20/08/2026
Uhora wiyumva gute iyo uwakugiriye nabi nawe aguye mu vyago? Ntitubeshanye uhora unezerwa mbere ukumva umenga ni Imana iguhoreye.
Ariko raba ico bibilia ivuga 👇👇
Umwansi wawe ni yagwa ntuz' unezerwe,
Umutima wawe woye guhimbarwa ni yatsitara:
Uhoraho yoye guhava abibona, bikaba bibi mu nyonga ziwe,
Akaroresha irya uburake yamurakiye.
Imigani 24:17-18
Hariho nuwundi murongo uvuga ngo: Umwansi wawe niyasonza umugaburire. Wewe uhora ubikora?
Raba ugurire umwansi wawe akantu none😅