01/08/2021
ukuri ku indirimbo shasha ya fizzo na jux.
tuza kuvuga kuri buri kamwe kose kuri indirimbo fizzo ahejeje gusohora.
1.sampling
abeshi baza kuvuga ko fizzo yaherewe kubera ko yagize sample y'indirimbo yiwe ya kera yitwa dear,ariko sivyo kuko kugira sample n'ikintu abaririmvyi beshi bakoresha(jay-z,rihanna,nelly&kelly,kanye west,diamond, harmonize,19th,...) rero kuba na fizzo yabikoze siguhererwa ni imistari canke amajambo yo kuririmba ahubwo n'imwe muri style abaririmvyi bakoresha mugihe indirimbo yabo iba yarakunze cane bagashaka kuyigarukana canke iyo bihutira gukora collaboration n'uyundi muririmvyi canke igihe bashaka gukora ikintu cagihutihuti ariko akaba atamanya bafise rero cabitiza bimwe mubikora vyabo akaba arivyo bakorerako.
2.influance canke kwitiza style y'uwundi.
muntango y'indirimbo (intro) mwumvirije neza murumva Hari inanga(guitar na saxophone) imeze cokimwe niyakoresheje na burna boy mundirimbo yiwe ghona
3.clip video
sinzi ko ari fizzo yasavye jux ntaberwe kumurusha canke ari fizzo yimeje jux ko azi kwambara akaberwa kuko urabona neza ko fizzo yaberewe cane kurusha jux.
twakuze tuvuga ko fizzo atazi gusohora clip,beshi baravuga ko lolilo akaze kuri clip kurusha fizzo kandi ugerageje kuraba ama clip yabo yahaheze urabona neza ko lolilo yari hejuru cane cokimwe n'aba soso-k ariko ubu siko biri vraiment kuko iyi clip iri muma clip meza yasohotse muri 2021 muri east-africa.
4.strategie
fizzo yasohoye clip video kuri chaine yiwe ya youtube ariko jux nawe kuri youtube yiwe asohora audio yiyo ndirimbo nyene,nikuvuga ko aba fana ba jux bazoyimenya hama nibayikunda basabe clip yayo,icogihe jux azotanga link yiyo ndirimbo iri kuri youtube channel ya fizzo gutyo bimwongereze kumenyekana muri tanzania
https://www.facebook.com/casculeog.kinglion