03/07/2025
Kuri uyu wa kane, Inama Nkenguzamateka y’uburundi niho yemeza ba buramatari bashasha bagiye kurongora intara nshasha 5. Abo bemejwe akaba ari aba bakwirikira :
1.Intara nshasha ya Gitega ari nayo umurwa mukuru wa politique w’uburundi nkuko vyashizweho n’umugambwe CNDD-FDD, igiye kurongorwa na Liboire Bigirimana. Uyo mugabo agiye kuyirongora akaba avuka ahahora ari mu ntara ya Mwaro.
2.Intara nshasha ya Buhumuza nayo muri kino gihe igiye kurongorwa n’Umupfasoni Denise Ndaruhekeye. Akaba asazwe avuka muri Komine Butihinda mu ntara ya Muyinga.
3. Intara nshasha ya Bujumbura izoba irimwo n’igisagara ca Bujumbura, ikaba igiye kurongorwa na Général-Major Aloys Ndayikengurukiye uyo nawe akaba avuka muri Komine Mubimbi mu ntara ya Bujumbura rural.
4. Nayo mu ntara nshasha ya Burunga, hakaba hatowe Parfait Mboninyibuka kugira ngo abariwe arongora iyo ntara nshasha ya Burunga. Uyo nawe akaba avuka mu Rutana.
5. Nimugihe intara nshasha ya Butanyerera yo igiye kurongorwa na Général de brigade Victor Segasagoasanzwe avuka mu Kirundo.
Tubibutse ko muri baburamatari 18 bahora barongoye intara za Bujumbura Mairie, Bujumbura-Rural, Bubanza, Cibitoke, Kayanza, Ngozi, Kirundo, Muyinga, Cankuzo, Ruyigi, Gitega, Karusi, Mwaro, Muramvya, Rutana, Bururi, Rumonge na Makamba, umwe gusa niwe yahawe intara azobandanya arongora. Uwo nawe ni Général de Brigade de police Segasago Victor yahora atwara intara ya Kirundo, agiye kuramutswa intara ya Butanyerera.
Abajenerari murayo mabanga akaba ari babiri. Uwa kabiri akaba ari Général Major Aloys Ndayikengurukiye yahora ari umuyobozi mukuru w'ihinguriro ry'isukari SOSUMO agiye gutwara intara ya Bujumbura. Mu burongozi bw'intara, umukenyezi n'uyo umwe muri batanu, ni ukuvuga ibice 20 kw'ijana.
Abakurikiranira hafi ingene intara zigiye kurongorwa babona kw'intara zivugwamwo ubutare bwinshi zahawe abajenerari mu gisirikare n'igipolisi. Ng'uretse ko izo ntara zishobora kwadukamwo ingorane ziturutse ku butare buhimbwa abo ba Generari bakaba bafise igihagararo co guhosha indyane zohaduka, amafranga menshi cane azova mu butare buzohimbwa ngo biragaragara ko agiye kuja mu mifuko y'aba Generari harimwo Generari arongoye igihugu ariwe Varisito Ndayishimiye, ikigega ca Reta ngo kigize amahirwe kizoshirwamwo udufranga dukeyi two gusamaza abarundi.
Abo babikwirikirana, basaba abanyagihugu kubona ko ubutunzi bw'igihugu cabo bwagizwe ubwa kagwi gafise ubutegetsi ko mu mugambwe CNDD-FDD baheze bahaguruke bankire abanyonyezi kubandanya banyuruza itunga ry'igihugu, abanyagihugu bakaba aribo baguma mu bukene nako kariko gatunga umurengera uvuye mu vyotunze abanyagihugu.