31/08/2026
⚽️ PRIMUS LIGUE Y’UBURUNDI IBAYE IRAHAGAZE GATO MUNTUMBERO Y'UKWITEGURIRA INKINO MPUZAMAKUNGU
Bujumbura, ku wa 31 Myandagaro 2026 — Ishirahamwe ry’Umupira w’Amaguru mu Burundi (FFB) ryatangaje ko ihiganwa rya Primus Ligue Burundi 2026-2027 rihagaritswe by’agateganyo, guhera ku munsi wa kane w'ihiganwa wari utegekanijwe gukinwa kuva ku wa 4 gushika ku wa 6 Nyakanga 2026.
Mwi kete FFB yashikirije amakipe yose yitabira Primus Ligue, ryanditswe ku wa 30 Myandagaro 2026, Komisiyo ijejwe Gutunganya Amarushanwa muri FFB yavuze ko iyo ngingo yafashwe kubera ibikorwa vyinshi vy’inkino mpuzamakungu bitegekanijwe mu kwezi kwa Nyakanga.
Muri ivyo bikorwa harimwo amarushanwa ahuza amakipe yo muri CAF, amarushanwa yo gukuranamwo yo mu karere ka CECAFA, hamwe n’inkino zo kurondera itike y’Igikombe ca Afrika (CAN).
🇧🇮 Amakipe n’imigwi y’igihugu vy’Uburundi bizogira uruhara muri ivyo bikorwa. Ku ruhande rw’amakipe, ⭐Aigle Noir CS na🫰🏻 Rukinzo FC ni zo zizoserukira Uburundi mu marushanwa ya CAF. Ku ruhande rw’imirwi y’igihugu na ho, Intamba U-20 hamwe n’Intamba nkuru zizoba ziri mu bikorwa mpuzamakungu bitegekanijwe muri uko kwezi.
📅 Primus Ligue izosubira ryari?
FFB imenyesha ko inkino zo gusubiriza z’amarushanwa y’amakipe yo muri CAF zitegekanijwe kuva ku wa 11 gushika ku wa 13 Nyakanga 2026.
Inyuma y’izo nkino, FFB izomenyesha amakipe igihe Primus Ligue 2026-2027 izosubirira. Kugeza ubu, nta tariki nshasha y'igaruka rya Primus League i yashinzwe.
Iyi ngingo ije mu gihe ihiganwa rya Primus Ligue 2026-2027 ryarimaze gukinwa iminsi itatu. Abakunzi b’umupira w’amaguru mu Burundi rero bazotegerezwa kurindira gahunda nshasha izotangazwa na FFB.
n'inkino n'umupira wa maguru mu Burundi imigwi yacu izoduserukira muyiha amahirwe angana gute muri izo nkino mpuzamakungu?