09/13/2025
Igenekerezo rya 12 Nyakanga 2025 niho ishirahamwe 26 Life Entertainment ryari riramutse ritanga ibikoresho vy’ishure kubana 640 batishoboye hamwe n’ibitenge kubageze muzabukuru 45
Ivyo birori vyabereye mukanyosha kwa Padiri biterwa iteka na musitanteri wa komine Mugere Adélaïde HATANGAYO aho yafashe ijambo arashimira uwurongoye ishirahamwe 26 Life k’umutima w’urukundo ariko agaragaza mugusangira nabatishoboye mbere atera akamo nokuzindi mvukira za zone gushigikira bino bikorwa vy’iteka nkuko icivugo ca komine ari “Komine Nziza, Ubuzima Bwiza”
Uwurongoye ishiramwe 26 Life akaba yashimiye abagize ico bakora kugira bino bikorwa bikoreke aribo
Fernando ntagahoraho
Laundry Bizoza
G S D home improvement
Manirakiza Rodrigue
Coucoute
Fabiola
Twobibutsa kandi ko murico kibanza hariho abasanzwe bari muri Association des Natifs de Musama hamwe n’umuririmvyi Fabelove DA K.SHAN BOY asanzwe avuka muriyo zone ya Kanyosha