09/07/2026
BREAKING NEWS🇧🇮🇰🇪
Umurundi wese akwije ivyangombwa ntakwiye gutotezwa muri Kenya"
🎙Ivyo vyavuzwe numushingamateka womu nama nshingamateka y'umuryango ugize Africa y'ubuseruko , Olivier Nkurunziza, aho aheruka kumenyesha ko Abarundi bose bakorera muri Kenya mu buryo bwemewe n'amategeko badakwiye guhungabanywa canke kwirukanwa.
💬Yanibukije ko amasezerano y'Umuryango wa EAC yemerera abanyagihugu b'ibihugu biwugize kuba, gukora no kwidegemvya mu kugendagenda mu bindi bihugu bigize uwo muryango, igihe bubahirije amategeko ariho.
📍Yavuze ko amajambo aherutse gushikirizwa n'umwe mu bashinga amategeko bo muri Kenya, asaba ko Abarundi bokwirukanwa, adahuye n'ayo masezerano. Ku bwiwe, uwujuje ibisabwa n'amategeko afise uburenganzira bwose bwo gukorera muri Kenya.
👏Yanasavye Abarundi baba muri Kenya kwama bamenyesha ubuserukizi bw'Uburundi igihe cose bumvise ko umutekano canke uburenganzira bwabo bubangamiwe, asaba kandi inzego zibijejwe gukurikirana amasezerano ya EAC kwihweza ico kibazo neza.
Fyonda cank kugira uzoze uramenya amakuru agezweho yihuta yo mugihugu ca 🇰🇪
Febro Fabrice Wamisasa