11/06/2026
🦍💔 Kiyomasa: Inguge iriko iravugwa kw’isi yose kubera ikibazo c’urukundo.
Mu misi iheze, inguge yitwa Kiyomasa 🦍 yarabaye rurangiranwa ku mbuga ngurukanabumenyi 📱. Amafoto yayo yayerekanye yicaye yonyene, isa n’iyihebuye 😔 kandi iri mu vyiyumviro vyinshi bituma abantu benshi bayigereranya n’umuntu ariko ararwana n’agahinda k’urukundo ❤️💔.
🦍 Kiyomasa ni nde?
Kiyomasa ni inguge y’ingabo iba muri zoo yo mu Buyapani 🇯🇵. Yavutse mu mwaka wa 2012 , akaba ari umuhungu w’inguge yitwa Shabani, yamenyekanye cane kubera ubwiza bwayo n’ukuntu yasa n’abantu.
Kuva ikiri nto 👶🦍, Kiyomasa yarakundwa n’abatemberera iyo zoo 👀, ariko ntiyari bwigere imenyekana kw’isi yose 🌍 nk’uko biri ubu.
💔 Ikibazo c’urukundo catumye ivugwa hose
Mu minsi iheze, amafoto ya Kiyomasa yafashwe inyuma y’aho yari imaze gushwana n’iyindi nguge y’igitsina gore 🦍❤️. Muri ayo mashusho, yarabonetse yicaye yonyene, yubitse umutwe hasi 😞, ibintu vyatumye abantu benshi bavuga ko isa n’umuntu yavunitse umutima.
🤷🏼♂️Naho ata muntu azi neza ivyabaye hagati y’izo nguge , ayo mafoto yarakwiragiye cane ku mbuga ngurukanabumenyi 🌐. Abantu benshi bavuga ko yabibukije ibihe vy’agahinda canke ugutandukana n’abo bakundana 💔.
Bamwe mbere bayise "umwami w’abavunitse imitima" kubera ukuntu yasa n’uwuri mu gahinda gakomeye.
📚 Ico abantu bokwigira kuri Kiyomasa
Naho ari igikoko 🦍, inkuru ya Kiyomasa irafise icigwa gikomeye ku bantu.
Iyo umuntu aciye mu bihe bigoye vy’urukundo 😢 canke agahura n’ingorane mu buzima, ntakwiye kwihebura. Ibibazo biraza kandi bikagenda ⏳, ariko ubuzima burabandanya .
Ikindi, umuntu akwiye kwihangana no kwiha umwanya wo gutekana aho gufata ingingo zihuse . Rimwe na rimwe kuba aha wenyene no kwiyumvira birafasha kugira umuntu aronke amahoro yo mu mutima 🕊️.
🦍 Kiyomasa yabaye ikimenyetso cerekana ko ukwihangana, kwakira ibihe bigoye no kubandanya ubuzima ari icigwa gihambaye kuri bose.