11/08/2026
🙅🏾♂️ Abigeme bashurashuzwa na ba se : harageze kuva mu gacerere
🤷🏽 Nta nkeka ko abatari bake mumaze kwumva havugwa ijambo ngo "abana b’abakobwa usanga ari abagenzi na ba se". Ego ivyo ntaco vyari bitwaye, ikibi ni mu gihe inyuma yavyo hinyegeje ugushurashuzwa kw'umwana, bikaguma vyitwa bwa bugenzi bw'imigenderanire ya se n’umukobwa wiwe.
👉🏾 Nivyo vyabaye ku mwigeme Léana*(izina ry'iritirano). Yakuze abana na se na batoya biwe babiri b’abahungu. Se akorera hagati mu gihugu. Umusi umwe, Léana* ariko aregeranya ibikoresho vy’ishure mu cumba iwe batoya biwe atariho bari, se yarinjiye amufata ku nguvu aramushurashuza.
😒 Vyaranse ko yirwanira, se amufata ku munwa amubuza gukoma induru. Inyuma y’ako kabi kabishe, yamutegetse kutavuga ikintu na kimwe, ngo niyo yarukura mu kanwa naho yibonereko. Ababona hari imigenderanire hagati ya Léana na se babifata nk'ibisanzwe.
🤔 Erega uwo mugabo ntiyagarukirije aho, yarabandanije gushurashuza uwo mwigeme wiwe, mbere kugira ngo ntazofatwe n’abo muhira, aca akota icumba ahandi azoja aramushurashurizamwo.
😒 Kubera vyabaye igihe kirekire, uwo mwigeme yariyumviriye uko azobisohokamwo biramusiga. Yaribaza uko yobivuga ntibikwege akarambaraye ku muryango mbere bigire n’ingaruka mbi ku bo bavukana, bikamuta ku w’amazi. Niko guhitamwo kubigira ibanga, aguma yikoreye uwo mutwaro wenyene.
🤌🏾 Ntimwibaze ko ivyo vyashikiye uwo mwigeme gusa. Josiane Kamariza umuhuzabikorwa mu kigo Seruka citaho abafashwe ku nguvu n'abakorewe amabi atandukanye afatiye ku gitsina, avuga ko abakenyezi iyo bagiye kuvuza abana bafashwe ku nguvu, batinya kuvuga ababakoreye ako kabi kabishe, iyo vyakozwe na ba se hoho ntibubahuka kurukura mu kanwa, banka ko ryoba ibara ku muryango wose nka hamwe bimenyekanye, bagahitamwo kubipfukapfuka.
✍🏾 Umwanditsi wa Yaga yadushikirije iyo nkuru ati : "Abagabo bashurashuza abakobwa babo bakwiye gushengezwa. None nimba hari umugabo atagera umutwe uwo yavyaye, uwo atavyaye mwibaza ko bimera gute ?"
Reposted from Yaga
.bi