21/10/2025
☕ Abarimyi b’Ikawa Basaba Inyishu ku Bibazo Bibugarije
Bujumbura, 20 Gitugutu 2025 — Abarimyi b’ikawa baratabaza ku iteba ry’impembo n’ibura ry’imiti ikoreshwa mu gupompa, ibintu bavuga ko vyatumye umusaruro ugabanuka n’ubutunzi bw’igihugu bugahungabana.
Ivyo vyashikirijwe mu nama y’abarimyi b’ikawa yatunganijwe n’ishirahamwe CNAC Murima w’Isangi kuri Source du Nil Hôtel, aho barimyi n’abaserukira Reta baganiriye ku ngorane zibangamiye ico gisata no ku ntumbero nshasha yo gutuma gikomera.
Liberatte Nsabiyumva, umwe mu barimyi, yavuze ko bitera agahinda kubona umurimyi avunika ntaronke ico yavunikiye:
“Turarima, tugashora ikawa, ariko amafaranga akaburirwa irengero. Iyo ayo madorari atabonetse, ntituronka uburyo bwo kwivuza canke kurihira abana amashure.”
Abandi barimyi nka Prosper Bigirindavyi bemeza ko imyaka itanu irangiye ikawa itagipompwa kubera ibura ry’imiti, bigatuma umusaruro uhirima. Basaba inama zihuza inzego za Reta n’abikorera kugira haboneke umuti urama.
Ku ruhande rwiwe, Ndanga Emery wo muri FOPABU yibutsa ko Reta ikwiye gusubiza mu bikorwa umugambi wo gushinga ama pepiniyeri y’imivyaro y’ikawa, no kuraba uburyo abarimyi bohembwa ku gihe.
“Nta murimyi yorima neza atazi ko azoronka ico avuyemwo,” niko yamenyesheje.
Umuserukizi wa Reta, Ndayisenga Dieudonné, yemeje ko igisata c’ikawa ataco kizotereranwa, kuko ari co gituma igihugu kironka amafaranga y’agaciro menshi.
Nayo Ntabomenyereye Jean Pierre, aserukira CNAC Murima w’Isangi, yavuze ko intumbero ari “ugukangura ikawa y’Uburundi kugira igaruke ku rugero rwo hejuru.” Yamenyesheje kandi ko CNAC igiye gukoresha ikoranabuhanga rishasha rizofasha kumenya neza abarimyi bose.
Iyo nama yasozerewe abarimyi b’ikawa bemeje amategeko mashasha agenga CNAC, bifatira ingingo yo gukorera hamwe n’inzego za Reta kugira igisata c’ikawa gisubire gutera imbere.
📰 “Ikawa si igiterwa gusa, ni umutima w’ubutunzi bw’igihugu.”