Icabona ça 2

Icabona ça 2 Nous sommes dans le monde des idées

01/08/2026

NIGUTE UMUKURU WIGIHUGU YISHURA IBIBAZO
AKITERA IBINDI BIBAZO?

26/07/2026

USHAKA KUMENYA IMITWE NUBWENGE
BWABAHUTU UZUREB UBWABO UKO BABANYE
BARATUKANA
BAGAPFUNGANA..

Hari uwasavye ubusesanguzi ku kibazo c' ubwoko yipfuza kumenya uko cabayeho buriya iki kibazo c' ivy' ubuhutu n' ubututs...
25/07/2026

Hari uwasavye ubusesanguzi ku kibazo c' ubwoko yipfuza kumenya uko cabayeho buriya iki kibazo c' ivy' ubuhutu n' ubututsi kiri mu karere ku bisanzwe gikora ku bigumbagumba (emotions) vy' abantu.

Hari ababa barabuze ababo mu miryango abandi barahohotewe muri kahise ntibige neza ntibaronke ubuzi kubera ubwo bwoko bamwe n' abandi biyitirira.

Ku rundi ruhande hari abatungishijwe n' ivy' ayo moko nyene iwabo vyabaye nka business bituma bamererwa neza baronka ubuzi bwiza n' icubahiro bagatunga bagatunganirwa abo uvuze nabi iyo nka yabahaye amata birumvikana ko bogutera amacumu.

Hari uyundi mugwi w' abafise umunoho w' ubutegetsi bakavyuririrako nk' ingazi ibashikana ku butegetsi bipfuza.

Leopord Sedhar Sengor niwe yavuze ko abirabure barangwa n' ibigumbagumba cane ntibarangwa n' ubwenge nk' abazungu (L' emotion est n***e tandis que la raison est hellene).

Umwanditsi Gustave Lebon nawe mu gitabu ciwe "La Psychologie de la Foule" arerekana ko abato (la masse) barangwa n' ibigumbagumba (l' emotion) kurusha ubwenge (la raison).

Niyo mpamvu uravye kuva muvya kahise ata kaboko k' abategetsi kabaye muri izo nryane ntizonabaho abategetsi babi babirema nk' uburyo bwo gusamaza abato (distraction de la masse) ngo ntibabazwe ivyo baba bajejwe mu kurema ubuzima bwiza bw' abo barongoye (le bien-être de la population) ku bato.

Yaba ibijanye n' indero (education),ibitaro,igwizwa ry' amahinguriro (industrialisation),amabarabara meza,umuyagankuba,umutekano,kugwanya ibiturire,...baca babasamaza ngo ntibiyumvire ivyo bibazo biba bibafitiye akamaro bakabajana mu bintu ata kamaro biba bifise ku buzima bwabo bakabateranya.

Abo bazungu baduteranije mu bukoroni bo uravye neza ntibafise amaso amwe,urukobwa rwabo ntirwera kumwe n' imishatsi yabo si imwe ariko bubakiye mu bumwe,umuntu arava no muri Espagne akaja kuba umutegetsi muri France,arava muri Autriche akaja kuba umutegetsi muri Allemagne ivyo nta kibazo bibateye ariko muri Afrika ntivyokunda.

Ivy' ayo moko none vyabayeho gute?

Uravye muri kazinduzi (dictionnaire) ijambo "ethnie" ubwoko risigura imigwi y' abantu itandukaniye ku bintu 2 ururimi (la langue) hamwe n' umuco (la culture) "gusa" ibitari ivyo ntivyitwa ubwoko.

Muri Kenya bafise ubwoko burenga 40 nta numwe afise ururimi rumwe ruhuye n' urw'uyundi hamwe n' umuco baca bahurira ku rurimi rw' igiswahili gusa n' icongereza nuko bashobora kwumvikana.

Umukenya akubajije ko iwanyu mufise ivy' ubwoko ukamubwira ko mutandukanira ku mazuru ko bamwe bafise manini abandi mato aca akubona nk' "umusazi" ntagutahura.

Ku bisanzwe bariya bavunamuheto (abakoroni) rero ico bubatse ni poritike yo "guteranya ngo uganze" (diviser pour regner).

Mbere bataraza ubwo bwoko ntibwabaho habaho imigwi (les classes sociales) y' abakene (les proletaires) n' abatunzi (les bourgeois) bishingiye kuco umuntu atunze.

Umuntu kugira yitwe "umututsi" yaba afise inka 10 n' izirenga ntivyari ibishingiye ku bihimba vy' imibiri amazuru abantu bavukanye.

Inyandiko y' Umuganwa Rugema Rwigemera yigeze kwandika kuri page yitwa "Alliance Monarchique du Burundi" irerekana ko hari abitwa abahutu uno munsi bitwa abatutsi ico gihe bo mu miryango y' abahanza n' abajiji kuko bari batunze inka nyinshi abo bitwa abatutsi kuko bari abatunzi.

Uno munsi n' uwudafise inkoko canke urukwavu mu rugo iwe wumva bamwita "umututsi".

Umuhutu nawe yaba ari umukozi w' uwifise.

Umwanditsi Hans Meyer yanditse igitabu "Die Barundi" (Les Barundis) ari mu baremye amacakubiri avuga uko abahutu ngo bateye uku ngo abatutsi bateye kuriya abantu basoma ivyo ivyiyumviro vyiwe iba intango y indyane ivyakweze n' ubwicanyi butandukanye 65,72,93,...

Uwahoze atwara Uburundi umuhisi J.B.Bagaza nawe mu kiganiro yigeze guha abamenyeshamakuru yavuze ko yigeze kwegeranya abahinga bo muri kaminuza ya Sorbone ngo bamwigire ikibazo c' ivy' ayo moko y' abahutu n' abatutsi bamubwiye ko ivyo bitokwitwa "ethnies" bo bavyise ama "categories".

Nubwo biri uko ico kibazo mu karere biraboneka ko cafashe iyindi mero (metamorphose) gihinduka abarimyi ( bantous) ngo bavuye Tchad ngo n' aborozi (les nilotiques) ngo bavuye Ethiopia bakurikira inka zabo.

Abitwa ba Ryckmans,Von Gotzen n' abandi bagiye bararema ivyo vyiyumviro maze bishinga imizi.

Nivyo navyo ni ibinyoma umu bantou ni umuntu avuga ururimi rurimwo ijambo -tu- ntibisigura umurimyi na gato.

Ibi bishobora gushira mu kaga Afrika yose kuko inryane z' abarimyi n' aborozi ziriyo no mu bice vya Mali,Senegal,Mauritanie,....bishobora gutuma haba ama blocs bamwe bakabona abandi ngo benewabo abandi ngo ni banyagupfa bagahangana rukaba urugamba runini rwagutse rutonahera Afrika yose ikaka umuriro.

Mu gusozera,umwe wese yokwirinda kujana n' ico gihuhusi cuzuza inda z' utugwi duto twa bamwe (les bourgeois) nimwame mukundana umwe wese yige uko yibeshaho yige umwuga abe n' umu entrepreneur ahe akazi mwenewabo ata bindi aravye atari ico ashoboye "competence" ntarabe ibihimba vy' imibiri maze twubake Afrika iteye imbere (une Afrique prospere) nkuko vyari mu ndoto y' umweranda Kwameh Nkrumah kandi ishingiye no ku bumwe kuko amacakubiri arema intege nke ntiyubaka arasenya.

2

25/07/2026

Nusoma ivyo murundi Cakenge avuga Ukabona bigushimisha
Nikimenyetso
Ku rimw amacakubiri yamoko
Cakenge= CNDD-FDD ✅

🤦 Musitanteri Alexis iyo yiba ahako Angeline Ndayishimiye ntiyokomwakomwe-Abagabo bararya imbwa zikishuraInda yumworo ib...
22/07/2026

🤦 Musitanteri Alexis iyo yiba ahako Angeline Ndayishimiye ntiyokomwakomwe

-Abagabo bararya imbwa zikishura

Inda yumworo ibonekesha agasamo. Musitanteri wa Ntahangwa Alexis Havyarimana aherutse kwiba nkuko abandi bategetsi biba ariko aca arabogozwa. Ikete rimusezerera burundu mu mabanga ryateweko umukono n'umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu Gnl Léonidas Ndaruzaniye kwigenekerezo rya 20.07.2026.

Musitanteri Alexis ni umunywanyi wa CNDD-FDD, akaba ataramuwe azize ubusuma. Wa wundi ati abagabo bararya imbwa nazo zikishura, Alexis yaguma yiba ataco yinona kubera yari mubaririmba ko gipanze, ntiyari yiteze ko gishobora kumupangurukirako. Musitanteri Alexis nawe ari mu baririmba ko bakunda igihugu kubera ivyo ariko arakinunuzako gusa atitaye kuvyiza ariko aragikorera. Uyu mwanya Alexis aho ari, ariko arahemagirika kuko ntatahura neza ivyamubayeko kuko ntanakimwe yakoze abandi ba CNDD-FDD badakora mu nzego zose. Ico Alexis atibutse gusuzuma ni ubunini bwumutwe wiwe kugira awurinde uruguma nkuko umugani wabakurambere ubivuga.

Uko biri kwose, ari hamwe ubusuma Alexis yagirizwa bwoba ari ukuri, uwamubogoje nabandi babigizemwo uruhara bakoze igikorwa ciza cane. Uburundi ntibushobora kuzotera imbere buciganziwe nabategetsi babasuma. Turakeje Gnl Léonidas Ndaruzaniye yamusezereye burundu ariko ntihabe umwana nikinono, niyakora amatohoza neza azogundura ibisuma vyinshi.

Musitanteri Alexis azize ubuvunjivunji yaguma atorora mwikomine yari ajejwe. Ubusuma bwiwe ntaho buhuriye na gato nubusuma bwo ku rwego rwo hejuru bukorwa numukuru w'igihugu, umukenyezi wiwe hamwe numukuru w'umugambwe CNDD-FDD. Aba batatu barakiyogeje, ariko nibo bafata iya mbere mu kwiruka ku dusuma dutoduto.

Ndayishimiye numukenyezi wiwe nta kandi kazi bafise atari ukugumiza amaso kwikarata ibereka aho biba ivyigihugu. Uyo muryango waramaze kwigarurira ivyigihugu hafi nka vyose, harimwo ibanki nkuru BRB, ubutare nibindi. Bafise umunoho wagahebuza kuko Ndayishimiye yemeye no guhemukira abasirikare abagurisha kuri Tschisekedi amadolari akinjira mu mufuko wiwe bwite. Aho ni mu gihe nudufaranga twintica ntikize abasirikare bandikiwe bashobora kumara hafi umwaka batadukubise ijisho.

Musitanteri Alexis yahora abona nabandi biba akiremesha ko nawe ataco azoba none ibisuma nyene nivyo vyamusezereye. Ubu ahari ariko aratumwatumwa yibaza ati:"Kumbe hoba hariho ibisabwa muri CNDD-FDD kugirango wemererwe kwiba?" Inyishu tumufitiye muri Burundi Libre nuko nkiyo yiba ashikanira umukenyezi wumukuru w'igihugu Angeline Ndayishimiye, yonadugijwe mu biti kuko yobaye ari akarorero mu gukunda igihugu. Musitanteri Alexis yishoye mu vyo kwiba atabanje kunonosora ivyigwa vyubusuma mu mugambwe mwiza CNDD-FDD washize Imana imbere.

Basi Alexis iyo aja ariba ajana mu rugo kwa Reveriyano Ndikuriyo, naho bomugunduye ntiyomaramajwe kuko vyociye biherera mu kanywababu bikitwa ko abesherwa. Iyo Alexis yiba ahako Reveriyano Ndikuriyo yobaye ari umugumyabanga wigitangaza akorera neza umugambwe CNDD-FDD kandi akunda igihugu. Ndikuriyo nawe ni ishure ritanga impamyabushobozi mu vyigwa vyubusuma kuko nawe yarakiyogeje mu bisata vyinshi tudasize inyuma igisata ca Lona. Amatohoza ya Bob Rugurika amaze imisi yerekana ko Ndikuriyo yamaze gushira mu kwaha kwiwe urudandazwa rwinkino zakamari mu Burundi bwose ku buryo ihera ryose ritibukira mu kigega iwe.

Aka kanya Alexis Havyarimana aranenwa muri CNDD-FDD kuko niwe gisuma caraye gishizwe ku karubanda. Abandi bagumyabanga ubu bose bariko baramutwenga, aho aciye hose ubu bamutuma intoke baryana inzara. Ubu Alexis ndazi ko ataja ahabona kubera isoni. Yamara, siwe wenyene yari akwiye kumaramara. Ndazi ko udutumo Alexis yivye tudashikana na kimwe cimiliyaridi ibihumbi kuvyo Ndayishimiye numugore wiwe ndetse na Ndikuriyo biba. Inda yumworo ibonekesha agasamo. Ntibăbēshe.

c 2,le 21.07.2026

🌎 iyi nkandagira bitabo yirirwa iriruka inyuma yabarya 4million kumunsi  yoyo yoba ihembwa angahe❔dufatire kukwezi .Kand...
18/07/2026

🌎 iyi nkandagira bitabo yirirwa iriruka inyuma yabarya 4million kumunsi yoyo yoba ihembwa angahe❔dufatire kukwezi .

Kand’aha kikubwira ko ca muvunye😀.

14/07/2026

Vous les Africains ntagihugu nakimwe kirya ruswa gitsindurugamba narumwe
Nubwo mwokora défilé yibikoho bigezweho barazica kwi $🤣

🔵 Vuba naho abarundi bitege défilé idasanzwe izokwerekana ko ibitoro ari nywa nawe mu gihugu?Hari abarundi bintambirakiz...
14/07/2026

🔵 Vuba naho abarundi bitege défilé idasanzwe izokwerekana ko ibitoro ari nywa nawe mu gihugu?

Hari abarundi bintambirakiza bavuga ko batemera ko ibigwanisho FDNB iheruka kwekerekana vyaguzwe numuhisi Bagaza mu myaka ya za 80. Namakuru avuga ko hari inkoho Ndayishimiye adafise zatiwe muri RDC kugira ziryoshe défilé hari abatayemeye. Ariko kuva aya makuru ashizwe ahabona nishirahamwe Focode, ikinyamakuru Burundi Libre naco kikayatangaza, nta rwego rwa Leta na rumwe rurayabeshuza.

Abarundi bintambirakiza nubu ntibemera ko uwashinze ibitaro Kira-Hospital yaborejwe igufa asogoswe umugeto wokeje mwivi ryo ku kuguru kw'iburyo muri 2022. Ariko naya makuru kuva umumenyeshamakuru Antoine Kaburahe ayashize ahabona nikinyamakuru burundi libre nta rwego na rumwe rwa Leta ruratubeshuza.

Nibi vyaka kamaramaza kibura ryibitoro mu Burundi gusa kandi ibindi bihugu bibifise hari abemeza ko ibitoro mu Burundi ari nywa nawe. Iyi foto hari abokwubahuka kuvuga ko ibesha mu gihe yafashwe mu kanya gaheze abanyagisagara babuze ikibunguruza nkuko tubikesha ikinyamakuru Jimbere Magazine.

Ndayishimiye ni umunyamwete ndazi ko vuba ariko aradutegurira défilé yinkinamico nayo ku bitoro. Azogenda abitire muri Tanzaniya na RDC ace yiga ubuhinga bwo kwereka abarundi ko ibitoro bitagira nikibinywa maze bice bisubizwa kwa benevyo. Ico gihe abarundi bintambirakiza bazoca batangura kuvuga ko ibitoro vyabonetse, bamirire kure amakuru azovuga ko vyari ibitirano.

Intwaro imaza umwaka abaganga, abigisha nabasirikare batarahembwa nta mafaranga iba ifise kuko nutubonetse tununuzwa nakarwi kibihangange.

Intwaro iburanirwa bikanka ko ihemba abakozi ba leta kandi udushahara dusanzwe ari utwintica ntikize, intwaro imara imyaka 6 yarabuze amafaranga yo kugura ibitoro, intwaro ibura ifumbire iha abarimyi nuduhera yabatoje imbere ikamiruza, intwaro yihagira ibigo vyamasosiyete yabigenga kubera amero yamaronko, intwaro ituma intwazangabo kwiba ingenzi ikorehsheje inkoho ku kibuga c'indege(...) Iyo ntwaro niyo mwizeye ko yaguze ibirwanisho vyigisisikare iherutse guhayanisha?

Ku gafoto ka mbere, ni i Bujumbura, 08.07.2026, iruhande yahahoze isoko nkuru ya Bujumbura ku gituro ca bus zunguruza abanyagisagara.

ça 2 ,le08.07.2026

Ngiki ikinyoma Kivanze nigihuha iperereza ririko rira kwirikirana kumbuga.🔵 Hari intambara hagati y'uburundi N'urwanda d...
12/07/2026

Ngiki ikinyoma Kivanze nigihuha iperereza ririko rira kwirikirana kumbuga.

🔵 Hari intambara hagati y'uburundi N'urwanda duheruka kubabwira twongera kubabwira amakuru twakuye mw'iperereza ry'uburundi.

Ubu naho ngugwo gwandiko Iperereza ririko rirakwiragiza kumbuga
Abari bitabiriye Inama yo gutera Uburundi yaraye ibereye mu Rwanda

1️⃣Niyombare
2️⃣Rugambarara
3️⃣Bamvuginyumvira
4️⃣Murwengezo
5️⃣Jean Minani
6️⃣ Nzabampema
7️⃣Charles Mukasi

Nabandi..

Icabakoranije : Bariko bashaka uwobabera umuyobozi atakintu muri kahise yakoze kibi, Umuntu ataco arerwa mubutungane. Ariko iki carabananiye kuko ntibashoboye kugihurizako.

Niyombare yababwiye ko ikibazo c' ibikoresho n'ingabo atakibazo bogira. Ngo kuko ukuntu bipanze ngo Igisirikare c'Uburundi kitazoshobora kubahagarara imbere.
Yashikirije ko Red Tabara iriko irondera inzira ibashikana Rukoko nahandi hantu hari stratégique.
Ico gihe RDF izoba iri hafi muri uvira, plaine ya Rusizi, gushika Kamanyola, Iyo RDF izoza inyuma igira sharing ( kurasisha inkoho niniya )ishikana ama bombes mugisagara ca Bujumbura n'ahandi hose bazoba bashaka gufata ubwambere.

🔵 Ikintu nyamukuru bavuze ngo " iki nico gihe, ntagutakaza umwanya" , ngo bakureho ubutegetsi mu Burundi kandi atari kera. Bakaba bavuga ko iyi ngwano itegerezwa gutangura imbere yuko ukwezi k'umunani guhera .

!!Aha ico mbonamwo bashaka abanyagihugu bazubarire ivyo bihuha kugira bibagire amarushwa) amagogwa amabi n'ubwicanyi buriko bukoregwa abanyagihugu babarundi CNDD-FDD turayimenyereye ,iyo ari mubihe
Vy'amatora ica itangura imikino yo kuzubaza abantu.......banyagihugu ntimu zubazwe nivyo binyoma.

c, 2 le12/07/2026

Address

Nairobi
Kiambu

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Icabona ça 2 posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Shortcuts

Share