La Parole de Dieu

La Parole de Dieu Évangélisation
🖥️

Mugire Weekend nziza Imana ibiyereke
08/22/2026

Mugire Weekend nziza
Imana ibiyereke

Imana Ikomeze abantu bayo pe😭😭
08/21/2026

Imana Ikomeze abantu bayo pe😭😭

08/21/2026

NTIWIHEBURE

Turahojeje imiryango yaburiye ivyabo murizi nyubakwa zibiri Le Parisien na Galerie Ndayizamba.NDIHO abashoboze kwihangan...
08/21/2026

Turahojeje imiryango yaburiye ivyabo murizi nyubakwa zibiri Le Parisien na Galerie Ndayizamba.

NDIHO abashoboze kwihangana
Nubwo bitaba vyoroshe

Yobu 42:10
Yobu agisengera bagenzi biwe, Uhoraho amukurak' uburushwa bgiwe, amushumbusha ibingana n'ivyo yar' afise ibihetangabo kabiri.


📶Zaburi 40:17Ariko jeho nd' umugorwa, nd' umukene:Yamar' Uhoraho arambabara.Ni wewe mutabazi wanje n'umurokozi wanje:Ntu...
08/20/2026

📶Zaburi 40:17
Ariko jeho nd' umugorwa, nd' umukene:
Yamar' Uhoraho arambabara.
Ni wewe mutabazi wanje n'umurokozi wanje:
Ntutebe Mana yanje.

 🚨 Benshi bari mu gucika intege, mu mibabaro, mu buzima butagira ivyizigiro, m'ubuzima butabona ko bazoja mw'ijuru... Ar...
08/20/2026



🚨 Benshi bari mu gucika intege, mu mibabaro, mu buzima butagira ivyizigiro, m'ubuzima butabona ko bazoja mw'ijuru... Ariko Yesu Kristo arahamagara abantu bose ngo bakanguke baze mu muco wiwe.

“Pambazuka na Yesu” bisigura:
• Kuva mu mwijima winjira mu muco,
• Kuva mu caha ugahinduka mushasha,
• Kuva mu gupfira mu vyaha ukaronka ubugingo bushasha buri muri Kristo Yesu.

1. YESU ARAHAMAGARA WIKANGURE

Abaroma 13:11
“Iki gihe kirageze co gukanguka, kuko agakiza kacu kari hafi.”

Imana ishaka ko umuntu adasigara mu caha no mu buzima bwo kure yayo.
Hari abantu:
• Baryama mu vyaha,
• Baryama mu gukekeranya kuzoja mw'ijuru.
• Baryama mu mwete muke wo gusenga.
Ariko Yesu avuga ati:
“Kanguka umenye ko gupfira muvyaha bibaho no gupfira m'Umwami Yesu bibaho!”

Uwapfiriye muvyaha ntajuru azojamwo.
Uwapfiriye muri Yesu azobona ubugingo budashira. Kuko niwe nzira n'ukuri m'ubugingo ntawuzoja kwa Data ku Mana atamujanye. Niko ijambo ry'lmana ribivuga.

2. YESU NIWE MUCO W’UBUZIMA

Yohani 8:12
“Ni jewe muco w’isi; unkurikira ntazogendera mu mwijima.”

Yesu Kristo niwe muco ukuraho:
• Ubwoba,
• Ivyaha,
• Ubuzima butagira intumbero.

Iyo umuntu apambazutse na Yesu:
- Aronka amahoro,
- Aronka ivyizigiro,
- Aronka inzira y’ukuri.

3. KANGUKA UVE MURIVYO VYAHA NTAHANDI BIZOGUSHIKANA ATARI M'UMURIRO UDASHIRA

Abaroma 2:6
izokwishura umuntu wese ibikwiranye n'ivyo yakoze.

Mwene Data uri m'ubuzima bw'ivyaha, wumve k'lmana izogucira urubanza ruhwanye nivyo vyaha urimwo nutihana

Yohana 8:24
Ico ni co gitumye mbabgira ko muzopfira mu vyaha vyanyu; kuko ni mutizera ko ndi We, muzopfira mu vyaha vyanyu.

Mwene Data ntugapfire murivyo vyaha urimwo kuko ntanyungu birimwo, inyuma yo gupfa uzobaho nabi nabi ahantu habi habi ho kubabazwa ibihe bidashira.

4. PAMBAZUKA UKORERE IMANA

2 Abami 17:13
Yamar' Uhoraho yama aburira Abisirayeli n'Abayuda, abicishije mu bo yavugisha bose no muri ba kamenyi bose, ati Ni muhindukire, mureke ingeso zanyu mbi, mwitondere amabgirizwa yanje n'amateka yanje, nk'ukw ivyagezwe vyose biri, ivyo nageze ba sogokuruza banyu, nkagenda ndabibabarira, ndabicishije mu basavyi banje navugisha.

🚨 Nubwo uri m'ubuzima buruhije bw'ivyaha. Imana iraguhamagara ngo ugaruke munzira nziza wihane uvavanure nivyo vyaha urimwo, ubone guharirwa.

🚨 Mwene Data aka niko kanya lmana igutije ko kwirimbura wihane. Niyompamvu uhuye na buno butumwa.

🚨 Wiravye ubuzima urimwo ubona hamwe wopfa woja he?
Nimba ubona woja ahantu habi aka niko kanya ko kwihana, ukakira Umwami Yesu Kristo akaguha agakiza.

5. IVYIZA VYO GUPAMBAZUKA NA YESU

🚨 Uwukangutse muri Kristo:
aronka agakiza,
aronka amahoro yo mu mutima,
aba umwana w’Imana,
aronka ubugingo budashira.

2 Abakorinto 5:17
“Umuntu wese ari muri Kristo aba icaremwe gishasha.”

Gwino wihane Yesu akugire icaremwe gisha, afute ivyaha vyawe vyose wakoze.
Akuronse ubugingo budashira bubonekera muri we

Abanyefeso 1:7
Muri we ni ho duherwa gucungurwa n'amaraso yiwe, ni kwo guharirwa ibicumuro vyacu, nk'ukw itunga ry'ubuntu bgayo riri,

Nkwibutse nimba ushaka gutahura vyinshi kubijanye no kwihana n'ijuru. Uze wumvirize KANGUKA y'ejo vendredi n'umukozi w'lmana Chris Ndikumana

Nimba wumva woha ubugingo bwawe Yesu, ukumva wokwihana ukakira agakiza Umwami Yesu.
Twakure tugufashe kuri whatsapp +257 61070373

NDIHO abahe kunesha ivyaha


Imana itegetse ngo:" Bibeho birabaho''Mwene Data ukeneye ijambo gusa. Umunsi lmana yavuze Bibeho bizoba mukanya isase n'...
08/19/2026

Imana itegetse ngo:" Bibeho birabaho''
Mwene Data ukeneye ijambo gusa. Umunsi lmana yavuze Bibeho bizoba mukanya isase n'abakwegereye bazomenya k'lmana yaguhinduriye amateka.

Mariko 10:27
Yesu arabitegereza, arababgira, ati Kubg' abantu ntigishoboka, ariko ku Mana s'uko, kuko vyose bishobokera Imana.

Wamane ukwizigira lmana
Uko yakoreye bano niko nawe bizocamwo


Indirimbo ya 69 📶NTABWO UKWIRIYE KWIGANYIRA😭 🛜 Nta bgo nkwiye kujya niganyira,Nibaz' ukw ejo nzaba merewe.Nzajya nibuka ...
08/18/2026

Indirimbo ya 69 📶NTABWO UKWIRIYE KWIGANYIRA😭 🛜 Nta bgo nkwiye kujya niganyira,
Nibaz' ukw ejo nzaba merewe.
Nzajya nibuka yukw Ihoraho
Imeny' ibyo byos' uko bingana.

Ifit' umutima w' urukundo
Kukw ijy’ intungish' ibinkwiriye.
Umunezero n' umubabaro
Byos' abi nzaniramw amahoro.(×2)

2. Amba hafi ndetse buri munsi,
Kand' angerer' ubuntu bukwiye.
Ajy' anyikorerer' imitwaro
Ni we Data kandi ni we Mana!

Nguk' ukw ajy' antunga buri munsi,
Ajy' anda mira mur' ibyo byose.
Buri muns' azajy' amp' imbaraga
Iryo n' isezera no yampaye. (×2)

3. Mana yanjye, komez' ujy' umfasha
Ngutaramire ntez' icy' umbwira.
Mpore nizey' ijambo wambwiye
Sinkabure ku mbaraga zawe.

No mu bikomeye birih' ubu
undamburir' amaboko yawe.
ump’imbaraga ku buntu bwawe
kugez' igih' uzaza kunjyana.(×2)

🤲🫴
Wewe uyisomye canke uyiririmvye mugihe uyizi, ukaba uri guca mubihuhusi mubibazo vyaguciye intege.
Reka lmana ibigukuremwo.


Address

Canada, KS

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when La Parole de Dieu posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Shortcuts

Share