Ukuri Media

Ukuri Media Ukuri Media – Reliable news with a focus on Burundians culture, Patriotism and values. Stay informed, stay connected, stay empowered. 65 55 54 45

Akajambo kamwe gusa kuri izo mgabo z'igihugu 🔥🔥🔥🔥
23/10/2025

Akajambo kamwe gusa kuri izo mgabo z'igihugu
🔥🔥🔥🔥

Umurundi w'ukuri ntiyorengana iyi photo atakoze like na comment 🥰🥰
22/10/2025

Umurundi w'ukuri ntiyorengana iyi photo atakoze like na comment 🥰🥰

🔴 Inama Nshikiranganji y’Uburundi yakoranye kuri uyu wa 22 Gitugutu 2025 ku kirimba c’Umukuru w’igihugu kiri i Gitega, i...
22/10/2025

🔴 Inama Nshikiranganji y’Uburundi yakoranye kuri uyu wa 22 Gitugutu 2025 ku kirimba c’Umukuru w’igihugu kiri i Gitega, iyobowe n’Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye.

Muri iyo nama, harigwa integuro z’amategeko atandatu hamwe n’utundi tubazo
dutandukanye. Izo nteguro z’amategeko ni izi zikurikira:

1️⃣ Integuro y’itegeko rijanye no gukingira amakuru y’abantu ku giti cabo, yashikirijwe n’Umushikiranganji w’intwaro yo hagati, iterambere rusangi n’umutekano.

2️⃣ Integuro y’itegeko ryemeza amasezerano hagati ya Reta y’Uburundi n’Ubwami bwa Maroc, ku bijanye no gukuraho gusubira kwishura amakori ku nyungu no guhagarika ubusuma n’uguhunga amakori. Ayo masezerano yasinyiwe i Rabat ku wa 12 Rusama 2025.

3️⃣ Integuro y’itegeko rihagarika burundu ikigega ca Fonds d’Impulsion, de Garantie et d’Accompagnement (F**A).

4️⃣ Integuro y’itegeko risubiramwo itegeko n°120/PM/002/2024, rijanye n’impamba z’ingendo imbere mu gihugu no gutunganya ibikorwa vya Reta, kugira bitunganirwe neza mu bijanye n’ikoreshwa ry’amafaranga ya Leta.

5️⃣ Integuro y’itegeko rijanye no kwubaka urugomero rw’umuyagankuba rwa megawati 2 (2 MW) ku ruzi rwa WAGA, yashikirijwe n’Umushikiranganji ajejwe amasoko ntanganguvu.

6️⃣ Integuro y’itegeko ryemeza amasezerano hagati ya Reta y’Uburundi n’ishirahamwe
Cure International, ku bijanye no kwubaka ibitaro bizokira abana bavukanye ubumuga bw’imbavu n’amaguru kuva ku myaka 0 gushika kuri 18, yashikirijwe n’Umushikiranganji w’amagara y’abantu.

7️⃣ Utuntu n’utundi vyerekeye ivyari vyasabwe kwigwa muri iyo nama.
🇧🇮

Iyo musenga musengera abaganza n'abashizwe hejuru kuko aba babaye impore natwe tuba impore 🙏
21/10/2025

Iyo musenga musengera abaganza n'abashizwe hejuru kuko aba babaye impore natwe tuba impore 🙏

☕ Abarimyi b’Ikawa Basaba Inyishu ku Bibazo BibugarijeBujumbura, 20 Gitugutu 2025 — Abarimyi b’ikawa baratabaza ku iteba...
21/10/2025

☕ Abarimyi b’Ikawa Basaba Inyishu ku Bibazo Bibugarije

Bujumbura, 20 Gitugutu 2025 — Abarimyi b’ikawa baratabaza ku iteba ry’impembo n’ibura ry’imiti ikoreshwa mu gupompa, ibintu bavuga ko vyatumye umusaruro ugabanuka n’ubutunzi bw’igihugu bugahungabana.
Ivyo vyashikirijwe mu nama y’abarimyi b’ikawa yatunganijwe n’ishirahamwe CNAC Murima w’Isangi kuri Source du Nil Hôtel, aho barimyi n’abaserukira Reta baganiriye ku ngorane zibangamiye ico gisata no ku ntumbero nshasha yo gutuma gikomera.
Liberatte Nsabiyumva, umwe mu barimyi, yavuze ko bitera agahinda kubona umurimyi avunika ntaronke ico yavunikiye:
“Turarima, tugashora ikawa, ariko amafaranga akaburirwa irengero. Iyo ayo madorari atabonetse, ntituronka uburyo bwo kwivuza canke kurihira abana amashure.”
Abandi barimyi nka Prosper Bigirindavyi bemeza ko imyaka itanu irangiye ikawa itagipompwa kubera ibura ry’imiti, bigatuma umusaruro uhirima. Basaba inama zihuza inzego za Reta n’abikorera kugira haboneke umuti urama.
Ku ruhande rwiwe, Ndanga Emery wo muri FOPABU yibutsa ko Reta ikwiye gusubiza mu bikorwa umugambi wo gushinga ama pepiniyeri y’imivyaro y’ikawa, no kuraba uburyo abarimyi bohembwa ku gihe.
“Nta murimyi yorima neza atazi ko azoronka ico avuyemwo,” niko yamenyesheje.
Umuserukizi wa Reta, Ndayisenga Dieudonné, yemeje ko igisata c’ikawa ataco kizotereranwa, kuko ari co gituma igihugu kironka amafaranga y’agaciro menshi.
Nayo Ntabomenyereye Jean Pierre, aserukira CNAC Murima w’Isangi, yavuze ko intumbero ari “ugukangura ikawa y’Uburundi kugira igaruke ku rugero rwo hejuru.” Yamenyesheje kandi ko CNAC igiye gukoresha ikoranabuhanga rishasha rizofasha kumenya neza abarimyi bose.
Iyo nama yasozerewe abarimyi b’ikawa bemeje amategeko mashasha agenga CNAC, bifatira ingingo yo gukorera hamwe n’inzego za Reta kugira igisata c’ikawa gisubire gutera imbere.
📰 “Ikawa si igiterwa gusa, ni umutima w’ubutunzi bw’igihugu.”

Mwamubonye   muyindi shusho,..Akajambo kamwe ufatiye kuri iyo photo🔥🔥
21/10/2025

Mwamubonye muyindi shusho,..Akajambo kamwe ufatiye kuri iyo photo🔥🔥

Umuntu   imugiriye   abizire?  ni ukuhe? Bagenzi ndazi uyu muvyeyi ntawutamuzi, Hari abantu bahize nubu bakibandanya kum...
20/10/2025

Umuntu imugiriye abizire?
ni ukuhe? Bagenzi ndazi uyu muvyeyi ntawutamuzi, Hari abantu bahize nubu bakibandanya kumwanduza urubwa ,mukutyoza ibintu vyishi,..
Ngo asesagura amafaranga ya reta, ngo niwe yazibiye ibintu vyishi,..none mubantu bose bavuze ivyo ninde yigeze azana azana ibimyetso biboneka?

Ngo yambara ibintu bizimvye kubruyo zaba kugenzura nibiciro vy'impuzu yambara🤔
Reka mbaze, n'inde muri mwebwe ubu motorway ryokuba w'igihugu canke wiwe akaguma uko yahora?
Woguma ufungura kwakundi? Woguma muri vyabindi?
Icambere nta mwidegemvyo ubufise ibintu vyose n'ibiharuro, kandi siwe uba wavyigize ahubwo nikibanza uba ugiyemwo utegerezwa guhindura uko warubayeho.

Kwambara ikintu kizimvye uri ikibazo kiri hehe? Ingorane n'imwe y'abantu amaso yabo abona ivyashatse kubona, igitoro kibuze, amatara agiye wew abona kumengo yampuzu izimvye niyo yatumvye ivyo bibura ariko sivyo magato✍️✍️
Nubwo inzara yotera wewe atagerezwa kubaho neza kuko ikibanza arimwo ntikibimwemerera,

Rero tuze turatahura abantu yagiriye ubuntu ikabashira hejuru, bategerezwa kubaho ubuzima buri kurugezo Imana yabashizeko, ntitubagirire ishari, kuko nubwo tuzorigira ntaco rizohindura ahubwo twige kubasengera kugira ngo IMANA ibarememwo umutima wayo, babeho batekaniwe.

Wahamenye?😉Nawe uremzanya natwe ko   Arinka   ya kabiri? Akajambo kamwe gusa wirenganire 🔥🔥🔥
20/10/2025

Wahamenye?😉Nawe uremzanya natwe ko Arinka ya kabiri? Akajambo kamwe gusa wirenganire 🔥🔥🔥

Bantu b'IMANA uyu   ubwenge bwiwe burakora neza?? Tubwizanye ukuri Egoo gusaba ivyasaba ntawavyase, none ayo niyo majamb...
20/10/2025

Bantu b'IMANA uyu ubwenge bwiwe burakora neza?? Tubwizanye ukuri Egoo gusaba ivyasaba ntawavyase, none ayo niyo majambo wokoresha k'Umunyacubahiro wambere mugihugu?
Ndabibarize gato, ninde arabona uyu mugabo avuga neza n'umusi n'umwe ? None ntaciza nakimwe kibera aha m'uburundi? Ntaciza na kimwe kirakorwa n'abari k'ubutegetsi? Haheze imyaka irenga 15 yidogera, atuka ,atyoza n' zabwo none ubu tuvugana ntaciza kirakorwa muri iyo myaka yose? mucakenge ntimuzohave mwese mwisanga musigaye ataciza kibavamwo kubera kuvoma kw'isoko ribi✍️

Uyu Mugabo ikintu cose arongoye kiratera imbere, Afise ukuntu ikintu cose yitumye agishikako, yaba nka AIGLE NOIR CLUB S...
20/10/2025

Uyu Mugabo ikintu cose arongoye kiratera imbere, Afise ukuntu ikintu cose yitumye agishikako, yaba nka AIGLE NOIR CLUB SPORTIF ari igihugu mumyaka itanu Twobaye turi igihugu giteye imbere. Abasennga tumusengere IMANA ikomeze ku mwongera inkomezi nsha kugira dukomeze kurya ku vyamwa vyiwe.

Muzobabwire ko   butavogerwa🔥🔥🔥Just one word for Burundian Soldiers🔥🔥
19/10/2025

Muzobabwire ko butavogerwa🔥🔥🔥
Just one word for Burundian Soldiers🔥🔥

Address

Nairobi

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Ukuri Media posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Share