09/04/2026
🔴Hagiye gukoreshwa akamashini gasohora inyemezabuguzi
𝗞𝘂𝗱𝗮𝗸𝗼𝗿𝗲𝘀𝗵𝗮 𝗶𝗺𝗮𝘀𝗵𝗶𝗻𝗶, 𝗮𝗯𝗮𝘁𝗮𝗻𝗴𝗮 𝘂𝗿𝘂𝗽𝗮𝗽𝘂𝗿𝗼 𝗻𝗱𝗮𝗻𝗴𝗮𝗯𝘂𝗴𝘂𝘇𝗶 𝗿𝘂𝗯𝗲𝘀𝗵𝗮
Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo ubutunzi, Ndikumana Alain ari kumwe na komiseri w'ikigo kijejwe kwegeranya amakori n'amatagisi (OBR), bazindutse kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 8 Ndamukiza 2026, bishikira mu bibanza bitandukanye vy'abadandaza bo mu gisagara ca Bujumbura.
Nk'ukwo umushikiranganji Ndikumana abimenyesha, ubwa mbere hoho ngo muvyo ajejwe harimwo kwegeranya amafaranga ikoresha, ngo bamaze imisi baraba amafaranga bategekanije uyu mwaka azotororokanywa, basanga ibiharuro biri hasi naho Reta yagize akigoro kadasanzwe ko kugwiza za mashini zikoreshwa mu kwegeranya amakori ari co rero catumye bishikira kuraba ku rubuga ikibazo nyamukuru gituma badashobora kwegeranya uburyo bari biteze.
Ngo kabaye rero akaryo ko guhimiriza ndetse no guhana nk'ukwo amategeko abirekura.
Umushikiranganji Ndikumana Alain, ati twasanze harimwo utunenge twinshi cane, hari abadakoresha ama mashine, aca avuga ko kwari ugusubira kwibutsa n'ugukebura ngo n'abandi bikebuke kuko iyo basohora izo mpapuro ndangabuguzi irabibona.
Yabandanije ati: Iyo turiko turarondera amafaranga y’imigambi y’iterambere ntahandi ava atari mu makori n’amatagisi.
Umushikiranganji Ndikumana yamenyesheje ko bamaze gutanga amamashine ashika ibihumbi cumi na bitatu (13000), ati kandi twaragize ubuhinga bwa none bwerekana ko hari utumashine tutariko turakora.
Inkurikizi yo kudakoresha utumashini n'indangabuguzi
Alain yavuze ko itegeko ridahana gusa uwutatanze urwo rupapuro ndangabuguzi, ngo n’uwubiguze adafise urupapuro ndagamuguzi, arahanwa.
Iyo ufashwe uca urwo rupapuro (Facture), uca urihishwa ibice 20 % y'ivyo waguze bakongera bagafata n’ivyo n’ibidandazwa.
Urwo rugendo rero bakoze baciye kw'i hoteri Kangaro iri haruguru yo kw'isoko rya Siyoni, ku mangazini Maranatha, kwa ADAMS muri Asiatique no ku mangazini Muco Company iri muri Q. Asiatique nyene. Aho hose ngo akaba yasanze akamashini gasohora impapuro ndangabuguzi batayikoresha nk'ukwo bitegerezwa, bamwe barasohora izo mpapuro zidahuye n'ibidandazwa basohoye kandi ntibagakoreshe imisi yose, bakaba baciye babatwara ibikoresho bimwe bimwe kugira baje kubisuzuma neza barabe utundi tunenge.
Aca yibutsa abo badandaza n'abasanzwe bafise amashirahamwe atandukanye y'uko ikori ataribo baritanga ahubwo ritangwa n'umwenegihugu, ati rero iyo umwenegihugu yemeye kuritanga nibareke ritangwe kuko Reta iyo igomba gukora imigambi y'iterambere atahandi ikura amafaranga atari mu makori n'amatagisi.
Mwomenya ko ibikorwa nk'ivyo vyakozwe mu gihugu cose kuva kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 8 Ndamukiza 2026, kandi bikaba bigiye kubandanya.