25/05/2026
NIGUTENIGUTE BENJAMIN NETANYAHU WA ISRAEL YISANZE YAGAMBANIWE NA PRESIDENT DONALD TRUMP?
MWIRIWE NEZA🙋🏿♂️
itariki 29 KIGARAMA 2025
Ibazeko Benjamin Netanyahu yagurukijwe mundege avuye I tel-avive kumugwa mukuru wa Israel yerekeza muri America atakindi kimujanye Atari ugushikiriza ivyiyumviro vyukuntu bogwanya Iran bakayiryamika hasi yose.
Mu ngoro ya Mar‑a‑Lago iri muri leta ya Florida, Perezida wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump niho yakiririye Minitrse w'intebe wa Isirayeli Benjamin Netanyahu atakindi kimujanye Atari umugambi w'ikibi n'ubugome.
Netanyahu yabwiye mugenziwe ko yiyumvamwo gutera Iran kugirango ahagarike ico yise "intwarombi yaba Ayatollah ngo ni leta yabaterabwoba"
Mu butumwa yashikirije muri Ruhuhuma, yavuze ati:
“Intumbero y’iki gikorwa ni guhagarika iterabwoba riva ku butegetsi bwa Ayatollah muri Irani.”
Yashimangiye ko Isirayeli itari kwihanganira kubona Irani ifise ibirwanisho vya kirimbuzi n’ibisasu vyinshi.
⚖️ NIGUTE TRUMP YAHINDUYE IVYIYUMVIRO?.
Trump, mu ntango, yari yishuye ubutumwa bwa Netanyahu, yerekana ko Amerika isangiye intumbero na Israel yo guhagarika Irani. Ariko uko iminsi yigiye imbere, yamenye ko Irani ifise ubushobozi bwo kwivuna n’ukwiyemeza gukomeye kurinda igihugu cabo,no gukosora uwowese yogerageza kuvogera ubutaka bwayo.
Mu nyuma, Trump yarabonye ko gusangangura Irani vyari ibidashoboka, kuko igihugu gifise ibirwanisho bikomeye, ingabo zifise uburambe, n’ubushake bwo kwivuna umwansi.
Ni ho yahavuye ahagarika intambara, ategeka Netanyahu guhagarika “ubupfu(ubusazi) bwo gushaka gusangangura Irani."
Ibi vyerekanye ukuntu Trump yagaragaje ibihushanye n’ivyo Netanyahu yari yiteze. aho Netanyahu yabona intambara nk’inzira y’agakiza, Trump yayibonye nk’inyishu y’ubupfu n’uguhomba kugihugu ciwe.
Trump yerekanye ko ububasha bw’igisirikare atari bwo bwubaka amahoro, ahubwo ko amahoro ashingiye ku kwiyumvira, ku biganiro, no ku kwubahiriza uburenganzira bw’ibihugu.
Tubibutseko ibiganiro vy'amahoro bibandanya Mubuhindi!
Basomyi iyinyambara Amerika na Israel bashoje kuri Iran mubona ko Iraba yoba yaratsinze?
dusangize iciyumviro we,
mudukurikirane kuri runo rubuga
kugira inkuru nshasha isohotse muyibone mubambere,,
yisangize abandi.
murakoze.
-News