyesha abavyeyi n'abanyeshure ko ico kibazo gitanga uburenganzira bwo kuja mu myaka y'indwi y'akarorero gitegekanijwe gukorwa k'umunsi wa gatanu igenekerezo ry'8 myandagaro isaha imwe n'iminota 30(7h30).

🙌 Ubushikiranganji bw'indero buributsa kandi ko abazokora ico kibazo basabwe kozokwibangikanya ama bulletin ateyeko umukono n'ubuyobozi bw'amashure baje bavamwo, nayo mu gukora ico kibazo bakazokwinjira bitwaje ikaramu isa n'ubururu hamwe n'uducamurongo, bambaye imyambaro y'ishure kandi bafise imishatsi igereranye kandi itunganije neza. Ibindi biri muriryo tangazo urashobora kubisoma ngaha kw'isanamu.

🫵 Musomyi wibuke ubwire uwutarabimenya.



🗣️"Naho urugero rw'amashirahamwe akora ivyo guteganiriza impanuka(assurance) rwiyongereye cane mu Burundi, haracari Abar...
30/07/2025

🗣️"Naho urugero rw'amashirahamwe akora ivyo guteganiriza impanuka(assurance) rwiyongereye cane mu Burundi, haracari Abarundi benshi bataramenya ingene ico gisata gikora".

👆Ivyo vyashikirijwe kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 30 mukakaro, mu gihe hari haramutse hatanguzwa ku mugaragaro indwi yahariwe guteganiriza impanuka (assurance) mu Burundi ku ncuro yayo igira kane. Rénovat Gahungu arongoye ishirahamwe ry'abakorera mu gisata cama assurance ariko arasigura ivy'amashiramwe akorera murico gisata amaze gushikako hamwe n'intambwe ziboneka amaze gutera, yibukije ko hambavu y'ivyo vyose utunenge tugihari na cane cane nko kuba hakiri abenegihugu benshi batazi ingene amashirahamwe yo guteganiriza impanuka akora.

🫰Rénovat Gahungu akavuga ko intumbero nyamukuru y'iyo ndwi ari guhimiriza no gusigurira abenegihugu bose uruhara ka assurance mw'iterambere ry'igihugu hamwe no kurabira hamwe n'abegwa bose n'igisata kijanye nivya assurance ivyokorwa canke ivyoshirwa imbere ngo ico gisata kirushirize guterimbere.

💁🏼‍♂️ Prosper Bazombanza icegera c'umukuru w'igihugu c'UBurundi yari yateye iteka ivyo birori yashimiye amashirahamwe akorera mu gisata co gukingira impanuka n'ingene akora atiziganya mu guterera mw'iterambere ry'igihugu babifashijwemwo n'urwego rwa reta "ARCA" rujejwe kugenzura no gucungera ivyerekeye impanuka. Yabandanije abatera intege kubandanya biyumvira n'ibindi vyotuma ico gisata kirushiriza guterimbere.

🙌 Prosper Bazombanza akavuga ko assurance ari kimwe mu bituma haba iterambere muri rusangi arico gituma muri ya ntumbero yo gushika ku mbono igihugu cihaye umwenegihugu wese yarakwiye gukingira ibintu vyiwe kuko mw'iterambere hatigera habura impanuka n'ibindi bitera uruhombo.

✍️Akaba yaboneyeho no guhamagarira amagariye abenegihugu kwitabira ibikorwa bitegekanijwe muriyo ndwi yahariwe assurance ari benshi kuko ico gisata ca assurance gisanzwe gifise urugero rw'abitabira ayo mashirahamwe rukiri hasi cane mu Burundi.


🚍Agahengwe kasubiriye kuboneka kubiyunguruza bava i Bujumbura baja mu ntara za ruguru.✍️ Inyuma y'iminsi ishika ibiri ab...
30/07/2025

🚍Agahengwe kasubiriye kuboneka kubiyunguruza bava i Bujumbura baja mu ntara za ruguru.

✍️ Inyuma y'iminsi ishika ibiri abayinguruza baja mu ntara za ruguru bava i Bujumbura batoroherwa kwiyunguruza bitumwe nuko imiduga yunguruza abantu n'ibintu itaboneka, Kuri uyu wa gatatu abiyunguruza baronse agahengwe kuko ku bituro vy'imiduga yunguruza abantu ibakura i Bujumbura yarihari ku bwinshi.

🗣️Nubwo ibiciro ariyo mvo yari yatumye haba ikena ry'imodoka zijana abantu mu ntara za ruguru, nubu ibijanye n'ibiciro ntakirahinduka kuko uwiyunguruza ariwe yivuganira n'umu chauffeur. Ivyo bikaba biruko mu gihe ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati iterambere rusangi n'umutekano bubandanya guhamagarira abenegihugu ibiciro vyashinzwe na reta.


❌Kuva uno munsi igenekerezo rya 30 mukakaro ibikorwa vyo kudandariza kumpande z'amabaraba akikuje ahahoze isoko nkuru ya...
30/07/2025

❌Kuva uno munsi igenekerezo rya 30 mukakaro ibikorwa vyo kudandariza kumpande z'amabaraba akikuje ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura birabujijwe.

🙌Nkuko tubisanga mw'itangazo ryaraye risohowe kuri uyu wa 29 Mukakaro n'uburongonzi bwa komine Mukaza, buramenyesha ko kuva uno munsi wa gatatu igenekerezo rya 30 mukakaro ibikorwa vyo kudandariza kumpande z'amabaraba akikuje ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura bibujijwe.

🙅‍♂️Muri iryo tangazo kandi baramenyesha ko bibujijwe gushira ikintu icarico cose mu bibanza vya reta biri muri iyo komine ataruhusha bahawe n'uburongonzi bwa komine Mukaza. Hambavu yivyo kandi ubwo burongonzi kandi buributsa abarangurira imirimo muri iyo komine kwubahiriza ibiciro vyashinzwe na reta na cane cane kubidandazwa vya Brarudi, isukari n'ibindi.

🫴Ivyo bikaba bikozwe mu ntumbero yo kwubahiriza ingingo z'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati iterambere rusangi n'umutekano zerekeye kwubahiriza umutekano w'abenegihugu n'ivyabo hamwe n'isuku muri iyo komine.

🤔 musomyi ino ngingo uyakiriye gute?




📷 Journal Burundi eco

 : Ishirahamwe Sopebu ryasohoye urutonde ruriko ama Station yaronse ibitoro uyu musi hano mugisagara ca Bujumbura. Mbega...
29/07/2025

: Ishirahamwe Sopebu ryasohoye urutonde ruriko ama Station yaronse ibitoro uyu musi hano mugisagara ca Bujumbura. Mbega nawe aho utonze ubona vyifashe gute ?

🏫Mu bushikiranganji bw'indero imyiteguro y'umwaka w'ishure wa 2025-2026 igeze ku ntambwe ishimishije.🫴Kuri uyu wa mbere ...
28/07/2025

🏫Mu bushikiranganji bw'indero imyiteguro y'umwaka w'ishure wa 2025-2026 igeze ku ntambwe ishimishije.

🫴Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 28 Mukakaro, umushikiranganji w'indero n'ubushakashatsi François Havyarimana yagendeye ububiko bw'ibikoresho vyagenewe guhabwa amashure buri mu kigobe mu gisagara ca Bujumbura. Muri urwo rugendo François Havyarimana yamenyesheje ko mu bikoresho bikenewe mu mwaka w'ishure uza wa (2025 - 2026) ibitari bike bimaze kuboneka.

🗣️ François Havyarimana yamenyesheje ko ibikoresho nka vyose bimaze gushika uretse ko hari ibitabu vyo mu mwaka wa 6 bitaraboneka bitumwe nuko urutonde rw'ivyigwa rwahindutse. Bimwe mu bikoresho bimaze gushika hakaba harimwo amakaye azohabwa abanyeshure ba ntahonikora, ibikoresho vy'abanyeshure bagendana ubumuga bwo kutumva no kutabona, imatera n'ibindi.

✍️Uwo mushikiranganji akamenyesha ariko ko nivyo bitabu vyo mu mwaka wa gatandatu bitaraboneka, banki y'isi yose yemeye gufasha mu kubisohora. Uwo mushikiranganji akizera ko mu kwezi kw'9 bizoba vyamaze kuboneka.





S. RadRadio Nderagakura

🙅‍♂️Uno munsi kwiyunguruza uja mu ntara ziri mu buraruko bw'igisagara ca Bujumbura ntivyoroshe.🤦‍♂️Kuva mu gatondo ko ku...
28/07/2025

🙅‍♂️Uno munsi kwiyunguruza uja mu ntara ziri mu buraruko bw'igisagara ca Bujumbura ntivyoroshe.

🤦‍♂️Kuva mu gatondo ko kuri uyu wa mbere ku gituro c'imiduga yunguruza abantu n'ibintu Kuri cotebu hazindutse ata modoka n'imwe irangwa murico kibanza. Abiyunguruza atari bake bakaba bari buzuye kuri cotebu babazanya hagati yabo ingene biza kugenda ngo bashike iyo bagiye kuko ata modoka n'imwe yunguruza abantu yarihari.

🤌Imvo yatumye ata muduga n'umwe urangwa murico kibanza, abunguruza abantu bamenyesha ko babandanya gucibwa ihadabu bagirizwa kuba batubahirije igiciro cashinzwe na Reta kandi ata bitoro bihari. Abo bunguruza abantu bakavuga ko bakoreye ku giciro cashinzwe na Reta boca bahomba kuko ibitoro babironka bizimvye. Ubandanije uganira nabo bakubwira ko ivyo biciro vyo kwubahirizwa mu gihe n'ibitoro bibonetse neza ku ma stations.

🤥 Hambavu y'igituro ca cotebu kandi mwomenya ko kuri uyu w'Imana naho abunguruza abantu n'ibintu mw'ibarabara rya Bujumbura -Rumonge bari bahagaritse akazi. Bagasigura ko ibiciro vya reta bitariko biraborohereza na bukebuke.

👮🏿Ivyo biruko mu gihe inyamiramabi zibandanya gushirako intoke umuntu wese atubahiriza ibiciro vya reta mu ntumbero yo kurwanya iduzwa ry'ibiciro. Inyamiramabi bakavuga ko hariho bamwe usanga bimonogoje nkaho usanga reta yemera amafaranga 5000 bakaduza gushika kuri 20 000.



🫰Inama ya mbere y'Abashingamateka baherutswe gutorwa yakoranye kuri uyu wa mbere.✍️Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 28 ...
28/07/2025

🫰Inama ya mbere y'Abashingamateka baherutswe gutorwa yakoranye kuri uyu wa mbere.

✍️Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 28 Mukakaro 2025 niho inama yambere y'Abashingamateka 111 batorewe ikiringo co kuva uno mwaka gush*tsa mu mwaka wa 2030 yariramutse ikorana mu ngoro y'amakoraniro y'Inama nshingamateka iri i Bujumbura mu kigobe.

🫴Nkuko biri mw'ibwirizwa shingiro rya repubirika y' uburundi , ibikorwa vya mbere vy'inama nshingamateka bihagararirwa n' umushingamateka akurira abandi mu myaka. Kuri uyu wa mbere rero Joachim Barutwanayo akaba ariwe yarongoye iyo nama ya mbere y'abashingamateka.

✍️Twobamenyesha kandi ko bimwe mu bikorwa vyari bitegekanijwe kwirwa uno munsi harimwo, kwemeza itegeko rigenga inama nshingamateka muri iki kiringo yatorewe, hamwe no gushiraho abagize ibiro vy'uburongozi bw'Inama nshingamateka.

🙌Nubwo ivyo arivyo vyari ku rutonde rw'ivyirwa uno munsi, ayo mategeko azogenga inama nshingamateka ntiyahavuye atorwa kuko abashingamateka basavye ko mu kuyatora bomanza guhabwa iminsi yo kuyasoma gutyo bagire ico bayavuzeko. Ivyo bikaba vyaciye bituma no gutora indongozi bidakorwa kuko hategerezwa kubanza gutora ayo mategeko.


Address


Telephone

+25766303903

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Mwanga Actu posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Shortcuts

  • Address
  • Telephone
  • Alerts
  • Claim ownership or report listing
  • Want your business to be the top-listed Media Company?

Share