13/06/2025
🌽🌽 Ibigori bigiye kugurwa n'Ikigo ANAGESSA atari ivyaranguwe, ngo uwuzofatwa ariko agurisha ivyo yaranguye azohanwa vy'akarorero.
______________
Ivyo ni ibishikirijwe n'Umushikiranganji wa mbere wa Reta y'Uburundi mu kiganiro c'Abashikiranganji kiriko kirabera ku kibuga c'umupira w'amaguru ca Komine .
Umushikiranganji wambere Gervais Ndirakobuca amenyesha ko Reta itari bwagure ibigori kubera yarindiriye vyume, ndetse akavuga ko ivyo bigori bizogurwa ari ivy'abarimyi bafise aho babirimye.Kubwa Gervais Ndirakobuca, ngo umuntu azofatwa ariko aragurisha muri ibigori yaranguye, azohanwa bikwiye.
Ku kibazo kijanye n'ibiciro vy'umwimbu bitubahirijwe, Umushikiranganji wa mbere amenyesha ko igiciro cashinzwe na Reta kidaca cubahirizwa hose mu gihugu, ngo kuko nk'uwubikuye mu karere kamwe abijana mu kandi, bisaba ko yongerako amahera yo kuvyunguruza; ngo ni co gituma abajejwe intwaro bisaba ko bavugana amahera yokwiyongerako bivanye n'aho bivuye.
Na yo ku kijanye n'ibinyobwa vya ,Umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo intwaro yo hagati mu gihugu avuga ko abafashwe badugije ibiciro vy'ibinyobwa vya bahanwa, mbere n'ububare bugaca bwugagwa, ndetse ngo n'ububare bumwe bumwe buramaze kwugarwa .Umushikiranganji Martin Niteretse agakebura abajejwe intwaro bo hasi ko umuntu azofatwa ariko adandaza ku giciro kiri hejuru y'ikizwi na Reta, uwo ajejwe intwaro azoca ahanwa.
Kora indirimbo kuri 50.000 fbu muri +257 68 54 38 99