21/05/2026
🎇 : Huguruwe icese ikibanza co guteramiramwo c’iratiro hagati mu gisagara.
📍Buramatari w’Intara ya Gitega, Liboire Bigirimana ari kumwe na Musitanteri wa Komine Gitega, Muganga Jacques Nduwimana n'izindi ndongozi baraye buguruye icese ku muhingamo wo ku wa gatatu igenekerezo rya 20 Rusama 2026 ikibanza co guteramiramwo kikaba kandi n'iratiro ry’Intara ya Gitega, kiri hagati mu gisagara ca Gitega.
👆 Ico kibanza cubatswe na Komine Gitega ibicishije ku muhinga Saxe Perry Gateka, azwi nka akaba ari nawe yazanye ico ciyumviro.
Nk’uko vyashikirijwe na Gasape yafashije mugikorwa c'ubuhinga, ico kibanza categuwe ku buryo gishobora kwakira abantu 50 bicaye, hamwe n’abagera kuri 600 bashobora kurahura kuri Internet, ariko kandi hitezwe ko ubushobozi bwabashobora kuharahura buzokwongerezwa gushika ku bantu 1000.
Mw' ijambo ryiwe ry’ikaze, Musitanteri wa Komine Gitega, Jacques Nduwimana yashimye ico gikorwa caranguwe, anashimira uwo muhinga yafashije hamwe n'abenegihugu kuko amafaranga yakoreshejwe muri uwo mugambi yavuye mu makori n’amatagisi batanga.
Buramatari w’Intara ya Gitega, Liboire Bigirimana nawe yavuze ko ico kibanza kije gutera iteka intara ya Gitega kandi kije no gushigikira imbonakazoza y'igihugu. Yashimiye Komine Gitega n’abayirongoye kubona barabonye ko bikwiye ko hashirwaho ico kibanza, bakanitura Gasape kugira abafashe kugishira mu ngiro. Yakeje Ir Saxe Perry Gateka (Gasape) hamwe n’abandi bose bagize uruhara muri ico gikorwa.
Buramatari yarahamagariye urwaruka n’abandi bose kuzana impano n’itarenta bafise kugira bahindure Gitega icitegererezo. Yavuze kandi ko Internet yashizwe muri ico kibanza izofasha urwaruka mu kwiga ibintu bitandukanye no kwiteza imbere. Yamenyesheje kandi ko ico kibanza kitagenewe gusamara gusa, ahubwo ko gikwiye kubera abantu ahantu ho kwigira no gukorera ibikorwa vy’iterambere.
Yasavye ko ico kibanza cosonerwa kandi kikanagirirwa isuku. Yaboneho n'akaryo ko kwibutsa ko atari ikibanza cobagisa n'umwavu ariko n'ikibanza c'abantu bashajije.
Ku bwiwe, ngo nta muntu akwiye kuza hagati mu gisagara atambaye ibirato canke atamesuye, kuko ico kibanza ari ic’iratiro kandi ari ho abantu bashobora kuza kwifotoreza berekana ishusho nziza y’intara ya Gitega.
Buramatari yamenyesheje kandi ko uwo mugambi wo gushira Internet ahantu hahurira abantu utazogarukira aho gusa, ahubwo ko hari n’ibindi bibanza vyo mu gisagara bariko bariyumvira gushiramwo Internet.
Yagabishije kandi aboshobora kuza muri ico kibanza kunyweramwo ibiyayuramutwe, inzoga, urumogi canke gukora ibindi bikorwa bidahuye n’indero, avuga ko abazofatwa babikoreramwo bazohanwa.
Yahamagariye abarwizatunga kuzana imitahe yabo kugira bafashe gushikana Gitega mu mbonakazoza.
Mwomenya ko mu vyipfuzo vyatanzwe, harimwo n’uko hoshirwaho utuzu tw'idandarizo kugira abafise ico bakeneye kwihereza babironke bitabagoye.