Isango Media

Isango Media Le meilleur du sport, du business et du divertissement, avec des breaking news, des analyses pointues et des interviews exclusives.

Umugwi wa Vision F.C waraye wihanije umugwi Young Star Academy  ibitsindo bitanu kubusa.
20/09/2026

Umugwi wa Vision F.C waraye wihanije umugwi Young Star Academy ibitsindo bitanu kubusa.

Muri Aigle Noir ntivyoroshe, inyuma y'aho BUCUTI Alisene avuze ko agiye kubakorera hilaliser, Vital'o FC yaraye ibikize.
18/09/2026

Muri Aigle Noir ntivyoroshe, inyuma y'aho BUCUTI Alisene avuze ko agiye kubakorera hilaliser, Vital'o FC yaraye ibikize.

Arsène Bucuti yaraye atangaje amajambo akomeye imbere yuko bakina na Aigle Noir. 1.🗣Mukiganiro yaraye akoze kuri Isanamu...
17/09/2026

Arsène Bucuti yaraye atangaje amajambo akomeye imbere yuko bakina na Aigle Noir.

1.🗣Mukiganiro yaraye akoze kuri Isanamu Média umuvugizi wa Vital'o Fc Bucuti ngo ico baza gukorera Umurwi wa Aigle Noir ni gukonjiga irivuga (Hilaliser)🤣

🗣Ngo ivy'umuvugizi wa Aigle Noir Léonce Ntakirutimana yavuze ngo ntavyo yorinda kumwishura kubera yuko urya Ntamumira yakinye 🤣

🗣Havuye amahera ikindi kintu kizwi na beshi ni Vital'o Fc 🤣

yongera ati :Gutsinda Aigle Noir ni ngombwa

Mbega harico yabeshe? Aha igisigaye twese n'ugushika ku kibuga tukirabira ivyabuzwe ntakindi

Urukino ni kuri stade 🏟 Intwari unomusi nyene
15H00

📸 IREBE FM 91.4MHz

Primus Ligue j4
17/09/2026

Primus Ligue j4

Umugwi wa Aigle noir cs waraye uvuye mw'ihiganwa rya caf champions league
13/09/2026

Umugwi wa Aigle noir cs waraye uvuye mw'ihiganwa rya caf champions league

Aigle noir cs ihejeje gutsidwa na Al Hilal SC  murukuno gwambere.Aigle Noir CS 0-2 Al Hilal SC
05/09/2026

Aigle noir cs ihejeje gutsidwa na Al Hilal SC murukuno gwambere.

Aigle Noir CS 0-2 Al Hilal SC

⚽️ PRIMUS LIGUE Y’UBURUNDI IBAYE IRAHAGAZE GATO MUNTUMBERO Y'UKWITEGURIRA INKINO MPUZAMAKUNGUBujumbura, ku wa 31 Myandag...
31/08/2026

⚽️ PRIMUS LIGUE Y’UBURUNDI IBAYE IRAHAGAZE GATO MUNTUMBERO Y'UKWITEGURIRA INKINO MPUZAMAKUNGU

Bujumbura, ku wa 31 Myandagaro 2026 — Ishirahamwe ry’Umupira w’Amaguru mu Burundi (FFB) ryatangaje ko ihiganwa rya Primus Ligue Burundi 2026-2027 rihagaritswe by’agateganyo, guhera ku munsi wa kane w'ihiganwa wari utegekanijwe gukinwa kuva ku wa 4 gushika ku wa 6 Nyakanga 2026.
Mwi kete FFB yashikirije amakipe yose yitabira Primus Ligue, ryanditswe ku wa 30 Myandagaro 2026, Komisiyo ijejwe Gutunganya Amarushanwa muri FFB yavuze ko iyo ngingo yafashwe kubera ibikorwa vyinshi vy’inkino mpuzamakungu bitegekanijwe mu kwezi kwa Nyakanga.
Muri ivyo bikorwa harimwo amarushanwa ahuza amakipe yo muri CAF, amarushanwa yo gukuranamwo yo mu karere ka CECAFA, hamwe n’inkino zo kurondera itike y’Igikombe ca Afrika (CAN).
🇧🇮 Amakipe n’imigwi y’igihugu vy’Uburundi bizogira uruhara muri ivyo bikorwa. Ku ruhande rw’amakipe, ⭐Aigle Noir CS na🫰🏻 Rukinzo FC ni zo zizoserukira Uburundi mu marushanwa ya CAF. Ku ruhande rw’imirwi y’igihugu na ho, Intamba U-20 hamwe n’Intamba nkuru zizoba ziri mu bikorwa mpuzamakungu bitegekanijwe muri uko kwezi.

📅 Primus Ligue izosubira ryari?
FFB imenyesha ko inkino zo gusubiriza z’amarushanwa y’amakipe yo muri CAF zitegekanijwe kuva ku wa 11 gushika ku wa 13 Nyakanga 2026.
Inyuma y’izo nkino, FFB izomenyesha amakipe igihe Primus Ligue 2026-2027 izosubirira. Kugeza ubu, nta tariki nshasha y'igaruka rya Primus League i yashinzwe.
Iyi ngingo ije mu gihe ihiganwa rya Primus Ligue 2026-2027 ryarimaze gukinwa iminsi itatu. Abakunzi b’umupira w’amaguru mu Burundi rero bazotegerezwa kurindira gahunda nshasha izotangazwa na FFB.

n'inkino n'umupira wa maguru mu Burundi imigwi yacu izoduserukira muyiha amahirwe angana gute muri izo nkino mpuzamakungu?

Aigle noir iri mukibanza cambere mw'ihiganwa rya Primus Ligue Burundi 2026 - 2027, Musongati fc na academy yayo Young St...
31/08/2026

Aigle noir iri mukibanza cambere mw'ihiganwa rya Primus Ligue Burundi 2026 - 2027, Musongati fc na academy yayo Young Star fc bibereye mu bibanza bibiri vyanyuma

🔵⚽🔥uku niko imigwi yatsindanye mw'ihiga rikuru rya Primus Ligue Burundi 2026 - 2027 ku musi ugira gatatu, FT: Aigle Noir...
31/08/2026

🔵⚽🔥uku niko imigwi yatsindanye mw'ihiga rikuru rya Primus Ligue Burundi 2026 - 2027 ku musi ugira gatatu,

FT: Aigle Noir CS 2-1 Young Star

FT: Muzinga FC 1_-0 Panthère Noir FC

FT: Ngozi City 2-️1 Inter Star

FT: Kayanza United 1-️1 Vital’o FC

FT: Rukinzo FC 0-️0 Olympic Star

FT: Vision FC 2_️1 Flambeau Du Centre

FT: Bumamuru FC 2-0 Musongati FC

FT: Never Give Up 0-️0 Messager Ngozi

🚨🚨Sahabo Paris niwe mumenyereza mushasha wa Bumamuru Fc, inyuma y'isezererwa rya Nicolas Hakizimana yari asazwe ariwe um...
26/08/2026

🚨🚨Sahabo Paris niwe mumenyereza mushasha wa Bumamuru Fc, inyuma y'isezererwa rya Nicolas Hakizimana yari asazwe ariwe umumenyereza mukuru wuwo mugwi

Nicolas Hakizimana atandukanye n' uwo mugwi inyuma y'inkino 2 z' ihiganwa ry Primus Ligue Burundi bitagenda neza.

Address

Nairobi

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Isango Media posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Shortcuts

Share

Category