12/07/2025
📚 ICIRWA CA 9
Ingene WhatsApp ikora n’akamaro kayo mugihe wayikoresheje neza
---
📲 1. WhatsApp ni iki?
WhatsApp ni porogarama (app) ikoreshwa ku matelefoni kugira abantu bavugane, bandikiranire, bohererezanye amafoto, amavidewo, amajwi n’utundi dukoresho biciye kuri internet.
👉 Ikoreshwa na miliyoni nyinshi kw’isi yose, kandi niyo app ikunzwe cane mu Burundi no mu karere kacu.
---
🛠️ 2. Nigute WhatsApp ikora?
Iyo ushatse kuvugana n’umuntu, WhatsApp irakoresha internet (data/Wi-Fi) kugira ijwi, video, canke ubutumwa buce bujane hagati yanyu.
Iyo wohereje ubutumwa:
Burandikwa bwa mbere mu rurimi ruyumvikana
Buca buhindurwa mu buryo bwa code (encryption) kugira busomeke gusa n’uwabugenewe
Buraca muri server ya WhatsApp, bugashikira uwo waburungikiye
Ivyo vyose bikaba mu asegonda make, vyoroshe kandi bikingiye.
---
✅ 3. Akamaro ka WhatsApp mugihe uyikoresheje neza
1️⃣ Kuvugana n’abantu ba kure, ukoresheje amajwi canke video
– Biragufasha kuguma mu rukundo n’abacu baba kure
– Ibiciro vyayo ni vyiza cane kurusha guhamagara ukoresheje ama SIM card
2️⃣ Gukoresha amashirahamwe (groups) yo kwigisha, gukora, canke gusangira amakuru
– Nko kuri Twigishanye Android ushobora gukora group y’abakunzi b’ikoranabuhanga
– Urashobora no gukoresha broadcast ukarungikira abantu benshi ubutumwa 1
3️⃣ Gushirako status (inkuru)
– Ushobora gusangiza amakuru, akazi kawe, ivyo wize, n’ibindi
– Status zifasha no mu kwiyamamaza canke kwerekana ubumenyi
4️⃣ Kwungukira muri WhatsApp Business
– Amasoko, aba influenceurs, abafundi, n’abandi barakoresha WhatsApp Business kugira bunguke
– Harimwo ibikoresho vy’akazi: catalog, away message, greeting, n’ibindi
5️⃣ Gucungera ubumenyi no kuronka document
– Ushobora kuronka PDF, notes, links, amafoto, n’ibindi vy’ivyigwa, akazi, canke imibano
---
⚠️ 4. Inama: Nigute wokoresha WhatsApp neza?
Ntukoreshe WhatsApp mu bikorwa bitagira umumaro (nk’ugutakaza amasaha uri muri groupes z’utuntu tutagira akamaro)
Ntutohoze abantu mu gihe batavyipfuza
Ntukoreshe WhatsApp mu gusebanya, guharabika, canke gutuma abandi bumva nabi
Ntugire groupe idafise intumbero n’ubuyobozi buhamye
---
🧠 5. Ico wokwibuka:
> “WhatsApp ni nk’ikiraro gihuza isi yose. Iyo ugikoresheje neza, gishobora kukubera isoko y’ubumenyi, urukundo, ubucuti, canke akazi. Ariko iyo ugikoresheje nabi, kirashobora kugutwara umwanya wawe, izina ryawe, canke ibanga ryawe.”