01/04/2026
🔴🇧🇮 : Nivyo hari abahasize ubuzima kubera umuriro wadutse ejo, abandi barakomereka.
⚫Mu kinanira cegereye ku musaga, hari abakomeretse ndetse n'inzu zitari zike zononekaye.
⚫Mu gihosha hari umwigeme yahasize ubuzima neza na neza mu gisandema haruguru y'ibombo rya 2.
⚫Haruguru ya PAF ugira ushike aho bita kuri Gar du nord harabaye isanganya ry'imodoka 2 kubera ukwihuta bahunga kandi babiri mu bari muri imwe muri zo barakomeretse cane.
⚫ Mu ngagara, hari ivyononekaye kubera ivyaturitse birabashikira.
Ntawuramenya neza na neza ivyononekaye mu kurindira ibiharuro bitangwa n'inzego zibijejwe. Umukuru w'Igihugu Evariste Ndayishimiye abicishije kuri X yahojeje ababuze n'abo ibintu vyabo vyononekaye, aranahumuriza abandi ko abanijejwe bariko barakora uko bashoboye ngo babitunganye.
Hari abana batakaye benebo batazi iyo bobakura🫣dufashanye gutanga ubwo butumwa mu gihe budushikiriye.
😞Umukubito urahojeje ababuze n'abashikiwe n'ingaruka z'uwo muriro🕯️.
Fabrice Da Sailon 🇧🇮