RADIO Haguruka

  • Home
  • RADIO Haguruka

RADIO Haguruka Page d'actualité

Melchior Ndadaye, le visionnaire du “Burundi Nouveau”Dans les pages qui suivent, nous aborderons les points suivants: la...
08/07/2025

Melchior Ndadaye, le visionnaire du “Burundi Nouveau”

Dans les pages qui suivent, nous aborderons les points suivants: la biographie de Melchior Ndadaye, son parcours politique, sa vie professionnelle, la situation pré-électorale et la campagne électorale au Burundi en 1993, les 100 jours du Président.

Dans les pages qui suivent, nous aborderons les points suivants: la biographie de Melchior Ndadaye, son parcours politique, sa vie professionnelle, la situation pré-électorale et la campagne électorale au Burundi en 1993, les 100 jours du Président. Qui était Melchior Ndadaye? Feu Melch

Bamwe mu banyagihugu bamenyesha ko ata gahengwe bagiye kuronka mu Burundi kubera gutwarwa n’umugambwe umwe, Bagasaba aba...
08/07/2025

Bamwe mu banyagihugu bamenyesha ko ata gahengwe bagiye kuronka mu Burundi kubera gutwarwa n’umugambwe umwe, Bagasaba abarundi bose gufata mu nda, bikureko intwaro ikomoka muri CNDD-FDD ibamiza mu bukene butagira izina.

Kugira igihengeri c’amafranga reta itegekanya gukoresha muri uyu mwaka wa 2025 ushira 2026 kizibigwe, itagisi ritangwa kuri buri ritiro ry’igitoro rizoduzwa rive ku mafranga y’amarundi 50 rije kuri 75. Ugukoresha terefone ngendanwa na internet navyo bizoduga ibiciro. Hazokwiyongerako amafran

  Kurikira amakuru mu Kirundi kuri  yo kuri uyu wa 05 Mukakaro 2025.
05/07/2025

Kurikira amakuru mu Kirundi kuri yo kuri uyu wa 05 Mukakaro 2025.

Umukuru w'igihugu adafise abo yizeye bakorana ivy'igihugu ntashobora guteza imbere igihugu we nyene. N'umwihwezo wa bamwe n'abandi inyuma yo kubona n'akantu ...

Bamwe n’abandi mu bakurikiranira hafi ingene intara zigiye kurongorwa babona kw'intara zivugwamwo ubutare bwinshi zahawe...
03/07/2025

Bamwe n’abandi mu bakurikiranira hafi ingene intara zigiye kurongorwa babona kw'intara zivugwamwo ubutare bwinshi zahawe abajenerari mu gisirikare n'igipolisi. Aho ninyuma yaho hatangarijwe amazina mashasha ya ba Buramatari bagiye kurongora intara zitanu.

Bamwe n’abandi mu bakurikiranira hafi ingene intara zigiye kurongorwa babona kw'intara zivugwamwo ubutare bwinshi zahawe abajenerari mu gisirikare n'igipolis...

Abasirikare b'uburundi baracari mu bukoloni.Babishikirije inyuma yaho hahimbarijwe ku wambere Mukakaro 2025 ukwikukirakw...
03/07/2025

Abasirikare b'uburundi baracari mu bukoloni.Babishikirije inyuma yaho hahimbarijwe ku wambere Mukakaro 2025 ukwikukirakw'uburundi ku ncuro igira 63. Mu gisirikare c'uburundi ngo haracari imvugo ya Ryogora ndagukure, ryogora ndaguhindurire amabanga na ryogora ndakwice. Iyo mvugo igatuma abasirikare batubahuka gushikiriza ibibazo vyabo, ivyo bashikirije navyo abajejwe kubikurikirana bakinumira ngo ntibahave bicwa canke bakurwe mu mabanga barimwo. Akarorero, nako abasirikare bagiheraniwe amafranga bakoreye muri Somaliya, bamwe imyaka itatu irarenga batararonswa udufranga twabo.

Basaba umukuru w'igihugu guhagarika imvugo zo kubaryosharyosha co kimwe n'abandi banyagihugu mukuvuga ko umutegetsi azokora ikosa azohanwa, ave mu majambo bamubonere mu bikorwa. Imvugo ya ryogora ndagukure canke ndakwice ikoreshwa mu gisirikare ku ntwaro yiwe, ngo ntaho itandukaniye niyo ku bakoloni.

Kuri uyu wa kane, Inama Nkenguzamateka y’uburundi niho yemeza ba buramatari bashasha bagiye kurongora intara nshasha 5. ...
03/07/2025

Kuri uyu wa kane, Inama Nkenguzamateka y’uburundi niho yemeza ba buramatari bashasha bagiye kurongora intara nshasha 5. Abo bemejwe akaba ari aba bakwirikira :

1.Intara nshasha ya Gitega ari nayo umurwa mukuru wa politique w’uburundi nkuko vyashizweho n’umugambwe CNDD-FDD, igiye kurongorwa na Liboire Bigirimana. Uyo mugabo agiye kuyirongora akaba avuka ahahora ari mu ntara ya Mwaro.

2.Intara nshasha ya Buhumuza nayo muri kino gihe igiye kurongorwa n’Umupfasoni Denise Ndaruhekeye. Akaba asazwe avuka muri Komine Butihinda mu ntara ya Muyinga.

3. Intara nshasha ya Bujumbura izoba irimwo n’igisagara ca Bujumbura, ikaba igiye kurongorwa na Général-Major Aloys Ndayikengurukiye uyo nawe akaba avuka muri Komine Mubimbi mu ntara ya Bujumbura rural.

4. Nayo mu ntara nshasha ya Burunga, hakaba hatowe Parfait Mboninyibuka kugira ngo abariwe arongora iyo ntara nshasha ya Burunga. Uyo nawe akaba avuka mu Rutana.

5. Nimugihe intara nshasha ya Butanyerera yo igiye kurongorwa na Général de brigade Victor Segasagoasanzwe avuka mu Kirundo.

Tubibutse ko muri baburamatari 18 bahora barongoye intara za Bujumbura Mairie, Bujumbura-Rural, Bubanza, Cibitoke, Kayanza, Ngozi, Kirundo, Muyinga, Cankuzo, Ruyigi, Gitega, Karusi, Mwaro, Muramvya, Rutana, Bururi, Rumonge na Makamba, umwe gusa niwe yahawe intara azobandanya arongora. Uwo nawe ni Général de Brigade de police Segasago Victor yahora atwara intara ya Kirundo, agiye kuramutswa intara ya Butanyerera.

Abajenerari murayo mabanga akaba ari babiri. Uwa kabiri akaba ari Général Major Aloys Ndayikengurukiye yahora ari umuyobozi mukuru w'ihinguriro ry'isukari SOSUMO agiye gutwara intara ya Bujumbura. Mu burongozi bw'intara, umukenyezi n'uyo umwe muri batanu, ni ukuvuga ibice 20 kw'ijana.

Abakurikiranira hafi ingene intara zigiye kurongorwa babona kw'intara zivugwamwo ubutare bwinshi zahawe abajenerari mu gisirikare n'igipolisi. Ng'uretse ko izo ntara zishobora kwadukamwo ingorane ziturutse ku butare buhimbwa abo ba Generari bakaba bafise igihagararo co guhosha indyane zohaduka, amafranga menshi cane azova mu butare buzohimbwa ngo biragaragara ko agiye kuja mu mifuko y'aba Generari harimwo Generari arongoye igihugu ariwe Varisito Ndayishimiye, ikigega ca Reta ngo kigize amahirwe kizoshirwamwo udufranga dukeyi two gusamaza abarundi.

Abo babikwirikirana, basaba abanyagihugu kubona ko ubutunzi bw'igihugu cabo bwagizwe ubwa kagwi gafise ubutegetsi ko mu mugambwe CNDD-FDD baheze bahaguruke bankire abanyonyezi kubandanya banyuruza itunga ry'igihugu, abanyagihugu bakaba aribo baguma mu bukene nako kariko gatunga umurengera uvuye mu vyotunze abanyagihugu.

Abarundi ngo bari ku murindi w’iterambere ushimishije n’aho hakiri vyinshi bikibuze.Ivyo biri mw’ijambo ryaraye rishikir...
02/07/2025

Abarundi ngo bari ku murindi w’iterambere ushimishije n’aho hakiri vyinshi bikibuze.Ivyo biri mw’ijambo ryaraye rishikirijwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste NDAYISHIMIYE rijanye n’isabukuru igira iya 63 Uburundi buronse intahe yo kwikukira, ihurirana n’uyu wa mbere Mukakaro umwaka wa 2025.

Mu gihe Presida NDAYISHIMIYE yemeza ko inzara yarwanijwe bikomeye, abarundi benshi ngo bakaba bariko bariyubakira uburaro bwiza, bamwe n’abandi babonako iyo mvugo ariyo kubakora munkovu, ngo kuko intwaro ya CNDD-FDD yashize abarundi mu bukene butagira izina, kugira baronke ico bafungura bikaba ari igikorwa kitoroshe. Amajambo mwenayo ngo ntawe yoba agisamaza, abarundi ngo babandanye urugamba rwo kwibohora ubutegetsi bukibandanya bubahonyora kugakanu, naho bitwa ngo barikukiye.

Rwagasore Louis yaharaniye intahe y'ukwikukira ntiyigeze atwara uburundi, yagandaguwe ata n'ukwezi kumwe kurahera umugam...
02/07/2025

Rwagasore Louis yaharaniye intahe y'ukwikukira ntiyigeze atwara uburundi, yagandaguwe ata n'ukwezi kumwe kurahera umugambwe wiwe UPRONA watsinze amatora y'abashingamateka mu 1961, mu gihe intahe y'ukwikukira yatangajwe ku wa mbere Mukakaro mu 1962. Uburundi bukaba bwikukiye butwarwa na se wa Rwagasore, umwami Mwambutsa Bangiricenge.

Bamwe mu rwaruka bamaze kumenya ivyabaye ku muganwa Rwagasore yaharaniye intahe y'ukwikukira ariko ntiyatwara, basaba abarundi kuja hamwe, umwe wese atitaye ku guharanira icicaro nka Rwagasore, bikureko abakoloni babonetse mu gihugu mu ntwaro y'umugambwe CNDD-FDD.

Mu muryango w'umuganwa atari umugani Rudoviko Rwagasore yaharaniye intahe y'ukwikukira kw'uburundi bugira ijambo mu makungu, n'umuntu yaraciye bugufi yarangwa no guhuza n'abandi. Ukwo guca bugufi, ngo nikwo kwamutumye ahaguruka arwanya akarenganyo kariko gakorerwa abarundi.

Muri uwo muryango babwira abarundi gufatira akarorero kuri Rwagasore, bareke kurambirwa, barwanye akarenganyo kari mu gihugu cabo. Kurikira Aline Ndenzako, umwuzukuru w'umwami Mwambutsa Bangiricenge Rubangishamiheto ari nawe se wa Louis Rudoviko Rwagasore, amajwi tuyakesha Iradiyo Igicaniro, mu Kiganiro kw'iriba co ku wa 16 Ruheshi 2025.

Kuri uyu wa 01 Mukakaro 2025, abarundi barahimbaje imyaka 63   bumaze bwikukiye. Uwo musi ukaba warahimbajwe mu ntara zi...
02/07/2025

Kuri uyu wa 01 Mukakaro 2025, abarundi barahimbaje imyaka 63 bumaze bwikukiye. Uwo musi ukaba warahimbajwe mu ntara zitandukanye z’igihugu. Ariko icagaragaye ni uko abanyagihugu bose bidoga ko ubuzima babayemwo burinyuma cane y’igihe abarundi batari bwikukire. Kuribo ngo ntibarikukira, ahubwo ngo urwo nirwo rugamba barimwo rwo kwikukira nyakuri.

30/06/2025

Mugihe buca abarundi bahimbaza imyaka 63 irangiye Abarundi turose intahe y'ukwikukira, Ndayishimiye Evariste yarashikirije ijambo ry'uzuyemwo ububeshi.

25/06/2025

Benibi ga bavyita guhimba ntacoyimena uhimbira kubarundi bigorewe ayatavurwa.

Nayo kuba uriko uravuga ko kukuvuga ari ukukugira umu star canke ko bituma iguha agashimwe vyo nakamuna. Erega biriya bipapuro ugenda kugura wita ubushimwe, ntakintu nakimwe bimaze kandi bivuze, uko biri kose n’uwotanga ubushimwe ngira ngo ntiyobuha wewe kabisa.

Address


Alerts

Be the first to know and let us send you an email when RADIO Haguruka posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to RADIO Haguruka:

Shortcuts

  • Address
  • Telephone
  • Alerts
  • Contact The Business
  • Claim ownership or report listing
  • Want your business to be the top-listed Media Company?

Share