05/05/2026
🔴Umuririmvyi yakiriwe ku kibuga c'indege citiriwe Melchior Ndadaye aje kurindira ko umusi w'igiteramo ugera
🛄 Kur'uyu wa 5 Rusama 2026, umuririmvyi w'umurundi Nimbona Jean Pierre azwi cane nka Kidumu, niho yashika mu aho aje kuzoteramisha abantu afadikanije na Kirikou Akili hamwe na Dj Israël ku musi wa gatanu igenekerezo rya 8 muri ukwu kwezi nyene
🧧 Ni igiteramo categuwe n'ishirahamwe (AJSC) ritanga ubushimwe buri musi ku bigenjeje neza mu nkino, mu karanga mu ntumbero yo gutera intege urwaruka
🏭 🤝 Ico giteramo kizobera mu nyubakwa ya Zion Hotel yo mw'i Rohero, gishigikiwe n'amashirahamwe yigenga atandukanye ariyo Bancobu, BCB, BBCI, Assurance Bic, Kinju, Agico, Cashtel n'ayandi
🎁 Kizotangura kuva isaha 12 z'umugoroba, kandi AJSC izotanga ubushimwe ku barushije abandi mu nkino, mu karanga n'umuziki utibagiwe
🎗️ Mu gutanga ubwo bushimwe bisunga ubusumbane bw' ibikorwa umuntu aba yarakoze hamwe naho vyageze
🈸 Ku bazoshaka kwitabira igiteramo, bazogura amatike mu buryo bubiri ariko hakoreshejwe Cashtel: Ubwa mbere ni uguteresharija aprikasiyo ya Cashtel hama akaba ariho ugurira itike. Ubwa kabiri ushobora gushika ku bibanza bine hasanzwe hariko haratangirwa ayo matike. Ivyo bibanza navyo ni: ku biro bikuru vya Cashtel, kuri Emmaus, kuri PJ( police Judiciaire aho basanzwe baronderera uruhusha mu gi porisi mw'i Jabe), ku biro bikuru vya SOPEC hamwe no kuri Mount Zion Hotel
🧾 Ibiciro vyo kwinjira ni 30 000 ahasanzwe hamwe n'50 000 ahisumbuye. Ariko rero hari n'amatike ya VIP 100 000 hamwe n'400 000 ku meza y'abantu batanu. Ariko rero uwuzogura itike y' 1000 000 azokwicara ku meza y'abantu umunani kandi azoronswa n'ibinyobwa gushika kuri 10 kandi arashobora kwihereza umuvinyu. Akabirya rero ibinyobwa bizoba vyagabanijwe ibiciro ibice 40 %
🗣️ Nk'uko umuririmvyi Kidumu yavyivugiye, ngo twaturirimbo twiwe two mu buzima busanzwe, utw'urukundo n'utwimana turahari
🤏🏿 Arabandanya kandi yibutsa abakiri bato mu muziki ko izina rivuna kandi n'uwurifise arondera kurihagararira. Ariko rero arabandanya yemeza ko urugendo rw'umuziki rujana n'umugisha
👌🏻 Yatekereye n'impanuro abo bakiri bato harimwo na Kirikou yari yahishikiye ko ibikorwa vyose bitera imbere biherekejwe n'indero. Aha yashimiye Kirikou amubwira ko ku myaka yiwe yagendeye mu bihugu vya Buraya akemera kugaruka ni intambwe nziza. Yongeye amwibutsa ko ategerezwa kurondera ibikurikira indirimbo yiwe "Aha nihe"
✍🏾 Mwomenya ko udushimwe tuzotangwa na AJSC ku ncuro ya 18 kuva iryo shirahamwe ritanguye ivyo bikorwa